Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 17

Yemwe ba inabibondo, nimwigane akarorero ka Ewunise

Yemwe ba inabibondo, nimwigane akarorero ka Ewunise

“Ntuhebe itegeko rya nyoko wawe. [Ni] igitsibo giteye igomwe ku mutwe wawe, n’urunigi rwiza mw’izosi ryawe.”​—IMIG. 1:8, 9.

URURIRIMBO RWA 137 Abakenyezi b’abizigirwa

INCAMAKE *

Ewunise nyina wa Timoteyo be na inakuru Loyisi bararyohewe cane no kwibonera ingene Timoteyo ariko arabatizwa (Raba ingingo ya 1)

1-2. (a) Ewunise yari nde, kandi ni intambamyi iyihe yari afise mu gufasha umwana wiwe gukunda Yehova? (b) Nusigure ishusho yo ku gipfukisho.

 NAHO Bibiliya itavuga ibijanye n’ibatisimu ya Timoteyo, twoshobora kwiha ishusho y’ingene nyina wiwe Ewunise yanezerewe ku musi yabatizwa. (Imig. 23:25) Gerageza kumubona akamwemwe kariko karamusya, igihe yitegereza Timoteyo ahagaze mu mazi amugera mu nda. Ariko aramwenyura, Loyisi inakuru wa Timoteyo na we akaba amufashe ku bitugu. Ewunise ariruhutsa buhorobuhoro abonye Timoteyo bamwibije mu mazi. Timoteyo ariburutse mu mazi aryohewe cane, maze Ewunise agaca akorora amosozi kubera umunezero. Ewunise yaratsinze urugamba rwo kwigisha umuhungu wiwe gukunda Yehova be n’Umwana wiwe Yezu Kristu. Ni ingorane izihe Ewunise yaciyemwo igihe yariko afasha umuhungu wiwe gushika kuri iyo ntambwe?

2 Timoteyo yakuriye mu muryango ugizwe n’abavyeyi badasangiye ukwemera. Se yari Umugiriki, nyina na inakuru na bo bakaba bari Abayudakazi. (Ivyak. 16:1) Timoteyo ashobora kuba yari umuyabaga igihe Ewunise na Loyisi binjira mw’idini ry’abakirisu. N’ico gihe nyene, se na nyina ntibari bahuje ukwemera. None Timoteyo yari guhitamwo idini rya nde? Ashobora kuba yari akuze ku buryo yari kwifatira ingingo. Yoba yari gukurikira idini rya se? Yoba yari kuguma yumiye ku migenzo y’Abayuda yari yarigishijwe kuva akiri umwana? Canke yoba yari guhitamwo kuba umwigishwa wa Yezu Kristu?

3. Twisunze Imigani 1:8, 9, Yehova abona gute akigoro ba inabibondo bagira ko gufasha abana babo kugiranira ubucuti na we?

3 Ba inabibondo bakirisu na bo nyene muri iki gihe barakunda imiryango yabo. Ikintu nyamukuru bipfuza, ni ugufasha abana babo kugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Imana yacu iraha agaciro cane utwigoro bagira. (Soma Imigani 1:8, 9.) Yehova yarashigikiye ba inabibondo benshi cane barafasha abana babo kumenya ukuri.

4. Ni ingorane izihe zihanze ba inabibondo muri iki gihe?

4 Ni ibisanzwe ko vyoshika inabibondo akibaza nimba abana biwe bazohitamwo gukorera Yehova nk’ukwo kwa Timoteyo. Kanatsinda, abavyeyi barazi ingene isi ya Shetani igira akosho gakomeye ku bana babo. (1 Pet. 5:8) Vyongeye, ba inabibondo batari bake usanga bafise ingorane yo kwirerana abana, canke ugasanga bubakanye n’abagabo badasenga Yehova. Nk’akarorero, mushiki wacu yitwa Christine * avuga ati: “Naho umugabo wanje ari serugo mwiza kandi akunda umuryango, ntiyerekwa ivy’uko nokwigisha abana bacu ivyerekeye Ivyabona vya Yehova. Naramaze imyaka itari mike ndira, nibaza nimba vyotevye bigakunda ko abana banje basenga Yehova.”

5. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

5 Nimba uri inabibondo, urashobora kuroranirwa nka Ewunise. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene wokwigana akarorero kiwe mu kwigisha abana bawe biciye ku vyo uvuga be no ku vyo ukora. Turaza no kubona ingene Yehova azogufasha.

NIWIGISHE ABANA BAWE BICIYE KU VYO UVUGA

6. Twisunze 2 Timoteyo 3:14, 15, vyagenze gute ngo Timoteyo abe umukirisu?

6 Timoteyo akiri umwana, nyina wiwe yarakora uko ashoboye kwose kugira ngo amwigishe “ivyanditswe vyeranda,” yisunze uko Abayuda babitahura. Ariko rero, nyina wiwe yari azi ibintu bikeyi, kuko ata co yari azi ku bijanye na Kristu. Naho ari ukwo, ivyo Timoteyo yize muri ivyo Vyanditswe vyari bihagije kugira ngo yemere kuba umukirisu. None yoba yaramubaye? Uwo musore yari afise uburenganzira bwo guhitamwo nimba yoba umukirisu. Nta nkeka ko Timoteyo ‘yumvishijwe ukuri ku bijanye na Yezu akakwemera,’ ahanini ivyo bikaba vyavuye ku kigoro ka nyina wiwe. (Soma 2 Timoteyo 3:14, 15.) Ese ingene Ewunise ategerezwa kuba yarahimbawe no kubona yaratsinze urugamba rwo kwigisha umwana wiwe ibijanye na Yehova! Wa wundi ngo izina ni ryo muntu, Ewunise yaragendeye izina ryiwe vy’ukuri, na ryo rikaba riva mw’ijambo risobanura ngo “gutsinda.”

7. Ewunise yari gushobora gufasha gute umwana wiwe kuguma atera imbere n’inyuma y’ibatisimu?

7 Naho Timoteyo yari ateye intambwe ihambaye yo kubatizwa, Ewunise ntiyaretse guhagarika umutima. Umwana wiwe yokoresheje gute ubuzima bwiwe? Yoba yokwifatanije n’abagenzi babi? Yoba yogiye kwiga i Atene maze agatangura kwemera inyigisho zahigishirizwa n’abafilozofe b’abapagani? Yoba yotakaje umwanya wiwe, inguvu ziwe be n’ubuto bwiwe mu kwiruka inyuma y’ubutunzi? Naho Ewunise atari gushobora gufatira ingingo Timoteyo, yari gushobora kumufasha. Uti gute? Yari kubandanya agira akigoro ko kwigisha umwana wiwe gukunda cane Yehova be no gukengurukira Umwana wiwe Yezu. Ingorane ntizishikira gusa abubakanye n’abo badasangiye ukwizera. N’igihe abavyeyi bompi baba bari mu kuri, vyoshobora kuba urugamba gukora ku mutima abana babo, ku buryo bazoba abasavyi ba Yehova b’abizigirwa. None abavyeyi bokwigira iki ku karorero ka Ewunise?

8. Inabibondo yofasha gute umugabo wiwe mu bijanye no kwigisha abana babo?

8 Niwigishe abana bawe Bibiliya. Yewe mushiki wacu, nimba umugabo wawe ari mu kuri, Yehova yipfuza ko umufasha kwigisha abana banyu ibimwerekeye. Uburyo bumwe wobigira, ni ukwama ushigikira intunganyo yo Gusenga kwo mu muryango. Niwame uyivuga neza kandi uzirikane ivyo wokora kugira ngo utume ico kiringo kiba igihimbaye. Kumbure urashobora gufasha umugabo wawe gutegura agakino gashingiye kuri Bibiliya. Vyongeye, nimba mufise abana bakuze ku buryo boshobora kugirirwa inyigisho mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, urashobora kugira ivyo ufashije umugabo wawe mu bijanye no kwigisha abo bana.

