Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 25

Yehova arahezagira abaharira abandi

Yehova arahezagira abaharira abandi

“Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”​—KOL. 3:13.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

INCAMAKE *

1. Yehova asubiriza gute umutima mu nda abacumuzi bigaya?

 URETSE ko Yehova ari Umuremyi wacu, akaba Umucamanza wacu be n’Uwudushingira amategeko, ni na Dawe wa twese wo mw’ijuru. (Zab. 100:3; Yes. 33:22) Igihe tumucumuyeko maze tukigaya vy’ukuri, ntatubabarira gusa mugabo kandi abigira abikunze. (Zab. 86:5) Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yaradusubirije umutima mu nda ati: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.”​—Yes. 1:18.

2. Nimba twipfuza kugiranira amahoro n’abandi, dutegerezwa gukora iki?

2 Kubera ko tudatunganye, twese turavuga tukongera tugakora ibintu bibabaza abandi. (Yak. 3:2) Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko tudashobora kugiranira na bo ubugenzi bukomeye. Birashoboka igihe twize guharira abandi. (Imig. 17:9; 19:11; Mat. 18:21, 22) Igihe umuntu avuze canke akoze akantu katubabaza, Yehova yipfuza ko tumubabarira. (Kol. 3:13) Turafise imvo yumvikana yo kubigira. Kanatsinda, Yehova aratubabarira “cane.”​—Yes. 55:7.

3. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, tuza kurimbura ingene abantu badatunganye bashobora kwigana imbabazi za Yehova. Ni ibicumuro ibihe dutegerezwa kumenyesha abakurambere? Kubera iki Yehova aturemesha guharira abandi? Vyongeye, twigira iki ku bo dusangiye ukwizera bamwebamwe bamerewe nabi cane kubera ibicumuro abandi bakoze?

IGIHE UMUKIRISU AKOZE IGICUMURO GIKOMEYE

4. (a) Igihe umusavyi wa Yehova akoze igicumuro gikomeye, ategerezwa gukora iki? (b) Igihe abakurambere baganira n’uwacumuye, baba bafise ibanga irihe?

4 Ibicumuro bikomeye bitegerezwa kumenyeshwa abakurambere. Bimwebimwe muri vyo biravugwa mu 1 Abakorinto 6:9, 10. Ivyo bicumuro umuntu abikora mu kurenga ku mategeko y’Imana bimwe bikomeye. Igihe umukirisu akoze mwene ico gicumuro, ategerezwa kwitura Yehova Imana mw’isengesho, akongera akabimenyesha abakurambere b’ishengero. (Zab. 32:5; Yak. 5:14) None abakurambere baba bafise ibanga irihe? Yehova ni we wenyene afise ububasha bwo guharira ibicumuro burundu, ivyo akaba abigira yishimikije inkuka y’incungu. * Ariko rero, Yehova yarajeje abakurambere ibanga ryo gusuzuma bisunze Ivyanditswe nimba umucumuzi yoguma mw’ishengero. (1 Kor. 5:12) Kugira babishikeko, kimwe mu vyo bakora ni ukugerageza kurondera inyishu z’ibi bibazo: Ico gicumuro yoba yagikoze nkana? Yoba yari yaragiteguye? Yoba yari amaze igihe agikora? N’igihambaye kuruta, hoba hari icerekana ko yigaya vy’ukuri? Hoba hari ibimenyamenya vyerekana ko Yehova yamubabariye?​—Ivyak. 3:19.

5. Igikorwa abakurambere bakora kivamwo ivyiza ibihe?

5 Igihe abakurambere baganira n’uwacumuye, intumbero yabo ni iyo gufata ingingo ihuye n’iyamaze gufatwa mw’ijuru. (Mat. 18:18) None iyo ntunganyo igirira akamaro gute ishengero? Iratuma abanyakibi batigaya, aboshobora kugirira nabi intama za Yehova, bakurwa mw’ishengero. (1 Kor. 5:6, 7, 11-13; Tito 3:10, 11) Irashobora kandi gutuma umucumuzi yigaya maze Yehova akamubabarira. (Luka 5:32) Abakurambere barasengera umucumuzi yigaya kandi bagasaba Yehova ngo amufashe gusubirana mu vy’impwemu.​—Yak. 5:15.

