Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 11

Nubandanye kwambara “wa muntu mushasha” n’inyuma y’ibatisimu

Nubandanye kwambara “wa muntu mushasha” n’inyuma y’ibatisimu

“Mwambare wa muntu mushasha.”​—KOL. 3:10.

URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova

INCAMAKE *

1. Ni ibiki ahanini bigira ico bikoze ku kuntu tumeze?

 TWABA tumaze imisi mikeya gusa tubatijwe canke tumaze imyaka myinshi, twese twipfuza kumera nk’uko Yehova yipfuza. Kugira tumere gutyo, turakeneye gucungera ivyiyumviro vyacu. Uti kubera iki? Kubera ko ivyo twiyumvira bigira ico bikoze cane ku kuntu tumeze. Nitwaguma twiyumvira ibihuye n’ivyipfuzo vy’umubiri, tuzovuga ibintu bibi twongere dukore ibintu bibi. (Ef. 4:17-19) Ariko nitwaguma twiyumvira ibintu vyiza, tuzovuga twongere dukore ibihimbara Umuvyeyi wacu Yehova.​—Gal. 5:16.

2. Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

2 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, birashobora gushika tukagira ivyiyumviro bibi. Ariko rero turashobora guhitamwo kutavyisunga. Imbere y’uko tubatizwa, turakwiye guheba kuvuga no gukora ivyo Yehova yanka. Iyo ni intambwe ya mbere kandi ihambaye cane mu bijanye no kwambura wa muntu wa kera. Ariko rero kugira tugamburukire Yehova bimwe bishitse, dutegerezwa no kugamburuka itegeko rigira riti: “Mwambare wa muntu mushasha.” (Kol. 3:10) Muri iki kiganiro turaza kuronka inyishu z’ibibazo bikurikira: “Umuntu mushasha” ni iki? Twomwambara gute tukongera tukamubungabunga?

“UMUNTU MUSHASHA” NI IKI?

3. Twisunze Abagalatiya 5:22, 23, “umuntu mushasha” ni iki, kandi umuntu amwambara gute?

3 “Umuntu mushasha” ni ukwiyumvira be n’ugukora mu buryo Yehova ashaka. Umuntu yambara uwo muntu mushasha mu kugaragaza icamwa c’impwemu y’Imana, akareka impwemu nyeranda ikayobora ivyiyumviro vyiwe be n’ivyo akora. (Soma Abagalatiya 5:22, 23.) Nk’akarorero, arakunda Yehova n’abasavyi biwe. (Mat. 22:36-39) Umuntu nk’uyo agumana umunezero, mbere naho yoba ari mu ngorane. (Yak. 1:2-4) Usanga ari indemeshamahoro. (Mat. 5:9) Arihanganira abandi akongera akabagaragariza ubuntu. (Kol. 3:13) Arakunda iciza akongera akagikora. (Luka 6:35) Ivyo akora birerekana ko yizigira Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. (Yak. 2:18) Iyo asomborokejwe aguma atekanye kandi akigumya iyo ageragejwe.​—1 Kor. 9:25, 27; Tito 3:2.

4. Mu kwambara wa muntu mushasha, vyoba bisaba ko tugaragaza kamere zivugwa mu Bagalatiya 5:22, 23 imwimwe ukwayo? Sigura.

4 Kugira twambare umuntu mushasha, turakwiye kugaragaza kamere zose zivugwa mu Bagalatiya 5:22, 23 be n’izivugwa mu yindi mirongo ya Bibiliya. * Izo kamere ntizimeze nk’impuzu zitandukanye tuza turambara imwimwe. Nkako, nyinshi muri izo kamere usanga zinjiranamwo. Nimba ukunda mugenzawe vy’ukuri, uzomwihanganira wongere umugirire ubuntu. Vyongeye, umuntu ameze neza vy’ukuri, ategerezwa kugaragaza ubwitonzi be n’ukwigumya.

TWOKWAMBARA GUTE WA MUNTU MUSHASHA?

