Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 9

Niwigane Yezu mu gukorera abandi

Niwigane Yezu mu gukorera abandi

“Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—IVYAK. 20:35.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

INCAMAKE *

1. Ni agatima keza akahe kigaragaza mu basavyi ba Yehova?

 HARACIYE igihe kirekire Bibiliya ivuze ko abasavyi b’Imana ‘bokwitanze babikunze’ mu murimo wa Yehova, bayobowe n’Umwana wiwe. (Zab. 110:3) Emwe, ubwo buhanuzi buriko buraranguka muri iki gihe! Buri mwaka, abasavyi ba Yehova b’abanyamwete baramara amasaha amamiliyoni amajana mu gikorwa co kwamamaza. Uretse ko ico gikorwa bagikora ku bushake, barakoresha n’uburyo bwabo bwite. Vyongeye, barafata umwanya wo gufasha abo basangiye ukwemera mu vyo bakenera ku mubiri, mu vy’impwemu, tutibagiye no kubaremesha. Abavukanyi bagenywe baramara amasaha n’ayandi bategura ibiganiro bazoshikiriza ku makoraniro, bakongera bakagendera cungere abo basangiye ukwemera. Ni igiki none gituma bakora ivyo bintu vyose? Ni urukundo bakunda Yehova na bagenzi babo.​—Mat. 22:37-39.

2. Twisunze Abaroma 15:1-3, ni akarorero akahe Yezu yadusigiye?

2 Yezu yaradusigiye akarorero kadasanzwe mu bijanye no gushira imbere ineza y’abandi. Turagerageza gukurikira intambuko ziwe uko bishoboka kwose. (Soma Abaroma 15:1-3.) Abamwigana bazokwironkera ivyiza vyinshi. Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyak. 20:35.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza kwihweza ibintu bimwebimwe Yezu yakoze kugira afashe abandi, twongere turabe n’ingene twomwigana. N’ikindi kandi, turaza kubona ingene tworushiriza kugira icipfuzo co gufasha abandi.

NIWIGANE AKARORERO KA YEZU

Naho Yezu yari arushe, yakoze iki igihe isinzi ry’abantu ryaza kuri we? (Raba ingingo ya 4)

4. Yezu yashize imbere gute ineza y’abandi?

4 Yezu yaritanga naho yaba arushe. Zirikana uko Yezu yavyifashemwo igihe isinzi ry’abantu ryamusanga ku nkike y’umusozi, aho biboneka ko hari hafi ya Kaperinawumu. Yezu yari yamaze ijoro ryose asenga. Naho yari arushe cane, igihe yabona iryo sinzi yaciye yumvira impuhwe abakene be n’abarwaye bari muri bo. Uretse ko yabakijije, yaratanze n’insiguro ikora ku mutima cane kuruta izindi zose zigeze gushikirizwa, iyikunze kwitwa Insiguro yo ku Musozi.​—Luka 6:12-20.

Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwigana umutima wo kwitanga wa Yezu? (Raba ingingo ya 5)

5. Ba serugo bigana gute ukwitanga kwa Yezu igihe baba barushe?

5 Ingene ba serugo bigana Yezu. Iyumvire iki kintu: Serugo yagize ibikorwa vyinshi ku kazi, ku buryo ku mugoroba ataha yasanzaye. Aho guca yiyumvira gusivya Ugusenga kwo mu muryango kuri uwo mugoroba, arasenga Yehova ngo amuhe inkomezi zo kukuyobora. Yehova arishura isengesho ryiwe, maze bakagira Ugusenga kwo mu muryango nk’uko vyama. Kuri uwo mugoroba, abana barahigira icigwa gihambaye, na co kikaba ari uko ibintu vy’impwemu ari vyo abavyeyi babo bashira imbere mu buzima kuruta ikindi kintu cose.