9. Inabibondo yubakanye n’uwo badasangiye ukwizera yokura hehe ivyomufasha?

9 Hari ba inabibondo biba ngombwa ko bigisha Bibiliya abana babo kubera yuko usanga bireranye abana, canke kubera ko usanga bubakanye n’umugabo badasangiye ukwizera. Nimba ari ko vyifashe mu rugo rwawe, ntuhagarike umutima birenze. Yehova azogufasha. Nukoreshe neza ibikoresho bidufasha kwigisha yaturonkeje biciye kw’ishirahamwe ryiwe, kugira ngo wigishe abana bawe. Woshobora no kwitura abandi bavyeyi bazi utuntu n’utundi, kugira ngo baguterere ivyiyumviro vy’ukuntu wokoresha ivyo bikoresho mu gusenga kwo mu muryango. * (Imig. 11:14) Yehova arashobora no kugufasha mu bijanye no kuyaga n’abana bawe. Numusabe agufashe kumenya ivyo biyumvira be n’ibiri mu mitima yabo. (Imig. 20:5) Kubabaza akabazo gasanzwe nk’aka ngo ‘Ni ingorane ikomeye iyihe uhora ugira kw’ishure?’ birashobora gutuma mugiranira ikiyago gituma umenya vyinshi.

10. Ni ibindi bintu ibihe wokora kugira ngo ufashe abana bawe kwiga ivyerekeye Yehova?

10 Nurondere uturyo two kwigisha abana bawe ivyerekeye Yehova. Nubabwire ivyerekeye Yehova be n’ivyiza vyinshi yagukoreye. (Gus. 6:6, 7; Yes. 63:7) Ivyo birahambaye, canecane nimba bidashoboka ko wama wiga n’abana bawe muri i muhira. Umwe Christine twavuga agira ati: “Kubera ko nari mfise uturyo duke cane two kuyaga na bo ivyerekeye Yehova, sinagisha akaryo na kamwe kaba kabonetse. Twaragenda gutembera n’amaguru canke tukurira ubwato tukabusoza, tugaca tuganira ibijanye n’ibintu vyiza cane Yehova yaremye be n’ibindi bintu vyinshi vyobafasha kwiyegereza Yehova. Abana banje bamaze gukura, naciye ndabaremesha kuza bariyigisha Bibiliya ubwabo.” N’ikindi kandi, nuvuge neza ishirahamwe rya Yehova be n’abavukanyi na bashiki bacu. Ntuvuge nabi abakurambere. Ivyo ubavugako birashobora kuzotuma abana bawe babitura ngo babafashe canke ntibabiture.

11. Twisunze Yakobo 3:18, kubera iki bihambaye kuremesha amahoro mu muryango?

11 Nuremeshe amahoro mu muryango. Niwame werekana ko ukunda umugabo wawe n’abana bawe. Nuvuge neza umugabo wawe kandi mu buryo buranga icubahiro, wongere ufashe n’abana bawe kubigenza gutyo nyene. Ubigize gutyo, uba utumye mu muryango harangwa akayaga keza gatuma abana bawe biga ivyerekeye Yehova. (Soma Yakobo 3:18.) Rimbura akarorero k’umutsimvyi adasanzwe umwe wo muri Rumaniya yitwa Jozsef. Igihe yari akiri muto, we na benewabo hamwe na nyina wiwe, se wabo yarababurabuza mu bijanye no gukorera Yehova. Jozsef avuga ati: “Mawe yaragerageza uko ashoboye kwose kugira ngo atume i muhira harangwa akayaga keza. Uko dawe yarushiriza gukara, ni ko mawe yarushiriza kugaragaza umutima mwiza. Igihe mawe yaba abonye ko bitugora kwubaha dawe no kumugamburukira, yaca atuganiriza ku bivugwa mu Banyefeso 6:1-3. Yaca atubwira kamere nziza za dawe, agaca adufasha gutahura igituma dukwiye kumukunda. Ukwo ni ko yatuma mu muryango harangwa amahoro.”

