Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 7

‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’

‘Niwumvirize amajambo y’abantu b’inkerebutsi’

“Tega ugutwi wumve amajambo y’abantu b’inkerebutsi.”​—IMIG. 22:17.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

INCAMAKE *

1. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kuronka impanuro, kandi ni kubera iki twese tuyikeneye?

 RIMWE na rimwe twese turakenera guhanurwa. Mu bihe bimwebimwe, twoshobora gusaba impanuro umuntu twubaha. Mu bindi bihe, umuvukanyi atwitwararika yoshobora kutwegera akadukebura ku kintu cotuma ‘dutirimuka’ bigatuma twicuza. (Gal. 6:1) Ikindi gihe na ho, twoshobora kuronka impanuro mu gukosorwa iyo twakoze ikosa rikomeye. Uko tworonka impanuro kwose, turakwiye kuyumviriza. Tubigenjeje gutyo, biratugirira akamaro kandi birashobora kurokora ubuzima bwacu.​—Imig. 6:23.

2. Twisunze Imigani 12:15, kubera iki dukwiye kwumviriza impanuro?

2 Icanditswe c’ishimikiro kituremesha ‘kwumviriza amajambo y’abantu b’inkerebutsi.’ (Imig. 22:17) Nta wuzi vyose. Hazokwama hariho abaturusha kumenya utuntu n’utundi. (Soma Imigani 12:15.) Kwumviriza impanuro rero, ni icerekana ko umuntu yicisha bugufi. Vyerekana ko twemera yuko hariho ivyo tudashoboye. Turatahura ko dukeneye abodufasha gushika ku migambi yacu. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo ahumekewe n’Imana yavuze ati: “Mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”​—Imig. 15:22.

Ni iyihe muri izo ikugora kwemera? (Raba ingingo ya 3-4)

3. Ni mu buryo ubuhe dushobora kuronka impanuro?

3 Twoshobora kuronka impanuro mu buryo butibonekeza canke mu buryo bwibonekeza. None impanuro yo mu buryo butibonekeza imeze gute? Twoshobora gusoma ikintu muri Bibiliya canke mu gitabu casohowe n’ishirahamwe ryacu kigatuma tuzirikana ku nyifato yacu, maze tukagira ivyo duhinduye. (Heb. 4:12) Iyo ni yo twokwita impanuro yo mu buryo butibonekeza. Impanuro yo mu buryo bwibonekeza na yo imeze gute? Umukurambere canke uwundi muvukanyi azi utuntu n’utundi yoshobora kutubwira ikintu dukeneye kuryohora. Iyo aba ari impanuro yo mu buryo bwibonekeza. Igihe umuntu adukunda aduhaye impanuro ishingiye kuri Bibiliya, turakwiye kwerekana ko tuyikenguruka mu kuyumviriza no mu kuyikurikiza.

4. Twisunze Umusiguzi 7:9, ni igiki dukwiye kwirinda igihe duhawe impanuro?

4 Tuvugishije ukuri, vyoshobora kutugora kwemera impanuro na canecane iyo duhawe mu buryo bwibonekeza. Hari n’aho mbere twoca dushavura. Kubera iki? Naho twemera n’umutima ukunze ko tudatunganye, vyoshobora kutugora kwemera impanuro igihe umuntu atweretse ikintu kitagenda neza kuri twebwe. (Soma Umusiguzi 7:9.) Twoshobora guca twisigura. Twoshobora kugira amakenga ku catumye aduha impanuro, canke tukababazwa n’ukuntu yayiduhaye. Twoshobora mbere no gutora amahinyu uwaduhanuye tukibwira duti: ‘Ampanura nka nde? Na we nyene ntiyera!’ Igihe tudashimye iyo mpanuro twoshobora kuyirengagiza, canke tukaja kuronderera ahandi iyindi ihuye n’ivyo twipfuza.

5. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

5 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura uburorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya banse impanuro be n’abazemeye. Turaza kandi kurimbura ivyodufasha kwemera impanuro no kuzungukirako.

