Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 8

Woba utanga impanuro ‘inezereza umutima’?

Woba utanga impanuro ‘inezereza umutima’?

“Amavuta n’imibavu ni vyo binezereza umutima, n’ubusose bw’umugenzi w’umuntu ni ko bumera kubera impanuro yo mu mutima.”​—IMIG. 27:9.

URURIRIMBO RWA 102 ‘Dufashe abagoyagoya’

INCAMAKE *

1-2. Ni icigwa ikihe umuvukanyi umwe yize ku bijanye no gutanga impanuro?

 HARACIYE imyaka itari mike, abakurambere babiri bagendeye mushiki wacu umwe yari amaze igihe atitaba amakoraniro. Umukurambere yari ayoboye ico kiganiro, yaratanze ivyanditswe bitari bike bivuga ibijanye no kwitaba amakoraniro. Yiyumviriye ko bamuremesheje, ariko igihe we be n’uwundi mukurambere bagire bagende, uwo mushiki wacu yababwiye ati: “Bavukanyi, ntimutahura na gato ingorane ndiko ndacamwo.” Abo bavukanyi bahaye impanuro uwo mushiki wacu batabanje kumenya ingorane yariko aracamwo. Ivyo vyatumye uwo mushiki wacu abona ko iyo mpanuro ata co imufashije.

2 Wa mukurambere asubije amaso inyuma, avuga ati: “Ico gihe niyumviriye ko uwo mushiki wacu adusuzuguye. Ariko maze kubizirikanako, narabonye ko natanze gusa ivyanditswe bibereye, aho kumubaza ibibazo bibereye nk’ibi: ‘Ni ingorane izihe uriko uracamwo?’ ‘Nogufasha iki?’” Uwo mukurambere yarahakuye icigwa gihambaye. Ubu ni umwungere yitaho gufasha abandi abigiranye impuhwe.

3. Mw’ishengero, ni bande boshobora gutanga impanuro?

 3 Kubera ko abakurambere ari abungere, baratanga impanuro igihe bikenewe. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, n’abandi bo mw’ishengero boshobora gutanga impanuro. Nk’akarorero, umuvukanyi canke mushiki wacu yoshobora guha umugenzi wiwe impanuro ishingiye ku Vyanditswe. (Zab. 141:5; Imig. 25:12) Canke mushiki wacu ahumuye, yoshobora “[gukebura] abagore bakiri bato” nko mu bivugwa muri Tito 2:3-5. Abavyeyi na bo nyene, akenshi barakwiye guhanura no gukosora abana babo. Naho rero iki kiganiro kigenewe canecane abakurambere, twese turakwiye kucungukirako mu kurimbura uburyo butandukanye twotanga impanuro ngirakamaro, ziremesha kandi “[zi]nezereza umutima.”​—Imig. 27:9.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibibazo bine ku bijanye no gutanga impanuro: (1) Ni imvo iyihe ikwiye gutuma utanga impanuro? (2) Iyo mpanuro yoba ikenewe koko? (3) Ni nde akwiye kuyitanga? (4) Wotanga gute impanuro ngirakamaro?

NI IMVO IYIHE IKWIYE GUTUMA UTANGA IMPANURO?

5. Ni ryari umuntu bizomworohera kwakira impanuro ahawe n’umukurambere? (1 Abakorinto 13:4, 7)

5 Abakurambere barakunda abavukanyi na bashiki bacu. Rimwe na rimwe, baragaragaza urwo rukundo mu guhanura umuntu aba ariko arafata inzira iteye akaga. (Gal. 6:1) Ariko rero imbere y’uko umukurambere ayagisha uwo muntu, vyoba vyiza arimbuye imice imwimwe y’urukundo intumwa Paulo yavuze. Yavuze ati: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. . . . Rurenzako muri vyose, rwemera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.” (Soma 1 Abakorinto 13:4, 7.) Umukurambere niyazirikana kuri iyo mirongo, bizomufasha gusuzuma imvo igire itume atanga impanuro, vyongere bitume ayitanga mu buryo bwiza. Uwuhabwa impanuro niyabona ko umukurambere amwitwararitse, bizomworohera cane kwakira impanuro amuhaye.​—Rom. 12:10.

