Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 37

Niwizigire abavukanyi bawe

Niwizigire abavukanyi bawe

“Urukundo . . . rwemera vyose, rwizigira vyose.”​—1 KOR. 13:4, 7.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE *

1. Kubera iki bitadutangaza kubona abantu benshi muri iyi si batizigira abandi?

 MURI iyi si ya Shetani, abantu ntibabona uwo bokwizigira. Bama bavunitse umutima kubera inyifato y’abadandaza, y’indongozi mu vya politike be no mu vy’idini. Abenshi babona ko badashobora mbere no kwizigira abagenzi babo, ababanyi babo, canke mbere abo mu miryango yabo. Ivyo ntibikwiye kudutangaza kuko Bibiliya yavuze ko ‘mu misi ya nyuma abantu bobaye ibihemu, abambika ibara abandi n’abaguranyi.’ Ivyo bisigura ko abantu bogaragaje agatima ka Shetani ya mana y’iyi si, umwe atigera yizigirwa namba.​—2 Tim. 3:1-4; 2 Kor. 4:4.

2. (a) Ni bande dushobora kwizigira duherejeko? (b) Ni igiki bamwebamwe boshobora kwibaza?

2 Ariko twebwe abakirisu, turazi ko dushobora kwizigira Yehova duherejeko. (Yer. 17:7, 8) Turazi neza ko adukunda kandi ko ‘atazokwigera aheba’ abagenzi biwe. (Zab. 9:10) Turashobora no kwizigira Yezu Kristu kuko yaducunguye. (1 Pet. 3:18) Vyongeye, twariboneye ko impanuro Bibiliya itanga ari izo kwizigirwa. (2 Tim. 3:16, 17) Turazi neza ko dushobora kwizigira Yehova, Yezu na Bibiliya. Ariko rero, hari aboshobora kwibaza nimba vyoshoboka ko bama bizigira abavukanyi na bashiki bacu. Nimba twobizigira, ni imvo izihe none zikwiye gutuma tubigira?

TURAKENEYE ABAVUKANYI NA BASHIKI BACU

Hirya no hino kw’isi, turafise abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa bakunda Yehova cokimwe natwe (Raba ingingo ya 3)

3. Ni agateka kadasanzwe akahe twatewe? (Mariko 10:29, 30)

3 Yehova yaraducaguye kugira ngo tube mu bagize umuryango w’abasavyi biwe ukwiye kw’isi yose. Zirikana nawe ako gateka kadasanzwe yaduteye be n’imihezagiro myinshi katuronsa! (Soma Mariko 10:29, 30.) Hirya no hino kw’isi, turafise abavukanyi na bashiki bacu bakunda Yehova cokimwe natwe, kandi bihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe. Naho tudasangiye ururimi, imico kama be n’inyambaro, turabakunda mbere naho bwoba ari bwo bwa mbere tubabonye. Turaryoherwa canecane iyo turi kumwe na bo, kugira ngo dushemeze twongere dusenge Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda.​—Zab. 133:1.

4. Kubera iki dukeneye abavukanyi na bashiki bacu?

4 Ubu kuruta ikindi gihe, turakwiye kuguma twunze ubumwe n’abavukanyi be na bashiki bacu. Rimwe na rimwe, baradufasha kwikorera imizigo yacu. (Rom. 15:1; Gal. 6:2) Vyongeye, baraturemesha kuguma dukorera Yehova no kuguma dukomeye mu kwizera. (1 Tes. 5:11; Heb. 10:23-25) Iyumvire nawe ingene tuba tumerewe iyo tutaba dufise ishengero ridufasha gushikama imbere y’abansi bacu nyamukuru, ari bo Shetani n’isi yiwe mbi. Shetani n’abayoboke biwe, vuba bazogaba igitero ku basavyi b’Imana. Iyumvire nawe ingene tuzokenguruka kubona ico gihe tuzoba dufise abavukanyi badushigikira!

5. Kubera iki hari abo bigora kwizigira abavukanyi na bashiki bacu?

5 Ariko rero, hariho abo bigora kwizigira abavukanyi na bashiki bacu, kumbure kubera ko hari uwabameneye ibanga canke atashikije ivyo basezeranye. Canke na ho, hoshobora kuba hari uwo mw’ishengero yavuze canke agakora ikintu cabababaje cane. Ibintu nk’ivyo vyoshobora gutuma kwizigira abandi bitugora. Ni ibiki none vyodufasha kwizigira abo dusangiye ukwemera?

