Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 12

Woba ubona ivyo Zekariya yabonye?

Woba ubona ivyo Zekariya yabonye?

“‘Ni ku bw’impwemu yanje,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.”​—ZEK. 4:6.

URURIRIMBO RWA 73 Nuduhe ubutinyutsi

INCAMAKE *

1. Abayuda bari mu bunyagano bari biteze ikintu ikihe giteye umunezero?

 ABAYUDA bari banezerewe cane. Yehova yari ‘yakabuye impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi’ kugira ngo arekure Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongo mu bunyagano i Babiloni. Uwo mwami yaratangaje ko Abayuda bosubira mu gihugu cabo, ‘bagasubira kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli.’ (Ezr. 1:1, 3) Ese ukuntu iryo tegeko ryari riteye umunezero! Ivyo vyasigura ko Abayuda bosubiye gusengera Imana y’ukuri mu gihugu yari yarabahaye.

2. Ni ikintu ikihe Abayuda bagarutse i Yeruzalemu batanguye gukora?

2 Mu 537 imbere ya Kristu, Abayuda ba mbere bavuye mu bunyagano barashitse i Yeruzalemu, ahari hahoze ari umugwa mukuru w’ubwami bwa Yuda bwo mu bumanuko. Abo Bayuda ntibatevye gutangura igikorwa co gusanura urusengero, ku buryo mu 536 bari bamaze gushinga umushinge warwo.

3. Abayuda barwanijwe gute?

3 Ariko rero bamaze gutangura gusanura urwo rusengero, abansi babo baratanguye kubarwanya bimwe bikomeye. Abantu bo mu mahanga yari abakikuje, “baguma badendebura amaboko y’abantu bo muri Yuda, babavuna umutima ngo ntibubake.” (Ezr. 4:4) Ibintu ntivyagarukiye aho, ahubwo vyararushirije kwunyuka. Mu 522 imbere ya Kristu, Aritazeruzi yarabaye umwami mushasha w’Ubuperesi. * Abansi babo babonye iryo hinduka ry’ubutegetsi nk’akaryo ko guhagarika burundu ico gikorwa co kwubaka, maze bakabateza ivyago bisunze amategeko. (Zab. 94:20) Mu vyo babwiye Umwami Aritazeruzi, bavuze ko Abayuda bariko bategura kumugarariza. (Ezr. 4:11-16) Umwami yaremeye ivyo binyoma vyabo, aca ategeka ko bahagarika kwubaka urwo rusengero. (Ezr. 4:17-23) Ivyo vyatumye abo Bayuda bahagarika ico gikorwa, naho bari bagitanguranye umunezero.​—Ezr. 4:24.

4. Yehova yakoze iki igihe abarwanya Abayuda bahagarika igikorwa co kwubaka urusengero? (Yesaya 55:11)

4 Abantu bo muri ico gihugu batasenga Yehova be na bamwebamwe bo mu ntwaro y’Ubuperesi, bari biyemeje guhagarika ico gikorwa co kwubaka urusengero. Ariko Yehova wewe yari yiyemeje ko ico gikorwa kibandanya, kandi turazi ko yama ashitsa umugambi wiwe. (Soma Yesaya 55:11.) Yaciye ahagurutsa umuhanuzi w’intatinyurukamvye Zekariya, maze aramwereka urukurikirane rw’ibintu umunani bishimishije yategerezwa kubwira Abayuda kugira ngo abaremeshe. Ivyo bintu bihumuriza yeretswe, vyarabafashije kubona ko batari bakwiye gutinya ababarwanya vyongera birabaremesha kubandanya igikorwa ca Yehova. Mw’iyerekwa rigira gatanu, Zekariya yeretswe igitereko c’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo.

5. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

5 Twese birashika tugacika intege. Turashobora rero kwungukira ku ndemesho Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri iryo yerekwa rigira gatanu Zekariya yabonye. Gutahura ibirivugwamwo birashobora kudufasha kuguma dukorera Yehova tudahemuka igihe tuba turiko turarwanywa, igihe ivyacu bihindutse, n’igihe duhawe ubuyobozi tudatahura. Ivyo vyose turabirimbura muri iki kiganiro.