6. Ni akarorero keza akahe intumwa Paulo yatanze?

6 Intumwa Paulo yari umukurambere w’intangakarorero. Nk’akarorero, igihe vyaba ngombwa ko abavukanyi b’i Tesalonika bahabwa impanuro, ntiyagonanywe kuyibaha. Ariko rero mu makete Paulo yabandikiye, yabanje kubakeza ku gikorwa cabo kiva ku kwizera, ku kubira akuya kwabo kuvuye ku rukundo, be no ku kwihangana kwabo. Yaranazirikanye ivyo bariko baracamwo, aremera n’umutima mwiza ko bari babayeho mu buzima butoroshe be n’uko bariko barihanganira uruhamo. (1 Tes. 1:3; 2 Tes. 1:4) Mbere yarabwiye abo bavukanyi ko bariko barabera akarorero abandi bakirisu. (1 Tes. 1:8, 9) Ese ukuntu bategerezwa kuba barahimbawe no kubona Paulo yarabakeje bivuye ku mutima! Nta wari guharira ko Paulo yakunda cane abavukanyi biwe. Ni co gituma impanuro yahaye abo Batesalonika muri ayo makete abiri yabandikiye yabaye ngirakamaro.​—1 Tes. 4:1, 3-5, 11; 2 Tes. 3:11, 12.

7. Ni igiki cotuma umuntu atakira neza impanuro?

7 Vyogenda gute hamwe tutotanga impanuro mu buryo bwiza? Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi yavuze ati: “Hari abatakira neza impanuro, atari kubera ko hari ico bayinegura, mugabo kubera ko iba itatanganywe urukundo.” None ivyo bitwigisha iki? Igihe duhaye umuntu impanuro tubitumwe n’urukundo aho kubitumwa n’ishavu, biroroha cane ko ayemera.

IYO MPANURO YOBA IKENEWE KOKO?

8. Umukurambere akwiye kwibaza iki imbere yo gufata ingingo yo guhanura umuntu?

8 Abakurambere ntibakwiye gutanga impanuro gihutihuti. Imbere yo kuyitanga, umukurambere akwiye kwibaza ati: ‘Vyoba vy’ukuri bikenewe ko ngira ico mvuze? Noba nzi neza ko ikintu urya muntu yakoze ari kibi? Hoba hari itegeko ryo muri Bibiliya yarenze? Canke tubona gusa ibintu mu buryo butandukanye?’ Abakurambere b’inkerebutsi baririnda ‘kwihutagiza mu majambo bavuga.’ (Imig. 29:20) Igihe umukurambere akekeranya nimba yoha impanuro umuntu, yoshobora kwegera uwundi mukurambere kugira ngo barabire hamwe nimba hari ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya uwo muntu yarenze.​—2 Tim. 3:16, 17.

9. Twigira iki kuri Paulo ku kuntu twotanga impanuro mu bijanye no kwambara be no kwitunganya? (1 Timoteyo 2:9, 10)

9 Raba akarorero. Dufate ko umukurambere arajwe ishinga n’ukuntu uwo basangiye ukwemera yambara canke yitunganya. Uwo mukurambere yoshobora kwibaza ati: ‘Hoba hari imvo ishingiye kuri Bibiliya yotuma ngira ico mvuze?’ Kugira ngo ntatange iciyumviro ciwe bwite, yoshobora kubaza uwundi mukurambere canke uwundi mwamamaji ahumuye ico avyiyumvirako. Boshobora kurabira hamwe impanuro Paulo yatanze ku bijanye no kwambara be no kwitunganya. (Soma 1 Timoteyo 2:9, 10.) Paulo yaratanze ingingo ngenderwako zagutse, mu kuvuga ko umukirisu akwiye kwambara impuzu zibereye, ziranga urupfasoni, kandi zidasiga iceyi izina ry’Imana. Ariko rero Paulo ntiyatanze urutonde rw’izo umuntu yokwambara n’izo atokwambara. Yari azi ko buri mukirisu afise uburenganzira bwo kwihitiramwo impuzu yambara, akire gusa kutarenga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Kugira ngo rero abakurambere bamenye nimba bikenewe ko botanga impanuro, barakwiye kurimbura nimba impuzu uwo muntu yambara ziranga urupfasoni be n’uko zitarenza urugero.

10. Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye n’amahitamwo umuntu agira ku giti ciwe?

10 Turakwiye kwibuka ko abakirisu babiri bahumuye boshobora gufata ingingo zitandukanye, kandi zose zikaba ari nziza. Ntidukwiye guhatira abavukanyi bacu kubona ibintu nk’uko twebwe tubibona.​—Rom. 14:10.

NI NDE AKWIYE GUTANGA IMPANURO?

