Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 30

Ubuhanuzi bwa kera buhambaye kuri wewe

Ubuhanuzi bwa kera buhambaye kuri wewe

“Nzoshira inyankane hagati yawe na wa mugore.”​—ITA. 3:15.

URURIRIMBO RWA 15 Shemeza Imfura ya Yehova!

INCAMAKE *

1. Yehova yakoze iki inyuma gato y’aho Adamu na Eva bacumuriye? (Itanguriro 3:15)

 INYUMA gato y’aho Adamu na Eva bacumuriye, Yehova yarahaye icizigiro abobakomotseko biciye ku buhanuzi buhambaye. Ivyo yavuze tubisanga mw’Itanguriro 3:15.​—Soma.

2. Kubera iki ubwo buhanuzi buhambaye?

2 Ubwo buhanuzi tubusanga mu gitabu ca mbere ca Bibiliya. Ariko mu buryo ubu canke buriya, ibivugwa mu bindi bitabu vyose vyo muri Bibiliya birafitaniye isano n’ubwo buhanuzi. Nka kurya kw’akuma gafataniriza hamwe impapuro z’igitabu, amajambo ari mw’Itanguriro 3:15 arafataniriza hamwe ibiri mu bitabu vyose vya Bibiliya bigahuriza ku ciyumviro kimwe c’uko Imana yorungitse Umukiza yokuyeho Shetani n’abamuyoboka bose. * Ese ingene kizoba ari ikintu ciza cane ku bakunda Yehova!

3. Tuza kurimbura iki muri iki kiganiro?

3 Muri iki kiganiro, turaronka inyishu z’ibibazo bikurikira ku bijanye n’ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15: Abavugwamwo ni bande? Ubwo buhanuzi buranguka gute? Kandi tubwungukirako gute?

NI BANDE BAVUGWA MURI UBWO BUHANUZI?

4. “Inzoka” ni nde, kandi tuvyemezwa n’iki?

4 Mu buhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:14, 15 haravugwamwo “inzoka,” “uruvyaro” rw’iyo nzoka, “umugore” n’“uruvyaro” rw’uwo mugore. Bibiliya iradufasha kumenya abo ari bo. * Reka duhere ku “nzoka.” Inzoka buyoka ntiyari gushobora gutahura ivyo Yehova yavuze muri Edeni. Rero Yehova ashobora kuba yariko acira urubanza ikiremwa gifise ubwenge. None ni nde? Mu Vyahishuwe 12:9 harerekana neza iyo nzoka iyo ari yo. Havuga ko “inzoka yo mu ntango” ari Shetani. None ni bande bagize uruvyaro rw’iyo nzoka?

INZOKA

Shetani, uwo mu Vyahishuwe 12:9 hita “ya nzoka yo mu ntango” (Raba ingingo ya 4)

5. Ni bande bagize uruvyaro rwa ya nzoka?

5 Iyo Bibiliya ivuze uruvyaro mu buryo bw’ikigereranyo, iba ishatse kuvuga abantu biyumvira kandi bakora nka se wabo w’ikigereranyo. Rero, uruvyaro rw’iyo nzoka rugizwe n’ibiremwa vy’impwemu hamwe n’abantu barwanya Yehova Imana n’abasavyi biwe, cokimwe na Shetani. Aho harimwo abamarayika bataye ikibanza cabo mw’ijuru mu gihe ca Nowa, hamwe n’abantu b’ababisha bigenza nka se wabo Shetani.​—Ita. 6:1, 2; Yoh. 8:44; 1 Yoh. 5:19; Yuda 6.

URUVYARO RW’INZOKA

Ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha n’abantu barwanya Yehova Imana n’abasavyi biwe (Raba ingingo ya 5)

6. Kubera iki wa “mugore” atari Eva?

6 Reka ubu na ho turabe wa “mugore” uwo ari we. Ntashobora kuba ari Eva. Uti kubera iki? Raba imvo imwe gusa. Ubwo buhanuzi bwerekana ko uruvyaro rw’uwo mugore ‘rwokomerekeje’ iyo nzoka mu mutwe. Nk’uko duhejeje kubibona, iyo nzoka ni ikiremwa c’impwemu Shetani. Nta muntu adatunganye akomoka kuri Eva yoshoboye gukomeretsa Shetani. None Shetani yokuweho gute?

