Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urwanko ruri hose

Urwanko ruri hose

Urwanko rurigaragaza mu bantu hirya no hino kw’isi.

Ibimenyeshamakuru be n’imbuga hwaniro biguma bivuga ivyerekeye abantu buzuye urwanko. Nk’akarorero, bararungikira abandi ubutumwa bw’urwanko biciye kuri internet canke ku makete. Zirikana kandi ku bintu vyinshi abantu bakora biranga ukwinubana, ukwiyumvira abandi uko batari, tutibagiye kubatwenga, kubatuka, kubatera ubwoba canke kwonona utwabo. Emwe, urwanko usanga ruri hose!

Iki kinyamakuru kirerekana ingene twotsinda urwanko. Ico si icipfuzo gusa, ahubwo ni ibintu vyamaze gutangura kuba ng’aha kw’isi kandi bizobandanya.