11-12. Igihe bikenewe gutanga impanuro, ni ibibazo ibihe umukurambere akwiye kwibaza, kandi kubera iki?

11 Igihe bigaragaye ko impanuro ikwiye gutangwa, ikibazo gica kiza ni iki: Ni nde akwiye kuyitanga? Imbere y’uko umukurambere ahanura mushiki wacu yubatse canke umwana ataragera mu bigero, vyoba vyiza avuganye na serugo, kuko yoshobora guhitamwo kucitwararika ubwiwe. * Canke serugo yoshobora gusaba ko yoba ahari, igihe uyo mukurambere azoba ariko aratanga iyo mpanuro. Vyongeye, nk’uko twabibonye mu  ngingo ya 3, hari igihe vyoba vyiza mushiki wacu ahumuye ari we ahanuye mushiki wacu akiri muto.

12 Hari n’ikindi kintu umukurambere yorimbura. Yokwibaza ati: ‘Ubwo ni jewe mbereye gutanga iyo mpanuro, canke vyoba vyiza itanzwe n’uwundi muntu?’ Nk’akarorero, umuntu afise ingorane yo kwikengera, vyoba vyiza ahawe impanuro n’umukurambere yigeze kuba afise iyo ngorane, aho guhanurwa n’uwutigeze ayigira. Uwigeze kuyigira vyokworoha ko arushiriza kugaragaza impuhwe, kandi n’uwo ahaye impanuro vyomworohera kuyemera. Ariko ntiwumve, abakurambere bose barafise ibanga ryo kuremesha abavukanyi na bashiki bacu kugira ivyo bahinduye kugira ngo babeho bisunga ivyo Bibiliya ivuga. Igihe rero hari uwukeneye gukeburwa, igihambaye ni uko yohabwa impanuro, naho yoyihabwa n’uwundi mukurambere.

WOTANGA GUTE IMPANURO NGIRAKAMARO?

Kubera iki abakurambere bakwiye ‘gutebuka kwumviriza’? (Raba ingingo ya 13-14)

13-14. Kubera iki bihambaye ko umukurambere yumviriza?

13 Nube umuntu yumviriza. Igihe umukurambere ariko aritegurira gutanga impanuro, arakwiye kwibaza ati: ‘Noba nzi ivyo umuvukanyi wanje ariko aracamwo? Ariko ashikirwa n’ibiki? Ubwo ntiyoba ariko arashikirwa n’ingorane ntazi? Ubu ni igiki akeneye kuruta ibindi vyose?’

14 Ingingo ngenderwako iri muri Yakobo 1:19, nta nkeka ko yerekeye abatanga impanuro. Yakobo yavuze ati: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.” Naho umukurambere yoshobora kwibaza ko azi ivy’uwo muntu vyose, ubwo yoba abizi koko? Mu Migani 18:13 hatwibutsa hati: “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.” Biraba vyiza rero abajije uwo muntu, akaba ari we yivugira uko ivyiwe vyifashe. Ivyo bisaba ko amwumviriza imbere y’uko agira ico avuga. Niwibuke ca cigwa wa mukurambere twavuga mu ntangamarara yiga. Yahavuye atahura ko aho gutangura kubwira umwe mushiki wacu ivyo yari yagiye yateguye, yari kubanza kumubaza ibibazo nk’ibi: “Ni ingorane izihe uriko uracamwo?” “Ubona nogufasha iki?” Igihe abakurambere bafashe umwanya wo kumenya uko ibintu vyifashe, biroroha ko bafasha abo basangiye ukwizera, bakongera bakabaremesha.

15. Abakurambere boshira mu ngiro gute ibivugwa mu Migani 27:23?

15 Numenye intama ujejwe. Nk’uko twabibonye mu ntango, gutanga impanuro ngirakamaro birimwo n’ibindi uretse gusoma ivyanditswe gusa, canke kugira inama umuntu. Abavukanyi na bashiki bacu barakeneye kubona ko tubitwararika, ko tubatahura, kandi ko twipfuza kubafasha. (Soma Imigani 27:23.) Abakurambere barakwiye kwihatira gukomeza ubucuti bafitaniye n’abavukanyi na bashiki bacu.