7. Nk’uko vyerekanwa mu Vyahishuwe 12:1, 2, 5, 10, umugore avugwa mw’Itanguriro 3:15 ni nde?

7 Igitabu ca nyuma co muri Bibiliya kiratubwira uwo mugore avugwa mw’Itanguriro 3:15 uwo ari we. (Soma Ivyahishuwe 12:1, 2, 5, 10.) Si umugore asanzwe. Ukwezi kuri ku birenge vyiwe, ku mutwe wiwe na ho hakaba urugori rw’inyenyeri 12. Aribaruka umwana atamenyerewe, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana. Kubera ko ubwo Bwami buri mw’ijuru, n’uwo mugore ategerezwa kuba ari mw’ijuru. Uwo mugore agereranya igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka.​—Gal. 4:26.

UMUGORE

Igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova kigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka (Raba ingingo ya 7)

8. Igihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa wa mugore ni nde, kandi ivyo vyabaye ryari? (Itanguriro 22:15-18)

8 Ijambo ry’Imana riradufasha kandi kumenya igihimba nyamukuru c’uruvyaro rw’uwo mugore. Urwo ruvyaro rutegerezwa kuba rukomoka kuri Aburahamu. (Soma Itanguriro 22:15-18.) Nk’uko ubwo buhanuzi bwari bwarabivuze, Yezu yakomotse neza na neza kuri uwo sekuruza w’imiryango. (Luka 3:23, 34) Ariko urwo ruvyaro ntirwobaye ari umuntu asanzwe kubera ko rwokomerekeje Shetani rukamukuraho. Igihe rero Yezu yari afise nk’imyaka 30, yararobanuwe aba Umwana w’Imana yavyawe n’impwemu. Igihe Yezu yarobanurwa, yari abaye igihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rw’uwo mugore. (Gal. 3:16) Inyuma y’aho Yezu apfiriye maze akazuka, Imana “[yara]mwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’iteka” yongera imuha “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi,” harimwo n’ububasha bwo “[gusambura] ibikorwa vya Shetani.”​—Heb. 2:7; Mat. 28:18; 1 Yoh. 3:8.

URUVYARO RW’UMUGORE

Yezu Kristu n’abarobanuwe 144.000 bazofadikanya kuganza (Raba ingingo ya 8-9)

9-10. (a) Ni bande kandi bagize uruvyaro rwa wa mugore, kandi ivyo biba ryari? (b) Tugira turabe iki?

9 Hobayeho n’igihimba c’inyongera c’urwo ruvyaro. Intumwa Paulo yarerekanye ico gihimba c’urwo ruvyaro igihe yabwira abakirisu barobanuwe b’Abayuda n’Abanyamahanga ati: “Nimba mwegukira Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango.” (Gal. 3:28, 29) Igihe Yehova arobanuje impwemu umukirisu, na we aca aja mu gihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa wa mugore. Urwo ruvyaro rero rugizwe na Yezu Kristu na bamwe 144.000 bazomufasha kuganza. (Ivyah. 14:1) Abo bose barihatira kwigana Se wabo Yehova Imana.

10 Ubu ko tumaze kumenya abavugwa mw’Itanguriro 3:15 abo ari bo, reka turabe muri make ukuntu Yehova yagiye arahishura ubwo buhanuzi buhorobuhoro hamwe n’ukuntu tubwungukirako.

UBWO BUHANUZI BWARANGUTSE GUTE?

