Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 15

Woba uri “akarorero . . . mu mvugo”?

Woba uri “akarorero . . . mu mvugo”?

“Nubere akarorero abizigirwa mu mvugo.”​—1 TIM. 4:12.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

INCAMAKE *

1. Ubushobozi dufise bwo kuvuga twabukuye he?

 UBUSHOBOZI dufise bwo kuvuga ni ingabire twahawe n’Imana yacu idukunda. Wa muntu wa mbere Adamu akimara kuremwa, yarashobora kuvugana n’Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. Yarashobora no kuza ariyumvira ayandi majambo mashasha, gutyo akongereza ayo yari azi. Adamu yarakoresheje ubwo bushobozi mu kurangura igikorwa yari yashinzwe co kwita amazina ibikoko vyose. (Ita. 2:19) Ese ingene ategerezwa kuba yararengewe n’umunezero igihe yatangura kuvugana n’uwundi muntu, na we akaba yari Eva umugore wiwe yasa n’irirenga!​—Ita. 2:22, 23.

2. Ni mu buryo ki ubushobozi bwo kuvuga bwagiye burakoreshwa nabi kuva muri kahise gushika muri iki gihe?

2 Bidatevye, iyo ngabire yaratanguye gukoreshwa nabi. Shetani wa Mubesheranyi yarahenze Eva, ico kinyoma kikaba catumye abantu bakora igicumuro, baca baba abanyagasembwa. (Ita. 3:1-4) Adamu na we, yarakoresheje nabi ururimi rwiwe mu kwegeka amakosa kuri Eva, mbere no kuri Yehova. (Ita. 3:12) Inyuma y’aho Kayini yiciye mwenewabo Abeli yarabeshe Yehova. (Ita. 4:9) Mu nyuma, Lameki uwakomoka kuri Kayini yaratunganije icese cerekana ububisha bwari bwiraye mu gihe ciwe. (Ita. 4:23, 24) Bite ho muri iki gihe? Turibonera indongozi mu vya politike zubahuka gukoresha ku mugaragaro imvugo iteye isoni. Vyongeye, biragoye kuronka isinema usanga itarimwo imvugo mbi. Abana barumva imvugo ziteye isoni kw’ishure, abakuze na bo bakazumvira aho bakorera. Imvugo iteye isoni ni icerekana yuko iyi si tubayemwo yataye ubuntu mu bijanye no kwigenza runtu.

3. Ni igiki dukwiye kubako maso, kandi turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Tutabaye maso twoshobora kumenyera cane izo mvugo, ku buryo natwe dutangura kuzikoresha. Birumvikana ko twebwe abakirisu twipfuza guhimbara Yehova, ivyo bikaba birimwo n’ibindi uretse gusa kwirinda gukoresha imvugo mbi. Twipfuza no gukoresha ingabire yo kuvuga mu buryo bwiza, ni ukuvuga mu gushemeza Imana yacu. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene twobigira, (1) mu ndimiro, (2) mu makoraniro, (3) mu biyago vya misi yose. Reka tubanze turabe igituma Yehova yitaho imvugo dukoresha.

IGITUMA YEHOVA YITAHO IMVUGO DUKORESHA

Ivyo uvuga bihishura iki ku bijanye n’ibiri mu mutima wawe? (Raba ingingo ya 4-5) *

4. Twisunze Malaki 3:16, kubera iki Yehova yitaho imvugo dukoresha?

4 Soma Malaki 3:16. Wiyumvira ko ari kubera iki Yehova yandika mu “gitabu [ciwe] c’icibutso” amazina y’abantu berekana ko bamutinya be n’uko biyumvira izina ryiwe? Ivyo tuvuga birahishura ibiri mu mitima yacu. Yezu yavuze ati: “Ibibogaboga mu mutima [ni] vyo akanwa kavuga.” (Mat. 12:34) Ivyo tuvuga birerekana urwo dukunda Yehova uko rungana. Vyongeye, Yehova yipfuza ko abamukunda bazokwiberaho ibihe bidahera mw’isi nshasha.

5. (a) Ivyo tuvuga bishobora kugira ingaruka izihe ku gusenga kwacu? (b) Twisunze iyo foto, dukwiye kumenya iki ku bijanye n’imvugo dukoresha?

5 Ivyo tuvuga birashobora gutuma Yehova yemera ugusenga kwacu canke atakwemera. (Yak. 1:26) Abantu bamwebamwe badakunda Imana usanga bavugana ishavu, umutima mubi be n’ubwibone. (2 Tim. 3:1-5) Ntitwipfuza kumera nka bo. Twipfuza kuvuga amajambo ahimbara Yehova. None hamwe twokoresha imvugo nziza kandi iranga ubuntu turi ku makoraniro canke mu ndimiro, ariko tugakoresha imvugo ibabaza kandi itaranga ubuntu turi kumwe n’abo mu muryango iwacu aho abandi batatubona, ubwo Yehova vyomuhimbara?​—1 Pet. 3:7.

