Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 10

Urashobora ‘kwambura wa muntu wa kera’

Urashobora ‘kwambura wa muntu wa kera’

“Mwambure wa muntu wa kera n’ingeso ziwe.”​—KOL. 3:9.

URURIRIMBO RWA 29 Tubeho duhuza n’izina ryacu

INCAMAKE *

1. Wari umeze gute imbere y’uko utangura kwiga Bibiliya?

 WARI umeze gute imbere y’uko utangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova? Abenshi muri twebwe ntitwipfuza no kuvyibuka. Dushobora kuba twabaho twisunga ivyiyumviro vy’iyi si, mu kuntu ibona iciza n’ikibi. Nimba ari ko biri, ‘nta cizigiro twari dufise, kandi nta Mana twagira mw’isi.’ (Ef. 2:12) Ariko tumaze kwiga Bibiliya, ivyo vyose vyaciye bihinduka.

2. Ni ibiki wamenye igihe wiga Bibiliya?

2 Igihe wiga Bibiliya, waramenye ko ufise Umuvyeyi wo mw’ijuru agukunda cane. Waratahuye yuko nimba wipfuza guhimbara Yehova maze ukaba mu bagize umuryango w’abasavyi biwe, vyobaye ngombwa ko ugira amahinduka akomeye mu kuntu ubaho, mu kuntu ubona ibintu, no mu kuntu wiyumvira. Wotegerejwe kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru.​—Ef. 5:3-5.

3. Twisunze Abakolosayi 3:9, 10, Yehova yipfuza ko dukora iki, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Yehova Umuremyi wacu akaba n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, arafise uburenganzira bwo gushingira abo mu muryango wiwe ingene bokwigenza. Imbere y’uko tubatizwa, adusaba ko tugira akigoro ko “[kwambura] wa muntu wa kera n’ingeso ziwe.” * (Soma Abakolosayi 3:9, 10.) Iki kiganiro kiraza gufasha abipfuza kubatizwa kuronka inyishu z’ibibazo bitatu: (1) “Umuntu wa kera” ni iki? (2) Kubera iki Yehova adusaba kumwambura? (3) Twomwambura gute? Abamaze kubatizwa na bo, iki kiganiro kiraza kubafasha kwirinda ko ingeso ziranga wa muntu wa kera zisubira kubandukira.

“UMUNTU WA KERA” NI IKI?

4. Umuntu aganzwa n’“umuntu wa kera” usanga yigenza gute?

4 Umuntu aganzwa n’“umuntu wa kera” muri rusangi usanga yiyumvira ibintu mu buryo bw’umubiri, akongera agakora ibintu mu buryo bw’umubiri. Usanga yikunda, atwarwa n’ishavu, adashima, kandi yibona. Yoshobora guhimbarwa no gusoma ibintu vy’ibiterasoni, akongera akaraba amasinema y’ubushegabo, be n’ubugizi bwa nabi. Mu bisanzwe aba afise kamere nziza zimwezimwe, kandi birashika akicuza ku bintu bibi avuga canke akora. Ariko rero, muri we aba abuze inkomezi zotuma ahindura ivyiyumviro vyiwe n’inyifato yiwe.​—Gal. 5:19-21; 2 Tim. 3:2-5.

Iyo twambuye “wa muntu wa kera,” ntidusubira kuganzwa n’ingeso mbi be n’inyifato mbi (Raba ingingo ya 5) *

5. Twoba twoshobora kwambura ijana kw’ijana wa muntu wa kera? Sigura. (Ivyakozwe 3:19)

5 Kubera ko tudatunganye, nta n’umwe muri twebwe yoshobora kwikuramwo ijana kw’ijana ivyiyumviro bibi be n’ivyipfuzo bibi. Birashobora gushika tukavuga canke tugakora ikintu kizotuma twicuza. (Yer. 17:9; Yak. 3:2) Mugabo iyo twambuye wa muntu wa kera, ntidusubira kuganzwa n’ingeso mbi be n’inyifato mbi. Tuba twahindutse tukaba uwundi muntu.​—Yes. 55:7; soma Ivyakozwe 3:19.

6. Kubera iki Yehova aduhimiriza kwikuramwo ivyiyumviro bibi n’ingeso mbi biranga wa muntu wa kera?

6 Kubera ko Yehova adukunda cane kandi akaba yipfuza ko duhimbarirwa ubuzima, araduhimiriza kwikuramwo ivyiyumviro bibi be n’ingeso mbi. (Yes. 48:17, 18) Arazi ko abemera kuganzwa n’ivyipfuzo vyabo ari bo nyene bigirira nabi, bakagirira nabi n’abandi. Biramubabaza kubona twigirira nabi, tukagirira nabi n’abandi.