11. Ni mu buryo ki uruvyaro rwa wa mugore rwakomerekejwe “ku gitsintsiri?”

11 Twisunze ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15, inzoka yokomerekeje uruvyaro rwa wa mugore “ku gitsintsiri.” Ivyo vyarangutse igihe Shetani yatuma Abayuda n’Abaroma bica Umwana w’Imana. (Luka 23:13, 20-24) Nka kurya nyene ikiguma co ku gitsintsiri gishobora gutuma umuntu amara ikiringo kanaka adatambuka neza, urupfu rwa Yezu rwaratumye amara ikiringo kanaka ata co ashoboye gukora, amara imisi itatu mu mva.​—Mat. 16:21.

12. Umutwe wa ya nzoka uzofyonyorwa ryari, kandi gute?

12 Kugira ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 buranguke, Yezu yategerezwa kuva mu mva. Uti kubera iki? Kubera ko ubwo buhanuzi bwerekana ko urwo ruvyaro rwokomerekeje ya nzoka ku mutwe. Ivyo bisigura ko Yezu yategerezwa gukira ca kiguma co ku gitsintsiri. Kandi yaragikize koko! Haheze imisi itatu Yezu apfuye, yarazutse ari ikiremwa c’impwemu kidapfa. Igihe Imana yashinze nicagera, Yezu azofyonyora Shetani amukureho. (Heb. 2:14) Abazofadikanya na Kristu kuganza bazomufasha guherengeteza abansi b’Imana bose kw’isi, ni ukuvuga uruvyaro rwa ya nzoka.​—Ivyah. 17:14; 20:4, 10. *

UBWO BUHANUZI TUBWUNGUKIRAKO GUTE?

13. Twungukira gute kw’iranguka ry’ubwo buhanuzi?

13 Nimba uri umusavyi w’Imana yiyeguye, urungukira kw’iranguka ry’ubwo buhanuzi. Yezu yaje kw’isi ari umuntu. Yaragaragaza neza kamere za Se. (Yoh. 14:9) Biciye kuri we rero, twaramenye Yehova Imana twongera turamukunda. Kubera ko Yezu ari we ayoboye ishengero rya gikirisu muri iki gihe, turungukira ku nyigisho ziwe no ku buyobozi atanga. Aratwereka ukuntu twobaho mu buryo butuma dushimwa na Yehova. Kubera ko Yezu yakomerekejwe ku gitsintsiri, ari kwo gupfa, twese turungukira ku rupfu rwiwe. Uti gute? Igihe Yezu yazuka, Yehova yaremeye ikimazi gitunganye c’Umwana wiwe, “[icoza] igicumuro cose.”​—1 Yoh. 1:7.

14. Tuzi gute ko ubuhanuzi Yehova yavuze muri Edeni butaciye buranguka ico gihe nyene? Sigura.

14 Amajambo Yehova yavuze muri Edeni arerekana ko hociye igihe kugira ngo ubwo buhanuzi buranguke neza. Vyosavye igihe kugira haboneke uruvyaro rukomoka kuri uwo mugore, kugira Shetani yegeranye abayoboke biwe, no kugira habe inyankane (canke urwanko) hagati y’iyo migwi ibiri. Gutahura ubwo buhanuzi biradufasha kubera ko butuburira yuko isi ya Shetani izokwanka abasavyi ba Yehova. Mu nyuma Yezu yarahaye abigishwa biwe imburi isa n’iyo. (Mrk. 13:13; Yoh. 17:14) Twariboneye neza ingene ico gice c’ubwo buhanuzi kiriko kiraranguka, na canecane muri iyi myaka 100 iheze. Uti gute?

15. Kubera iki urwanko isi yanka uruvyaro rwa wa mugore rwarushirije kwongerekana, ariko kubera iki ata cotuma dutinya Shetani?