IGIHE TURIKO TURARWANYWA

Zekariya yarabonye ibiti bibiri vy’imyelayo vyaguma bironsa amavuta igitereko c’amatara cari gifise amatara indwi (Raba ingingo ya 6)

6. Iyerekwa rivugwa muri Zekariya 4:1-3 ryerekeye igitereko c’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo, ryateye intege gute Abayuda? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

6 Soma Zekariya 4:1-3. Iryo yerekwa ry’igitereko c’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo ryarateye intege Abayuda zo kubandanya igikorwa naho bariko bararwanywa. Uti gute? Woba wabonye ko ico gitereko c’amatara caguma kironka amavuta ubudahengeshanya? Ibiti bibiri vy’imyelayo vyaguma bisuka amavuta mw’ibakure, nya mavuta agaca ava muri iyo bakure, akaja kw’itara rimwerimwe mu matara indwi ya ca gitereko. Ivyo vyatuma ayo matara aguma yaka ubudahengeshanya. Zekariya yaciye abaza umumarayika ati: “Ibi bintu bisobanura iki?” Nya mumarayika yaciye amuha inyishu ivuye kuri Yehova, ati: “‘Si ku bw’inteko za gisirikare, canke ku bw’ububasha, mugabo ni ku bw’impwemu yanje,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.” (Zek. 4:4, 6) Amavuta yava muri ivyo biti yagereranya impwemu nyeranda ya Yehova y’ububasha, yo sôko ryamaho. Inguvu zose za gisirikare z’inganji y’Ubuperesi zari ubusa uzigereranije n’ububasha bw’impwemu y’Imana. Kubera ko Yehova yari ashigikiye abariko barasanura urwo rusengero, boshoboye guhangana n’abariko barabarwanya maze bakarangiza ico gikorwa. Umve ukuntu ubwo butumwa bwaremesha! Nta kindi Abayuda bari bakwiye gukora uretse kwizigira Yehova maze bagasubira ku gikorwa. Ico nyene ni co baciye bakora, naho bari barabujijwe kubandanya ico gikorwa.

7. Ni ihinduka irihe ryatumye abubatsi b’urusengero bagira agahengwe?

7 Hari ihinduka ryabaye ryatumye abubatsi b’urusengero bagira agahengwe. Uti ni irihe? Mu 520 imbere ya Kristu, Ubuperesi bwararonse umwami mushasha ari we Dariyo wa mbere. Mu mwaka ugira kabiri ari ku ngoma, yaramenye ko Abayuda bari babujijwe kwubaka urusengero bidaciye mu mategeko. Dariyo rero yaciye atanga itegeko ry’uko bosozera ico gikorwa. (Ezr. 6:1-3) Uretse ko iryo tegeko ata n’umwe yari aryiteze, umwami yarakoze n’ibindi. Yarategetse amahanga yari abakikuje guhagarika kuburabuza ico gikorwa, ayategeka no kubaha amahera be n’ivyo bokeneye vyose kugira ngo basozere ico gikorwa. (Ezr. 6:7-12) Ivyo vyatumye Abayuda basozera ico gikorwa mu myaka irenga ine gatoyi, ni ukuvuga mu 515 imbere ya Kristu.​—Ezr. 6:15.

Niwizigire ububasha bwa Yehova igihe uriko urarwanywa (Raba ingingo ya 8)

