Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 18

Ingene wokwishingira imigambi y’ivy’impwemu n’ingene woyishikako

Ingene wokwishingira imigambi y’ivy’impwemu n’ingene woyishikako

“Uzirikane ivyo bintu; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”​—1 TIM. 4:15.

URURIRIMBO RWA 84 Twitangire igikorwa

INCAMAKE *

1. Ni imigambi imwimwe iyihe yo mu vy’impwemu twokwishingira?

 TWEBWE abakirisu b’ukuri, turakunda cane Yehova. Twipfuza kumukorera igikorwa ciza cane. Ariko rero nimba twipfuza kumukorera ku rugero runini rushoboka, turakwiye kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu nko gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, kwiga ubuhinga kanaka, no kurondera uturyo two gukorera abandi. *

2. Kubera iki dukwiye kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu tukongera tukihatira kuyishikako?

2 Kubera iki twokwitaho ibijanye no kuguma dutera imbere mu vy’impwemu? Ubwa mbere, ni uko twipfuza kunezereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda. Yehova aranezerwa iyo abonye turiko turakoresha uko dushoboye kwose ububangukirwe bwacu mu gikorwa ciwe. Vyongeye, twipfuza gutera imbere mu vy’impwemu kugira ngo turushirize gufasha abo dusangiye ukwemera. (1 Tes. 4:9, 10) Naho twoba tumaze igihe kingana gute mu kuri, twese turashobora kuguma dutera imbere mu vy’impwemu. Nimuze turabe ingene twobigenza.

3. Twisunze 1 Timoteyo 4:12-16, intumwa Paulo yaremesheje Timoteyo gukora iki?

3 Igihe intumwa Paulo yandikira Timoteyo ikete rya mbere, uwo musore yari amaze kuba umukurambere azi utuntu n’utundi. Naho ari ukwo, Paulo yamuremesheje kuguma atera imbere mu vy’impwemu. (Soma 1 Timoteyo 4:12-16.) Usomye ivyo Paulo yamubwiye, uca ubona ko yipfuza ko Timoteyo atera imbere mu buryo bubiri: mu gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana nk’urukundo, ukwizera, ukutandura, no mu kuryohora ubuhinga bumwebumwe nko gusomera imbere y’abantu, uguhimiriza be n’ukwigisha. Dufatiye ku karorero ka Timoteyo, nimuze turabe ingene kwishingira imigambi dushobora gushikako bishobora kudufasha gutera imbere mu vy’impwemu. Turaza no kuraba uburyo butandukanye twokwagura umurimo turangurira Yehova.

NUTSIMBATAZE KAMERE ZISHIMWA N’IMANA

4. Twisunze Abafilipi 2:19-22, ni igiki catumye Timoteyo aba umusavyi wa Yehova kirumara?

4 Ni igiki catumye Timoteyo aba umusavyi wa Yehova kirumara? Ni kamere zidasanzwe yari afise. (Soma Abafilipi 2:19-22.) Turavye ingene Paulo yadondoye Timoteyo, duca tubona ko yari umuntu yicisha bugufi, w’intahemuka, w’umunyamwete kandi w’umwizigirwa. Yari umuntu akundana, kandi yaritwararika cane abavukanyi. Ivyo vyatumye Paulo amukunda, kandi ntiyatinye kumushinga ibikorwa bitoroshe. (1 Kor. 4:17) Na twebwe iyo dutsimbataje kamere zishimwa n’Imana, biratuma Yehova adukunda cane tukongera tukarushiriza gufasha ishengero.​—Zab. 25:9; 138:6.

Nuhitemwo kamere wipfuza gutsimbataza (Raba ingingo ya 5-6)

5. (a) Wobigenza gute nimba wipfuza kwishingira umugambi wo gutsimbataza kamere kanaka ishimwa n’Imana? (b) Nk’uko tubibona kw’ifoto, uwo mushiki wacu akiri muto ariko ashira mu ngiro gute umugambi yishingiye wo kurushiriza kugaragariza abandi impuhwe?

5 Nuhitemwo umugambi wipfuza gushikako. Nusenge wongere uzirikane ku vyo ukeneye kuryohora. Nuhitemwo kamere imwe wipfuza kuryohora. Nk’akarorero, woba wipfuza kurushiriza kugaragariza impuhwe abo musangiye ukwizera canke kurushiriza kubashigikira? Woba ukeneye kurushiriza kuba umunyamahoro no guharira abandi? Vyoba vyiza wituye umugenzi wizigiye kugira ngo aguterere ivyiyumviro vy’ukuntu wobigenza.​—Imig. 27:6.

