Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kurahira?

Indahiro bivugwa ko ari ‘isezerano umuntu agira ata gufyina yiyemeza gushitsa ikintu kanaka, akenshi akabigira avuga ko Imana ari yo cabona.’ Yoshobora kugirwa ku munwa canke igashirwa mu nyandiko.

Hari abokwiyumvira ko atari vyiza kurahira kubera ko Yezu yavuze ati: “Ntukarahire . . . Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya; kuko ikirenze kuri ivyo kiva kuri wa mubisha.” (Mat. 5:33-37) Ariko ntiwumve, Yezu yari azi ko Itegeko rya Musa ryasaba ko Abisirayeli bagira indahiro mu bihe bimwebimwe be n’uko abasavyi b’Imana b’abizigirwa babigize. (Ita. 14:22, 23; Kuv. 22:10, 11) Yari azi kandi ko Yehova na we nyene yagize indahiro. (Heb. 6:13-17) Yezu rero ntiyashaka kuvuga ko tudakwiye kwigera turahira. Ahubwo, yariko aratugabisha kwirinda kurahira ku bintu bidahambaye canke ata co bimaze. Turakwiye kwama dushitsa ivyo dusezerana, kuko Yehova ari vyo adusaba.

None wokora iki hamwe bogusaba kurahira? Ubwa mbere, banza urabe ko uzobishitsa. Nimba ubona utazobishitsa, vyoba vyiza utagize indahiro. Ijambo ry’Imana ritugabisha riti: “Wopfuma utaragana, hako uragana ntushitse.” (Umus. 5:5) Ubukurikira, nusuzume ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana zivuga ibijanye no kurahira, maze ufate ingingo wisunze ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. None zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako ni izihe?

Indahiro zimwezimwe zirahuje n’ivyo Imana igomba. Nk’akarorero, Ivyabona vya Yehova baragira indagano igihe basezerana ku musi w’ubugeni. Mwene izo ndagano ni ubwoko bumwe bw’indahiro. Imbere y’Imana n’imbere y’ivyabona, umukwe n’umugeni barasezerana ko bazokundana, bakubahana kandi ko bazobigenza gutyo ‘igihe cose bazoba bakiriho.’ (N’abatokoresha ayo majambo nyene igihe basezerana, baba baraganye imbere y’Imana.) Baca rero baba umugabo n’umugore, kandi biba vyitezwe ko babana akaramata. (Ita. 2:24; 1 Kor. 7:39) Indagano nk’izo zirabereye, kandi zirahuje n’ivyo Imana igomba.

Indahiro zimwezimwe zirateye kubiri n’ivyo Imana igomba. Umukirisu w’ukuri ntakwiye kugira indahiro ijanye no kurwanira igihugu ciwe canke iyijanye no kwihakana ukwizera kwiwe. Ayigize yoba arenze ku mabwirizwa y’Imana. Kubera ko abakirisu ‘atari ab’isi,’ ntibisuka mu matati yayo.​—Yoh. 15:19; Yes. 2:4; Yak. 1:27.

Indahiro zimwezimwe zigirwa hisunzwe ijwi ryo mu mutima. Rimwe na rimwe, imbere y’uko dufata ingingo yo kurahira canke kutarahira, turakeneye kuzirikana twitonze ku mpanuro Yezu yatanze igira iti: “Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”​—Luka 20:25.

Nk’akarorero, dufate ko hari umukirisu ariko asaba pasiporo canke uburenganzira bwo kuba mu gihugu kanaka, maze akabwirwa ko ategerezwa kubanza kurahira. Nimba muri ico gihugu indahiro nk’iyo isaba gukora ibintu binyuranye n’itegeko ry’Imana, ico gihe ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya ntiryomukundira kugira iyo ndahiro. Ariko rero, rimwe na rimwe ubutegetsi bwoshobora kumwemerera guhindura amajambo y’iyo ndahiro kugira ngo arahire ibihuje n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

Kurahira indahiro nk’iyo yahinyanyuwe, ntivyoba biteye kubiri n’ingingo ngenderwako iri mu Baroma 13:1, iyigira iti: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru.” Umukirisu rero yoshobora kubona ko ata kibi kiri mu kurahira yiyemeza gukora ikintu Imana isanzwe isaba abakirisu.

Birahambaye kandi ko wisunga ijwi ryo mu mutima iyo usabwe gukora ku kintu kanaka canke kugira ikimenyetso kanaka mu gihe co kurahira. Abaroma n’Abasikite bo mu gihe ca kera barahira bafashe inkota zabo, bakambaza imana y’intambara bwa cemeza c’uko bazoba abizigirwa. Abagiriki na bo barahira badugije ukuboko hejuru. Gutyo baba bemeye ko hariho imana yabona ivyo bavuga n’ivyo bakora, iyizogira ico ibajije abantu.

Birumvikana ko umusavyi wa Yehova atorahira afashe ku kimenyetso na kimwe kiranga igihugu kandi kijanye n’ugusenga kw’ikinyoma. Tuvuge iki hoho nka hamwe muri sentare bogusaba kurahira ushize ukuboko kuri Bibiliya kugira ngo werekane ko uza kuvugisha ukuri? Muri ico gihe, woshobora guhitamwo kuvyemera, kuko n’Ivyanditswe bivuga abasavyi b’Imana b’intahemuka bagize ikimenyetso kanaka mu kurahira. (Ita. 24:2, 3, 9; 47:29-31) Birahambaye kwibuka ko ugize iyo ndahiro, imbere y’Imana uba urahiye ko uza kuvugisha ukuri. Urakwiye kwitegurira kwishura utabesha ikibazo ico ari co cose bokubaza.

Kubera yuko duha agaciro ubucuti dufitaniye na Yehova, turakwiye kuzirikana tubijanishije n’isengesho ku ndahiro iyo ari yo yose bodusaba kugira, tukiyemeza ko idateye kubiri n’ijwi ryacu ryo mu mutima canke ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Igihe ufashe ingingo yo kurahira, niwiyemeze neza ko uzoyishitsa.​—1 Pet. 2:12.