Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 13

Ugusenga kw’ukuri kuzokuronsa umunezero mwinshi

Ugusenga kw’ukuri kuzokuronsa umunezero mwinshi

“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha.”​—IVYAH. 4:11.

URURIRIMBO RWA 31 Gendana n’Imana!

INCAMAKE *

1-2. Ni ryari Yehova yemera ugusenga kwacu?

 IYO wumvise ijambo “gusenga” uca ubona iki mu bwenge? Kumbure uca ubona umuvukanyi yifashe neza apfukamye iruhande y’igitanda ciwe, ariko aratakambira Yehova. Canke na ho, uca ubona umuryango uhimbawe uriko uriyigisha Bibiliya ubigiranye umwete.

2 Muri ubwo burorero bwompi, abo bantu bariko bakora ibikorwa bijanye n’ugusenga. None Yehova yoba yemera ugusenga kwabo? Arakwemera mu gihe kuba guhuje n’umugambi wiwe kandi bakaba bamusenga babitumwe n’urukundo be n’icubahiro bamufitiye. Turakunda cane Yehova. Turazi ko abereye ko tumusenga, kandi twipfuza kumusenga mu buryo bwiza kuruta.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaza kubona ugusenga Yehova yemera mu bihe vya kera, twongere turimbure ibintu umunani biri mu bigize ugusenga Yehova yemera muri iki gihe. Uko tubirimbura, umwe wese muri twebwe arakwiye kuzirikana ivyo yoryohora ku bijanye n’ugusenga kwiwe. Turaza no kubona igituma gusenga Yehova mu buryo yemera bituma tunezerwa.

UGUSENGA YEHOVA YEMERA MU BIHE VYA KERA

4. Abasavyi ba Yehova babayeho mu bihe vya kera, berekanye gute ko bamukunda bakongera bakamwubaha?

4 Mu bihe vya kera, abagabo b’abizigirwa nka Abeli, Nowa, Aburahamu na Yobu, barerekanye ko bakunda Yehova bakongera bakamwubaha. Uti gute? Bavyerekanye mu kumugamburukira, mu kumwizera no mu gutanga ibimazi. Bibiliya ntivuga ido n’ido ry’ibintu vyose bategerezwa kugira mu kumusenga. Ariko rero, biragaragara ko bateye iteka Yehova uko bashoboye kwose, kandi na we yaremeye ugusenga kwabo. Mu nyuma biciye kuri Musa, Yehova yahavuye aha amategeko abakomoka kuri Aburahamu. Ayo mategeko yaratomora neza ukuntu bomusenga mu buryo yemera.

5. Inyuma y’aho Yezu apfiriye hanyuma akazuka, ni ihinduka irihe ryabaye mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri?

5 Inyuma y’aho Yezu apfiriye akongera akazuka, Yehova ntiyasubiye gusaba abantu ngo bubahirize Itegeko rya Musa. (Rom. 10:4) Abakirisu bari gukurikiza itegeko rishasha, ni ukuvuga “rya tegeko rya Kristu.” (Gal. 6:2) Ntibogamburutse iryo “tegeko” mu kurifata ku mutwe no mu gukurikiza urutonde rurerure rw’ibintu risaba, ahubwo borigamburutse mu kwigana akarorero ka Yezu no mu gukurikiza inyigisho ziwe. No muri iki gihe, abakirisu barigana Yezu uko bashoboye kwose kugira bahimbare Yehova bongere ‘baruhurirwe.’​—Mat. 11:29.

6. Iki kiganiro kiza kudufasha gute?

6 Uko turimbura kimwekimwe mu bigize ugusenga kwacu, niwibaze uti: ‘Ni iterambere irihe nagize muri uwu muce?’ Wokwibaza kandi uti: ‘Hoba hari ico noryohora?’ Naho ukwiye guhimbarirwa iterambere wagize, urakwiye no gusenga Yehova kugira agufashe kubona ivyo ukwiye kuryohora.

NI IBINTU BIMWEBIMWE IBIHE BIJANYE N’UGUSENGA KWACU?