6. Wokwihatira gute gushika ku mugambi wo gutsimbataza kamere kanaka?

6 Niwihatire kuwushikako. None wobigenza gute? Kimwe mu vyogufasha, ni ukwiga witonze kamere wipfuza kuryohora. Dufate ko wipfuza kurushiriza kuba umuntu ababarira abandi. Woshobora guhera ku gusoma no kuzirikana ku nkuru zo muri Bibiliya zivuga abantu bababariye abandi babikuye ku mutima be n’abatabigize. Zirikana akarorero ka Yezu. Yarababarira abandi abikuye ku mutima. (Luka 7:47, 48) Vyongeye, yarirengagiza amakosa yabo akababonamwo ivyiza. Ariko Abafarizayo bo mu gihe ca Yezu bobo, “[ba]fata abandi ko ari ubusa.” (Luka 18:9) Umaze kuzirikana kuri ubwo burorero, niwibaze uti: ‘Mbona gute abandi? Muri kamere bafise, ni iyihe nkwiye gushimikako?’ Nimba bikugora kubabarira umuntu, nugerageze kwandika kamere nziza zose ushima kuri we. Nuce rero wibaza uti: ‘Yezu amubona gute? Yoba yari kumubabarira?’ Kubigenza gutyo, birashobora gutuma duhindura ivyiyumviro. Mu ntango, vyoshobora kutatworohera guharira uwatubabaje. Ariko nitwabandanya kugira ivyo turyohoye, hazogera aho tuba abantu barushiriza kubabarira abandi.

NIWIGE UBUHINGA KANAKA

Niwitange kugira ngo wige ibijanye no kubungabunga Ingoro y’Ubwami yanyu (Raba ingingo ya 7) *

7. Twisunze Imigani 22:29, ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova ariko arakoresha abavukanyi bafise ubuhanga muri iki gihe?

7 Uwundi mugambi wokwishingira, ni ukwiga ubuhinga kanaka. Zirikana abavukanyi benshi bitanga kugira ngo bubake inyubakwa za Beteli, Ingoro z’amateraniro be n’Ingoro z’Ubwami. Ubuhinga benshi muri bo bafise, baburonse mu gukorana n’abavukanyi bazi imyuga. Nk’uko iyo shusho ivyerekana, abavukanyi na bashiki bacu bariko bariga ubuhinga buzobafasha kubungabunga Ingoro z’amateraniro be n’Ingoro z’Ubwami. Ubwo ni bumwe mu buryo Yehova “wa Mwami w’ibihe bidahera,” na Yezu Kristu wa “Mwami w’abaganza,” bariko bararangura ibintu vyiza igitangaza biciye kuri abo bavukanyi b’abahanga. (1 Tim. 1:17; 6:15; soma Imigani 22:29.) Twipfuza gukoresha ubuhanga bwacu twivuye inyuma, kugira ngo tuninahaze Yehova aho kwininahaza.​—Yoh. 8:54.

8. Wobigenza gute nimba ugomba kwishingira umugambi wo kwiga ubuhanga kanaka?

8 Nuhitemwo umugambi wipfuza gushikako. Ni ubuhanga ubuhe wipfuza gutsimbataza? Nubaze abakurambere bo mw’ishengero iwanyu canke kumbure umucungezi w’umuzunguruko ubuhanga babona wotsimbataza. Nk’akarorero, nimba bakubwiye ko woryohora ingene wigisha, nuce ubasaba bakubwire inota kanaka ukwiye kwisunga. Nuce wihatira kugira ivyo uryohoye. None ivyo wobigira gute?

9. Wokwihatira gute gushika ku mugambi wo kwiga ubuhinga kanaka?

9 Niwihatire kuwushikako. Dufate yuko wipfuza kuryohora ingene wigisha. Urashobora kwiga witonze ka gatabu Niwijukire gusoma no kwigisha. Igihe ufise ikiganiro uzoshikiriza mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, woshobora gusaba umuvukanyi azi utuntu n’utundi akumviriza ingene wagiteguye, maze akakubwira ivyo woryohora. Niwitegure neza imbere y’igihe, ku buryo abantu bazobona ko wagize akigoro be n’uko uri umwizigirwa.​—Imig. 21:5; 2 Kor. 8:22.

10. Tanga akarorero kerekana ingene dushobora kumenya ikintu twipfuza kwiga.

10 Bite hoho nimba umugambi wishingiye usaba ko wiga ikintu gisanzwe kikugora? Ntucike intege! Umuvukanyi umwe yitwa Garry yari afise ingorane yo gusoma neza. Aribuka ingene yagira ubuyega igihe yaba ariko aragerageza gusoma n’ijwi ryumvikana ari mu makoraniro. Ariko yaguma yihata. Ubu avuga yuko bivuye ku kumenyerezwa yaronse, ahora atanga insiguro mu Ngoro y’Ubwami, ku materaniro y’umuzunguruko no ku mahwaniro.

