Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Narubuye ikiruta kuba umuganga

Narubuye ikiruta kuba umuganga

“IVYO nyene mumbwiye ni vyo namye nipfuza kuva nkiri muto!” Ayo majambo nayavuze ndyohewe, ndayabwira umugabo n’umugore bari baje kwivuza mu 1971. Ni ho nari ncugurura ivuriro ryanje rya mbere, nkaba nari maze igihe gito ntanguye kuvura. None abo barwayi bari bande, kandi ivyo bintu nipfuza vyari ibiki? Reka ndabiganire ukuntu ico kiyago cahinduye ivyo nashira imbere mu buzima, be n’igituma nemera ko ivyo namye nipfuza kuva nkiri muto bigiye kuranguka vuba.

Navukiye i Paris mu Bufaransa mu 1941, mvukira mu muryango uciye bugufi. Narakunda cane ishure. Iyumvire rero ingene navunitse umutima igihe narwara igituntu mfise imyaka cumi, ngaca mpagarika kwiga! Abaganga baciye bansaba kuguma mu gitanda kugira sinduhishe amahaha. Mu mezi atari make rero namaze ndwaye, naguma nsoma kazinduzi, nkongera nkumviriza ibiganiro vyaca kw’iradiyo yitwa Sorbonne, vyategurwa na Kaminuza y’i Paris. Amaherezo, igihe umuganga yamvura yavuga ko nakize be n’uko nosubira kw’ishure, nararengewe n’umunezero. Naciye nibwira nti: ‘Abaganga nibubahwe!’ Kuva ico gihe, naciye ngira icipfuzo co kuvura abantu indwara. Igihe cose dawe yaba ambajije ico nipfuza kuzokora mu buzima, nama ndamwishura nti: “Nipfuza kuba umuganga.” Ukwo ni ko natanguye gukunda umwuga w’ubuganga.

INGENE SIYANSI YATUMYE NIYEGEREZA IMANA

Mu muryango wacu twari abagatolika bo kw’izina. Nta vyinshi nari nzi ku vyerekeye Imana, kandi nari mfise ibibazo vyinshi. Inyuma y’aho ntanguriye kwiga ivy’ubuganga kuri kaminuza, ni ho najijuka ko ibinyabuzima vyaremwe.

Ndibuka umusi wa mbere narabira mu cuma rugagamisha akagingo ngengabuzima k’ishurwe rimwe. Narakozwe ku mutima cane n’ingene uduce tw’ako kagingo ngengabuzima tuvyifatamwo iyo gahuye n’ubushuhe canke ubukanye. Narihweje kandi ingene agahimba nyamukuru kagizwe n’utuzituzi (cytoplasme) kagabanuka iyo kagiyeko umunyu, mugabo kakongerekana iyo gashizwe mu mazi meza. Ubwo bushobozi akagingo ngengabuzima gafise bwo kuza karahindura inyifato ni bwo butuma utunyabuzima dutoduto dushobora kuba ahantu hatandukanye. Igihe nibonera ingene akagingo ngengabuzima ako ari ko kose usanga gahanitse bimwe biteye ubwoba, naciye mbona ko ibinyabuzima bitiyadukije.

Mu mwaka ugira kabiri ndiko ndigira ubuganga, nariboneye ibindi bimenyamenya vy’uko Imana ibaho koko. Mu cigwa kijanye n’umubiri w’umuntu, twarize ingene igice c’ukuboko kiva ku ntoke gushika ku nkokora kimeze, bituma dushobora kuzinga intoke zacu tukongera tukazigorora. Ingene imitsi n’inyama be n’amagufa bifatanye bikongera bigakorana, biratangaje cane. Nk’akarorero, narize ko umutsi ufatanya inyama y’ico gice c’ukuboko be n’ingingo ya kabiri y’urutoke wigabura, ivyo bigatuma umutsi uja kw’isonga ry’urutoke uca hagati y’iyo mitsi. Iyo mitsi iba kandi yegereye utugufa tw’urutoke. Iyaba intoke zacu zitameze gutyo, iyo mitsi yoca imera nk’umugozi udweguye. Naciye mbona ko uwahinguye umubiri w’umuntu ari incabwenge idasanzwe.

Igihe niga ibijanye n‘ivuka ry’umwana hoho, nararushirije gutangarira uwashizeho ibinyabuzima. Narize yuko igihe umwana akiri mu nda, aronka umwuka wa ogisijeni ahumeka biciye kuri nyina wiwe, ukaba uca mu ruzogi. Udusaho dutoduto two mu mahaha twitwa alvéoles ntituba turajamwo impemu. Umwana yegereje kuvuka, muri utwo dusaho haca hiremarema utuntu tumeze nk’utuzi dutuma horoha. Umwana amaze kuvuka maze agatangura guhema, haca haba urukurikirane rw’ibintu bitangaje. Umutima uca wiyugara, ivyo bigatuma amaraso yihinda aja mu mahaha. Kuri ico gihe gihambaye c’ubuzima bw’umwana, umuyaga uca unyarukira muri twa dusaho, maze twa tuzituzi tugatuma impande z’utwo dusaho zidafatana. Ubwo nyene umwana aba aronse ivya ngombwa vyose bituma ahumeka ubwiwe.