NIWIGISHE ABANA BAWE BICIYE KU VYO UKORA

12. Twisunze 2 Timoteyo 1:5, akarorero ka Ewunise kafashije gute Timoteyo?

12 Soma 2 Timoteyo 1:5. Ewunise yarahaye akarorero keza Timoteyo. Ategerezwa kuba yaramwigishije ko ukwizera nyakuri kugaragarira mu bikorwa. (Yak. 2:26) Nta nkeka ko Timoteyo yabona ko ivyo nyina wiwe yakora yabitumwa n’uko yakunda cane Yehova. Timoteyo yarabona ko kuba nyina wiwe yarakorera Yehova vyatuma ahimbarwa. None akarorero ka Ewunise kafashije gute Timoteyo? Nk’uko intumwa Paulo yavyiboneye, Timoteyo yari afise ukwizera nk’ukwa nyina wiwe. Ivyo ntivyapfuye kwizana. Timoteyo yarihweje akarorero ka nyina wiwe maze aramwigana. No muri iki gihe, ba inabibondo benshi barakoze ku mutima abo mu miryango yabo, ‘ata n’ijambo bavuze.’ (1 Pet. 3:1, 2) Na wewe urashobora kubigana. Uti gute?

13. Kubera iki inabibondo akwiye gushira imbere ubucuti afitaniye na Yehova?

13 Nushire imbere ubucuti ufitaniye na Yehova. (Gus. 6:5, 6) Cokimwe na ba inabibondo benshi, na wewe uritanga muri vyinshi. Urakoresha umwanya, amahera, ugaheba agatiro be n’ibindi bintu kugira ngo witwararike ivyo abana bawe bakenera ku mubiri. Ariko rero, ntukwiye kwigera utwarwa cane n’ivyo bintu bakenera, ku buryo ubura umwanya wo gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova. Niwame utegekanya akanya ko gusenga, kwiyigisha Bibiliya, gutegura amakoraniro no kuyitaba. Ivyo bizotuma ukomeza ukwizera kwawe wongere ubere akarorero keza umuryango wawe hamwe n’abandi.

14-15. Wigiye iki ku karorero ka Leanne, aka Maria, n’aka João?

14 Raba uburorero bukeyi bw’abakiri bato bize gukunda Yehova no kumwizigira biciye ku kwihweza uburorero bwa ba nyina babo. Umukobwa wa Christine yitwa Leanne, avuga ati: “Ntitwashobora kwiga Bibiliya dawe ari ho ari. Naho vyari ukwo, mawe ntiyigera asiba amakoraniro. Akarorero kiwe n’umwiyemezo wiwe vyaratuma tugira ukwizera gukomeye. N’igihe tutari bwitabe amakoraniro, ivyo twiga twari tuzi ko ari ukuri.”

15 Se wa Maria, rimwe na rimwe yaraha igihano abo mu muryango wiwe igihe baba bitavye amakoraniro. Maria avuga ati: “Mu badada bafise umutima rugabo, mawe arimwo. Nkiri umwana, vyarashika nkareka gukora ibintu bimwebimwe kubera ko natinya ivyo abandi bovuga. Ariko kwibonera ingene mawe yari afise umutima rugabo n’ingene yama ashira Yehova imbere mu buzima bwiwe, vyaramfashije kudatinya abantu.” Se wa João na we, yarabuza umuryango wiwe kuyagira i muhira ivyerekeye Imana. João avuga ati: “Nibaza ko icankoze ku mutima cane ari uko mawe yari yiteguriye guheba ikindi kintu cose kugira ahimbare dawe, kiretse gusa urukundo yakunda Yehova.”

16. Akarorero inabibondo atanga gashobora kugira ico gakoze gute ku bandi?

16 Yemwe ba inabibondo, nimwibuke yuko akarorero mutanga kagira ico gakoze ku bandi. Uti gute? Zirikana ingene akarorero ka Ewunise kagize ico gakoze ku ntumwa Paulo. Yavuze ko ukwizera kwa Timoteyo kuzira ubwiyorobetsi “kwabanje kuba muri . . . Ewunise.” (2 Tim. 1:5) None ni ryari Paulo yatanguye kubona ukwizera kwa Ewunise? Bishoboka ko igihe yari mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari ari ho yabonana na Loyisi na Ewunise i Lusitira, hanyuma arabafasha gucika abakirisu. (Ivyak. 14:4-18) Zirikana iki kintu: Igihe Paulo yandikira Timoteyo haciye nk’imyaka 15, yari acibuka ibikorwa vya Ewunise biranga ukwizera, aca avuga ko yari akarorero ko kwigana. Biragaragara ko yari yarakoze cane ku mutima intumwa Paulo, kumbure n’abandi bakirisu benshi bo mu kinjana ca mbere. Nimba wireranye abana canke wubakanye n’uwo mudasangiye ukwizera, numenye neza ko akarorero utanga gakomeza abandi kakongera kakabakora ku mutima.