6. Tanga akarorero kerekana ingene Yezu yatanze umwanya wiwe kugira afashe abandi.

6 Yezu yaratanga umwanya wiwe. Iyumvire ingene Yezu yamerewe igihe yumva ko umugenzi wiwe Yohani Umubatizi yari yishwe! Yezu ategerezwa kuba yarababaye cane. Bibiliya ivuga iti: “Yezu avyumvise afata ubwato avayo aja mu gahinga ngo abe ukwa wenyene.” (Mat. 14:10-13) Turatahura igituma yashatse kuba ari ukwa wenyene. Iyo twabuze uwacu, abenshi dushima guserura umubabaro turi ukwa twenyene. Ariko ntivyashobotse ko Yezu aguma ari wenyene. Isinzi rinini ryaciye rimutangayo. None yavyakiriye gute? Yezu azirikanye ivyo abo bantu bari bakeneye, baciye “bamutera ikigongwe.” Yarabonye ko bari bakeneye kuruhurirwa cane mu vy’impwemu, aca arabafasha. Nkako, yaciye “atangura kubigisha ibintu vyinshi” aho kubigisha bikeyi gusa.​—Mrk. 6:31-34; Luka 9:10, 11.

7-8. Tanga akarorero k’ingene abakurambere bigana Yezu igihe hari uwukeneye gufashwa.

7 Ingene abakurambere bigana Yezu. Turakenguruka cane ingene abakurambere bakora bagatama ku bwacu. Vyinshi mu vyo bakora ntibibonwa n’abagize ishengero. Nk’akarorero, igihe abavukanyi bagize ikibazo cihuta kijanye no kuvurwa, abari muri Komite ija inama n’ibitaro baca bihutira kubafasha. Akenshi ibibazo nk’ivyo vyaduka ijoro ryitereye. Naho ari ukwo, babitumwe n’impuhwe bafitiye abavukanyi baba bari mu ngorane, abo bakurambere twikundira be n’imiryango yabo, barashira imbere ineza y’abo basangiye ukwemera.

8 Abakurambere barafasha kandi mu gikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa, hamwe no gutabara ababa bashikiwe n’ivyago. Vyongeye, baramara amasaha batwigisha, baturemesha, kandi badushigikira. Turakwiye gukeza abo bavukanyi be n’imiryango yabo. Ese Yehova yohezagira ako gatima bagaragaza! Ariko rero, abakurambere barakwiye kugira uburimbane, cokimwe na twebwe twese. Ntibakwiye kumara umwanya munini cane muri ivyo bikorwa, ku buryo babura umwanya wo kwitwararika imiryango yabo.

INGENE WOTSIMBATAZA UMUTIMA WO KWITANGA

9. Twisunze Abafilipi 2:4, 5, ni umutima uwuhe abakirisu bakwiye kugira?

9 Soma Abafilipi 2:4, 5. Ego ni ko, twese ntituri abakurambere. Ariko rero twese turakwiye kwigana umutima wo kwitanga wa Yezu. Bibiliya ivuga ko Yezu ‘yabaye nk’umushumba.’ (Flp. 2:7) Zirikana ico ivyo bisobanura. Umushumba canke umusuku mwiza, yararondera uturyo two guhimbara shebuja. Kubera ko nawe uri umushumba wa Yehova ukaba n’umusuku w’abavukanyi bawe, nta nkeka ko wipfuza kurushiriza gukorera Yehova n’abavukanyi bawe. Ivyiyumviro bikurikira birashobora kubigufashamwo.

10. Ni ibibazo ibihe twokwibaza?

10 Niwisuzume. Niwibaze ibibazo nk’ibi: ‘Noba niteguriye kwitangira abandi? Nk’akarorero, ndavyakira gute igihe bansavye kugendera umuvukanyi ashaje ari mu kigo babungabungiramwo abageze mu zabukuru, canke igihe bansavye kwunguruza mushiki wacu yitereye mu myaka nkamujana ku makoraniro? Noba nyaruka kwitanga igihe hari abakenewe kuzogira isuku ahazobera ihwaniro canke abakora ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro y’Ubwami?’ Yehova arahimbarwa iyo dutanze tubikunze umwanya wacu be n’ivyo dutunze kugira dufashe abandi, narirya biri mu vyo twamweguriye. None tubonye ivyo tworyohora twoca dukora iki?

