Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyodufasha igihe dufise amaganya

Ivyodufasha igihe dufise amaganya

AMAGANYA arashobora kumera nk’ikintu kituremereye ku mutima. (Imig. 12:25) Vyoba birashika ukumva urengewe n’amaganya mu buzima bwawe? Vyoba birashika ukumva ko utagishoboye kuvyihanganira? Nimba bimaze kugushikira, nturi wenyene. Abenshi muri twebwe dushobora kuba dufise abo twitwararika, twarabuze uwacu, twarashikiwe n’icago c’icaduka, canke tukaba twarashikiwe n’ikindi kintu caturuhishije ku mubiri, mu bwenge no ku mutima. Ni ibiki none vyodufasha kudahungabana igihe dufise amaganya? *

Ku bijanye no kwihanganira amaganya, turashobora kugira vyinshi twigiye ku karorero k’Umwami Dawidi. Mu buzima bwiwe yarashikiwe n’ibintu vyinshi bitoroshe, mbere rimwe na rimwe arahakwa no kuhasiga ubuzima. (1 Sam. 17:34, 35; 18:10, 11) Ni ibiki none vyafashije Dawidi kwihanganira amaganya? Twokwigana gute akarorero kiwe?

INGENE DAWIDI YASHOBOYE KWIHANGANIRA AMAGANYA

Dawidi yarashikiwe n’ingorane nyinshi icarimwe. Nk’akarorero, raba ivyamushikiye igihe yahunga Umwami Sauli yashaka kumwica. Igihe Dawidi n’ingabo ziwe bari bavuye ku rugamba, barababaye basanze abansi babo babasahuye ivyo batunze vyose, baturiye amazu yabo, batwaye n’imiryango yabo bayigira imbohe. None Dawidi yaciye akora iki? Bibiliya ivuga iti: “Dawidi n’abantu bari kumwe na we bashira ijwi hejuru bararira, gushika aho ata nkomezi zo kwongera kurira zisigara muri bo.” N’icaje cunyura umubabaro Dawidi yagize ni uko n’abantu biwe yari yizigiye “bariko bavuga ngo aterwe amabuye.” (1 Sam. 30:1-6) Ico gihe rero Dawidi yashikiwe n’ingorane zitatu zikomeye icarimwe: Umuryango wiwe wari mu kaga, yaratinya ko abantu biwe bomwica, kandi n’Umwami Sauli yari akimuhiga ngo amwice. Niwihe ishusho ukuntu Dawidi ashobora kuba yararengewe n’amaganya.

None Dawidi yaciye akora iki? Ubwo nyene yaciye ‘yikomeza biciye kuri Yehova Imana yiwe.’ Ivyo ashobora kuba yabigize gute? Dawidi yari afise akamenyero ko kwama asenga Yehova ngo amufashe no kuzirikana ku bintu yari yaramukoreye muri kahise. (1 Sam. 17:37; Zab. 18:2, 6) Kubera ko Dawidi yari akeneye ko Yehova amuyobora, yaciye amubaza ico yari akwiye gukora. Yehova amaze kumubwira ico yokora, ubwo nyene Dawidi yaciye abishira mu ngiro. Ivyo vyatumye we n’ingabo ziwe bahezagirwa na Yehova, baragaruza imiryango yabo n’amatungo yabo. (1 Sam. 30:7-9, 18, 19) Woba wabonye ibintu bitatu Dawidi yakoze? Yarasenze Yehova ngo amufashe, arazirikana ingene Yehova yamufashije muri kahise, yongera arashira mu ngiro ivyo Yehova yari amubwiye. None twokwigana gute Dawidi? Raba uburyo butatu twobigira.

NIWIGANE DAWIDI IGIHE UFISE AMAGANYA

1. Nusenge. Igihe cose dutanguye kugira amaganya, turashobora gusenga Yehova kugira adufashe yongere aduhe ubukerebutsi. Gufata umwanya ukwiye wo kumubwira ibituraje ishinga birashobora gutuma twumva turemurutse. Canke na ho nimba ivyo bitoshoboka bivanye n’uko ivyacu vyifashe, twoshobora gutura isengesho rigufi mu gacerere. Igihe cose twituye Yehova ngo adufashe tuba twerekanye ko tumwizigira nka Dawidi, uwavuze ati: “Yehova ni we rutare rwanje, igihome canje gikomeye akaba na we ankiza. Imana yanje ni yo gitandara canje. Nzohungira muri yo.” (Zab. 18:2) None gusenga vyoba bifasha? Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yitwa Kahlia avuga ati: “Iyo nsenze nca numva ntekanye. Gusenga biramfasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona, ngaca ndushiriza kumwizigira.” Ego cane, isengesho ni ikirwanisho gikomeye Yehova yaturonkeje kidufasha kuvyifatamwo neza igihe dufise amaganya.

2. Nuzirikane. Utereje amaso inyuma, ubona hari ingorane washoboye kwihanganira kubera gusa wafashijwe na Yehova? Iyo tuzirikanye ku kuntu Yehova yadufashije cokimwe n’abasavyi biwe bo muri kahise, turarushiriza gutekana no kumwizigira. (Zab. 18:17-19) Umukurambere umwe yitwa Joshua avuga ati: “Ndafise urutonde rw’amasengesho Yehova yagiye aranyishura. Ivyo biramfasha kwibuka ibihe nagiye ndasaba Yehova ikintu kanaka ndomako kandi akakindonsa.” Ego cane, iyo tuzirikanye ivyo Yehova amaze kudukorera, duca turushiriza kuronka inkomezi zo kuvyifatamwo neza igihe turi mu maganya.

3. Nushire mu ngiro. Imbere yo gukora ikintu kanaka, turashobora gusuzuma Ijambo ry’Imana kugira rituronse ubuyobozi bwizigirwa kuruta ubundi bwose. (Zab. 19:7, 11) Abenshi basanze kugirira ubushakashatsi icanditswe kanaka bituma bagitahura neza, bakabona n’ingene kiberekeye. Umukurambere umwe yitwa Jarrod avuga ati: “Kugira ubushakashatsi biramfasha kubona imice yose y’icanditswe no gutahura ivyo Yehova aba ariko arambwira. Ivyo bituma nyurwa ngaca nkurikiza ivyo ambwiye.” Iyo turondereye ubuyobozi bwa Yehova mu Vyanditswe tukongera tukabukurikiza, turarushiriza kuvyifatamwo neza iyo dufise amaganya.

YEHOVA AZOGUFASHA KUVYIFATAMWO NEZA

Dawidi yaratahura ko yari akeneye gufashwa na Yehova kugira ashobore kwihanganira amaganya. Yarakenguruka cane ingene Yehova yamufasha, ku buryo yavuze ati: “Ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome. Imana y’ukuri ni yo inkenyeza cane inkomezi.” (Zab. 18:29, 32) Ingorane zidushikira twoshobora kuzibona nk’impome tudashobora kwurira. Ariko tubifashijwemwo na Yehova, nta ngorane n’imwe imeze nk’uruhome tutorengera. Ego cane, dusenze Yehova tumusaba ngo adufashe, tukazirikana ku vyo yadukoreye vyose, tukongera tugashira mu ngiro ubuyobozi aduha, turashobora kwizigira tudakeka ko azoturonsa inkomezi n’ubukerebutsi dukeneye kugira tuvyifatemwo neza igihe dufise amaganya.

^ lup. 2 Umuntu afise amaganya arenze yoshobora gukenera kwitura umuganga ngo amufashe.