Gufasha umwana gukunda Yehova bifata igihe. Ntucike intege rero (Raba ingingo ya 17)

17. Wokora iki nimba umwana wawe asa n’uwirengagiza utwigoro ugira two kumufasha?

17 Bite hoho nimba umwana wawe asa n’uwirengagiza utwigoro uriko uragira? Niwibuke yuko gufasha umwana bifata igihe. Nk’uko iyo shusho ivyerekana, igihe uteye urubuto, vyoshika ukibaza nimba ruzoteba rugakura hanyuma rukama ivyamwa. Naho udashobora kuruhatira kwama, urashobora kubandanya kuruvomera kugira ngo rukure rworohewe. (Mrk. 4:26-29) Na wewe inabibondo, vyoshika ukibaza nimba uriko urakora ku mutima abana bawe. Ntushobora kubahatira gufata ingingo kanaka. Ariko iyo ubandanije gukora ivyo ushoboye vyose kugira ubafashe, uba ubahaye akaryo keza ko gukura mu vy’impwemu.​—Imig. 22:6.

NIWIHEKE KURI YEHOVA

18. Yehova ashobora gute gufasha abana bawe gucika abagenzi biwe?

18 Kuva mu bihe vya Bibiliya, Yehova yarafashije abakiri bato benshi gucika abagenzi biwe. (Zab. 22:9, 10) Arashobora no gufasha abana bawe gucika abagenzi biwe nimba bavyipfuza. (1 Kor. 3:6, 7) N’igihe abana bawe bosa n’abataye umurongo, Yehova azoguma abagaragariza urukundo. (Zab. 11:4) Nibagaragaza ikimenyetso na gitoyi c’uko “bafise agatima kabereye,” azoba yiteguriye kubafasha kugiranira ubucuti na we. (Ivyak. 13:48; 2 Ngo. 16:9) Arashobora no kugufasha kuvuga ibintu bibereye ku gihe kibereye, ni ukuvuga ku gihe nyene abana bawe bakeneye kuvyumva. (Imig. 15:23) Canke na ho, yoshobora kuvyurira umutima umuvukanyi canke mushiki wacu muri kumwe mw’ishengero, kugira ngo abitwararike mu buryo budasanzwe. N’igihe abana bawe boba bamaze gukura, Yehova yoshobora gutuma bibuka ikintu wabigishije muri kahise. (Yoh. 14:26) Igihe ubandanije gufasha abana bawe biciye ku vyo uvuga no ku karorero utanga, uba uhaye Yehova akaryo ko kuguhezagira.

19. Wokwemezwa n’iki ko Yehova agushima?

19 Urukundo Yehova agukunda, ntiruvana n’amahitamwo abana bawe bagira. Agukunda kubera yuko nawe umukunda. Nimba wireranye abana, Yehova asezerana kuzobabera Se hamwe no kuzogukingira. (Zab. 68:5) Ntushobora guhata abana bawe gukorera Yehova canke kutamukorera. Niwabandanya kureka Yehova akagufasha ukongera ugakora uko ushoboye kwose, ntazobura kugushima.

URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana

^ lup. 5 Iki kiganiro kirerekana ivyo ba inabibondo bashobora kwigira kuri Ewunise nyina wa Timoteyo, be n’ingene bofasha abana babo kumenya Yehova no kumukunda.

^ lup. 4 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ lup. 9 Nk’akarorero, raba icigwa ca 50 mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera, be n’ikiganiro kivuga ngo “Ivyiyumviro vyofasha mu Gusenga kwo mu muryango no mu kwiyigisha,” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2011, rup. 6-7.