15 Inyuma gato y’aho Yezu yimikiwe ngo abe Umwami Mesiya mu 1914, Shetani yarirukanywe mw’ijuru. Ubu ari mu micungararo y’isi, akaba arindiriye gukurwaho. (Ivyah. 12:9, 12) Ariko ntareze amaboko. Afise ishavu ryinshi, akaba ariko ararisuka ku basavyi b’Imana. (Ivyah. 12:13, 17) Ku bw’iyo mvo, urwanko isi yanka abasavyi b’Imana rwarongerekanye. Ariko nta cotuma dutinya Shetani n’abamuyoboka. Ahubwo riho, twarajijutse nk’intumwa Paulo, uwanditse ati: “Nimba Imana idushigikiye, ni nde azoturwanya?” (Rom. 8:31) Turashobora kwizigira Yehova duherejeko kubera ko nk’uko twabibonye, vyinshi mu vyavuzwe mu buhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 vyararangutse.

16-18. Gutahura ibivugwa mw’Itanguriro 3:15 vyafashije gute Curtis, Ursula, na Jessica?

16 Ivyo Yehova yasezeranye mw’Itanguriro 3:15 birashobora gutuma twihanganira ibigeragezo vyose vyodushikira. Umumisiyonari wo muri Guam yitwa Curtis avuga ati: “Hari ibintu vyanshikiye mu buzima vyatumye bingora cane kuguma ndi intahemuka kuri Yehova. Ariko kuzirikana ku buhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 vyaramfashije kuguma nizigiye Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru.” Curtis ararindiranye umushasharo igihe Yehova azokuraho ingorane zose zidushikira.

17 Mushiki wacu yitwa Ursula wo muri Bavaria avuga ko gutahura ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 vyamufashije kujijuka ko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Yarabonye ingene ubundi buhanuzi bwose bufitaniye isano na bwo, kandi ivyo vyaramukoze ku mutima cane. Avuga kandi ati: “Igihe natahura ukuntu Yehova yaciye agira ico akoze adatebaganye kugira abantu bagire icizigiro, vyarankoze ku mutima.”

18 Uwitwa Jessica wo muri Micronésie avuga ati: “Ndacibuka ukuntu numvise merewe igihe namenya ari bwo bwa mbere ko nubuye ukuri. Ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 bwariko buraranguka. Vyaramfashije kwibuka ko ibintu biriko biradushikira ubu bitari mu mugambi wa Yehova. Ubwo buhanuzi kandi bwaratumye ndushiriza kwemera ko gukorera Yehova bituma ngira ubuzima bwiza cane ubu, muri kazoza hoho bikazorushiriza.”

19. Kubera iki twokwemera tudakeka ko igice ca nyuma c’ubwo buhanuzi kizoranguka?

19 Nk’uko twabibonye, ibivugwa mw’Itanguriro 3:15 biriko biraranguka. Uruvyaro rwa wa mugore n’uruvyaro rwa ya nzoka biramaze kumenyekana neza. Yezu, we gihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa wa mugore, yarakize uruguma yakomerekejwe ku gitsintsiri, ubu akaba ari Umwami aninahaye afise ukudapfa. Igikorwa co gucagura abagize igihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro kigiye kurangira. Kubera ko igice ca mbere c’ubwo buhanuzi kimaze kuranguka, turafise imvo zumvikana zotuma twemera tudakeka ko n’igice gisozera, ni ukuvuga gufyonyora umutwe wa ya nzoka, kizoranguka. Abasavyi b’Imana bazohimbarwa cane Shetani niyakurwaho. Ku bw’ivyo, ntutane n’akabando. Imana yacu ni iyo kwizigirwa. Ibicishije ku ruvyaro rwa wa mugore, izoronsa imihezagiro myinshi “amahanga yose yo kw’isi.”​—Ita. 22:18.

URURIRIMBO RWA 23 Yehova atanguye kuganza

^ Ntidushobora gutahura neza ubutumwa bwo muri Bibiliya tudatahura ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15. Kwiga ubwo buhanuzi biratuma turushiriza kwizera Yehova no kujijuka ko azoshitsa ivyo yasezeranye vyose.

^ Raba ikiganiro kivuga ngo “Ubutumwa bwo muri Bibiliya” mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.

^ Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abavugwa mw’Itanguriro 3:14, 15.”