Uko turushiriza kwiyumvira nka Yezu, ni ko turushiriza kugaragaza kamere ziwe (Raba ingingo ya 5, 8, 10, 12, 14)

5. ‘Kugira umuzirikanyi wa Kristu’ bisobanura iki, kandi ni kubera iki dukwiye kwiga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu? (1 Abakorinto 2:16)

5 Soma 1 Abakorinto 2:16. Kugira twambare wa muntu mushasha dukeneye ‘kugira umuzirikanyi wa Kristu.’ Mu yandi majambo, dutegerezwa kwiga ingene Yezu yiyumvira, maze tukamwigana. Yezu yaragaragaje icamwa c’impwemu y’Imana ata gahaze. Kurya kw’icirore kitagira agatosi, aragaragaza kamere za Yehova nk’uko ziri koko. (Heb. 1:3) Uko turushiriza kwiyumvira nka Yezu, ni ko turushiriza gukora nka we kandi ni ko turushiriza kugaragaza neza kamere ziwe.​—Flp. 2:5.

6. Ni ibiki dukwiye kuguma twibuka uko tugerageza kwambara wa muntu mushasha?

6 Vyoba vy’ukuri bishoboka ko twigana akarorero ka Yezu? Vyoshika tukibaza duti: ‘Yezu wewe data, aratunganye sinomwigereranya!’ Nimba ari ko wiyumvira rimbura ibi bintu. Ubwa mbere, waremwe mu buryo ushobora kumera nka Yehova na Yezu. Urashobora rero kubigana n’imiburiburi ku rugero kanaka. (Ita. 1:26) Ubwa kabiri, impwemu nyeranda y’Imana ni yo nguvu ikomeye kuruta izindi zose zibaho. Irashobora kugufasha gukora ibintu utokwigera ushobora ku bw’inkomezi zawe. Ubwa gatatu, Yehova ntiyiteze ko muri iki gihe ugaragaza icamwa c’impwemu ata gahaze. Nkako, uwo Muvyeyi wacu yarategekanirije imyaka 1.000 abafise icizigiro co kuzoba kw’isi kugira bazoshike ku kuba abatunganye. (Ivyah. 20:1-3) Ico Yehova adusaba muri iki gihe ni ukugerageza kumwigana uko dushoboye kwose, tukongera tukamwihekako kugira adufashe.

7. Tugiye kurimbura ibiki?

7 None neza na neza twokwigana Yezu gute? Tugiye kurimbura muri make kamere zine z’icamwa c’impwemu y’Imana. Kuri imwimwe yose, turaza kubona icigwa dukura ku kuntu Yezu yagaragaje izo kamere. Vyongeye, duca tuza turarimbura n’ibibazo bimwebimwe bishobora kudufasha gusuzuma aho tugejeje kwambara wa muntu mushasha.

8. Yezu yagaragaje urukundo gute?

8 Kubera ko Yezu akunda cane Yehova, yaremeye kugira ivyo ahevye ku bwa Se no ku bwacu. (Yoh. 14:31; 15:13) Uburyo Yezu yabayemwo ng’aha kw’isi bwarerekanye ko yakunda abantu cane. Buri musi, yama agaragaza urukundo n’impuhwe, n’igihe mbere bamwe baba bariko baramurwanya. Uburyo bumwe nyamukuru yagaragaje ko akunda abantu ni mu kubigisha ibijanye n’Ubwami bw’Imana. (Luka 4:43, 44) Yezu yarerekanye kandi ko akunda Imana n’abantu mu kwemera abikunze ko abantu b’abacumuzi bamwica urupfu rubabaje. Ivyo vyaduciriye inzira yo kuzobaho ibihe bidahera.

9. Twogaragaza gute urukundo nka Yezu?

9 Urukundo dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ni rwo rwatumye tumwiyegurira twongera turabatizwa. Cokimwe na Yezu rero, turakwiye kugaragaza urwo dukunda Yehova mu kuntu dufata abantu nkatwe. Intumwa Yohani yavuze ko ‘uwudakunda mwene wabo yabonye adashobora gukunda Imana atabonye.’ (1 Yoh. 4:20) Twokwibaza rero duti: ‘Noba nkunda cane abandi? Noba ngaragariza abandi impuhwe mbere naho boba bamfata nabi? Noba nkoresha umwanya wanje be n’ivyo ntunze ndabigiranye urukundo kugira mfashe abandi kumenya ivyerekeye Yehova? Noba ndabigira n’umutima ukunze n’igihe abenshi boba badashima akigoro ngira canke bandwanya? Noba ngira ivyo ntunganije kugira ndushirize kuronka umwanya wo gukora igikorwa co guhindura abantu abigishwa?’​—Ef. 5:15, 16.

