Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 27

“Niwizigire Yehova”

“Niwizigire Yehova”

“Niwizigire Yehova; gira umutima rugabo kandi umutima wawe ukomere.”​—ZAB. 27:14.

URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo

INCAMAKE *

1. (a) Ni icizigiro ikihe Yehova yaduhaye? (b) ‘Kwizigira Yehova’ bisobanura iki? (Raba “Insiguro y’amajambo.”)

 YEHOVA yarahaye abantu bose bamukunda icizigiro ciza igitangaza. Vuba agiye gukuraho, indwara, intuntu be n’urupfu. (Ivyah. 21:3, 4) Azofasha “abatekereza” bamwizigira guhindura isi iparadizo. (Zab. 37:9-11) Vyongeye, azotuma bishoboka ko twese tugiranira na we ubucuti bwiza kandi burangwa igishika, mbere bukazoba ari bwiza gusumba ubwo dufitaniye na we ubu. Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza igitangaza! Ariko none twemezwa n’iki ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka? Yehova yama ashitsa ivyo asezerana. Turafise rero imvo yumvikana yo ‘kwizigira Yehova.’ * (Zab. 27:14) Ivyo turavyerekana mu kurindira twihanganye kandi tunezerewe ko Imana ishitsa umugambi wayo.​—Yes. 55:10, 11.

2. Ni igiki Yehova amaze kwerekana?

2 Yehova aramaze kwerekana ko yama ashitsa ivyo asezerana. Raba akarorero kamwe kavyerekana. Mu gitabu c’Ivyahishuwe, Yehova yasezeranye yuko muri iki gihe cacu, yotororokanije abantu bo mu mahanga yose, b’ubwoko bwose, b’indimi zose kugira ngo bamusenge bunze ubumwe. Muri iki gihe, uwo mugwi w’abantu udasanzwe witwa “isinzi rinini.” (Ivyah. 7:9, 10) Naho ugizwe n’abagabo, abagore n’abana bo mu moko atandukanye, indimi zitandukanye n’imico kama itandukanye, bose bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose wunze ubumwe kandi urangwa amahoro. (Zab. 133:1; Yoh. 10:16) N’ikindi kandi, abo bagize isinzi rinini ni abamamaji b’abanyamwete. Bama biteguriye kubwira uwo ari we wese abumviriza icizigiro bafise c’uko hagiye kuba isi nziza. (Mat. 28:19, 20; Ivyah. 14:6, 7; 22:17) Nimba uri mu bagize isinzi rinini, nta gukeka ko uha agaciro icizigiro ufise c’ibintu vyiza vyimirije gushika.

3. Shetani yipfuza iki?

3 Shetani ntiyipfuza ko ugira ico cizigiro. Ashaka ko wemera yuko Yehova atakwitwararika be n’uko atazoshitsa ivyo yasezeranye. Hamwe Shetani yodutesha icizigiro cacu, twobura umutima rugabo, mbere tugahagarika no gukorera Yehova. Nk’uko tuza kubibona, Shetani yaragerageje gutesha Yobu icizigiro yari afise kugira ngo areke gukorera Yehova.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro? (Yobu 1:9-12)

4 Muri iki kiganiro turaza kubona amayeri Shetani yakoresheje mu kugerageza guhata Yobu ngo ave ku gutungana kwiwe. (Soma Yobu 1:9-12.) Turaza kandi kubona ivyo twigira ku karorero ka Yobu be n’igituma dukeneye kwibuka ko Imana idukunda be n’uko izoshitsa ivyo yasezeranye.

SHETANI YARAGERAGEJE GUTUMA YOBU ATAKAZA ICIZIGIRO

5-6. Ni ibiki vyashikiye Yobu mu gihe gitoyi?

5 Yobu yari afise ubuzima bwiza cane. Yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova. Yari afise umuryango munini, wunze ubumwe kandi yari atunze cane. (Yobu 1:1-5) Ariko ku musi umwe gusa, Yobu yatakaje hafi ibintu vyose. Yabanje gutakaza ivyo yari atunze. (Yobu 1:13-17) Ubukurikira abana biwe bose yikundira barapfuye. Zirikana nawe gatoyi kuri ivyo vyago vyamushikiye. Iyo abavyeyi babuze umwe mu bana babo baravunika umutima cane. Niwihe rero ishusho y’ukuntu Yobu n’umugore wiwe bagize umubabaro, agahinda be n’umwiheburo igihe bamenya ko abana babo bose cumi bari bapfuye. Ntibitangaje kubona Yobu yaritantamuriyeko impuzu yongera arikubita hasi mu kwerekana ko agandaye.​—Yobu 1:18-20.