7. Yehova abona gute amasengesho tumutura tubikuye ku mutima?

7 Gutura isengesho. Ivyanditswe bigereranya amasengesho yacu n’imibavu yategurwa neza igatangirwa kw’itaberenakulo, mu nyuma na ho ikaba yatangirwa ku rusengero. (Zab. 141:2) Igihe baba baturiye iyo mibavu yaravamwo akamoto gahimbara Imana. N’amasengesho avuye ku mutima dutura Yehova ‘aramuhimbara,’ mbere n’igihe tuba dukoresheje amajambo asanzwe cane. (Imig. 15:8; Gus. 33:10) Turemera tudakeka ko Yehova ahimbarwa no kwumviriza ingene tumuserurira urwo tumukunda be n’ingene tumukengurukira. Yipfuza ko tumubwira ibituraje ishinga, ivyo tumwitezeko be n’ivyipfuzo vyacu. Imbere yo gusenga Yehova rero, vyoba vyiza ugiye urafata akanya ko kuzirikana ivyo uza kumubwira. Niwabigenza gutyo, uzoshikanira Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru “imibavu” imeze neza cane kuruta.

8. Ni akaryo keza akahe dufise ko gushemeza Imana?

8 Gushemeza Yehova. (Zab. 34:1) Turashemeza Yehova mu kubwira abandi kamere ziwe nziza igitangaza be n’ivyo yakoze. Kugira umutima ukenguruka ni vyo bituma tumushemeza. Nitwafata umwanya wo kuzirikana ku kumera neza kwa Yehova, tukazirikana ku bintu vyose yadukoreye, ntituzokwigera tubura imvo zo kumushemeza. Igikorwa co kwamamaza kiraduha akaryo kadasanzwe ko ‘gushikanira Imana ikimazi c’ishemezo, ari co camwa c’iminwa yacu.’ (Heb. 13:15) Nka kurya nyene imbere yo gusenga Yehova tubanza kuzirikana twitonze ku vyo tuza kumubwira, ni ko dukwiye kuzirikana twitonze ku vyo tuzobwira abantu tuzoyagisha mu ndimiro. Twipfuza ko “ikimazi [cacu] c’ishemezo” kiba ciza kuruta. Ni co gituma tuvuga ibivuye ku mutima igihe tuba turiko turabwira abantu ukuri kwo muri Bibiliya.

9. Cokimwe n’Abisirayeli ba kera, ni ivyiza ibihe twironkera iyo dukoraniye hamwe n’abandi? Tanga akarorero k’ivyiza wironkeye ubwawe.

9 Kwitaba amakoraniro. Abisirayeli babwiwe bati: “Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe akwiye guseruka imbere ya Yehova Imana yawe ahantu azotora.” (Gus. 16:16) Nta we basigira amazu yabo n’imirima yabo ngo abicunge. Yehova yari yabasezeraniye ati: “Nta n’umwe azokwipfuza itongo ryawe igihe uzoba uduze kurenguka imbere ya Yehova Imana yawe.” (Kuv. 34:24) Kubera ko abo Bisirayeli bizigira Yehova baherejeko, baritaba iyo misi mikuru yaba buri mwaka. Ivyo vyatuma bironkera imihezagiro myinshi: Bararushiriza gutahura amategeko y’Imana, bakazirikana ku kumera neza kwayo, bakongera bagahimbarirwa no kuba kumwe n’abandi basavyi b’Imana. (Gus. 16:15) Na twebwe turironkera ivyiza nk’ivyo nyene igihe dukoze ibishoboka vyose tukitaba amakoraniro. Vyongeye, iyumvire ingene Yehova ahimbarwa igihe tugiye twateguye inyishu ngufingufi kandi ziremesha.

10. Kubera iki kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga kwacu?

10 Kuririmbana n’abandi. (Zab. 28:7) Abisirayeli babona ko kuririmba wari umuce uhambaye w’ugusenga kwabo. Umwami Dawidi yaragenye Abalewi 288 ngo babe abaririmvyi bo ku rusengero. (1 Ngo. 25:1, 6-8) Muri iki gihe, turaserurira Imana urwo tuyikunda mu kuyiririmbira indirimbo zo kuyishemeza. Ukuntu ijwi ryacu rimeze si co gihambaye cane. Tubitangire akarorero: Naho “twese dutsitara kenshi” mu majambo tuvuga, ivyo ntibituma tureka kuvuga igihe turi mw’ishengero canke mu ndimiro. (Yak. 3:2) Muri ubwo buryo nyene, ntidukwiye kureka kuririmbira Yehova amashemezo naho twoba dufise ijwi ritameze neza.

