Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 16

Nunezererwe ivyo ushoboye gukorera Yehova

Nunezererwe ivyo ushoboye gukorera Yehova

“Umwe wese [ni]yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze.”​—GAL. 6:4.

URURIRIMBO RWA 37 Dukorere Yehova tutiziganya

INCAMAKE *

1. Ni igiki gituma tunezerwa cane?

 YEHOVA yipfuza ko tunezerwa. Ivyo tuvyemezwa n’uko akanyamuneza ari umwe mu mice y’icamwa c’impwemu nyeranda yiwe. (Gal. 5:22) Kubera ko gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa, turanezerwa cane iyo dukoze indimiro twivuye inyuma tukongera tugafasha abavukanyi bacu mu buryo butandukanye.​—Ivyak. 20:35.

2-3. (a) Twisunze Abagalatiya 6:4, ni ibintu bibiri ibihe vyodufasha kugumana umunezero mu gikorwa ca Yehova? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Mu Bagalatiya 6:4, intumwa Paulo aravuga ibintu bibiri vyodufasha kugumana umunezero. (Soma.) Ica mbere, intumbero yacu ikwiye kuba iyo guha Yehova ivyo dushoboye vyose. Iyo tumuhaye ivyo dushoboye vyose, turakwiye guhimbarwa. (Mat. 22:36-38) Ica kabiri, dukwiye kwirinda kwigereranya n’abandi. Turakwiye gushimira Yehova ku vyo tuba dushoboye gukora vyose bivanye n’ukuntu amagara yacu yifashe, ukumenyerezwa twaronse, canke ububangukirwe dufise. Kanatsinda, ivyo dufise vyose ni we yabiduhaye. Ku rundi ruhande, igihe usanga hari umuce w’igikorwa abandi baroranirwamwo cane kuturusha, turakwiye kunezerwa no kubona bariko bakoresha ububangukirwe bwabo mu gushemeza Yehova, aho kubukoresha kugira biyerekane canke kugira bironderere inyungu zabo. Aho guhiganwa na bo rero, turakwiye kugira ivyo tubigiyeko.

3 Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene twovyifatamwo igihe twumva ko tutagishoboye gukora vyinshi mu murimo turangurira Yehova. Turaza no kubona ingene twokoresha ingabire iyo ari yo yose twoba dufise, tubone n’ivyo twokwigira ku burorero bw’abandi.

IGIHE TWUMVA KO ATA VYINSHI TUGISHOBOYE GUKORA

Dukoze ivyo dushoboye vyose mu biringo bitandukanye vy’ubuzima bwacu turahimbara Yehova (Raba ingingo ya 4-6) *

4. Ni igiki gishobora gutuma abantu bamwebamwe bacika intege? Tanga akarorero.

4 Abasavyi ba Yehova bamwebamwe, baracika intege igihe babona ko ata vyinshi bagishoboye gukora bivuye ku busaza canke ku ngorane z’amagara. Ivyo ni vyo vyashikiye mushiki wacu yitwa Carol. Yarigeze kuja gukorera mu karere kari gakeneye cane abamamaji. Ico gihe yarigishije Bibiliya abantu 35 yongera arafasha abatari bake muri bo kwiyegurira Yehova maze barabatizwa. Emwe, ico gihe yararoranirwa mu ndimiro! Mu nyuma, yararwaye cane ku buryo umwanya munini yawumara i muhira. Carol avuga ati: “Bivuye kuri iyo ndwara, ndazi ko ntagishoboye gukora nk’ivyo abandi bakora, mugabo numva umengo sinkiri umwizigirwa nka bo. Kubera ko ntagishoboye gukora ivyo nipfuza vyose, biratuma ncika intege.” Carol aripfuza gukorera Yehova ivyo ashoboye vyose, kandi rero ico kintu ni ciza cane. Nta nkeka ko Imana yacu yuzuye impuhwe ishima ako gatima keza afise.

5. (a) Dukwiye kwibuka iki iyo ducitse intege kubera ko hari ivyo tutagishoboye gukora? (b) Twisunze amafoto, ni gute uwo muvukanyi yagiye arakora ivyo ashoboye vyose mu murimo arangurira Yehova?