7. Twisunze Abaroma 12:1, 2, ni amahitamwo ayahe dufise?

7 Incuti zimwezimwe be n’abagenzi bamwebamwe, mu ntango boshobora kudutwenga kubera ko turiko turagerageza guhindura ingeso zacu. (1 Pet. 4:3, 4) Boshobora kutubwira ko dufise uburenganzira bwo gukora ivyo dushaka vyose, ko rero tudakwiye kureka ngo abandi batubwire ico twokora. Ariko rero abanka kuyoborwa n’ingingo ngenderwako za Yehova, ku bwa ngingo ntibaba bigenga. Mu vy’ukuri, baba bahisemwo kugengwa n’iyi si iganzwa na Shetani. (Soma Abaroma 12:1, 2.) Dutegerezwa kugira ihitamwo ryo kuguma twambaye wa muntu wa kera aganzwa n’igicumuro be n’iyi si ya Shetani, canke tukemera ko Yehova aduhindura tukaba abantu beza, ku rugero dushobora gushikanako muri iki gihe.​—Yes. 64:8.

‘WOKWAMBURA’ GUTE WA MUNTU WA KERA?

8. Ni ibiki vyodufasha kuvavanura n’ivyiyumviro bibi be n’ingeso mbi?

8 Yehova arazi ko bisaba umwanya be n’akigoro kugira ngo tuvavanure n’ivyiyumviro bibi be n’ingeso mbi. (Zab. 103:13, 14) Ariko rero biciye kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe, Yehova araturonsa ubukerebutsi, inkomezi, n’imfashanyo dukeneye kugira ngo duhindure uko tumeze. Nta nkeka ko ariko arabigufashamwo. Ubu na ho, nimuze turabe ibintu bimwebimwe wokora vyogufasha gutera izindi ntambwe mu kwambura wa muntu wa kera, maze ugakwiza ibisabwa vyo kubatizwa.

9. Ijambo ry’Imana rishobora kugufasha gukora iki?

9 Niwisuzume witonze ukoresheje Bibiliya. Ijambo ry’Imana rimeze nk’icirore. Rirashobora kugufasha gusuzuma ingene wiyumvira, ivyo uvuga be n’ivyo ukora. (Yak. 1:22-25) Uwukwigisha Bibiliya be n’abandi bakirisu bahumuye, barashobora kukugira inama. Nk’akarorero, barashobora gukoresha Ivyanditswe kugira ngo bagufashe kumenya aho ukomeye be n’aho ugoyagoya. Barashobora kukwereka ingene woronka amakuru ashingiye kuri Bibiliya akuronsa impanuro z’ukuntu wotsinda ingeso mbi. Vyongeye, Yehova yama yiteguriye kugufasha. Arazi neza ingene yogufasha, kuko azi ibiri mu mutima wawe. (Imig. 14:10; 15:11) Niwame rero umusenga buri musi wongera wiyigisha Ijambo ryiwe.

10. Wigiye iki ku vyashikiye Elie?

10 Niwemere udakeka ko ingingo ngenderwako za Yehova ari nziza kuruta. Ivyo Yehova adusaba gukora vyose biratugirira akamaro. Ababaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe barihesha icubahiro, bakagira intumbero mu buzima be n’agahimbare nyakuri. (Zab. 19:7-11) Ariko abirengagiza ingingo ngenderwako za Yehova bobo, barahura n’ingaruka ziva ku gukora ibikorwa vy’umubiri. Raba ivyo umugabo umwe yitwa Elie avuga ku bijanye n’ukutisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Yarezwe n’abavyeyi bakunda Yehova. Mugabo ageze mu buyabaga, yahisemwo kwifatanya n’abagenzi babi. Bahavuye bamukwegera mu ngeso zo kunywa ibiyayuramutwe, mu busambanyi no mu busuma. Elie avuga ko yahavuye aba umuntu atwarwa n’ishavu kandi akora ivy’ububisha. Avuga ati: “Muri rusangi, nari nsigaye nkora ibintu vyose nari narigishijwe ko abakirisu badakwiye gukora. Naho ari ukwo, Elie ntiyigeze yibagira ivyo yari yarigishijwe akiri muto. Mu nyuma, yaciye asubira kwiga Bibiliya. Yarakoze ibishoboka vyose araheba ingeso ziwe mbi, maze arabatizwa mu 2000. None kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova vyamugiriye akamaro gute? Elie avuga ati: “Ubu ndafise amahoro yo mu mutima be n’ijwi ryo mu mutima ryiza.” * Nk’uko iyo nkuru ivyerekana, abanka kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova, ni bo nyene bigirira nabi. Ariko rero n’ico gihe nyene, Yehova aguma yiteguriye kubafasha guhinduka.