11. Isengesho rishobora kugufasha gute kurushiriza kugira umutima wo kwitanga?

11 Nusenge Yehova ubigiranye ubwira. Dufate ko ubonye ko hari ivyo woryohora, mugabo ukabura ishaka ryo kubigira. Muri ico gihe, urakwiye gusenga Yehova ubigiranye ubwira. Numubwize ukuri. Mubwire ukuntu wiyumva wongere umusabe ko ‘yotuma ugira ugushaka, aguhe n’ububasha kugira ukore.’​—Flp. 2:13.

12. Umuvukanyi akiri muto kandi yabatijwe, yofasha gute ishengero?

12 Nimba uri umuvukanyi akiri muto kandi yabatijwe, nusabe Yehova agufashe kurushiriza kugira icipfuzo co gukora vyinshi mw’ishengero. Mu bihugu bimwebimwe, abakurambere ni benshi kuruta abakozi b’ishengero, kandi benshi muri abo bakozi b’ishengero usanga bakuze. Uko ishirahamwe riguma ryaguka, ni ko dukenera abavukanyi benshi bakiri bato bodufasha kwitwararika intama za Yehova. Niwitanga ugafasha aho woba ukenewe hose, uzohimbarwa. Uti kubera iki? Kubera ko uzonezereza Yehova, abavukanyi bakakuvuga neza, ukironkera n’umunezero uva ku gufasha abandi.

Abakirisu b’i Yudaya barajabutse Uruzi Yorodani, bahungira mu gisagara c’i Pela. Abari bashitseyo imbere, bariko baraha ibifungurwa abahejeje gushikayo (Raba ingingo ya 13)

13-14. Ni ibintu ibihe twokora kugira dufashe abavukanyi na bashiki bacu? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

13 Niwitwararike kumenya ivyo abandi bakeneye. Intumwa Paulo yahimirije Abaheburayo ati: “Ntimwibagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.” (Heb. 13:16) Iyo mpanuro yari nziza cane. Ata gihe kinini kihaciye abakirisu b’i Yudaya baronse iryo kete, vyarabaye ngombwa ko baheba amazu yabo, ubuzi bwabo, n’incuti zabo batari basangiye ukwemera maze “batangura guhungira mu misozi.” (Mat. 24:16) Ico gihe, nta nkeka ko vyihutirwa cane ko bafashanya. Nimba bari barashize mu ngiro impanuro Paulo yari yarabahaye yo gusangira n’abandi ivyo bafise, vyaraboroheye kumenyera ubwo buzima bushasha.

14 Rimwe na rimwe, abavukanyi na bashiki bacu boshobora kutatubwira ivyo bakeneye. Dufate akarorero: Mushiki wacu arapfuye maze agasiga umugabo wiwe. Uwo muvukanyi yoba akeneye uwomutegurira udufungurwa, uwomwunguruza, canke uwomufasha udukorwa tw’imuhira? Yoshobora kutabitubwira kubera atinya yuko yoba ariko aratugora. Ariko hamwe twokwibwiriza kumufasha mu vyo akeneye, yobikenguruka cane. Ntidukwiye kwiyumvira ko abandi bazokwitwararika kumufasha canke ko azokwama atubwira ivyo twomufasha. Niwibaze uti: ‘Hamwe yoba ari jewe vyashikiye, noshima ko abandi bamfasha iki?’