5 Nimba bishika ugacika intege kubera ivyo utagishoboye gukora, niwibaze uti: ‘Yehova anyitezeko iki?’ Akwitezeko ivyo ushoboye gukora ubu. Iyumvire iki kintu: Mushiki wacu ageze mu myaka 80 aracitse intege kubera atagishoboye gukora vyinshi mu ndimiro nk’ivyo yahora akora akiri mu myaka 40. Abona ko naho ariko arakora ivyo ashoboye vyose, adahimbara Yehova. None vyoba ari ko biri? Zirikana gato. Nimba uwo mushiki wacu yakora ivyo ashoboye vyose akiri mu myaka 40, n’ubu ageze mu myaka 80 akaba agikora ivyo ashoboye vyose, wumva none yarigeze ahagarika gukora ivyo ashoboye vyose? Igihe dutanguye kwumva ko ivyo dukorera Yehova bisa n’ibidakwiye ku buryo vyomuhimbara, turakwiye kwibuka ko Yehova ari we azi ivyomuhimbara uko bingana. Niwakora ivyo ushoboye vyose, Yehova azokubwira ati: “Wakoze neza!”​—Gereranya na Matayo 25:20-23.

6. Twigira iki ku karorero ka Maria?

6 Nitwashira umutima ku vyo dushoboye gukora aho kuwushira ku vyo tudashoboye, bizotworohera kugira umunezero. Zirikana ku karorero ka mushiki wacu yitwa Maria arwaye indwara ituma adashobora gukora vyinshi mu ndimiro. Mu ntango, yaravunitse umutima yongera yumva ko ata co akimaze. Mugabo mu nyuma, Maria yariyumviriye ibijanye n’uwundi mushiki wacu wo mw’ishengero iwabo yari arwaye cane ku buryo atava mu gitanda, aca afata ingingo yo kumufasha. Maria avuga ati: “Naratunganije ivy’uko twokwamamaza turi kumwe biciye kuri telefone no ku makete. Igihe cose twaba twakoranye, nataha nezerewe cane kandi numva ko hari ico nafashije uwo dusangiye ukwemera.” Hamwe na twebwe twoshira umutima ku vyo dushoboye gukora aho kuwushira ku vyo tudashoboye, turashobora kugira umunezero mwinshi. Bite ho hamwe twoba dushoboye gukora vyinshi canke hariho imice kanaka y’igikorwa ca Yehova turoranirwamwo cane?

NIMBA UFISE INGABIRE, “NUYIKORESHE”!

7. Ni impanuro nziza iyihe intumwa Petero yahaye abakirisu?

7 Mw’ikete rya mbere intumwa Petero yanditse ahumekewe n’Imana, yarahimirije abavukanyi biwe gukoresha ingabire zose bari bafise mu gukomeza abo bari basangiye ukwemera. Yanditse ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.” (1 Pet. 4:10) Ntidukwiye kureka gukoresha ingabire dufise ku rugero runini rushoboka, dutinya ko abandi bogira ishari canke bagacika intege. Hamwe tutozikoresha, ntitwoba turiko turaha Yehova ivyo dushoboye vyose.

8. Twisunze 1 Abakorinto 4:6, 7, kubera iki dukwiye kwirinda kwiratira ingabire dufise?

8 Naho dukwiye gukoresha ingabire dufise ku rugero runini rushoboka, turakwiye kuba maso ntituziratire. (Soma 1 Abakorinto 4:6, 7.) Nk’akarorero, woshobora kuba uri umuhinga mu gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ntukwiye kureka gukoresha iyo ngabire. Ariko rero gukoresha ingabire ni kimwe, kuyiratira n’ikindi. Dufate yuko uheruka kuroranirwa mu ndimiro ugatanguza inyigisho ya Bibiliya. Urashashaye kubibwira abo muri kumwe bose mu mugwi wo gusohoka mu ndimiro. Ariko igihe uri kumwe na bo, mushiki wacu umwe aratangura kubiganira ingene yatanze ikinyamakuru. Yatanze ikinyamakuru, ariko wewe utanguza inyigisho ya Bibiliya. None muri ico gihe woca ukora iki? Naho uzi ko ubibiganiye vyobaremesha, woshobora guhitamwo kuvyihoza ukazobibayagira ikindi gihe, kugira ntutume uwo mushiki wacu yatanze ikinyamakuru atakaza umunezero. Aho woba ukoze ikintu ciza. Ariko rero ntibikwiye gutuma uca uhagarika gutanguza inyigisho za Bibiliya. Iyo ngabire ufise nuyikoreshe.