6 Ubukurikira Shetani yaciye atandukira amagara ya Yobu maze bituma atakaza icubahiro. (Yobu 2:6-8; 7:5) Imbere y’aho, Yobu yarubahwa cane mu kibano. Abantu baraza kumusaba impanuro. (Yobu 31:18) Ariko ico gihe hoho, bari basigaye bamuca kure. Abo bavukana, abagenzi biwe somambike mbere n’abasuku biwe bari basigaye bamubona nk’igicibwa.​—Yobu 19:13, 14, 16.

Ivyabona benshi bo muri iki gihe barashobora gutahura ivyago vyashikiye Yobu kubera ko na bo nyene bashikiwe n’ibintu nk’ivyo (Raba ingingo ya 7) *

7. (a) Yobu yiyumvira ko yariko arashikirwa n’imibabaro bivuye ku ki, ariko ni igiki yanse gukora? (b) Ni gute umukirisu yoshobora gushikirwa n’ikigeragezo nk’ico tubona kw’ishusho ijanye n’iyi ngingo?

7 Shetani yashaka yuko Yobu yemera ko yariko ashikirwa n’imibabaro kubera ko Yehova atari akimushima. Nk’akarorero, Shetani yarakoresheje umuyaga ukomeye urasenyura inzu abana cumi bose ba Yobu barimwo bariko barasangira ibifungurwa. (Yobu 1:18, 19) Yaratumye kandi haza umuriro uvuye mw’ijuru maze uratikiza ibitungwa vya Yobu hamwe n’abasuku biwe bavyitwararika. (Yobu 1:16) Kubera ko uwo muyaga n’umuriro vyaje biva mw’ijuru, Yobu yaciye yiyumvira yuko ivyo vyavuye kuri Yehova Imana. Ivyo vyatumye Yobu yiyumvira yuko ashobora kuba yarababaje Yehova. Naho vyari ukwo, Yobu yaririnze kuvuma Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. Yobu yari azi neza ko Yehova yari amaze imyaka myinshi amuronsa ibintu vyinshi vyiza. Yaciye rero yiyumvira ko nimba yaremeye kwakira ivyiza, akwiye no kwemera kwakira ibibi. Ni co gituma yaciye avuga ati: “Izina rya Yehova niribandanye guhezagirwa.” (Yobu 1:20, 21; 2:10) Gushika aho, Yobu yarashoboye kwihanganira ingorane zikomeye z’ivy’ubutunzi, intuntu be n’indwara. Shetani ntiyagarukirije aho.

8. Ni uwundi mukenyuro uwuhe Shetani yakoresheje kuri Yobu?

8 Shetani yaciye akoresha uwundi mukenyuro. Yaciye akoresha abagabo batatu bigira abagenzi ba Yobu kugira ngo batume Yobu yumva ko ata co amaze. Abo bagabo bavuze yuko kuba Yobu yariko arashikirwa n’imibabaro cari ikimenyamenya c’uko yari yarakoze ibibi vyinshi. (Yobu 22:5-9) Baragerageje no kumujijura yuko naho atobaye ari inkozi y’ikibi, akigoro kose yagira kugira ngo ahimbare Imana kari ak’ubusa. (Yobu 4:18; 22:2, 3; 25:4) Ni nk’aho bariko baragerageza gutuma Yobu akekeranya yuko Imana imukunda, imwitwararika, kandi ko kuyikorera ata co bimaze. Ayo majambo yari gushobora gutuma Yobu yumva ko kabaye.

9. Ni igiki cafashije Yobu kugira umutima rugabo no gukomera?

9 Niwihe ishusho y’ibiriko biraba. Yobu yicaye mu munyota, umwanya wose aguma ababara. (Yobu 2:8) Baguma bamwagiriza ko ari umuntu mubi kandi ko ata kintu na kimwe ciza yigeze akora. Ibigeragezo arimwo biramuremereye nk’amabuye, mu gihe agifise agahinda ko kubura abana biwe. Yobu abanza kunuma. (Yobu 2:13–3:1) Nimba abagenzi biwe biyumvira ko ukwo kunuma ari ikimenyetso c’uko ahava atera akagere Umuremyi wiwe, barihenda cane. Kumbure haragera aho Yobu araramura umutwe maze akaraba abo bagenzi biwe b’ikinyoma, agaca avuga ati: “Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!” (Yobu 27:5) None ni igiki cafashije Yobu kugira umutima rugabo nk’ukwo no gukomera naho yariko arashikirwa n’iyo mibabaro yose? Naho yari ageze habi, ntiyigeze atakaza icizigiro c’uko Imana yiwe imukunda yohavuye imuruhurira imibabaro yarimwo. Yari azi ko naho yopfa, Yehova yomuzuye.​—Yobu 14:13-15.

TWOKWIGANA GUTE YOBU?