11. Cokimwe na Timoteyo, ni igiki kizotuma dushobora gukora vyinshi mu murimo wa Yehova?

11 None Timoteyo yoba yaracitse umwigisha adasanzwe? Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko rero, nta nkeka ko Timoteyo yarushirije kurangura neza ibikorwa yari yarashinzwe, kubera ko yakurikije impanuro Paulo yari yaramuhaye. (2 Tim. 3:10) Na twebwe nitwaryohora ubuhanga bwacu, turashobora kuzokora vyinshi mu murimo wa Yehova.

NURONDERE UTURYO TWO GUKORERA ABANDI

12. Wungukiye gute ku gufashwa n’abandi?

12 Twese turungukira ku vyo abandi badukorera. Igihe turi mu bitaro, hanyuma tukagenderwa n’abakurambere bari muri Komite ija inama n’ibitaro canke abo mu migwi igendera Ivyabona barwaye, turaryoherwa cane. Iyo dushikiwe n’ingorane itoroshe, turabishima iyo umukurambere afashe umwanya wo kutwumviriza maze akaturemesha. Igihe dukeneye uwodufasha ku nyigisho ya Bibiliya, turahimbarwa iyo umutsimvyi azi utuntu n’utundi aduherekeje kuri iyo nyigisho maze akaduterera ivyiyumviro. Abo bavukanyi bose na bashiki bacu barahimbarwa no kudufasha. Na twebwe turashobora kugira umunezero nk’uwo nyene, igihe twitanze tugafasha abavukanyi bacu. Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Nimba wipfuza gukorera vyinshi Yehova muri iyo mice canke mu yindi, ni ibiki bizogufasha gushika ku migambi yawe?

13. Ni igiki dukwiye kuguma twibuka igihe twishingira umugambi?

13 Uririnda kwishingira umugambi wo muri rusangi. Nk’akarorero, wokwiyumvira uti: ‘Ndipfuza gukora vyinshi mw’ishengero.’ Ariko rero vyoshobora kukugora gushika ku mugambi nk’uwo, kandi naho wowushikako nta vyo womenya. Nuhitemwo rero umugambi kanaka, mu buryo butomoye. Woshobora mbere no kwandika uwo mugambi hamwe n’ingene wowushikako.

14. Igihe tuba twishingiye imigambi, ni kubera iki dukwiye guhuza n’uko ibintu biba vyifashe?

14 Igihe tuba twishingiye imigambi, turakwiye kandi guhuza n’uko ibintu biba vyifashe. Kubera iki? Kubera yuko hari ibintu tudashobora guhindura. Tubitangire akarorero: Intumwa Paulo yarafashije gushinga ishengero rishasha mu gisagara c’i Tesalonika. Nta nkeka ko yari afise umugambi wo kwigumirayo, maze agafasha abo bantu bari baherutse gucika abakirisu. Ariko rero abansi biwe baramurwanije, ku buryo biba ngombwa ko ava muri ico gisagara. (Ivyak. 17:1-5, 10) Iyo Paulo agumayo, yari gushira abavukanyi biwe mu kaga. Ariko rero ntiyacitse intege. Ahubwo yaciye akora ahuza n’uko ibintu vyifashe. Mu nyuma, yararungitse Timoteyo ngo aje gukomeza ukwizera kw’abo bantu b’i Tesalonika bari baherutse gucika abakirisu. (1 Tes. 3:1-3) Ese ukuntu Abanyatesalonika bategerezwa kuba barahimbawe no kubona Timoteyo yitanga, akaja gufasha aho yaba akenewe hose!

15. Igihe ivyacu bihindutse bishobora gute kugira ingaruka ku migambi yacu? Tanga akarorero.

15 Turashobora gukura icigwa kuri ivyo vyashikiye Paulo i Tesalonika. Turashobora kwishingira umugambi wo gushikira agateka kanaka, mugabo ntibishoboke kubera ko ivyacu vyahindutse. (Umus. 9:11) Nimba ivyawe ari ko vyifashe, nuce ugerageza guhitamwo uwundi mugambi woshobora gushikako. Ivyo nyene ni vyo umugabo umwe yitwa Ted be n’umugore wiwe Hiedi bakoze. Baragize ingorane z’amagara baca barava muri Beteli. Ariko urukundo bakunda Yehova rwaratumye barondera ubundi buryo bokwagura umurimo bamurangurira. Babanje gufata ubutsimvyi busanzwe. Haciye igihe baragenywe kuba abatsimvyi badasanzwe, mu nyuma Ted aramenyerezwa kuba umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko. Ata gihe kihaciye, imyaka abacungezi b’imizunguruko basabwa kuba bafise yarahindutse. Uwo mugore n’umugabo baciye babona ko ako gateka batazokwigera bagashikira. Naho bababaye, bari bazi ko boshoboye gukorera Yehova mu bundi buryo. Ted avuga ati: “Twaratahuye ko hariho uburyo butari bumwe dushobora gukorera Yehova.”