11. Twisunze Zaburi 48:13, kubera iki dukwiye gutegekanya umwanya wo kwiga Bibiliya uko tugize umuryango?

11 Kwiga Ijambo rya Yehova no kwigisha abana bacu ibimwerekeye. Isabato yaraha akaryo Abisirayeli ko gushira ku ruhande ibikorwa vya misi yose maze bakitunira ku gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova. (Kuv. 31:16, 17) Abisirayeli b’abizigirwa barigisha abana babo ibijanye na Yehova be n’ukumera neza kwiwe. Muri iki gihe, na twebwe turakwiye gutegekanya umwanya wo gusoma no kwiyigisha Ijambo ry’Imana. Ivyo biri mu bigize ugusenga Yehova, kandi biratuma turushiriza kumwiyegereza. (Zab. 73:28) Vyongeye, igihe twigira hamwe uko tugize umuryango, turashobora gufasha abana bacu, ubwabo bakagiranira ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Soma Zaburi 48:13.

12. Twigira iki ku kuntu Yehova yabona igikorwa c’abatunganije ibikoresho vy’itaberenakulo?

12 Kwubaka no kubungabunga ibibanza dusengeramwo. Igikorwa co kwubaka itaberenakulo no gutunganya ibikoresho vyayo, Bibiliya ivuga ko cari “igikorwa ceranda.” (Kuv. 36:1, 4) No muri iki gihe, kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa zikoreshwa mu bijanye no gusenga, Yehova abona ko ari igikorwa ceranda. Abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe baramara umwanya munini cane muri ivyo bikorwa. Ntidukenguruka none ukwo kuntu bashigikira igikorwa c’Ubwami? N’ikindi kandi, baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Bamwe muri bo usanga mbere bipfuza kuba abatsimvyi. Abakurambere barashobora kwerekana ko bashigikiye ivyo bikorwa vy’ubwubatsi, mu kugena mu gikorwa c’ubutsimvyi abo bavukanyi na bashiki bacu bakora bagatama, nimba bakwije ibisabwa. Twaba tuzi ivy’ubwubatsi canke tutabizi, twese turashobora kugira uruhara mu gusukura izo nyubakwa no mu kuzibungabunga.

13. Dukwiye kubona gute intererano dutanga zo gushigikira igikorwa c’Ubwami?

13 Gutanga intererano zishigikira igikorwa c’Ubwami. Abisirayeli ntibari bakwiye guseruka imbere ya Yehova iminwe misa. (Gus. 16:16) Umwe wese yabwirizwa kugira ico ajanye yisunze uko ivyiwe vyifashe. Muri ubwo buryo, baba berekanye ko bakenguruka ivyo Yehova yatunganije vyose kugira abafashe mu vy’impwemu. None tweho twokwerekana gute ko dukunda Yehova be n’uko dukenguruka ivyo yama aturonsa mu vy’impwemu? Uburyo bumwe twovyerekana, ni mu gutanga intererano zo gushigikira ibikorwa vyo mw’ishengero be n’izo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, twisunze uko ivyacu vyifashe. Intumwa Paulo yabivuze muri ubu buryo, ati: “Iyo habanje kuba umutima ukunze, vyemerwa canecane hisunzwe ivyo umuntu afise, si ivyo umuntu adafise.” (2 Kor. 8:4, 12) Yehova arashima intererano yose dutanga tubikuye ku mutima, naho yoba ari ntoyi.​—Mrk. 12:42-44; 2 Kor. 9:7.

14. Twisunze Imigani 19:17, iyo dufashije abavukanyi mu vyo bakeneye Yehova abibona gute?

14 Gufasha abo dusangiye ukwemera mu vyo bakeneye. Yehova yasezeranye ko yohezagiye Abisirayeli bofashije aboro. (Gus. 15:7, 10) Ego cane, igihe cose dufashije uwo dusangiye ukwemera mu vyo akeneye, Yehova abona ko ari nk’aho ari we tuba dufashije. (Soma Imigani 19:17.) Nk’akarorero, igihe abakirisu b’i Filipi barungikira imfashanyo Paulo igihe yari mw’ibohero, Paulo yayise “ikimazi cemerwa, gihimbara Imana rwose.” (Flp. 4:18) Niwiyumvire abo muri kumwe mw’ishengero maze wibaze uti: ‘Hoba hari uwukeneye ko nomufasha?’ Yehova arahimbarwa cane iyo abonye ingene dukoresha umwanya wacu, inguvu zacu, ubuhanga bwacu be n’ivyo dutunze kugira dufashe abandi mu vyo bakeneye. Abona ko ivyo biri mu bigize ugusenga kwacu.​—Yak. 1:27.