6. Kuba Kimberly yarakoresheje imvugo nziza vyavuyemwo ivyiza ibihe?

6 Iyo dukoresheje neza ingabire dufise yo kuvuga, tuba twerekanye ko turi abasavyi ba Yehova. Tuba dufashije abandi kubona itandukaniro riri “hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikore[ra].” (Mal. 3:18) Ivyo nyene ni vyo vyabaye kuri mushiki wacu yitwa Kimberly. * We n’uwundi munyeshure bigana, barabashinze agakorwa bokorana. Bamaze kukarangiza, uwo munyeshure yarabonye ko Kimberly yari atandukanye n’abandi banyeshure. Ntiyanegura abandi, yavugana urupfasoni, kandi ntiyakoresha imvugo iteye isoni. Ivyo vyarakoze ku mutima uwo munyeshure, mu nyuma aremera gutangura kwiga Bibiliya. Ese ukuntu Yehova ahimbarwa igihe dukoresheje imvugo ituma abandi bipfuza kwiga ukuri!

7. Wiyemeje gukoresha gute ingabire yo kuvuga wahawe n’Imana?

7 Twese twipfuza kuvuga mu buryo butera iteka Yehova kandi butuma turushiriza kwiyegereza abavukanyi bacu. Nimuze ubu na ho turimbure uburyo bumwebumwe twobandanya kuba “akarorero . . . mu mvugo.”

NUBE AKARORERO MU NDIMIRO

Kuyagisha abantu n’ubwitonzi igihe turi mu ndimiro birahimbara Yehova (Raba ingingo ya 8-9)

8. Yezu yatubereye gute akarorero mu mvugo yakoresheje igihe yariko ararangura igikorwa ciwe?

8 Nuvugane ubuntu n’icubahiro igihe bakubwiye nabi. Igihe Yezu yariko arakora igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, baramwagirije ko ari imborerwa, ari umukunzi w’inda, ari umukozi wa Shetani, arenga kw’Isabato be n’uko mbere arogota ku Mana. (Mat. 11:19; 26:65; Luka 11:15; Yoh. 9:16) Ariko Yezu wewe, ntiyabasubirije mu nkoko mu kubishura nabi. Nk’ukwo kwa Yezu, naho abantu botubwira nabi, ntidukwiye kwigera tubishura nabi. (1 Pet. 2:21-23) Ariko ntiwumve, kwigumya gutyo si icoroshe. (Yak. 3:2) None ni ibiki vyodufasha?

9. Ni igiki codufasha gucungera ivyo tuvuga igihe turi mu gikorwa co mu ndimiro?

9 Igihe uwo uriko uraganiriza akubwiye nabi, nugerageze kuvyirengagiza. Umuvukanyi yitwa Sam avuga ati: “Ndagerageza kugumiza umutima ku kuntu uwo ndiko ndaganiriza akeneye kwumva ukuri, no ku kuba ashobora guhinduka.” Hari igihe umuntu ashavura kubera ko gusa tuba twamugendeye ku gihe kitabereye. Igihe duhuye n’umuntu yashavuye, twoshobora kwigana mushiki wacu umwe yitwa Lucia. Twoshobora gutura Yehova isengesho rigufi, tukamusaba ngo adufashe kuguma dutekanye no kwirinda kuvuga ikintu na kimwe kitaranga ubuntu canke urupfasoni.

10. Twisunze 1 Timoteyo 4:13, ni umugambi uwuhe twokwishingira?

10 Nube umwigisha mwiza. Naho Timoteyo yari umukirisu azi utuntu n’utundi, yari agikeneye kubandanya aryohora ingene yigisha. (Soma 1 Timoteyo 4:13.) None ni igiki codufasha kuba abigisha beza mu ndimiro? Dutegerezwa kwitegura neza. Igishimishije, ni uko dufise ibikoresho bitandukanye bishobora kudufasha kuba abigisha beza. Amakuru yodufasha, turashobora kuyasanga muri ka gatabu Niwijukire gusoma no kwigisha, no muri ca gice kivuga ngo “Niwijukire igikorwa co mu ndimiro,” dusanga mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Woba uriko urakoresha neza ivyo bikoresho? Iyo twiteguye neza turavugana ubujijutsi kandi tudahagaritse umutima.