ABANSE IMPANURO

6. Twigira iki ku kuntu Umwami Rehobowamu yakiriye impanuro yahawe?

6 Rimbura akarorero ka Rehobowamu. Igihe yaba umwami wa Isirayeli, hari ikintu abatwarwa biwe baje kumusaba. Bamusavye kubaremurura umuzigo se wiwe Salomo yari yarabashizeko. Igishimishije, Rehobowamu yarituye abagabo b’inararibonye ba Isirayeli kugira bamugire inama y’ukuntu yokwishura abo bantu. Abo bagabo b’inararibonye bamubwiye ko hamwe yokora ivyo abatwarwa biwe bari bamusavye, bokwamye bamuyobokera. (1 Abm. 12:3-7) Ariko biboneka ko Rehobowamu atashimye iyo mpanuro, akaba ari co gituma yaciye aja guhanuza abo mu runganwe rwiwe. Kubera ko abo mu runganwe rwiwe bari barengeje imyaka 40, na bo nyene bategerezwa kuba bari bazi utuntu n’utundi. (2 Ngo. 12:13) Ariko rero, impanuro bahaye Rehobowamu ico gihe ntiyari nziza. Bamuhanuye ko yorushiriza gucinyiza abatwarwa biwe. (1 Abm. 12:8-11) Kubera ko Rehobowamu yari aronse impanuro zibiri zitandukanye, yari gushobora guca yitura Yehova mw’isengesho akamubaza iyo yokurikiza iyo ari yo. Aho kubigenza gutyo, yahisemwo kwumviriza impanuro y’abo mu runganwe rwiwe kuko ari yo yamushimishije. Ivyo vyatumye Rehobowamu n’Abisirayeli bose bashikirwa n’ingaruka zibabaje. Na twebwe, impanuro duhabwa yoshobora kutama ihuye n’ivyo twipfuza. Ariko rero, nimba ishingiye kuri Bibiliya turakwiye kuyemera.

7. Twigira iki ku karorero k’Umwami Uziya?

7 Umwami Uziya yaranse impanuro. Yarinjiye mu gice c’urusengero rwa Yehova cari kigenewe abaherezi gusa, aca agerageza gushikana imibavu. Abaherezi ba Yehova bamubwiye bati: “Ewe Uziya, si igikorwa cawe guturirira Yehova imibavu, ahubwo guturira imibavu ni igikorwa c’abaherezi.” None Uziya yavyakiriye gute? Iyo yicisha bugufi akemera iyo mpanuro ubwo nyene maze agaca ava mu rusengero, kumbure Yehova yari kumubabarira. Aho kuyumvira, ‘Uziya yaciye arakara.’ Kubera iki none yanse iyo mpanuro? Kubera yari umwami, biboneka ko yiyumviriye yuko yari afise uburenganzira bwo gukora ico ashaka cose. Ariko Yehova si ko yabibona. Ukwo kwita imbere kwatumye Yehova ateza Uziya imibembe, kandi “[yagumye] ari umunyamibembe gushika umusi yapfiriyeko.” (2 Ngo. 26:16-21) Akarorero ka Uziya karatwereka ko naho twoba turi bande, iyo twanse impanuro ishingiye kuri Bibiliya, tudashobora gushimwa na Yehova.

ABEMEYE IMPANURO

8. Yobu yakiriye gute impanuro?

8 Uretse ubwo burorero bubiri duhejeje kurimbura, Bibiliya iravuga uburorero bwiza bw’abemeye impanuro maze barahezagirwa. Rimbura akarorero ka Yobu. Naho yari umuntu atinya Imana, ntiyari atunganye. Yararemerewe n’intuntu, ku buryo avuga ibintu bimwebimwe bitari vyo. Ivyo vyatumye Elihu be na Yehova bamuha impanuro zidaca ku ruhande. None Yobu yavyakiriye gute? Yaremeye izo mpanuro yicishije bugufi. Yavuze ati: “Naravuze, ariko ntategera . . . Ni co gituma nisubiyeko, nkigaya koko ndi mu mukungugu no mu minyota.” Ukwo kwicisha bugufi kwa Yobu kwatumye Yehova amuhezagira.​—Yobu 42:3-6, 12-17.

9. Musa yatubereye gute akarorero keza mu bijanye no kwemera impanuro?

9 Musa ni akarorero keza k’umuntu yemeye gukosorwa inyuma y’aho akoreye ikosa rikomeye. Igihe kimwe yaratwawe n’ishavu, ntiyatera iteka Yehova. Ivyo vyatumye Musa atakaza agateka ko kwinjira mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 20:1-13) Igihe Musa yerekana ko yari ababajwe n’iyo ngingo, Yehova yamubwiye ati: “Ntihagire ico usubira kumbwira kuri ico kintu.” (Gus. 3:23-27) Musa ntiyaciye agira inzigo. Ahubwo yaremeye iyo ngingo Yehova yari afashe, kandi Yehova yarabandanije kumukoresha mu kuyobora ihanga rya Isirayeli. (Gus. 4:1) Yobu na Musa baratubera uburorero twokwigana mu bijanye no kwemera impanuro. Yobu yarahinduye ivyiyumviro aho kurondera kwisigura. Musa na we yarerekanye ko yakiriye neza impanuro ya Yehova, mu kuguma ari umwizigirwa mbere n’inyuma y’aho atakarije agateka ko kwinjira mu Gihugu c’isezerano.