Kubera ko nipfuza kumenya uwaremye ivyo bitangaza vyose, naciye ntangura gusoma Bibiliya ata gufyina. Narakozwe cane ku mutima n’amategeko agenga isuku dusanga mw’isezerano Imana yagiranye n’ihanga rya Isirayeli, ubu hakaba haheze imyaka irenga 3.000. Imana yategetse Abisirayeli kuzika umwanda mukuru, kwama biyuhagira, no gukura mu bandi umuntu wese afise ibimenyetso vy’indwara zandukira, bakamushira ukwa wenyene. (Lew. 13:50; 15:11; Gus. 23:13) Bibiliya irimwo amakuru yerekana neza ingene indwara zandukira, ivyo abanyasiyansi bakaba babitahuye muri ibi binjana vya vuba. Naratahuye kandi ko amategeko dusanga mu Balewi avuga ibijanye n’isuku ryerekeye ibihimba vy’irondoka, yatumye Abisirayeli bagira amagara meza. (Lew. 12:1-6; 15:16-24) Naciye mbona ko Umuremyi yahaye ayo mategeko Abisirayeli ku bw’ineza yabo, kandi ko yahezagira abayagamburuka bose. Narajijutse ko Bibiliya yahumetswe n’Imana ntari bwamenye izina ryayo ico gihe.

INGENE NAMENYANYE N’UMUGORE WANJE N’INGENE NAMENYE YEHOVA

Umusi twubakana na Lydie, ku wa 3 Ndamukiza 1965

Igihe nariko ndigira ubuganga kuri kaminuza, naramenyanye n’umwigeme yitwa Lydie, nca ndamukunda cane. Twubakanye mu 1965, ico gihe nkaba nari ngejeje amashure hagati. Mu 1971, twari tumaze kuvyara abana batatu muri batandatu dufise. Lydie yaranshigikiye cane, haba mu kazi kanje k’ubuganga canke mu muryango wacu.

Namaze imyaka itatu nkorera ku bitaro, imbere y’uko nshinga ivuriro ryanje. Gatoyi inyuma y’aho, hari umugabo n’umugore baje kwivuza, bakaba ari bamwe nababwira mu ntango z’iyi nkuru. Igihe nagira nandikire imiti uwo mugabo, umugore wiwe yaciye avuga ati: “Muganga, mu vyo wandika ndakwinginze ntushiremwo amaraso.” Naciye ndamubaza ntangaye nti: “Ni vyo? Kubera iki?” Na we anyishura ati: “Turi Ivyabona vya Yehova.” Sinari bwigere numva ivyerekeye Ivyabona vya Yehova canke ivyo bemera ku bijanye n’amaraso. Uwo mugore yaciye asokorora Bibiliya aranyereka icanditswe bisunze mu kwanka amaraso. (Ivyak. 15:28, 29) Be n’umugabo wiwe baciye babandanya bambwira ivyo Ubwami bw’Imana buzorangura, ko buzokuraho imibabaro, indwara, be n’urupfu. (Ivyah. 21:3, 4) Naciye ndababwira ntangaye nti: “Ivyo nyene mumbwiye ni vyo namye nipfuza kuva nkiri muto! Nabaye umuganga kugira ngo nduhurire abantu imibabaro.” Ico kiyago carandyoheye cane ku buryo twamaranye isaha n’inusu tuyaga. Igihe twavana na bo, mu mutima wanje sinari nkiri umugatolika, kandi nari namenye ko wa Muremyi natangarira cane yitwa Yehova.

Uwo mugabo n’uwo mugore twabonaniye incuro zitatu ng’aho kw’ivuriro iwanje, kandi buri gihe twamara isaha irenga turiko turayaga. Narabatumiye i muhira iwanje kugira tuyage vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Naho Lydie yemeye kwifatanya natwe kwiga Bibiliya, ntiyemera ko inyigisho zimwezimwe twigishijwe muri gatolika zitari iz’ukuri. Naciye rero ntumira umupatiri i muhira iwacu. Twarahaririye ku nyigisho zimwezimwe z’idini rya Gatolika gushika mw’ijoro cane. Ico kiyago carajijuye Lydie ko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri. Mu nyuma, urukundo dukunda Yehova rwahavuye rwongerekana ku buryo twempi twahavuye tubatizwa mu 1974.