UGUSENGA KW’UKURI KURATURONSA UMUNEZERO

15. Naho ugusenga kw’ukuri gusaba umwanya n’akigoro, ni kubera iki atari umuzigo?

15 Ugusenga kw’ukuri gusaba umwanya n’akigoro. Ariko rero si umuzigo. (1 Yoh. 5:3) Uti kubera iki? Kubera ko dusenga Yehova tubitumwe n’uko tumukunda. Niwihe ishusho y’umwana mutoyi yipfuza kugira akantu ahaye se wiwe. Yoshobora kumara amasaha n’amasaha ariko aracapa akantu yomuha. Uwo mwana ntiyicuza ku mwanya wose aba yakoresheje. Kubera ko akunda se wiwe, arahimbarwa no kumuha ako kantu yamucapiye. Muri ubwo buryo nyene, kubera ko na twebwe dukunda Yehova, turahimbarwa no gukoresha umwanya wacu n’inguvu zacu mu bikorwa bijanye n’ugusenga kw’ukuri.

16. Twisunze Abaheburayo 6:10, Yehova abona gute akigoro umwumwe wese agira kugira amuhimbare?

16 Abavyeyi bafise urukundo ntibitega ko umwumwe wese mu bana babo abaha ingabire ingana n’iy’uwundi. Barazi ko umwana wese atandukanye n’uwundi be n’uko bose batanganya ubushobozi. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru na we nyene, aratahura uko ivy’umwe wese muri twebwe vyifashe. Hari aho woba ushoboye gukora vyinshi kuruta abandi bantu uzi kandi ukunda. Canke na ho, woshobora kudakora vyinshi nk’ivyo abandi bakora, kumbure kubera ubusaza, ingorane z’amagara, canke amabanga ufise mu muryango. Ntucike intege. (Gal. 6:4) Yehova ntazokwibagira igikorwa umurangurira. Niwamukorera ivyo ushoboye vyose kandi ubigiranye imvo nziza, azohimbarwa. (Soma Abaheburayo 6:10.) Yehova arabona mbere n’ivyo woba wipfuza gukora. Ashaka ko unezererwa ivyo ushoboye kumukorera.

17. (a) Nimba tubona ko ibikorwa bimwebimwe bijanye no gusenga bitugora, twokora iki? (b) Ni ikintu ikihe cagufashije mu biri mu ruzitiro ruvuga ngo “ Niwongereze umunezero wawe”?

17 Tuvuge iki hoho nimba bitugora gukora ibikorwa bimwebimwe bijanye no gusenga kwacu, nko kwiyigisha no kwamamaza? Nitwarushiriza kubikora, tuzosanga turushirije kubikunda vyongere bitugirire akamaro. Ugusenga kwacu twoshobora kukugereranya n’ibikorwa bimwebimwe, nk’ukwinonora imitsi canke kwiga kuvuza igicurarangisho. Umuntu abigize rimwerimwe gusa, ntabiteramwo imbere cane. Ariko rero dufate ko twiyemeje kubigira buri musi. Mu ntango twoshobora gukoresha umwanya mutomuto, mu nyuma tukaza turawongereza. Uko tugenda turabona ivyiza bivamwo, ni ko turindirana igishika ivyo biringo vyo kwimenyereza kandi turyohewe cane. Woba ubona ingene ivyo bifitaniye isano n’ibikorwa turangura mu bijanye no gusenga?

18. Twoshitsa gute intumbero yatumye tubaho, kandi ni ivyiza ibihe bivamwo?

18 Dusenze Yehova n’umutima wacu wose, tuba dushikije intumbero yatumye tubaho. Ivyo bituma tubaho tunezerewe, twumva ko turi n’ico tumaze, kandi dufise icizigiro co kuzosenga Yehova ibihe bidahera. (Imig. 10:22) Dusanzwe twifitiye amahoro yo mu mutima kubera tuzi ko Yehova afasha abasavyi biwe igihe bari mu ngorane. (Yes. 41:9, 10) Turi n’imvo zumvikana zotuma duhimbarwa uko tuguma dusenga Umuvyeyi wacu adukunda, Umwe akwiye ‘kuninahazwa no guhabwa iteka’ n’ibiremwa vyiwe vyose!​—Ivyah. 4:11.

URURIRIMBO RWA 24 Nimuze ku musozi wa Yehova

^ Yehova arabereye gusengwa, kubera ko ari we yaremye ibiriho vyose. Ibikorwa tumukorera bijanye n’ugusenga, avyemera mu gihe gusa tugamburuka amabwirizwa yiwe tukongera tukabaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe. Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino ibintu umunani bijanye n’ugusenga kwacu. Uko usuzuma ingene urangura ivyo bikorwa, uraza kubona ingene bishobora gutuma urushiriza kugira umunezero.