Ni ibiki bishobora gutuma abakurambere boroherwa no gutanga impanuro? (Raba ingingo ya 16)

16. Ni igiki kizofasha abakurambere gutanga impanuro ngirakamaro?

16 Abakurambere barakwiye kwirinda gutanga ishusho yuko bafatiriwe cane, ku buryo baganiriza abavukanyi igihe gusa bagomba kubaha impanuro. Aho kubigenza gutyo, bama bayagisha abavukanyi na bashiki bacu, bakabereka ko babitwararika mu ngorane ziba ziriko zirabashikira. Umukurambere umwe azi utuntu n’utundi agira ati: “Niwabigenza gutyo, muzoba abagenzi. Mu nyuma nivyaba ngombwa ko ubaha impanuro, bizokworohera kuyitanga.” Uwuhabwa impanuro na we, bizoheza bimworohere kuyemera.

Kubera iki umukurambere akwiye kwihangana no kugira ubuntu igihe atanga impanuro? (Raba ingingo ya 17)

17. Ni ryari canecane umukurambere akwiye kwihangana no kugira ubuntu?

17 Niwihangane wongere ugire ubuntu. Kwihangana no kugira ubuntu birakenewe, na canecane igihe umuntu adashotse yemera impanuro ishingiye kuri Bibiliya. Umukurambere arakwiye kwirinda guca ashavura igihe uwo ahaye impanuro adaciye ayemera canke ngo ayishire mu ngiro. Ku bijanye na Yezu, Bibiliya yamenyesheje iti: “Ntazojanjagura irenga rimenetse, kandi ntazozimya urutambi ruyenga.” (Mat. 12:20) Mu masengesho rero umukurambere atura mu mwiherero, yoshobora gusaba Yehova ko yohezagira uwuzohabwa impanuro, akongera akamufasha kuzotahura igituma ayihawe, kandi akazoyishira mu ngiro. Uwuhabwa impanuro yoshobora gukenera umwanya wo kuyizirikanako. Umukurambere niyihangana akongera akagaragaza ubuntu, uwo azoba ariko arahanura ntazoshira umutima ku kuntu amuhaye impanuro, ahubwo azowushira kuri iyo mpanuro ubwayo. Ariko rero, impanuro ikwiye kwama ishingiye kw’Ijambo ry’Imana.

18. (a) Mu bijanye no gutanga impanuro, ni igiki dukwiye kuguma twibuka? (b) Twisunze ishusho ijanye n’uruzitiro, abo bavyeyi bariko baganira ku biki?

18 Nugire ico wigiye ku makosa yawe. Magingo tukiri abanyagasembwa, ntituzoshobora gushira mu ngiro ijana kw’ijana ivyiyumviro twize muri iki kiganiro. (Yak. 3:2) Tuzokora amakosa, ariko nivyashika dukwiye kuzogerageza kugira ivyo tuyigiyeko. Abavukanyi na bashiki bacu nibabona ko tubakunda, bizoborohera kutubabarira nitwavuga canke tugakora ikintu kibababaza.​—Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Akamo gaterwa abavyeyi.”

TWIZE IKI?

19. Twonezereza gute umutima w’abavukanyi na bashiki bacu?

19 Nk’uko twabibonye, gutanga impanuro ngirakamaro ntivyoroshe. Ntidutunganye, kandi n’abo duha impanuro ni ukwo. Uraguma wibuka ivyiyumviro twabonye muri iki kiganiro. Uritwararika gutanga impanuro ubigiranye imvo nziza. Vyongeye, urabanza wiyemeze ko impanuro ikenewe koko, be n’uko ari wewe ukwiye kuyitanga. Imbere yo gutanga impanuro, urabaza ibibazo umuntu wongere umwumvirize witonze, kugira ngo utahure ivyo ariko aracamwo. Uragerageza kwishira mu kibanza ciwe. Uraba umuntu yengenga, bitume ugumana ubucuti bukomeye n’abavukanyi na bashiki bacu. Uribuka ihangiro ryacu: Ntitwipfuza gusa gutanga impanuro ngirakamaro, ariko kandi twipfuza ‘kunezereza umutima’ w’uwo tuyiha.​—Imig. 27:9.

URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

^ ing. 5 Gutanga impanuro ntivyama vyoroshe. None igihe bibaye ngombwa ko dutanga impanuro, twoyitanga gute mu buryo igirira akamaro uwo tuyiha ikongera ikamuremesha? Iki kiganiro kiraza gufasha canecane abakurambere kubona ingene botanga impanuro inezereza umutima w’abayihabwa.

^ ing. 11 Raba ikiganiro kivuga ngo “Nutahure ibijanye n’ubukuru mw’ishengero,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 2021.