Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uwu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Muri Yakobo 5:11, hadukura amazinda gute mu kuvuga ko Yehova ari “umunyakibabarwe cane” n’“umunyembabazi”?

Turazi ko Yehova yiteguriye kuduharira amakosa yacu abitumwe n’imbabazi ziwe. Vyongeye, muri Yakobo 5:11 hadukura amazinda yuko urukundo adukunda rutuma yipfuza kudufasha. Natwe turakwiye kumwigana.​—w21.01, rup. 21.

Kubera iki Yehova yashizeho intunganyo ijanye n’ubukuru

Yabitumwe n’urukundo. Iyo ntunganyo iratuma umuryango wiwe urangwamwo amahoro n’urutonde. Umuntu wese wo mu muryango yubahiriza iyo ntunganyo aramenya uwukwiye gufata ingingo ya nyuma uwo ari we be n’uwukwiye gukurikirana ingene ishirwa mu ngiro.​—w21.02, rup. 3.

Kubera iki abakirisu bakwiye kuba maso igihe bakoresha programa zo kurungikiranira ubutumwa biciye ku buhinga bwa none?

Igihe umukirisu ahisemwo gukoresha mwene ayo maprograma, arakwiye guhitamwo neza abo barungikiranira ubutumwa. Ivyo biragoye cane iyo umugwi w’abo twandikiranira urimwo abantu benshi. (1 Tim. 5:13) Birimwo n’akaga ko gukwiragiza amakuru atagira ivyemezo, tutibagiye uguhaya ibidandazwa ku bavukanyi bacu kugira ngo twironderere inyungu.​—w21.03, rup. 31.

Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye Imana ireka ngo Yezu ababazwe kandi apfe?

Imvo ya mbere, ni uko kuba Yezu yaramanitswe ku giti vyatumye Abayuda bakurwako umuvumo. (Gal. 3:10, 13) Iya kabiri, ni uko Yehova yariko aramumenyereza kugira azobe Umuherezi Mukuru. Iya gatatu, ni uko kuba Yezu yarabaye umwizigirwa gushika no ku rupfu vyerekanye ko abantu bashobora kuguma ari intahemuka naho boshikirwa n’ibigeragezo bikomeye. (Yobu 1:9-11)​—w21.04, rup. 16-17.

Wokora iki nimba bitoroshe gusanga abantu i muhira?

Nugerageze kubagendera igihe bishoboka ko baba bari i muhira. Woshobora kandi kubaronderera mu bibanza bitandukanye. Woshobora no kugerageza gukoresha ubundi buryo, nko kwandikira amakete.​—w21.05, rup. 15-16.

Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo: “Biciye kw’itegeko narapfuye ku vyerekeye itegeko”? (Gal. 2:19)

Itegeko rya Musa ryarerekanye ko abantu badatunganye ryongera rishikana Isirayeli kuri Kristu. (Gal. 3:19, 24) Ivyo vyatumye Paulo yemera Kristu. Ku bw’ivyo, Paulo “[ya]rapfuye ku vyerekeye itegeko” kuko ritari rikimufiseko ububasha.​—w21.06, rup. 31.

Yehova yatubereye gute akarorero mu bijanye no kwihangana?

Yehova yarihanganiye iceyi izina ryiwe ryasizwe, ukurwanya ubutegetsi bwiwe, ubugarariji bw’abana biwe bamwebamwe, ibinyoma Shetani aguma avuga, imibabaro ishikira abasavyi biwe, ugutandukana n’abagenzi biwe bapfuye, agahahazo abantu bagirirwa, be n’uguhonya ivyo yaremye.​—w21.07, rup. 9-12.

Ni akarorero akahe Yozefu yadusigiye mu bijanye no kwihangana?

Yarihanganiye akarenganyo ka benewabo. Ivyo vyatumye yagirizwa ibinyoma maze aramara imyaka ari mw’ibohero mu Misiri.​—w21.08, rup. 12.

Ni ugutigitisha kw’ikigereranyo ukuhe kuvugwa muri Hagayi 2:6-9, 20-22?

Naho amahanga aterekwa inkuru nziza y’Ubwami, abantu benshi baremeye ukuri. Vuba ayo mahanga azotigitishwa igihe azokurwaho burundu.​—w21.09, rup. 15-19.

Kubera iki tudakwiye gucika intege mu gikorwa co mu ndimiro?

Yehova arabona akigoro tugira, kandi biramuhimbara. Nitutacika intege canke ngo dutane n’akabando, tuzoronka ubuzima budahera.​—w21.10, rup. 25-26.

Mu Balewi ikigabane ca 19 hodufasha gute gushira mu ngiro impanuro igira iti: “Mube beranda mu ngeso zanyu zose”? (1 Pet. 1:15)

Uwo murongo ushobora kuba usubiramwo ibivugwa mu Balewi 19:2. Ikigabane ca 19 kirimwo uburorero bwinshi bwerekana ingene mu buzima bwacu bwa misi yose twoshira mu ngiro ibivugwa muri 1 Petero 1:15.​—w21.12, rup. 3-4.