9. Twokoresha gute ingabire dufise?

9 Turakwiye kwibuka ko ububangukirwe bwose twoba dufise twabuhawe n’Imana. Dukwiye gukoresha izo ngabire mu gukomeza ishengero aho kuzikoresha mu kwiyerekana. (Flp. 2:3) Igihe dukoresheje inguvu zacu be n’ububangukirwe bwacu mu gukora ivyo Imana igomba, turagira imvo zo kunezerwa kubera ko tuba turiko dukoresha ingabire zacu mu gushemeza Yehova, aho kuzikoresha mu ntumbero yo kwerekana ko dukora vyinshi kurusha abandi canke mu kwerekana ko turi hejuru yabo.

10. Kubera iki atari vyiza kwigereranya n’abandi?

10 Umuntu atabaye maso, yoshobora kugwa mu mutego wo kugereranya ububangukirwe bwiwe n’ubugoyagoye bw’abandi. Nk’akarorero, umuvukanyi yoshobora kuba azi gushikiriza neza insiguro. Ubwo ni ububangukirwe afise. Ariko rero, yoshobora gusuzugurira mu mutima umuvukanyi bigora gutanga insiguro. Naho ari ukwo, uwo muvukanyi bigora yoshobora kuba ari intangakarorero mu kugaragaza ubwakiranyi, mu kwigisha abana biwe, canke mu kugira umwete mu ndimiro. Ese ingene dukenguruka kuba dufise abavukanyi na bashiki bacu benshi cane bakoresha ingabire bafise mu gukorera Yehova no mu gufasha abandi!

NIWIGIRE KU BURORERO BW’ABANDI

11. Kubera iki dukwiye kugerageza gukurikira akarorero ka Yezu?

11 Naho dukwiye kwirinda kwigereranya n’abandi, turashobora kugira ivyo twigiye ku burorero bw’abandi basavyi ba Yehova b’abizigirwa. Reka turimbure akarorero ka Yezu. Naho tudatunganye nka we, turashobora kugira ivyo twigiye kuri kamere nziza ziwe be n’uburyo yakora ibintu. (1 Pet. 2:21) Dukoze ukwo dushoboye kwose kugira dukurikire neza akarorero kiwe, tuzorushiriza kuba abasavyi ba Yehova beza twongere tube kirumara mu ndimiro.

12-13. Ni ibiki twigira ku Mwami Dawidi?

12 Mw’Ijambo ry’Imana, harimwo uburorero bwinshi bw’abagabo n’abagore b’abizigirwa twokwigana naho batari batunganye. (Heb. 6:12) Nk’akarorero, Yehova yise Umwami Dawidi ngo “umuntu ahimbara umutima wanje,” canke twisunze iyindi Bibiliya ngo “umuntu ameze nk’uk’umutima wanje ugomba.” (Ivyak. 13:22) Ariko rero Dawidi ntiyari atunganye. Kanatsinda, yarakoze amakosa amwamwe akomeye. Naho ari ukwo, aratubera akarorero keza. Uti kubera iki? Kubera ko igihe bamwereka amakosa yari yakoze, atagerageje kwisigura. Ahubwo riho, yaremeye impanuro ikomeye bamuhaye maze arigaya vy’ukuri ku vyo yari yakoze. Ivyo vyatumye Yehova amuharira.​—Zab. 51:3, 4, 10-12.