8. Kubera iki ukwiye kugira umutima rugabo igihe abandi bariko barakurwanya?

8 No muri iki gihe, abasavyi ba Yehova benshi bararwanywa. Nk’akarorero, bamwebamwe usanga baba mu bihugu aho igikorwa cacu kibujijwe. Muri ivyo bihugu, abavukanyi boshobora gufatwa ‘bagatwarwa imbere ya ba buramatari n’abami’ kugira bibabere intahe. (Mat. 10:17, 18) Rimwe na rimwe, ihinduka ry’ubutegetsi rirashobora gutuma haba agahengwe. Canke na ho umucamanza yanka akarenganyo, yoshobora gufata ingingo yorohereza igikorwa cacu. Abandi bavukanyi na bo usanga barwanywa mu bundi buryo. Naho baba mu gihugu kibaha umwidegemvyo wo gusenga Yehova, usanga barwanywa n’abo mu miryango baba biyemeje kubabuza gusenga Imana yabo. (Mat. 10:32-36) Akenshi, iyo ababarwanya babonye ko utwigoro bagira kugira ngo babace intege ata co dushitseko, baca babihagarika. Nkako, abantu bamwebamwe bahoze baturwanya bivuye inyuma bahavuye baba Ivyabona vya Yehova. Nimba rero uriko urarwanywa ntucike intege. Nugire umutima rugabo. Nta kintu na kimwe ukwiye gutinya kubera ko ushigikiwe na Yehova n’impwemu nyeranda yiwe.

IGIHE IVYACU BIHINDUTSE

9. Kubera iki Abayuda bamwebamwe bababaye igihe babona umushinge w’urusengero rushasha?

9 Igihe bashinga umushinge w’urwo rusengero rushasha, Abayuda bamwebamwe bari bakuze bararize. (Ezr. 3:12) Kubera ko bari barabonye rwa rusengero rwiza cane rwari rwarubatswe na Salomo, babona ko urwo rusengero rushasha ari ‘nk’ubusa urugereranije’ n’urwa kera. (Hag. 2:2, 3) Iryo tandukaniro ryarabagoye kwihanganira. Iryo yerekwa rya Zekariya ryobafashije gusubira kugira umunezero. Uti gute?

10. Amajambo umumarayika yavuze muri Zekariya 4:8-10, yafashije gute Abayuda gusubira kugira umunezero?

10 Soma Zekariya 4:8-10. None umumarayika yashatse kuvuga iki, igihe yavuga ko Abayuda ‘bonezerewe bakongera bakabona karisho mu kuboko kwa Zerubabeli [buramatari w’Umuyuda]’? Karisho ni agakoresho gakoreshwa mu gupima amahagarara y’ikintu kugira ngo barabe ko kigororotse. Uwo mumarayika rero yariko ahumuriza abasavyi b’Imana ko naho bamwebamwe babona ko urwo rusengero rusanzwe, rwosozerewe kwubakwa kandi rukamera nk’uko Yehova ashaka. Rwohimbaye Yehova, akaba ari co gituma na bo nyene rwari rukwiye kubahimbara. Icari gihambaye kuri Yehova, ni ukuntu bomusengeye muri urwo rusengero rushasha mu buryo buhuje n’ivyo abasaba. Abayuda bitwararitse gusenga Yehova mu buryo yipfuza no kurondera kwemerwa na we, bosubiye kugira umunezero.

Igihe ivyawe bihindutse, nugume ubona ibintu mu buryo bwiza (Raba ingingo ya 11-12) *

11. Abasavyi ba Yehova bamwebamwe bashikirwa n’ibintu ibihe bitoroshe?

11 Abenshi, iyo ivyacu bihindutse turahungabana. Bamwe mu bari bamaze igihe kirekire mu murimo udasanzwe w’igihe cose barahinduriwe igikorwa. Abandi na bo vyarabaye ngombwa ko bahagarika igikorwa bikundira kubera ubusaza. Igihe ibintu bihindutse gutyo, ni ibisanzwe kugira umubabaro. Mu ntango vyoshobora kutugora gutahura neza iyo ngingo, canke kuyemera. Twoshobora kubona ko ibintu vyari vyiza hataraba ayo mahinduka. Ivyo vyotuma ducika intege, tukabona ko tutagishoboye gukorera vyinshi Yehova. (Imig. 24:10) None ivyo Zekariya yeretswe vyodufasha gute kuguma dukorera Yehova uko dushoboye kwose?