10. Ni mu buryo ki Yezu yari indemeshamahoro?

10 Yezu yari umunyamahoro. Igihe abantu baba bamufashe nabi, ntiyabasubiriza mu nkoko. Ariko ntiyagarukiriza aho. Yarafata iya mbere mu kuremesha amahoro akongera akaremesha abandi kwitatura. Nk’akarorero, yarabigishije ko bategerezwa kwikiranura na bagenzi babo nimba bipfuza ko Yehova yemera ugusenga kwabo. (Mat. 5:9, 23, 24) Vyongeye yarafashije intumwa ziwe incuro n’izindi gutorera umuti impari zaba ziri hagati yabo ku bijanye n’ukumenya uwari mukuru muri bo.​—Luka 9:46-48; 22:24-27.

11. Twoshobora gute kuba indemeshamahoro?

11 Kugira ngo tube indemeshamahoro, turakwiye gukora n’ibindi uretse gusa kwirinda gutera ingorane. Dutegerezwa gufata iya mbere mu kugiranira amahoro n’abandi tukongera tukaremesha abavukanyi na bashiki bacu gutorera umuti ibibatandukanya. (Flp. 4:2, 3; Yak. 3:17, 18) Twokwibaza rero duti: ‘Ni ibiki niteguriye guheba kugira ngiranire amahoro n’abandi? Igihe hagize uwo dusangiye ukwemera ambabaza, noba nca ndamubikira inzika? Noba ndindira ko ari we yibwiriza kuza ngo dusubize hamwe, canke ni jewe mfata iya mbere n’igihe nyene umenga ni we yateje ingorane? Igihe bibereye, noba ndemesha abafitaniye ingorane gusubiza hamwe?’

12. Yezu yagaragaje ubuntu gute?

12 Yezu yari umunyabuntu. (Mat. 11:28-30) Yaragaragaje ubuntu mu kuba umuntu yengenga kandi akora ibitegereka, naho yaba ari mu bintu bitesha umutwe. Nk’akarorero, igihe Umunyafenisiyakazi umwe yamutakambira ngo amukirize umwana, yabanje kwanka. Ariko igihe uwo mugore yagaragaza ukwizera gukomeye, Yezu yarakijije uwo mwana abigiranye umutima mwiza. (Mat. 15:22-28) Naho Yezu yari umunyabuntu, ntiyarekerana ibintu. Rimwe na rimwe yaragaragaza ubuntu mu gukebura abo yakunda. Nk’akarorero, igihe Petero yagerageza kwosha Yezu ngo ntakore ivyo Yehova agomba, Yezu yaramuhambariye imbere y’abandi bigishwa. (Mrk. 8:32, 33) Ivyo ntiyabigize kugira amaramaze Petero, ahubwo yabigize kugira amumenyereze yongere akebure abandi bigishwa ngo birinde kwita imbere. Naho vyatumye Petero agira ubuyega, yarahakuye icigwa.

13. Twogaragaza gute ubuntu nyakuri?

13 Kugaragariza ubuntu nyakuri abantu ukunda, rimwe na rimwe birajamwo no kubakebura. Igihe ubigira, urigana Yezu mu gushingira impanuro zawe ku ngingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana. Nube umuntu yengenga. Nubone ko bipfuza gukora iciza, wizigire ko abo bavukanyi bakunda Yehova na wewe bazokwakira neza impanuro nziza ubahaye ubigiranye urukundo. Niwibaze uti: ‘Noba ndinduka nkagira ico mvuze iyo mbonye umuntu nkunda akoze ikintu kitabereye? Iyo bikenewe ko ntanga impanuro, mpora ndabigirana ubuntu canke ndakara? Ni imvo iyihe ituma ntanga impanuro? Noba mpanura umuntu kubera ko aba yanshavuje canke ndabigira kugira ndamufashe?’

14. Yezu yagaragaje gute ukumera neza?

14 Yezu ntazi iciza gusa, ahubwo aranagikora. Kubera ko Yezu akunda Se wiwe, yama akora ikibereye kandi abigiranye imvo nziza. Ukumera neza kugaragarira mu vyo dukorera abandi. Umuntu ameze neza akorera abandi ivyiza. Kumenya iciza twokora ntibihagije. Dutegerezwa no kugikora kandi tubigiranye imvo nziza. Twoshobora kwibaza duti: ‘Vyoba bishoboka ko umuntu akora iciza abikoranye imvo mbi?’ Cane nyene. Nk’akarorero, Yezu yaravuze ibijanye n’abaha imfashanyo abakene, mugabo bagakora ibishoboka vyose kugira ngo n’abandi bamenye ivyo batanze. Naho umenga ivyo bikorwa vyari vyiza, nta gaciro vyari bifise kuri Yehova.​—Mat. 6:1-4.