URUKUNDO RURATUMA TWIZIGIRA ABAVUKANYI BACU

6. Urukundo rudufasha gute kwizigira abandi? (1 Abakorinto 13:4-8)

6 Urukundo ni rwo ahanini rutuma twizigira abandi. Mu 1 Abakorinto ikigabane ca 13 turahasanga imice itandukanye y’urukundo ishobora kudufasha kwizigira abandi, canke gutuma dusubira kubagirira icizere. (Soma 1 Abakorinto 13:4-8.) Nk’akarorero, umurongo wa 4 uvuga ko “urukundo [rwi]yumanganya kandi rugira ubuntu.” Yehova aratwihanganira, mbere n’igihe tuba twamucumuyeko. Na twebwe rero, turakwiye kwihanganira abavukanyi bacu igihe bavuze canke bakoze ibintu bitubabaza. Umurongo wa 5 wongerako uti: “[Urukundo] ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.” Ntidukwiye ‘kuza turaharura ikibi dukorerwa,’ mu kuza turabika mu bwenge amakosa abavukanyi badukorera kugira ngo tuzoyibukirize. Mu Musiguzi 7:9 hatubwira ko ‘tudakwiye kwihuta kubabara mu mutima.’ Birabereye rero ko dushira mu ngiro amajambo dusanga mu Banyefeso 4:26, ayagira ati: “Izuba ntirirenge mugishavuye.”

7. Impanuro dusanga muri Matayo 7:1-5, idufasha gute kwizigira abandi?

7 Ikindi kintu codufasha kwizigira abavukanyi na bashiki bacu, ni ukubabona nk’uko Yehova ababona. Yehova arabakunda kandi ntaguma aharura ibicumuro vyabo. Natwe ntidukwiye kubigira. (Zab. 130:3) Aho gushira umutima ku makosa bakora, turakwiye kwihatira kuraba kamere nziza bafise no kuzirikana ku vyiza bashobora gukora. (Soma Matayo 7:1-5.) Turizigira ko ivyo bakora babigirana imvo nziza kuko urukundo “rwemera vyose.” (1 Kor. 13:7) Ivyo ntibisigura ko Yehova yiteze ko dupfa kwizigira abandi, ahubwo yiteze ko tubizigira kubera ko bagaragaje ko ari abizigirwa. *

8. Ni ibiki vyogufasha kwizigira abavukanyi bawe?

8 Kurya nyene umuntu yihesha icubahiro, ni ko yihesha ubwizigirwa kandi bifata igihe. None ni ibiki vyogufasha kwizigira abavukanyi bawe? Nurondere kubamenya neza. Nubayagishe igihe muri ku makoraniro. Nutegekanye gukorana na bo mu ndimiro. Nubihanganire, ubahe akaryo ko kwerekana ko ari abizigirwa. Mu ntango, vyoba vyiza wiyubaye ntuce ubwira ibikwerekeye vyose umuntu mugitangura kumenyana. Uko murushiriza kumenyana, kumbura woshobora kumubwira ibikwerekeye wisanzuye. (Luka 16:10) None wokora iki bishitse umuvukanyi akaguhemukira? Aho guca wihutira kumuheba, numuhe umwanya. Vyongeye, ntureke ngo amakosa akorwa n’abantu bakeya aguce intege ku buryo utaba ucizigira abavukanyi bawe. Ku bijanye n’ivyo, tugiye kurimbura akarorero k’abasavyi ba Yehova bamwebamwe b’abizigirwa bagumye bizigira abandi naho vyashitse hakagira ababahemukira.

NUGIRE ICO WIGIYE KU BAGUMYE BIZIGIRA ABANDI

Ivyo Eli yavuze mu ntango, ntivyabujije Hana kuguma yizigira intunganyo ya Yehova (Raba ingingo ya 9)

9. (a) Ni gute Hana yagumye yizigiye intunganyo ya Yehova naho bamwebamwe mu bari bajejwe amabanga bakora amakosa? (b) Ivyashikiye Hana bikwigisha iki ku bijanye no gushigikira intunganyo ya Yehova? (Raba ishusho.)

9 Vyoba vyarashitse ukavunika umutima kubera inyifato y’umuvukanyi ajejwe amabanga? Nimba vyaragushikiye, urashobora kugira ivyo wigiye ku karorero ka Hana. Ico gihe muri Isirayeli, uwari ajejwe ibanga rihambaye kuruta ayandi yose yari umuherezi mukuru Eli. Ariko umuryango wiwe ntiwari intangakarorero. Abahungu biwe, na bo nyene bakaba bari abaherezi, bama bakora ibintu biteye isoni vy’ubusambanyi, kandi se wabo ntiyabakosora. Yehova ntiyaciye akura Eli muri iryo banga. Naho ari ukwo, Hana ntiyagararije intunganyo y’Imana ngo ace aheba kuja gusengera kw’itaberenakulo, ngo ni uko Eli yari akiri umuherezi mukuru. Igihe Eli yabona Hana ariko arasenga n’intuntu nyinshi, yaciye yiyumvira ko yari aborewe. Aho kurondera kumenya icari gituntuje uwo mugore, yihutiye kumunegura. (1 Sam. 1:12-16) Naho vyari ukwo, Hana yasezeranye ko aramutse aronse umwana w’umuhungu yomuzanye gukorera kw’itaberenakulo, aho yokwitwararitswe na Eli. (1 Sam. 1:11) None ikibazo cari cerekeye abahungu ba Eli coba cari gikeneye gukosorwa? Cane nyene, kandi Yehova yarabikoze ku gihe kibereye. (1 Sam. 4:17) Muri ico gihe nyene, Yehova yararonkeje Hana umwana w’umuhungu, ari we Samweli.​—1 Sam. 1:17-20.