11. Ni ibiki Yehova yanka?

11 Niwige kwanka ivyo Yehova yanka. (Zab. 97:10) Bibiliya irerekana ko Yehova yanka “amaso yishira hejuru, ururimi rw’ikinyoma n’amaboko asesa amaraso y’intungane.” (Imig. 6:16, 17) Vyongeye, ‘aranka abantu b’inkazi kandi bahendana.’ (Zab. 5:6) Yehova aranka cane iyo nyifato be n’ivyo bikorwa, ku buryo yahoneje abanyakibi bose bo mu gihe ca Nowa kubera ko bari bujuje isi ubukazi. (Ita. 6:13) Raba akandi karorero: Yehova abicishije ku muhanuzi Malaki, yaravuze ko yanka abakoresha uruyeri kugira ngo bahukane n’abo bubakanye. Ntiyemera ugusenga kwabo, kandi azobakubita intahe mu gahanga.​—Mal. 2:13-16; Heb. 13:4.

Dukwiye kuzinukwa gukora ikintu Yehova avuga ko ari kibi, nka kurya nyene tuzinukwa gufungura ibifungurwa biboze (Raba ingingo ya 11-12)

12. ‘Kuzinukwa ikibi’ bisobanura iki?

12 Yehova yipfuza ko ‘tuzinukwa ikibi.’ (Rom. 12:9) Ijambo ‘kuzinukwa’ ryerekeza ku kwanka ikibi urunuka. Risobanura kwanka ikintu wivuye inyuma, kikagushisha. Iyumvire ingene womererwa hamwe boguha ibifungurwa biboze ngo ubirye. Kuvyiyumvira gusa vyoshobora gutuma wumva urwaye. Muri ubwo buryo nyene, no kwiyumvira gusa ko twokora ikintu Yehova avuga ko ari kibi, birakwiye kudushisha.

13. Kubera iki dukwiye kurinda ivyiyumviro vyacu?

13 Rinda ivyiyumviro vyawe. Ivyo dukora bihera mu vyiyumviro. Ni co gituma Yezu yatwigishije kurwanya ivyiyumviro vyoshobora gutuma dukora igicumuro gikomeye. (Mat. 5:21, 22, 28, 29) Twipfuza guhimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ese ukuntu rero bihambaye ko twikuramwo tudatebaganye ivyiyumviro bibi vyose vyotuzamwo!

14. Ivyo tuvuga bihishura iki, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

14 Nucungere ivyo uvuga. Yezu yavuze ati: “Ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima.” (Mat. 15:18) Ego cane, ivyo tuvuga birahishura ico turi imbere. Niwibaze rero uti: ‘Noba nirinda kubesha n’igihe kuvuga ukuri vyonkwegera ingorane? Nimba nubatse, noba nirinda gukwegana n’abo tudasangiye igitsina? Noba nirinda kuvuga ibishegu? Iyo hagize uwumbabaza noba ndamwishurana ubwitonzi?’ Kuzirikana witonze kuri ivyo bibazo birashobora kugufasha. Ivyo uvuga twoshobora kubigereranya n’ibipfungo vy’impuzu. Iyo ubipfunguye, bica bikworohera kwambura iyo mpuzu. Muri ubwo buryo nyene, niwihatira kwirinda imvugo mbi mu biyago vyawe, ukubesha be n’ibishegu, bizoca bikworohera kwambura wa muntu wa kera.

15. ‘Kumanika ku giti’ umuntu wacu wa kera bisobanura iki?

15 Niwitegurire gufata ingingo ruhasha. Intumwa Paulo yarakoresheje ikigereranyo gikomeye kugira ngo atwigishe igituma bihambaye ko tugira amahinduka. Yavuze ko dukwiye ‘kumanika ku giti’ wa muntu wacu wa kera. (Rom. 6:6) Mu yandi majambo, twipfuza gukurikiza akarorero ka Kristu. Turakwiye kwica inyifato be n’ingeso mbi Yehova yanka. Nitwabigenza gutyo, ni ho gusa tuzogira ijwi ryo mu mutima ryiza be n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (Yoh. 17:3; 1 Pet. 3:21) Niwibuke yuko Yehova atazohindura ingingo ngenderwako ziwe kugira ngo adushimishe. Ahubwo ni twebwe dukwiye guhindura uko tumeze kugira ngo duhuze n’ingingo ngenderwako ziwe.​—Yes. 1:16-18; 55:9.