10. Ni ibiki twigira ku nkuru ya Yobu?

10 Inkuru ya Yobu iratwigisha yuko Shetani adashobora kuduhatira guheba Yehova kandi ko Yehova azi ibidushikira vyose. Ivyashikiye Yobu biradufasha kandi kurushiriza gutahura ibibazo vyari vyihishije inyuma y’ingorane yariko aracamwo. Rimbura ivyigwa bimwebimwe dushobora kwigira kuri Yobu.

11. Ni igiki twokwemera tudakeka nitwaguma twizigiye Yehova? (Yakobo 4:7)

11 Yobu yarerekanye ko tubandanije kwizigira Yehova, dushobora kwihanganira ikigeragezo cose codushikira kandi tukarwanya Shetani. None bikavamwo iki? Ivyanditswe bidukura amazinda yuko Shetani azoca aduhunga.​—Soma Yakobo 4:7.

12. Icizigiro c’izuka cakomeje gute Yobu?

12 Turakwiye gukomeza icizigiro c’izuka. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, akenshi Shetani arakoresha iciyumviro co gutinya urupfu kugira ngo agerageze gutuma duhemukira Yehova. Ku bijanye na Yobu, Shetani yavuze yuko Yobu yokora ico ari co cose, mbere agahemukira Yehova kugira ngo arokore ubuzima bwiwe. Shetani yarabeshe. N’igihe Yobu yabona ko agiye gupfa, yagumye ari umwizigirwa kuri Yehova. Kuba yari yizigiye ukumera neza kwa Yehova akagira n’icizigiro c’uko amaherezo Yehova yotumye ibintu bigenda neza, vyaramufashije kwihangana. Yobu yari yizeye ko naho Yehova atomufashije akiri muzima, yomuzuye muri kazoza. Yobu ntiyakekeranya ko izuka rizoba. Dufise ico cizigiro, naho twoba tugeramiwe n’urupfu ntituzohemukira Yehova.

13. Kubera iki twokwitaho kumenya amayeri Shetani yakoresheje kuri Yobu?

13 Turakwiye kwitaho kumenya amayeri Shetani yakoresheje kuri Yobu, kuko ari yo nyene akoresha no kuri twebwe muri iki gihe. Raba ivyo Shetani yamwagirije. Yavuze ati: “Ivyo umuntu [atari Yobu gusa] afise vyose yobitanga ku bw’ubuzima bwiwe.” (Yobu 2:4, 5) Ni nk’aho Shetani avuga ko tudakunda Yehova Imana koko kandi ko twomuheba nimba vyotuma turokora ubuzima. Ikindi kandi, Shetani avuga yuko Imana itadukunda be n’uko ititaho utwigoro tugira ngo tuyihimbare. Kubera tuzi ico Shetani arondera gushikako, ntitwemera ibinyoma vyiwe.

14. Ibigeragezo bihishura iki ku bitwerekeye? Tanga akarorero.

14 Turakwiye kubona ibigeragezo nk’akaryo ko kumenya ibitwerekeye. Ibigeragezo vyashikiye Yobu vyaramufashije kumenya ubugoyagoye yari afise no kubukosora. Nk’akarorero, yaramenye yuko yari akeneye kurushiriza kwicisha bugufi. (Yobu 42:3) Na twebwe nyene, igihe turi mu kigeragezo turashobora kumenya vyinshi ku bitwerekeye. Umuvukanyi umwe yitwa Nikolay, * uwapfunzwe kandi yari afise ingorane zikomeye z’amagara, avuga ati: “Umunyororo umeze nk’igipimo c’iradiyo, kuko ushira ahabona kamere ziba zihishije.” Tumaze kubona ubugoyagoye bwacu, duca tugerageza kubukosora.

15. Ni nde dukwiye kwumviriza kandi kubera iki?

15 Turakwiye kwumviriza Yehova aho kwumviriza abansi bacu. Yobu yarateze yompi igihe Yehova yamuganiriza. Imana yarafashije Yobu kuzirikana, biba nk’aho iriko iramubwira iti: ‘Woba ubona ububasha mfise bwo kurema? Ndazi ibintu vyose vyagushikiye. Wiyumvira ko ntashobora kukwitwararika?’ Yobu yaciye yicisha bugufi yongera arakenguruka cane ukumera neza kwa Yehova. Yavuze ati: “Numvise ivyawe ku matwi, ariko ubu ijisho ryanje rirakubonye koko.” (Yobu 42:5) Igihe Yobu yavuga ayo majambo, ashobora kuba yari acicaye mu munyota, agifise ibisebe umubiri wose, abana biwe na bo bari mu mva. Naho vyari ukwo, Yehova yaramukuye amazinda ko amukunda yongera aramuhumuriza ko amuhimbara.​—Yobu 42:7, 8.