10. Ni gute Umwami Dawidi yagumye yizigira abandi naho hari abari bamuhemukiye?

10 Vyoba birashika ugahemukirwa n’umugenzi somambike? Nimba vyaragushikiye, rimbura akarorero k’Umwami Dawidi. Umwe mu bagenzi biwe yari uwitwa Ahitofeli. Ariko igihe Abusalomu umuhungu wa Dawidi yagerageza gukura ku butegetsi se wiwe, Ahitofeli yarifatanije na Abusalomu muri ubwo bugarariji. Ese ukuntu Dawidi ategerezwa kuba yarababaye kubona umuhungu wiwe be n’umuntu yabona ko ari umugenzi wiwe bamuhemukira! Ariko rero, ivyo ntivyatumye Dawidi aca areka kwizigira abandi. Yagumye yizigira uwundi mugenzi wiwe w’intahemuka ari we Hushayi yanse kwifatanya n’abo bagarariji, kandi Dawidi yamwizigiye bikwiriye. Hushayi yarabereye Dawidi umugenzi mwiza, aranashira ubuzima bwiwe mu kaga kugira ngo amufashe.​—2 Sam. 17:1-16.

11. Ni mu buryo ki umwe mu basuku ba Nabali yerekanye ko yizigira abandi?

11 Zirikana kandi ku karorero k’umwe mu basuku ba Nabali. Dawidi n’ingabo ziwe bari barakingiye babigiranye umutima mwiza abasuku b’Umwisirayeli umwe w’umutunzi yitwa Nabali. Mu nyuma, Dawidi yaramusavye ko yoronsa ingabo ziwe ibifungurwa ivyo ari vyo vyose yari gushobora kuronka. Igihe Nabali yanka gukora ico kintu gisanzwe yari amusavye, Dawidi yaciye ashavura cane ku buryo afata ingingo yo kwica uw’igitsina gabo wese wo mu rugo kwa Nabali. Umwe mu basuku biwe yaciye abimenyesha Abigayili umugore wa Nabali. Kubera ko yari umwe mu bo mu rugo kwa Nabali, yari azi ko Abigayili yari gushobora kurokora ubuzima bwiwe. Aho guca ayanyaga, yarizigiye ko Abigayili yari gushobora gutorera umuti iyo ngorane. Uwo musuku yabitumwe n’uko yari asanzwe azi ko Abigayili yari umugore abona kure. Ivyakurikiye vyarerekanye ko atihenze. Abigayili abigiranye umutima rugabo, yaratumye Dawidi ahagarika uwo mugambi. (1 Sam. 25:2-35) Abigayili yarizigiye ko Dawidi yokoze ibitegereka.

12. Yezu yerekanye gute ko yizigira abigishwa biwe naho vyashika bagakora amakosa?

12 Yezu yarizigira abigishwa biwe naho vyashika bagakora amakosa. (Yoh. 15:15, 16) Igihe Yakobo na Yohani basaba Yezu ikibanza kidasanzwe mu Bwami, Yezu ntiyaciye akekeranya ku mvo yatuma bakorera Yehova canke ngo ace abakura mu ntumwa ziwe. (Mrk. 10:35-40) Ikindi gihe, muri rya joro Yezu yafatwa n’abansi biwe, abigishwa biwe bose baramutaye. (Mat. 26:56) Naho ari ukwo, Yezu ntiyigeze areka kubizigira. Naho yari azi neza udusembwa twabo, “yarabakunze gushika kw’iherezo.” (Yoh. 13:1) Igihe Yezu yazuka, yarashinze mbere intumwa ziwe 11 z’intahemuka ibanga rihambaye ryo kuyobora igikorwa co guhindura abantu abigishwa no kwitwararika intama ziwe z’agaciro. (Mat. 28:19, 20; Yoh. 21:15-17) Naho abo bagabo bari abanyagasembwa, ntiyihenze kubizigira. Bose barakoreye Yehova badahemuka gushika basozereye ubuzima bwabo bwo kw’isi. Mu vy’ukuri, Hana, Dawidi, umusuku wa Nabali, Abigayili hamwe na Yezu, baradusigiye akarorero keza mu bijanye no kwizigira abantu badatunganye.