12. Ivyo Zekariya yeretswe bishobora gute kudufasha kugumana umunezero igihe ivyacu bihindutse?

12 Igihe ivyacu bihindutse, kubona ibintu nk’uko Yehova abibona biradufasha kuvyifatamwo neza. Muri iki gihe, ariko ararangura ibintu bikomeye, kandi natwe turafise agateka kadasanzwe ko gukorana na we. (1 Kor. 3:9) Uduteka dufise turashobora guhinduka, ariko urwo Yehova adukunda rworwo ntiruzigera ruhinduka. Igihe rero habaye ihinduka mw’ishirahamwe maze rikagira ico rigukozeko, niwirinde kuguma wibaza imvo zoba zabitumye. Aho kugumiza ubwenge ku “misi ya kera,” nusenge Yehova agufashe kubona iciza muri iryo hinduka. (Umus. 7:10) Aho kwiyumvira ivyo utagishoboye gukora, niwiyumvire riho ivyo ushoboye gukora. Ivyo Zekariya yeretswe, biratwigisha ko bihambaye yuko tuguma tubona ibintu mu buryo bwiza. N’igihe rero ivyacu bihindutse, turakwiye kuguma dufise umunezero kandi tukaguma turi intahemuka.

IGIHE BITOROSHE GUKURIKIZA UBUYOBOZI

13. Kubera iki Abisirayeli bamwebamwe bashobora kuba babonye ko ingingo yo gusubira kwubaka urusengero itaranga ubukerebutsi?

13 Igikorwa co kwubaka urusengero cari carabujijwe. Ariko rero abagabo bari baragenywe kuyobora ico gikorwa, ari bo umuherezi mukuru Yeshuwa (Yosuwa) na buramatari Zerubabeli baciye “[ba]tangura gusubira kwubaka inzu y’Imana.” (Ezr. 5:1, 2) Abayuda bamwebamwe bashobora kuba babonye ko iyo ngingo itaranga ubukerebutsi. Abansi babo bobonye ko basubiriye kwubaka urwo rusengero, bigatuma bakora uko bashoboye kwose kugira ngo bababurabuze. Abo bagabo babiri bari bayoboye ico gikorwa ari bo Yosuwa na Zerubabeli, bari bakeneye ikibemeza ko Yehova yobanye na bo, kandi barakironse. Uti gute?

14. Twisunze Zekariya 4:12, 14, ni igiki cakuye amazinda umuherezi mukuru Yosuwa na buramatari Zerubabeli?

14 Soma Zekariya 4:12, 14. Muri ico gice c’iryo yerekwa, uwo mumarayika arahishurira uwo muhanuzi w’Imana w’umwizigirwa ko vya biti bibiri vy’imyelayo bigereranya “bamwe babiri barobanujwe amavuta,” ari bo Yosuwa na Zerubabeli. Uwo mumarayika avuga ko abo bagabo babiri ari nk’aho “bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose,” Yehova. Umve nawe ingene ico kibanza giteye iteka! Yehova yari abizigiye. Abandi Bisirayeli rero, na bo nyene bari bafise imvo zumvikana zo kwizigira ingingo abo bagabo bafata be n’ubuyobozi bahabwa n’Imana uko bwaba bumeze kwose.

15. Twokwerekana gute ko twubahiriza ubuyobozi Yehova aduha mw’Ijambo ryiwe?

15 Muri iki gihe, bumwe mu buryo Yehova akoresha mu kubandanya ayobora abasavyi biwe ni Ijambo ryiwe Bibiliya. Muri ico gitabu ceranda, aratubwira ingene twomusenga mu buryo yemera. Twokwerekana gute none ko twubahiriza ubuyobozi duhabwa mw’Ijambo ry’Imana? Ni mu kurisoma twitonze no mu gufata umwanya wo kuritahura. Niwibaze rero uti: ‘Iyo ndiko ndasoma Bibiliya canke kimwe mu bitabu vyacu, noba mfata akanya ko kuzirikana? Noba ndondera gutahura ukuri kwo muri Bibiliya “[ku]goye gutegera”? Canke nsoma gusa nihutagiza?’ (2 Pet. 3:16) Nitwafata umwanya wo kuzirikana ku vyo Yehova atwigisha, bizotworohera gukurikiza ubuyobozi bwiwe maze turangure igikorwa yadushinze co kwamamaza.​—1 Tim. 4:15, 16.

Niwizigire ubuyobozi uhabwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” (Raba ingingo ya 16) *

16. Bishitse ntidutahure neza ubuyobozi duhabwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” ni igiki kizodufasha kubukurikiza?