16. Kubera iki ukwiye kubandanya urwanya ivyipfuzo vy’umubiri?

16 Nubandanye kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri. N’inyuma y’ibatisimu, bizoba ngombwa ko ubandanya kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri. Raba ivyashikiye umugabo umwe yitwa Maurício. Akiri muto, yaratanguye kwisuka mu ngeso yo guhuza ibitsina n’abo babisangiye. Mu nyuma, yarahuye n’abasavyi ba Yehova maze aratangura kwiga Bibiliya. Yarahinduye ubuzima bwiwe maze arabatizwa mu 2002. Naho Maurício amaze imyaka myinshi akorera Yehova, avuga ati: “Ntabeshe, vyagiye birashika ndagira ivyipfuzo bibi.” Ariko ivyo ntibimuca intege. Ahubwo nyabuna avuga ati: “Ndahimbarwa no kumenya ko kudashira mu ngiro ivyo vyipfuzo, bituma mpimbara Yehova.” *

17. Ni igiki cakuremesheje muri iyo nkuru ya Nabiha?

17 Nusabe Yehova agufashe, wongere wiheke ku mpwemu yiwe, aho kwiheka ku nkomezi zawe bwite. (Gal. 5:22; Flp. 4:6) Dutegerezwa kugira akigoro nimba twipfuza kwambura burundu wa muntu wa kera. Raba ivyashikiye umwigeme umwe yitwa Nabiha. Se wiwe yamutaye agifise imyaka itandatu gusa. Nabiha avuga ati: “Vyaranteye intuntu ikomeye.” Nabiha amaze gukura, yahavuye aba umuntu akunda gushavura kandi akara cane. Yaratanguye kudandaza ibiyayuramutwe, mu nyuma arafatwa maze amara imyaka itari mike mw’ibohero. Ivyabona bahora bagendera iryo bohero baratanguye kumwigisha Bibiliya. Nabiha yaratanguye kugira amahinduka akomeye. Avuga ati: “Hari ingeso zimwezimwe zanyoroheye guheba. Ariko guheba itabi vyarambereye urugamba rukomeye.” Inyuma y’umwaka urenga Nabiha arwana urwo rugamba, yahavuye ariheba. None yabigenjeje gute? Avuga ati: “Gusenga Yehova ubudahengeshanya ni co kintu nyamukuru camfashije kuriheba.” Ubu abwira abandi ati: “Ndemera ntakeka ko nimba narashoboye kugira amahinduka kugira ngo mpimbare Yehova, uwo ari we wese yobishobora!” *

URASHOBORA GUKWIZA IBISABWA VYO KUBATIZWA

18. Twisunze 1 Abakorinto 6:9-11, ni igiki abasavyi b’Imana benshi bashoboye gukora?

18 Mu kinjana ca mbere, abagabo n’abagore bamwebamwe Yehova yahisemwo ngo bazofadikanye na Kristu kuganza, bari bahoze biziziwe n’ingeso mbi. Nk’akarorero, bahoze ari abasambanyi, abahuza ibitsina n’ababisangiye, be n’abasuma. Ariko rero babifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana, barahindutse. (Soma 1 Abakorinto 6:9-11.) No muri iki gihe, Bibiliya yarafashije abantu amamiliyoni kugira amahinduka mu buzima. * Baravavanuye n’ingeso zari zarabiziziye. Akarorero kabo karerekana yuko na wewe ushobora guheba ingeso mbi maze uguhinduka, ugakwiza ibisabwa vyo kubatizwa.

19. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

19 Uretse ko abipfuza kubatizwa bihatira kwambura wa muntu wa kera, bategerezwa no kugira akigoro ko kwambara umuntu mushasha. Ikiganiro gikurikira kizotwereka ingene twobigira n’ingene abandi bobidufashamwo.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

^ Kugira tubatizwe, dutegerezwa kubanza guhindura kamere zacu. Iki kiganiro, kiraza kudufasha kubona kamere zigize umuntu wa kera izo ari zo, igituma  dukwiye kuziyambura, be n’ukuntu twobigira. Mu kiganiro gikurikira na ho, tuzobona ingene twobandanya kwambara umuntu mushasha, mbere n’inyuma yo kubatizwa.

^ INSIGURO Y’AMAJAMBO: ‘Kwambura umuntu wa kera’ bisobanura guheba ivyipfuzo be n’inyifato bidahimbara Yehova. Ivyo umuntu akwiye kubigira imbere y’uko abatizwa.​—Ef. 4:22.

^ Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu​—‘Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova,’” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2012.

^ Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu​—‘Ntiworaba ingene bangaragarije umutima mwiza,’” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 2012.

^ Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu​—‘Nahavuye mba umwigeme akunda gushavura, akara cane,’” casohowe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2012.

^ Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Bibiliya irahindura ubuzima.”

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Kuvavanura n’inyifato be n’ingeso bitabereye bimeze nko kwambura impuzu ya kera.