16. Twisunze Yesaya 49:15, 16, dukwiye kugumiza ku muzirikanyi iki igihe turi mu bigeragezo?

16 No muri iki gihe, abantu boshobora kudutuka no kudufata nk’aho ata co tumaze. Boshobora kugerageza kutwambika ibara, haba umwe wese ku giti ciwe canke uko tugize ishirahamwe, bakongera “baka[tu]beshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose.” (Mat. 5:11) Inkuru ya Yobu iratwereka ko Yehova yizigiye yuko tuzoguma turi intahemuka igihe turi mu bigeragezo. Yehova aradukunda, kandi ntazokwigera aheba abamwizigira. (Soma Yesaya 49:15, 16.) Ntutege amatwi amajambo ayo ari yo yose yo kutwambika ibara avugwa n’abansi b’Imana. Umuvukanyi umwe wo muri Tirkiya yitwa James, umuryango wiwe warahuye n’ibigeragezo bikomeye. Avuga ati: “Twarabonye yuko kwumviriza ibinyoma bivugwa ku basavyi b’Imana vyoduca intege. Twaciye rero dushira umutima ku cizigiro cacu c’Ubwami maze turagumana umwete mu gikorwa dukorera Yehova. Ivyo vyatumye tugumana umunezero.” Cokimwe na Yobu, twumviriza Yehova. Ibinyoma abansi bacu bavuga ntibisenyura icizigiro cacu.

ICIZIGIRO UFISE KIZOGUKOMEZA

Yobu yarahezagiwe kubera yagumye ari intahemuka. We n’umugore wiwe baramaze igihe kirekire binovora imihezagiro ya Yehova (Raba ingingo ya 17) *

17. Wigiye iki ku karorero k’abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa mu Baheburayo ikigabane ca 11?

17 Yobu ni umwe gusa mu basavyi ba Yehova bagumanye umutima rugabo n’inkomezi mu gihe c’ibigeragezo bikomeye. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abaheburayo, yaravuzemwo abandi benshi, abita ‘igipfungu kinini c’ivyabona.’ (Heb. 12:1) Bose barashikiwe n’ibigeragezo bikomeye. Ariko rero barihesheje izina ryiza kubera bagumye ari intahemuka kuri Yehova. (Heb. 11:36-40) None ukwihangana kwabo n’umwete wabo vyoba vyabaye impfagusa? Habe namba. Naho mu buzima bwabo batigeze babona iranguka ry’ibintu vyose Yehova yasezeranye, bagumye bamwizigiye. Vyongeye, kubera bemera badakeka ko Yehova abashima, bari bizigiye ko bobonye iranguka ry’ivyo yasezeranye. (Heb. 11:4, 5) Akarorero kabo karashobora gukomeza umwiyemezo dufise wo kuguma twizigiye Yehova.

18. Wiyemeje gukora iki? (Abaheburayo 11:6)

18 Muri iki gihe tubayeho mw’isi igenda irushiriza kwononekara. (2 Tim. 3:13) Shetani ntiyahevye kugerageza abasavyi b’Imana. Ingorane ziraririye kudushikira zaba izihe, nimuze twiyemeze gukorera Yehova n’umwete, twizigiye yuko “twashingiye icizigiro cacu ku Mana nzima.” (1 Tim. 4:10) Niwibuke ko ivyo Imana yagiriye Yobu mu nyuma vyerekana ko “Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.” (Yak. 5:11) Ese natwe twoguma turi intahemuka kuri Yehova, tuzi neza ko azoha impera ‘abamuronderana ubwira.’​—Soma Abaheburayo 11:6.

URURIRIMBO RWA 150 Rondera Imana urokorwe

^ Iyo twiyumviriye umuntu yihanganiye ibigeragezo bikomeye, akenshi duca tubona Yobu. Ni ibiki twigira ku vyashikiye uwo mugabo w’umwizigirwa? Biratwigisha ko Shetani adashobora kuduhata ngo duhebe Yehova. Biratwigisha kandi ko Yehova yama azi ibidushikira vyose. Nk’uko nyene Yehova yatumye ibigeragezo Yobu yaciyemwo bihera, ni ko n’umusi uri izina azotuma imibabaro yose idushikira irangira. Nimba mu vyo dukora twerekana koko yuko twemera ivyo bintu, turi mu ‘bizigira Yehova’ vy’ukuri.

^ INSIGURO Y’AMAJAMBO: Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “icizigiro” ahanini risobanura “kurindira” ikintu ubishashaye. Ririmwo kandi iciyumviro co kwizigira umuntu canke kumwihekako.​—Zab. 25:2, 3; 62:5.

^ Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO:Yobu n’umugore wiwe bashikiwe n’icago co kubura abana babo.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yobu yarihanganiye ibigeragezo gushika kw’iherezo. We n’umugore wiwe bariko barazirikana ku mihezagiro Yehova yabaronkeje n’umuryango wabo.