16 Yehova kandi araduha ubuyobozi abicishije kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Rimwe na rimwe, uwo mushumba yoshobora kuduha ubuyobozi tudatahura neza. Nk’akarorero, yoshobora kuduha ubuyobozi budomako butubwira ingene twokwitegurira kurokoka icago c’icaduka twiyumvira ko kitazotera mu karere iwacu. Canke na ho twoshobora kwiyumvira ko umushumba arenza urugero mu bijanye n’ubuyobozi atanga igihe hateye indwara y’ikiza. None twokora iki mu gihe twiyumvira ko ubwo buyobozi butaranga ubukerebutsi? Turashobora kuzirikana ku kuntu Abisirayeli bungukiye ku gukurikiza impanuro bahawe biciye kuri Yosuwa na Zerubabeli. Turashobora no kuzirikana ku zindi nkuru zo muri Bibiliya twasomye. Rimwe na rimwe, abasavyi b’Imana barahawe ubuyobozi bwasa n’ubutaranga ubukerebutsi twisunze uko abantu babona ibintu, mugabo bwahavuye butuma barokoka.​—Abac. 7:7; 8:10.

NUBONE IVYO ZEKARIYA YABONYE

17. Rya yerekwa ryerekeye igitereko c’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo ryafashije gute Abayuda?

17 Naho iyerekwa rigira gatanu Zekariya yabonye rishobora kuba ryabaye rigufi, ryaravyuriye umutima Abayuda wo kubandanya igikorwa cabo be n’ugusenga kwabo. Vyongeye, igihe bakora bahuza n’ivyo Zekariya yabonye, bariboneye ingene Yehova abayobora abigiranye urukundo akongera akabashigikira. Yehova abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda y’ububasha, yarabafashije kubandanya igikorwa cabo no gusubira kugira umunezero.​—Ezr. 6:16.

18. Ivyo Zekariya yeretswe bishobora kugufasha gute?

18 Ivyo Zekariya yeretswe bijanye n’igitereko c’amatara be n’ibiti bibiri vy’imyelayo, birashobora kugufasha cane mu buzima. Nk’uko twabibonye, birashobora kukuronsa inkomezi zo guhangana n’abakurwanya, bikagufasha kugumana umunezero igihe ivyawe bihindutse, bikanatuma wizigira ubuyobozi udatahura neza ukongera ukabugamburuka. None wokora iki igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe mu buzima? Ubwa mbere, nubone ivyo Zekariya yabonye, ni ukuvuga ikimenyamenya cerekana ko Yehova yitwararika abasavyi biwe. Ubukurikira, nukore uhuza n’ivyo ubonye, mu kwizigira Yehova no mu kubandanya umusenga n’umutima wawe wose. (Mat. 22:37) Niwabigenza gutyo, Yehova azogufasha kumukorera unezerewe gushika ibihe bidahera.​—Kol. 1:10, 11.

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

^ Yehova yareretse umuhanuzi Zekariya urukurikirane rw’ibintu biteye umunezero. Ivyo bintu Zekariya yabonye vyaratumye we be n’abandi basavyi ba Yehova, baronka inkomezi zo gutsinda intambamyi zabashikiye igihe bariko baragerageza gusubizaho ugusenga kw’ukuri. Ivyo bintu yabonye, na twebwe birashobora kudufasha gukorera Yehova tudahemuka naho twoba turiko turashikirwa n’ingorane. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ivyigwa bihambaye dushobora kwigira kuri kimwe mu vyo Zekariya yeretswe, na co kikaba cerekeye igitereko c’amatara be n’ibiti vy’imyelayo.

^ Haciye imyaka, mu gihe ca buramatari Nehemiya, haratwaye uwundi mwami yitwa Aritazeruzi yashigikiye cane Abayuda.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi arabonye ko bikenewe ko ahuza n’amahinduka yamushikiye bitewe n’ubusaza be n’amagara make.

^ INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ariko arazirikana ku kuntu Yehova ashigikira “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” nk’uko yashigikiye Yosuwa na Zerubabeli.