11. Ni ibiki vyafashije abakirisu bamwebamwe kuba abigisha beza?

11 Turashobora kandi kuba abigisha beza mu kwitegereza abandi bo mw’ishengero maze tukagira ivyo tubigiyeko. Umwe Sam twavuga, arakunda kwibaza ibifasha abakirisu bamwebamwe kuba abigisha beza. Arihweza yitonze uburyo bakoresha, maze agaca agerageza kubigana. Mushiki wacu umwe yitwa Talia arakurikirana yitonze ingene abavukanyi bazi utuntu n’utundi batanga insiguro ya bose. Ivyo vyaramufashije kumenya kuyagisha abantu no kuzirikana na bo ku bibazo bikunze kuvyuka mu ndimiro.

NUBE AKARORERO KU MAKORANIRO

Kuririmba n’umutima wacu wose igihe turi ku makoraniro birashemeza Yehova (Raba ingingo ya 12-13)

12. Ni ibiki bitorohera abantu bamwebamwe?

12 Twese turashobora gutuma amakoraniro agenda neza mu kuririmbira hamwe n’abandi no mu gutanga inyishu ziteguwe neza. (Zab. 22:22) Hari abo bitorohera kuririmba canke kuvuga bari mu bantu benshi. Nawe woba ari ko umeze? Nimba ari ko umeze, kumenya ivyafashije abandi birashobora kugufasha kwikuramwo ubwoba.

13. Ni igiki cogufasha kuririmba n’umutima wawe wose ku makoraniro?

13 Nuririmbe n’umutima wawe wose. Igihe turirimba indirimbo z’Ubwami, intumbero yacu nyamukuru ikwiye kuba ari iyo gushemeza Yehova. Mushiki wacu umwe yitwa Sara abona ko atazi kuririmba neza. Naho ari ukwo, aripfuza gushemeza Yehova mu kuririmba. Ku bw’ivyo rero, igihe aba ariko arategura amakoraniro, aca ategura n’indirimbo. Arasubiramwo izo ndirimbo agaca agerageza no kuraba ingene amajambo yazo afitaniye isano n’ivyo baza kwiga mw’ikoraniro. Avuga ati: “Ivyo bituma ndushiriza gushira umutima kuri ayo majambo, aho kurazwa ishinga n’ukuntu ndirimba.”

14. Nimba uri umunyamasoni, ni igiki cogufasha gutanga inyishu ku makoraniro?

14 Niwame utanga inyishu. Tuvugishije ukuri, ico kintu hari abo kitorohera. Umwe Talia twamara kuvuga, agira ati: “Ndafise ingorane yo guhagarika umutima cane igihe bisaba ko mvugira imbere y’abantu, naho abandi batayibona kubera nsanzwe mfise ijwi rituruye. Gutanga inyishu rero birangora cane.” Ariko rero ivyo ntibimubuza gutanga inyishu. Igihe aba ariko arategura ikoraniro, agumiza ku muzirikanyi ko inyishu ya mbere ikwiye kuba ngufi kandi idomako. Avuga ati: “Ivyo bisobanura ko igihe ntanze inyishu ngufi, yoroshe kandi idomako biba ari vyiza, kuko mwene iyo nyishu ari yo nyene umuhagarikizi aba arondera.”

15. Ni igiki dukwiye kwibuka ku bijanye n’inyishu dutanga?

15 Mbere n’abakirisu atari abanyamasoni birashika bakagonanwa gutanga inyishu. Kubera iki? Mushiki wacu umwe yitwa Juliet avuga ati: “Birashika nkagonanwa gutanga inyishu kubera ntinya ko hari ico ihajije be n’uko ari iy’isanzwe cane.” Ariko rero, niwibuke ko Yehova yipfuza ko dutanga inyishu iyo ari yo yose tuba dushoboye gutanga. * Arakenguruka cane umwiyemezo dufise wo kutareka ngo ubwoba butubuze kumushemeza mu makoraniro.

NUBE AKARORERO MU BIYAGO VYA MISI YOSE

16. Ni imvugo iyihe dukwiye kwirinda?

16 Niwirinde ubwoko bwose bwo “gutukana.” (Ef. 4:31) Nk’uko twamaze kubibona, umukirisu ntakwiye gukoresha imvugo iteye isoni. Ariko rero, hariho ubundi bwoko bwo gutukana budashoka bwibonekeza dukwiye kubako maso. Nk’akarorero, turakwiye kwiyubara ntitugereranye abantu n’abandi mu buryo butabereye, igihe tuvuga ibijanye n’abantu bo mu yindi mico kama, mu bundi bwoko canke mu bindi bihugu. Vyongeye, ntitwipfuza kubabaza abandi mu kubabwira amajambo acumita. Umuvukanyi umwe avuga ati: “Vyarashitse ndavuga amajambo acumita, y’agahemo, ayo nabona ko ari ugutera inkuru kandi ko ata co atwaye, mugabo vy’ukuri yababaza abandi. Uko imyaka yagiye irakurikirana, umugore wanje yaramfashije cane mu kuza arankebura mu mwiherero, igihe naba navuze ibintu bitameze neza kandi bimubabaza, bikababaza n’abandi.”