13 Twoshobora kugira ivyo twigiye kuri Dawidi mu kwibaza duti: ‘Iyo bampanuye ndavyakira gute? Noba nihutira kwemera amakosa nakoze canke ngerageza kwisigura? Noba nca negeka amakosa ku bandi? Noba ngerageza uko nshoboye kwose kugira sinsubire gukora ya makosa nyene?’ Igihe uriko urasoma ivyerekeye abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya, urashobora kwibaza ibibazo nk’ivyo nyene. Ingorane zabashikiye zoba zisa n’iziriko ziragushikira? Ni kamere nziza izihe bagaragaje? Igihe cose usomye inkuru y’umuntu, niwibaze uti: ‘Nokora iki kugira ndushirize kuba nk’uwo musavyi wa Yehova w’umwizigirwa?’

14. Uburorero bw’abo dusangiye ukwizera bushobora gute kudufasha?

14 Kwihweza abo dusangiye ukwemera, baba abakiri bato canke abakuze, na vyo nyene birashobora kudufasha. Nk’akarorero, hoba hari umuntu mw’ishengero iwanyu yoba ariko arihanganira ikigeragezo adahemuka, kumbure akosho k’urunganwe, ukurwanywa n’abo mu muryango, canke afise ingorane z’amagara? Hoba hari kamere nziza ubona muri uwo muntu woshima kurushiriza gutsimbataza? Uzirikanye ku karorero kiwe keza, woshobora kumenya uburyo bwiza bwo kwihanganira ibigeragezo biriko biragushikira. Ese ukuntu dukenguruka kuba dufise uburorero nk’ubwo bw’abagaragaje ukwizera twokwigana! Vy’ukuri, ivyo biratuma tunezerwa.​—Heb. 13:7; Yak. 1:2, 3.

NUHIMBARWE MU GIKORWA UKORERA YEHOVA

15. Ni impanuro iyihe intumwa Paulo yatanze ishobora kudufasha kuguma tunezerewe mu gikorwa turangurira Yehova?

15 Kugira mw’ishengero harangwe ubumwe n’amahoro, umwe wese muri twebwe arakwiye kugira ico aterereye. Zirikana ku karorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Bari bafise ingabire zitandukanye n’ibikorwa bitandukanye. (1 Kor. 12:4, 7-11) Ariko ivyo ntivyatuma bahiganwa canke ngo bacanemwo. Ahubwo riho, Paulo yahimirije umwe wese kugira ico akoze “ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu.” Yandikiye Abanyefeso yuko ‘igihe igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, gifasha mu gukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo.’ (Ef. 4:1-3, 11, 12, 16) Ababigenjeje gutyo bararemesheje ubumwe n’amahoro, izo kamere nyene akaba ari zo twibonera mu mashengero yacu muri iki gihe.

16. Dukwiye kwiyemeza gukora iki? (Abaheburayo 6:10)

16 Niwirinde kwigereranya n’abandi. Ahubwo nyabuna, nugire ivyo wigiye kuri Yezu kandi wihatire kwigana kamere ziwe. Niwungukire ku burorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya be n’abo muri iki gihe bagaragaje ukwizera. Uko ubandanya gukora ivyo ushoboye vyose, numenye neza ko Yehova ‘atari uwutagororotse ngo yibagire igikorwa cawe.’ (Soma Abaheburayo 6:10.) Nubandanye ukorera Yehova unezerewe, uzi yuko ashima utwigoro twose ugira kugira umuhimbare.

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

^ lup. 5 Twese turashobora kugira ico twigiye ku burorero butangwa n’abandi. Mugabo rero hariho ivyo dutegerezwa kwirinda. Iki kiganiro kiraza kutwereka ingene twogumana umunezero n’ingene twokwirinda kugwa mu mutego wo kugira ubwibone canke gucika intege, igihe turavye ivyo abandi bashoboye gukora.

^ lup. 49 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yakoreye kuri Beteli igihe yari akiri muto. Mu nyuma yarubatse urwiwe, maze we n’umugore wiwe barakora ubutsimvyi. Bamaze kuronka abana, yarabamenyereje igikorwa co mu ndimiro. Naho ubu ageze mu zabukuru, arabandanya gukora ivyo ashoboye vyose mu kwamamaza biciye ku makete.