15. Twokwiyemeza gukora iki nimba twipfuza kuba abantu bitanga?

15 Nube umuntu yoroshe kwitura. Nta nkeka ko uzi abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero iwanyu usanga bama biteguriye gufasha abandi. Ntibigera batuma twiyumvira ko tubagora. Igihe cose haba hari ico dukeneye, tuba tuzi ko badufasha kandi natwe twipfuza kumera nka bo. Umukurambere umwe yitwa Alan arengeje imyaka 40, aripfuza kuba umuntu yoroshe kwitura. Alan azirikanye ku karorero ka Yezu, avuga ati: “Naho Yezu yari afise ibikorwa vyinshi, abantu b’imyaka yose baramukunda bakongera bakamwitura borohewe kugira abafashe. Babona ko abitwararika koko. Ndipfuza cane kumera nka Yezu, nkaba umuntu yoroshe kwitura, arangwa igishika, kandi yitaho abandi.”

16. Gushira mu ngiro ibivugwa muri Zaburi 119:59, 60 bidufasha gute gukurikira neza akarorero ka Yezu?

16 Ntidukwiye gucika intege hamwe vyotugora kwigana Yezu neza na neza. (Yak. 3:2) Umuntu akiriko ariga ikintu ntashobora kugikora neza na neza nk’uwumwigisha. Ariko uko agenda arigira ku makosa akora, akongera akihata uko ashoboye kwose mu kwigana uwumwigisha, ni ko aguma atera imbere. Muri ubwo buryo nyene, iyo dushize mu ngiro ivyo twiga muri Bibiliya, tukihatira gukosora ibitagenda neza, turashobora gukurikira neza akarorero Yezu yadusigiye.​—Soma Zaburi 119:59, 60.

IVYIZA BIVA KU KWITANGA

Igihe abakurambere biganye umutima wo kwitanga wa Yezu, baba bahaye akarorero keza abakiri bato (Raba ingingo ya 17) *

17-18. Nitwigana umutima wo kwitanga wa Yezu tuzokwironkera ivyiza ibihe?

17 Umutima wo kwitanga urandukira. Umukurambere yitwa Tim avuga ati: “Turafise abavukanyi bakiri bato bateye imbere maze baragenwa kuba abakozi b’ishengero, bamwe muri bo bakaba bari bakiri bato cane, ahanini bikaba vyavuye ku gatima ko kwitanga babonanye abandi. Ibikorwa bakora birafasha ishengero ryacu bikongera bigasahiriza cane abakurambere.”

18 Tuba mw’isi irangwa n’agatima k’ubwikunzi. Ariko rero si ko biri ku basavyi ba Yehova. Twarakozwe ku mutima n’ukwitanga kwa Yezu, kandi twiyemeje kwigana akarorero kiwe. Naho tudashobora kwigana akarorero kiwe ata gahaze, turashobora ‘gukurikira neza intambuko ziwe.’ (1 Pet. 2:21) Nitwihatira kwigana umutima wo kwitanga wa Yezu, tuzokwironkera umunezero uva ku kuba duhimbara Yehova.

URURIRIMBO RWA 13 Kristu, Karorero kacu

^ ing. 5 Yezu yama ashira imbere ineza y’abandi aho gushira imbere ineza yiwe. Muri iki kiganiro, turihweza uburyo butandukanye twokwigana akarorero kiwe. Turaza no kubona ingene kwigana umutima wiwe wo kwitanga bizotuma twironkera ivyiza birama.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi akiri muto yitwa Dan, ariko aritegereza abakurambere babiri baje kugendera se wiwe mu bitaro. Dan arakorwa ku mutima n’akarorero keza k’abo bakurambere. Karamuvyurira kandi umutima wo kwitwararika ivyo abandi bo mw’ishengero bakeneye. Uwundi muvukanyi akiri muto wo mw’ishengero yitwa Ben, aritegereza ingene Dan yitwararika abandi. Akarorero ka Dan karatuma Ben yitanga mu bikorwa vyo kugirira isuku Ingoro y’Ubwami.