17. Twisunze Abanyefeso 4:29, twokwubaka abandi gute?

17 Nuvuge ivyubaka abandi. Niwihutire gukeza abandi aho kubatora amahinyu canke kwidoga. (Soma Abanyefeso 4:29.) Naho Abisirayeli bari bafise ibintu vyinshi bokenguruka, akenshi baridoga. Agatima ko kwidoga karandukira. Niwibuke ko amakuru mabi yazanywe na ba batasi cumi yatumye ‘Abisirayeli bose bidodombera Musa.’ (Guh. 13:31–14:4) Ku rundi ruhande, gukeza abandi birashobora gutuma barushiriza gukora ivyiza. Kubona umukobwa wa Yefuta yaza arakezwa n’abakobwa bagenziwe, nta gukeka ko vyamuremesheje cane kwumira ku gikorwa ciwe. (Abac. 11:40) Umwe Sara twavuga, agira ati: “Iyo dukeje abandi bituma bumva ko Yehova abakunda be n’uko bafise ikibanza mw’ishirahamwe ryiwe.” Nurondere rero uturyo two gukeza abandi ubikuye ku mutima.

18. Twisunze Zaburi 15:1, 2, kubera iki dukwiye kuvuga ukuri, kandi ivyo birimwo n’iki?

18 Nuvuge ukuri. Ntidushobora guhimbara Yehova tutavugisha ukuri. Aranka ubwoko bwose bwo kubesha. (Imig. 6:16, 17) Naho abantu benshi muri iki gihe babona ko kubesha ari ibisanzwe, twebwe tubona ikinyoma nk’uko Yehova akibona. (Soma Zaburi 15:1, 2.) Naho twirinda kuvuga ikinyoma ceruye, turirinda no kuvuga ibintu bituma abandi bashika ku ciyumviro kitari co.

Guhindukiza ikiyago kitabereye kikaba ikiyago cubaka bituma Yehova aturaba ryiza (Raba ingingo ya 19)

19. Ni ikindi kintu ikihe dukwiye kubako maso?

19 Niwirinde kuvuga urusaku. (Imig. 25:23; 2 Tes. 3:11) Umwe Juliet twavuga, arasigura ingene urusaku rumubabaza. Avuga ati: “Kwumviriza urusaku biraca intege, kandi bituma uwurumbwira ntamwizigira. Kanatsinda, mbwirwa n’iki ko na jewe atazoja kumvuga ku bandi?” Igihe rero ubonye ko ikiyago kigira gihinduke urusaku, nuce ugihindukiza mu kuvuga ibintu vyubaka.​—Kol. 4:6.

20. Wiyemeje gukoresha gute imvugo yawe?

20 Kubera ko tuba mw’isi aho usanga imvugo mbi yiraye, turakwiye kwihatira gukoresha imvugo ihimbara Yehova. Niwibuke ko ubushobozi bwo kuvuga ari ingabire twahawe na Yehova kandi ko yitaho ingene tubukoresha. Azohezagira akigoro kose tugira kugira ngo tubukoreshe neza mu ndimiro, ku makoraniro no mu biyago vya misi yose. Yehova niyakuraho iyi si itibanga Imana itugirako akosho kabi, bizorushiriza kworoha ko tuvuga ibimutera iteka. (Yuda 15) Mu kurindira ico gihe, niwiyemeze guhimbara Yehova ukoresheje “amajambo y’akanwa ka[we].”​—Zab. 19:14.

URURIRIMBO RWA 121 Turakeneye ukwigumya

^ lup. 5 Yehova yaraduhaye ingabire nziza igitangaza, na yo akaba ari ubushobozi bwo kuvuga. Ikibabaje, abantu benshi ntibakoresha iyo ngabire nk’uko Yehova ashaka. Ni ibiki none vyodufasha kugumana imvugo nziza kandi yubaka, muri iyi isi yataye ubuntu? Twokoresha gute imvugo ihimbara Yehova igihe turi mu ndimiro, igihe twitavye amakoraniro be n’igihe tuyaga n’abandi? Iki kiganiro kiradufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

^ lup. 6 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ lup. 15 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye no gutanga inyishu ku makoraniro, raba ikiganiro kivuga ngo “Nushemeze Yehova mw’ishengero,” mu Munara w’Inderetsi wo muri Nzero 2019.

^ lup. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi akariye uwo yagiye kubwira inkuru nziza; umuvukanyi yaretse kuririmba mw’ikoraniro; mushiki wacu ariko avuga urusaku.