15. Twogaragaza gute ukumera neza nyakuri?

15 Kugira tugaragaze ukumera neza nyakuri, dutegerezwa gukora iciza kandi tubigiranye imvo nziza. Niwibaze rero uti: ‘Uretse kumenya iciza nokora, noba kandi ndagikora? Ni imvo iyihe ituma nkora iciza?’

TWOBUNGABUNGA GUTE WA MUNTU MUSHASHA?

16. Dukwiye gukora iki buri musi, kandi kubera iki?

16 Ntidukwiye kwiyumvira ko iyo tubatijwe tuba duhejeje kwambara wa muntu mushasha. Turakwiye kuguma tubungabunga uwo “mwambaro wacu mushasha.” Kimwe mu vyobidufashamwo, ni ukurondera buri munsi uturyo two kugaragaza icamwa c’impwemu y’Imana. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova ari Imana iguma ikora, n’impwemu yiwe akaba ari inguvu zikora. (Ita. 1:2) Kamere imwimwe yose y’icamwa c’impwemu irakwiye kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze. Nk’akarorero umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.” (Yak. 2:26) Ni na ko bimeze no ku zindi kamere zose zigize icamwa c’impwemu y’Imana. Igihe cose tuzigaragaje, tuba twerekanye ko impwemu y’Imana iriko ikorera muri twebwe.

17. Dukwiye kuvyifatamwo gute bishitse bikatugora kugaragaza icamwa c’impwemu?

17 Mbere n’abakirisu bamaze imyaka myinshi babatijwe, rimwe na rimwe birabagora kugaragaza icamwa c’impwemu. Ariko rero ntibakwiye guca bacika intege. Rimbura aka karorero. Nka hamwe impuzu ukunda cane yotabuka, woca uyita ubwo nyene? Habe namba. Ahubwo woca ukora ibishoboka vyose kugira uyishone. Mu nyuma, worushiriza kuba maso kugira ntisubire gutabuka. Muri ubwo buryo nyene, bishitse bikakugora kugaragariza abandi ubuntu, urukundo canke kubihanganira, ntuce ucika intege. Gusaba imbabazi bivuye ku mutima, birashobora gutunganya ibitagenda neza hagati yanyu, bigatuma ubucuti mwari mufitaniye busubira kumera neza. Nuce wiyemeza kuzogira ivyo uryohoye ubutaha.

18. Ni igiki womenya udakeka?

18 Ese ukuntu dukenguruka kubona Yezu yaratubereye akarorero! Uko turushiriza kwigana ivyiyumviro vyiwe n’inyifato yiwe, ni ko birushiriza kutworohera kumera nka we. Uko turushiriza kumera nka we, ni ko birushiriza kutworohera kwambara wa muntu mushasha. Muri iki kiganiro twarimbuye kamere zine gusa z’icamwa c’impwemu y’Imana. Ubona gute ugiye urafata umwanya ugasuzuma izindi kamere z’icamwa c’impwemu ukongera ukazirikana ku kuntu uriko urazigaragaza? Ibiganiro bica irya n’ino ico ciyumviro, urabisanga mu Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova munsi y’umutwe uvuga ngo “Ubuzima bw’umukirisu,” hanyuma ku gice kivuga ngo “Icamwa c’impwemu.” Numenye udakeka ko niwakora ivyo ushoboye vyose, Yehova azogufasha kwambara wa muntu mushasha no kumubungabunga.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

^ Naho twoba twaciye mu buzima bumeze gute, turashobora kwambara “wa muntu mushasha.” Kugira ngo tubishikeko, dutegerezwa kuguma duhindura ivyiyumviro vyacu tukongera tukihatira kumera nka Yezu. Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ivyiyumviro bimwebimwe vya Yezu be n’ivyo yakoze. Turaza kubona n’ingene twobandanya kumwigana n’inyuma yo kubatizwa.

^ Mu Bagalatiya 5:22, 23 ntihavuga kamere nziza zose impwemu nyeranda ishobora kudufasha kugaragaza. Nimba ushaka kumenya vyinshi kuri ivyo, raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo muri Ruheshi 2020.