10. (a) Mu Migani 4:10-13 herekana ko kwemera impanuro bivamwo ivyiza ibihe? (b) Abantu bamwebamwe bahawe impanuro bagaragaje inyifato nziza iyihe?

10 Iyo twiganye akarorero k’abizigirwa nk’ako ka Yobu na Musa biratugirira akamaro. (Soma Imigani 4:10-13.) Abavukanyi na bashiki bacu benshi baramaze kubigira. Raba ivyo umuvukanyi umwe yitwa Emmanuel wo muri Kongo yavuze igihe yakeburwa. Yavuze ati: “Abavukanyi bahumuye turi kumwe mw’ishengero barabonye ko ubucuti mfitaniye na Yehova bwari mu kaga, baca baramfasha. Gushira mu ngiro impanuro bampaye vyaratumye nirinda ingorane nyinshi.” * Ku bijanye n’impanuro, umutsimvyi umwe wo muri Kanada yitwa Megan avuga ati: “Naho impanuro nagiye ndahabwa zitari zihuye n’ivyo nashaka, ni zo nyene nari nkeneye.” Umuvukanyi umwe wo muri Krowasiya yitwa Marko, na we avuga ati: “Naho natakaje agateka nari mfise, nsubije amaso inyuma ndabona ko impanuro nahawe zamfashije gusubirana mu vy’impwemu.”

11. Umuvukanyi Karl Klein yavuze iki ku bijanye no kwemera impanuro?

11 Akandi karorero k’umuntu yungukiye ku mpanuro ni ak’umuvukanyi Karl Klein yigeze kuba mu bagize Inama Nyobozi. Mu nkuru yiwe y’ubuzima, yaravuze ko igihe kimwe yahawe impanuro ikomeye n’umuvukanyi Joseph Rutherford, uwo bari bafitaniye ubugenzi budasanzwe. Umuvukanyi Klein yariyemereye ko atashotse yakira neza iyo mpanuro. Yavuze ati: “Ikindi gihe [umuvukanyi Rutherford] yarambonye, maze arandamutsa aryohewe ati: ‘Bite Karl?’ Ariko kubera nari nkibabaye, namuramukije nikurayo. Yaciye angabisha ati: ‘Karl, uraba maso ntugwe mu mutego wa Shetani.’ N’isoni n’akantu naciye ndamwishura nti: ‘Ni ukuri vyaraheze muvukanyi Rutherford.’ Ariko kubera yari azi ko ngishavuye, yaciye asubira kungabisha ati: ‘Sawa. Gusa uraba maso ntugwe mu mutego wa Shetani.’ Emwe, ivyo yari avuze vyari vyo! Igihe dushavuriye umuvukanyi, na canecane kubera ko yavuze ikintu afitiye uburenganzira . . . , tuba duhaye akaryo imitego ya Shetani.” * (Ef. 4:25-27) Umuvukanyi Klein yaremeye impanuro yahawe n’umuvukanyi Rutherford, kandi ubugenzi bari bafitaniye bwagumye bukomeye.

NI IBIKI VYODUFASHA KWEMERA IMPANURO?

12. Ukwicisha bugufi gushobora kudufasha gute kwemera impanuro? (Zaburi 141:5)

12 Ni ibiki none vyodufasha kwemera impanuro? Turakwiye kwicisha bugufi tukibuka ko turi abantu badatunganye be n’uko bishika tugakora amakosa. Nk’uko twamaze kubibona, Yobu yarabonye ibintu ukutari kwo. Ariko yarahinduye ivyiyumviro maze Yehova aramuhezagira. Kubera iki? Kubera ko yicishije bugufi. Ukwo kwicisha bugufi yakwerekanye mu kwemera impanuro Elihu yamuhaye, naho yari muto kuri we. (Yobu 32:6, 7) Ukwicisha bugufi kuratuma natwe twemera impanuro, mbere n’igihe twobona ko tutari dukwiye kuyihabwa canke igihe tuyihawe n’uwo turuta. Umukurambere umwe wo muri Kanada avuga ati: “Narirya ukuntu twiyizi usanga atari ko abandi batubona, wumva twotera imbere gute hatagize uwuduhanura?” Ni nde muri twebwe adakeneye kurushiriza gutsimbataza icamwa c’impwemu no kuryohora igikorwa co kwamamaza no kwigisha?​—Soma Zaburi 141:5.