NSHIRA YEHOVA IMBERE

Ivyo nize ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu vyaratumye mpindura ivyo nshira imbere mu buzima bwanje. Twe n’umukenyezi wanje twaciye dushira imbere gukorera Yehova. Twariyemeje kurera abana bacu twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Twarabigishije gukunda Imana n’abantu, ivyo bica bituma umuryango wacu wunga ubumwe.​—Mat. 22:37-39.

Twe n’umugore wanje dusubije amaso inyuma, akenshi turatwenga twibutse ingene abana bacu babona ko turi abavyeyi bunze ubumwe. Bari bazi ko umuryango wacu ugendera kuri ya majambo Yezu yavuga agira ati: “Ijambo ryanyu ‘Ego’ niribe ego, ‘Oya’ yanyu ibe oya.” (Mat. 5:37) Nk’akarorero, igihe umwe mu bakobwa bacu yari afise imyaka 17, nyina wiwe yaramwankiye gusohokana n’abandi bakiri bato. Umwe muri bo yabwiye uwo mukobwa wacu ati: “Ko nyoko wawe yakwankiye, genda ubaze so wawe.” Uwo mukobwa wacu yaciye amwishura ati: “Kwoba ari uguta umwanya, kuko bama bavuga rumwe.” Ego cane, abana bacu batandatu barabona ko twari twunze ubumwe mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Turakengurukira Yehova kubona muri iki gihe umuryango wacu urimwo abantu benshi bamukorera.

Naho ukuri kwatumye mpindura ivyo nashira imbere, nagumye nipfuza gukoresha ubuganga nigiye mu gufasha abasavyi b’Imana. Naciye rero nitanga kuza ndaja kuvura Abanyabeteli i Paris, mu nyuma na ho nja kubavurira kuri Beteli nshasha i Louviers. Ubu maze imyaka hafi 50 nza ndaja gufasha kuri Beteli. Muri ico kiringo cose, narironkeye abagenzi beza mu muryango wa Beteli, bamwe muri bo ubu bakaba barenza imyaka 90. Umusi umwe, hari ikindi kintu canezereje cane igihe nahura n’Umunyabeteli umwe mushasha. Nasanze ari jewe nakiriye nyina wiwe igihe yamuvyara, hakaba hari haciye imyaka 20!

NARIBONEYE INGENE YEHOVA YITAHO ABASAVYI BIWE

Uko imyaka yagiye irarengana, nararushirije gukunda Yehova uko naza ndibonera ingene ayobora abasavyi biwe, akongera akabakingira biciye kw’ishirahamwe ryiwe. Mu ntango z’imyaka ya 1980, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Inama Nyobozi yaratanguje programa ijanye no guhanahana amakuru hagati y’Ivyabona vya Yehova be n’abaganga, ku bijanye no kuvurwa.

Mu nyuma mu 1988, Inama Nyobozi yaratanguje urwego rushasha rwitwa Urwego rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi. Mu ntango, urwo rwego rwagenzura ibikorwa vya Komite zija inama n’ibitaro zari zashinzwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kugira zifashe abavukanyi kuvurwa neza. Igihe iyo ntunganyo yatanguzwa kw’isi yose, mu Bufaransa haciye hashingwa Komite zijejwe kuja inama n’ibitaro. Ntiworaba ingene nkorwa ku mutima no kubona ingene ishirahamwe rya Yehova ribigiranye urukundo, rifasha abavukanyi na bashiki bacu barwaye kuronka abaganga babavura neza!

IVYO NIPFUZA BIRANGUKA

Turacabandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana

Narakunda cane ivyo kuvura abantu. Ariko rero maze kuzirikana ku vyo nari gushira imbere, nahavuye ntahura ko igihambaye ari ukuvura abantu mu vy’impwemu, nkabafasha gusubiza hamwe na Yehova Imana, we Sôko ry’ubuzima. Maze gukukuruka, twe n’umugore wanje twaciye dufata ubutsimvyi busanzwe, buri kwezi tukamara amasaha menshi twamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. N’ubu turakora uko dushoboye kwose muri ico gikorwa kirokora ubuzima.

Twe na Lydie, mu 2021

Ndacabandanya gukora uko nshoboye kwose kugira ngo mfashe abarwaye kuronka agahengwe. Ariko rero ndatahura ko naho yoba umuganga karuhariwe gute, adashobora kuvura indwara zose, canke kubuza abantu ko bapfa. Ni co gituma niteganye igishika igihe umubabaro, indwara, be n’urupfu bitazoba bikiriho. Muri iyo si nshasha yegereje cane, nzoba mfise ibihe bidahera vyo kwiga ibintu vyinshi Imana yaremye, ushizemwo n’uburyo butangaje Imana yaremye umubiri w’umuntu. Mu vy’ukuri, ivyo nipfuza kuva mu bwana bimaze kuranguka igice gusa. Ariko rero, ndazi neza ko vyinshi bigiye kuranguka vuba!