6. Iyo umucumuzi aciwe mw’ishengero, biba bigishoboka ko Yehova amubabarira? Sigura.

6 Dufate ko umuntu yerekanye ko atigaya igihe aganira n’abakurambere. Igihe bimeze gutyo, aracibwa mw’ishengero. Nimba umuntu yararenze kw’itegeko rya leta, abakurambere ntibazomukingira ingaruka zomushikira. Yehova arareka abategetsi bagaca imanza bakongera bagahana uwo wese arenze kw’itegeko, yaba yigaya canke atigaya. (Rom. 13:4) Ariko rero nimba mu nyuma uwo muntu agaruye akenge hanyuma akigaya vy’ukuri kandi agahindukira, Yehova ariteguriye kumubabarira. (Luka 15:17-24) Ivyo ni ko biri naho yoba yarakoze ibicumuro bikomeye cane.​—2 Ngo. 33:9, 12, 13; 1 Tim. 1:15.

7. Ni mu buryo ubuhe dushobora kubabarira umuntu yaducumuyeko?

7 Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko atari twebwe dufata ingingo nimba Yehova azobabarira umucumuzi canke atazomubabarira! Ariko rero, hariho ikintu gisaba ko twebwe dufata ingingo. Uti ni igiki? Mu bihe bimwebimwe, umuntu arashobora kuba yaducumuyeko mbere bimwe bikomeye, ariko mu nyuma akemera iryo kosa maze akadusaba imbabazi. Mu bindi bihe, umuntu yoshobora kutazidusaba. N’ico gihe, turashobora guhitamwo kumubabarira mu buryo bw’uko dufata ingingo yo kwikuramwo inzika n’ishavu tuba tumufitiye. Mu vy’ukuri ivyo vyoshobora gusaba umwanya n’akigoro, na canecane igihe aba yaratubabaje cane. Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1994, ugira uti: “Iyo uhariye uwagucumuyeko, ntibisobanura ko uba urengeje uruho rw’amazi kuri ico gicumuro. Ku mukirisu, guharira bisobanura kwizigira Yehova ukarekera ibintu mu maboko yiwe. Yehova ni we Mucamanza agororotse w’ijuru n’isi, kandi azoshitsa ubutungane ku gihe kibereye.” None ni kubera iki Yehova aturemesha guharira no kurekera ibintu mu maboko yiwe?

IGITUMA YEHOVA ATUREMESHA GUHARIRA ABANDI

8. Ni gute guharira abandi vyerekana ko dukenguruka imbabazi za Yehova?

8 Iyo duhariye tuba twerekanye ko dukenguruka. Mu mugani umwe Yezu yaciye, yagereranije Yehova na shebuja umwe yahebeye umwenda munini umwe mu bashumba biwe atari ashoboye kuriha. Ariko uwo mushumba yababariwe, ntiyagiriye imbabazi umushumba mugenziwe yari amufitiye amahera makeyi cane. (Mat. 18:23-35) None Yezu yashatse kutwigisha iki? Nimba dukenguruka vy’ukuri imbabazi nyinshi Yehova atugirira, bizotuma tubabarira abandi. (Zab. 103:9) Haraciye imyaka Umunara w’Inderetsi uvuze uti: “Naho twobabarira abandi incuro zingana gute, ntituzokwigera dushikira incuro Imana itubabarira biciye ku nkuka y’incungu ya Kristu.”

9. Ni bande Yehova agirira imbabazi? (Matayo 6:14, 15)

9 Abaharira abandi na bo bazoharirwa. Yehova agirira imbabazi abazigirira abandi. (Mat. 5:7; Yak. 2:13) Ivyo Yezu yarabitomoye igihe yigisha abigishwa biwe gusenga. (Soma Matayo 6:14, 15.) Imbere y’aho, Yehova yarabwiye ikintu nk’ico umusavyi wiwe Yobu. Uwo mugabo w’umwizigirwa yari yarababajwe cane n’amajambo mabi yabwiwe n’abagabo batatu, ari bo Elifazi, Biludadi na Zofari. Yehova yasavye Yobu ngo abasengere. Yobu amaze kubasengera, Yehova yaramuhezagiye.​—Yobu 42:8-10.

10. Kubera iki kubika inzika ari ukwigirira nabi? (Abanyefeso 4:31, 32)

10 Kubika inzika ni ukwigirira nabi. Yehova yipfuza ko twikuramwo inzika maze tukaruhuka mu mutima. (Soma Abanyefeso 4:31, 32.) Yehova aduhimiriza ‘kureka ishavu no guheba ubushangashirwe.’ (Zab. 37:8) Gukurikiza iyo mpanuro biraranga ubukerebutsi. Kubika inzika birashobora kutugirira nabi ku mubiri no mu bwenge. (Imig. 14:30) Iyo tubikiye inzika umuntu si we bigirira nabi, nka kurya nyene iyo twanyoye isumu bitagirira nabi uwariduhaye, ariko bigirira nabi twebwe. Ahubwo iyo duhariye abandi, tuba turiko turigirira neza. (Imig. 11:17) Turagira amahoro yo mu mutima maze tukabandanya igikorwa ca Yehova.

11. Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kurondera kwihora? (Abaroma 12:19-21)

11 Uguhora ni ukwa Yehova. Yehova ntiyaduhaye uburenganzira bwo kwihora uwuducumuyeko. (Soma Abaroma 12:19-21.) Kubera ko tudashobora kubona ibintu nk’uko biri koko bitumwe n’uko tudatunganye, ntidushobora guca urubanza neza nk’uko Imana yobigira. (Heb. 4:13) Vyongeye, rimwe na rimwe ibishobisho birashobora gutuma tutabona ibintu nk’uko biri. Yehova yahumekeye Yakobo kwandika ati: “Uburake bw’umuntu [ntibu]shitsa ubugororotsi bw’Imana.” (Yak. 1:20) Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azokora ikibereye, akitwararika ko dutunganirizwa.

Niwikuremwo ishavu n’inzika. Nurekere ibintu mu maboko y’Imana. Izokuraho ibibi vyose vyatewe n’igicumuro (Raba ingingo ya 12)

12. Dushobora gute kwerekana ko twizigira ubutungane bwa Yehova?

12 Guharira abandi birerekana ko twizigira ubutungane bwa Yehova. Iyo turekeye ibintu mu maboko ya Yehova, tuba twerekanye yuko twizigira ko Yehova azokuraho ibibi vyose vyavuye ku gicumuro. Mw’isi nshasha yasezeranye, ntituzosubira ‘kwibuka ivyatubabaje, canke ngo vyongere kuza mu mutima wacu.’ (Yes. 65:17) Ariko none igihe hari uwatubabaje cane, vyoba vy’ukuri bishoboka ko twikuramwo ishavu n’inzika twoba dufise mu mutima? Raba uko bamwebamwe babigize.

IMIHEZAGIRO IVA KU GUHARIRA ABANDI

13-14. Ivyashikiye Tony na José vyakwigishije iki ku bijanye no kubabarira abandi?

13 Benshi mu bo dusangiye ukwemera barahisemwo kubabarira ababagiriye nabi, naho ivyo babakoreye vyabababaje cane. None ivyo vyatumye bironkera imihezagiro iyihe?

14 Hagisigaye imyaka myinshi ngo uwitwa Tony * wo muri Filipine amenye ukuri, yaramenye ko umwe muri bakuru biwe yishwe n’umugabo umwe yitwa José. Ico gihe, Tony yarakara cane kandi yaciye arondera kwihora. José yarafashwe maze arapfungwa kubera ubwo bwicanyi. Mu nyuma igihe José yapfungurwa, Tony yararahiye ko yomuhize akamwica. Kugira ngo abishikeko yaciye agura inkoho. Muri ico gihe, Tony yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Igihe nariko ndiga Bibiliya, narabonye yuko nari nkeneye guhindura ingendo, aho hakaba harimwo kwikuramwo ishavu.” Haciye igihe Tony yarabatijwe, mu nyuma aragenwa kuba umukurambere w’ishengero. Iyumvire ingene yatangaye igihe yamenya yuko José na we nyene yari yarabatijwe akaba umusavyi wa Yehova! Igihe babonana, baragwanye mu nda n’igishika cinshi, Tony aca abwira José ko yamubabariye. Tony avuga ko ukwo kumubabarira kwatumye agira umunezero mwinshi ku buryo bimugora no kuwusobanura. Ego cane, Yehova yarahezagiye agatima Tony yagize ko kubabarira abandi.

Akarorero ka Peter na Sue karerekana ko dushobora kwikuramwo ishavu n’inzika (Raba ingingo ya 15-16)

15-16. Ivyashikiye Peter na Sue vyakwigishije iki ku bijanye no kubabarira abandi?