13. Dukwiye kubona gute impanuro duhabwa?

13 Nubone ko impanuro ari icerekana ko Imana igukunda. Yehova atwipfuriza ineza. (Imig. 4:20-22) Igihe aduhanuye biciye kw’Ijambo ryiwe, ku gitabu gishingiye kuri Bibiliya canke ku mukirisu azi utuntu n’utundi, aba ariko aratwereka ko adukunda. Mu Baheburayo 12:9, 10 havuga ko “abigira ku nyungu yacu.”

14. Dukwiye gushira umutima ku ki igihe duhawe impanuro?

14 Nushire umutima ku mpanuro uhawe, aho kuwushira ku kuntu uyihawe. Rimwe na rimwe, twoshobora kwiyumvira ko uwaduhaye impanuro atayiduhaye mu buryo bwiza. Ego ni ko, uwutanga impanuro arakwiye kugerageza kuyitanga mu buryo butuma uwuyihawe ayemera bitagoranye. * (Gal. 6:1) Ariko rero nimba ari twe tuyihawe, vyoba vyiza dushize umutima kuri iyo mpanuro, mbere n’igihe twoba twiyumvira ko yatanzwe mu buryo butabereye. Twoshobora kwibaza duti: ‘Naho ntashima uburyo nahawe iyo mpanuro, hoba hari ukuri kuri muri yo? Noba nokwirengagiza utunenge tw’uwampaye iyo mpanuro maze nkagira ico ndayigiyeko?’ Vyoba vyiza turondeye gukura icigwa ku mpanuro iyo ari yo yose duhabwa.​—Imig. 15:31.

NUSABE IMPANURO MAZE WIRONKERE IVYIZA

15. Kubera iki dukwiye gusaba impanuro?

15 Bibiliya iraturemesha gusaba impanuro. Mu Migani 13:10 havuga ko ‘abaja inama canke [abarondera impanuro] baba inkerebutsi.’ Ukwo ni ukuri kwuzuye! Abibwiriza gusaba impanuro, akenshi baratera imbere mu vy’impwemu kuruta abatayisaba. Niwibwirize rero gusaba impanuro.

Kubera iki mushiki wacu akiri muto asavye impanuro mushiki wacu ahumuye? (Raba ingingo ya 16)

16. Ni ryari twoshobora gusaba impanuro?

16 None ni ryari twoshobora gusaba impanuro abo dusangiye ukwemera? Raba ibihe bimwebimwe twobigira. (1) Mushiki wacu umwe arasavye umwamamaji azi utuntu n’utundi ngo bajane ku nyigisho ya Bibiliya, maze mu nyuma akamusaba impanuro y’ukuntu yoryohora ingene yigisha. (2) Mushiki wacu umwe atarubaka urwiwe aripfuza kugura impuzu, agaca yitura uwundi mushiki wacu ahumuye kugira ngo amugire inama y’izo yohitamwo. (3) Umuvukanyi umwe ariko aritegurira gutanga insiguro ya bose ari bwo bwa mbere. Arasaba umushikirizansiguro abimenyereye ngo amwumviririze insiguro yiwe maze amugire inama y’ivyo yoryohora. Mbere n’umuvukanyi amaze imyaka myinshi atanga insiguro, biraba vyiza asavye impanuro abashikirizansiguro babishoboye maze agashira mu ngiro inama bamugiriye.

17. Ni ibiki vyotuma impanuro itugirira akamaro?

17 Mu misi iri imbere, bizoshika twese duhabwe impanuro, haba mu buryo bwibonekeza canke butibonekeza. Nivyagushikira, uribuka ibi vyiyumviro duhejeje kurimbura. Uraguma wicishije bugufi. Urashira umutima ku mpanuro, aho kuwushira ku buryo uzoba uyihawe. Vyongeye, urashira mu ngiro impanuro uzoba uhawe. Nta muntu n’umwe avuka ari inkerebutsi. Ariko ‘nitwumviriza impanuro kandi tukemera indero,’ Ijambo ry’Imana risezerana ko ‘tuzocika inkerebutsi.’​—Imig. 19:20.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

^ ing. 5 Abasavyi ba Yehova barazi ko bihambaye kwumviriza impanuro zishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero, kwemera impanuro ntivyama vyoroshe. Kubera iki none bitoroshe? Vyongeye, ni ibiki vyodufasha kwungukira ku mpanuro duhabwa?

^ ing. 10 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 11 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku 1 Rusama 1985, rup. 20-27.

^ ing. 14 Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ingene abatanga impanuro bobigirana ubwitonzi.