16. Ni icigwa ikihe dukura ku bivugwa mu Bagalatiya 6:4?

16 Mu buzima hariho ibintu tudashobora guhindura. Ntidukwiye rero kwiyumvira ko agaciro kacu kavana n’uduteka twatewe canke ngo tugereranye uduteka twacu be n’utwo abandi bafise. Hiedi avuga ati: “Iyo ugereranije ubuzima bwawe n’ubw’abandi uca utakaza umunezero.” (Soma Abagalatiya 6:4.) Birahambaye ko turondera uburyo butandukanye bwo gukora vyinshi. *

17. Wokora iki kugira ngo uzoterwe uduteka tw’umurimo?

17 Nimba wipfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova, nugume woroheje ubuzima mu kwirinda amadeni adakenewe. Niwishingire imigambi mitomito izotuma ushika ku migambi ihambaye. Nk’akarorero, nimba ufise umugambi wo kuzoba umutsimvyi asanzwe, ubona gute mu kurindira ubaye urakora ubutsimvyi bwo gufasha bubandanya? Nimba ufise umugambi wo kuzoba umukozi w’ishengero, ubona gute mu kurindira ubaye urongereza umwanya umara mu ndimiro, ukagendera abarwaye be n’abitereye mu myaka muri kumwe mw’ishengero? Utuntu n’utundi ugenda uramenya muri ico gihe, turashobora kugufasha kuzoshikira utundi duteka muri kazoza. Niwiyemeze gukora neza igikorwa ico ari co cose ushingwa.​—Rom. 12:11.

Nuhitemwo umugambi utomoye woshobora gushikako (Raba ingingo ya 18) *

18. Wisunze iyo shusho, akarorero ka mushiki wacu Beverley kakwigisha iki?

18 Kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu no kuyishikako ntibiraba imyaka. Raba akarorero ka mushiki wacu umwe afise imyaka 75 yitwa Beverley. Yari arwaye indwara ikomeye yatuma bitamworohera kugendagenda. Ariko rero yaripfuza kugira uruhara bimwe bishitse mw’isekeza ryo gutanga ubutumire bw’Icibutso. Yaciye rero yishingira imigambi itomoye. Igihe yashika ku migambi yiwe yari yishingiye muri iryo sekeza, yaranezerewe cane. Akigoro kiwe kararemesheje abandi gukora cane mu ndimiro. Yehova arashima ivyo abavukanyi bacu na bashiki bacu bageze mu zabukuru bamukorera, naho uko ivyabo vyifashe bituma badashobora gukora vyinshi.​—Zab. 71:17, 18.

19. Ni imigambi imwimwe iyihe yo mu vy’impwemu twokwishingira?

19 Niwishingire imigambi ushobora gushikako. Nutsimbataze kamere zizotuma Yehova agukunda. Niwige ubuhinga buzotuma urushiriza gukorera Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Nurondere uturyo dutandukanye two gukorera abavukanyi bawe bimwe vyuzuye. * Cokimwe na Timoteyo, Yehova azoguhezagira maze “iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose.”​—1 Tim. 4:15.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ lup. 5 Timoteyo yari umwamamaji w’inkuru nziza abishoboye. Ariko nticabujije ko intumwa Paulo amuremesha kuguma atera imbere mu vy’impwemu. Timoteyo akurikije impanuro ya Paulo, Yehova yomukoresheje cane akongera akabera kirumara abo basangiye ukwizera. Cokimwe na Timoteyo, woba nawe ushashaye kurushiriza gukorera Yehova be n’abo musangiye ukwizera? Nta nkeka ko ubishashaye. Ni imigambi iyihe none izogufasha kubishikako? Vyongeye, ni ibiki vyogufasha kwishingira iyo migambi kandi ukayishikako?

^ lup. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Imigambi yo mu vy’impwemu irimwo ikintu cose twihatira gushikako kugira ngo turushirize gukorera Yehova no kumunezereza.

^ lup. 16 Raba agatwe kavuga ngo “Gukorera aho bikenewe gusumba ahandi,” mu gitabu Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba, ikigabane ca 10, ing. 6-9.

^ lup. 19 Raba icigwa ca 60 kivuga ngo “Nubandanye ukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova,” mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.

^ lup. 63 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi ariko aramenyereza bashiki bacu babiri igikorwa co kubungabunga inyubakwa, mu nyuma baca bashira mu ngiro ivyo bize.

^ lup. 65 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu atagishobora kuva i muhira ariko aramamaza biciye kuri telefone mu gutumira abantu ku Cibutso.