15 Mu 1985, Peter na Sue bari kw’ikoraniro mu Ngoro y’Ubwami maze bukwi na bukwi haca haturika ikibombe. Hari umugabo yari yagiteze mu Ngoro y’Ubwami. Sue yarakomeretse bimwe bikomeye, ku buryo yagumanye ingorane zo kubona no kwumva. Yaratakaje n’ubushobozi bwo kumoterwa. * Akenshi Peter na Sue baribajije bati: ‘Umuntu yubahutse gukora ikibi nk’ico ni nyabaki?’ Haciye imyaka itari mike, uwateze ico kibombe, uno akaba atari umusavyi wa Yehova, yarafashwe maze acirwa umunyororo wo guherayo. Igihe Peter na Sue bababaza nimba barababariye uwo mugabo, bavuze bati: “Yehova atwigisha yuko kubika ishavu n’inzika bishobora kutugirira nabi ku mubiri, ku mutima no mu bwenge. Rero haciye igihe gito ivyo bibaye, twarasavye Yehova ngo adufashe kwikuramwo ishavu n’inzika maze ubuzima bubandanye.”

16 Vyoba vyaraboroheye kumubabarira? Si igihe cose. Babandanya bati: “Rimwe na rimwe, igihe Sue amerewe nabi kubera imvune yagize, ishavu rica rivyuka. Ariko rero ntitubigumizako umutima, akaba ari co gituma ridateba guhwama. Mbere tuvugishije ukuri, hamwe uwo yateye ikibombe yocika umusavyi wa Yehova, twomwakiriza yompi. Ico kintu cabaye caratwigishije ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziduha umwidegemvyo mwinshi kuruta uko twovyibaza. Vyongeye, turahumurizwa no kumenya ko vuba Yehova agiye kuzosubiza mu buryo ivyononekaye vyose.”

17. Ivyashikiye Myra vyakwigishije iki ku bijanye no kubabarira abandi?

17 Uwitwa Myra yamenye ukuri amaze kwubaka urwiwe kandi afise utwana tubiri. Umugabo wiwe yaranse ukuri. Mu nyuma yararenze ibigo, hanyuma arata umuryango. Myra avuga ati: “Igihe umugabo wanje yantana utwana twacu tubiri, niyumvise nk’uko benshi biyumva iyo bahemukiwe n’uwabo, nko kuvunika umutima, kutavyemera, kugira intuntu, kwicuza, kwiyagiriza no kugira ishavu.” Naho umubano wasambutse, nguma mfise umubabaro w’uko nahemukiwe. Myra abandanya ati: “Naramaze amezi n’amezi merewe gutyo, kandi narabona ko vyariko bironona ubucuti mfitaniye na Yehova be n’abandi.” Ubu Myra avuga yuko yikuyemwo ishavu kandi ko ata nzigo agifitiye uwahoze ari umugabo wiwe. Arizigiye yuko umusi uri izina azokwiyegereza Yehova. Myra ahanze amaso kazoza. Naho ari wenyene, yarafashije abana biwe babiri baraba abasavyi ba Yehova. Ubu Myra arahimbawe no gukorera Yehova ari kumwe n’abana biwe be n’imiryango yabo.

YEHOVA NI WE MUCAMANZA ATUNGANYE

18. Kubera ko Yehova ari Umucamanza Ruheta, ni igiki twokwizigira?

18 Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko atari twebwe dufata ingingo y’ukuntu abantu bakwiye gucirwa urubanza. Kubera ko Yehova ari we Mucamanza Ruheta, azokwitwararika ico gikorwa gihambaye. (Rom. 14:10-12) Turashobora kwizigira tudakeka yuko azokwama aca imanza yisunze ingingo ngenderwako ziwe zigororotse, zigenga iciza n’ikibi. (Ita. 18:25; 1 Abm. 8:32) Nta we azokwigera arenganya.

19. Ubutungane butagira agahaze bwa Yehova buzorangura ibiki?

19 Turarindiranye igishika igihe Yehova azokuraho burundu ingaruka zose zatewe n’agasembwa k’abantu be n’igicumuro. Ico gihe, ibikomere vyose dufise ku mubiri no ku mutima bizokira ubutakigaruka. (Zab. 72:12-14; Ivyah. 21:3, 4) Ntituzosubira kuvyibuka. Magingo tukirindiriye ko ico gihe ciza cane gishika, turakengurukira cane Yehova kuba yaraturemanye ubushobozi bwo kumwigana mu kubabarira abandi.

URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu

^ Yehova aripfuza guharira abacumuzi bigaya. Kubera ko turi abakirisu, twipfuza kwigana akarorero kiwe igihe hari uwutubabaje. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibicumuro dushobora guharira twebwe ubwacu be n’ibicumuro dutegerezwa kumenyesha abakurambere. Turaza no kuraba igituma Yehova yipfuza ko duharirana be n’imihezagiro twironkera iyo tubigize.

^ Raba “Ibibazo vy’abasomyi,” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1996.

^ Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.