INGENE TWOSUBIRA KWIZIGIRA ABAVUKANYI BACU

13. Ni ikintu ikihe gishobora gutuma tutizigira abandi?

13 Woba uritura umuvukanyi ukamubwira ibintu vy’ibanga, mu nyuma ugasanga yabibwiye abandi? Ivyo birababaza cane. Igihe kimwe, hari mushiki wacu yituye umukurambere umwe amubwira ikintu c’ibanga. Bukeye, yagiye yumva umugore w’uwo mukurambere amuterefona ngo amuremeshe, bikaba biboneka ko yari yamenye ivyo bari bayaze n’umugabo wiwe. Birumvikana ko uwo mushiki wacu bitamworoheye gusubira kwizigira uwo mukurambere. Ariko rero uwo mushiki wacu yarakoze ikintu ciza aritura uwundi mukurambere ngo amufashe, kandi yaramufashije gusubira kwizigira abakurambere.

14. Ni igiki cafashije umuvukanyi umwe gusubira kwizigira abandi?

14 Umuvukanyi umwe yaramaze igihe kirekire atumvikana n’abakurambere babiri yabona ko atokwizigira. Ariko mu nyuma, yaratanguye kuzirikana ku vyo umuvukanyi umwe yubaha cane yari yavuze. Yavuze aya majambo asanzwe mugabo ahambaye, agira ati: “Umwansi wacu ni Shetani, si abavukanyi bacu.” Uwo muvukanyi amaze kuzirikana cane kuri ayo majambo akongera agasenga, yahavuye agiranira amahoro n’abo bavukanyi babiri.

15. Kubera iki gusubira kwizigira abandi bishobora gufata igihe? Tanga akarorero.

15 Woba warigeze gutakaza agateka kanaka? Ivyo birababaza cane. Grete na nyina wiwe bari Ivyabona vya Yehova b’intahemuka bo mu Budagi mu gihe c’Abanazi, mu myaka ya 1930 igihe igikorwa cacu cari kibujijwe. Grete yari afise agateka ko kwandika n’imashini amakopi y’Umunara w’Inderetsi yari agenewe abo bari basangiye ukwemera. Ariko igihe bamenya ko se wiwe yarwanya ukuri, baciye bamwaka ako gateka batinya ko se wiwe yohava abamenera ibanga, bigashira mu kaga ishengero. Si ivyo vyonyene vyashikiye Grete. Mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose na ho, abavukanyi ntibazeza Grete na nyina wiwe ibinyamakuru, kandi bahuye ntibabavugisha. Ivyo vyari bibabaje cane. Grete vyaramukomerekeje cane ku mutima, ku buryo yavuze ko vyafashe igihe kirekire cane ngo ababarire abo bavukanyi yongere asubire kubizigira. Ariko haciye igihe, yaremeye ko Yehova ategerezwa kuba yarabababariye, ko na we nyene yari akwiye kubababarira. *

“Umwansi wacu ni Shetani, si abavukanyi bacu”

16. Kubera iki dukwiye kwihatira gutsinda intambamyi iyo ari yo yose yotuma tudasubira kwizigira abandi?

16 Nimba warashikiwe n’ikintu kivuna umutima nk’ico, nugerageze gusubira kwizigira abandi. Naho vyofata igihe, birabereye ko ugira ako kigoro. Tubitangire akarorero: Nimba vyarashitse tukarya ibifungurwa vyononekaye maze bikatumerera nabi, twoshobora kurushiriza kwiyubara ntidupfe ivyo dufunguye. Ariko gufungura ibifungurwa nk’ivyo rimwe gusa, ntibica bituma duheba gufungura. Muri ubwo buryo nyene, iyo hagize umuvukanyi canke mushiki wacu akora ikintu kitubabaza, ntidukwiye guca tureka kwizigira abavukanyi na bashiki bacu bose, narirya tuzi ko badatunganye. Dusubiye kubizigira, turarushiriza kunezerwa tukongera tukagumiza umutima ku vyo dushobora gukora, kugira ngo dutume mw’ishengero harangwa ukwizerana.

17. Kubera iki kwizigirana bihambaye cane, kandi tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Naho ukwizigirana ari imbonekarimwe muri iyi si ya Shetani, urukundo dukunda umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose ruratuma tubizigira. Ukwo kwizigirana gutuma tugira umunezero tukongera tukunga ubumwe, kandi kukazodukingira mu bihe bigoye biri imbere. Bite ho nimba vyarashitse ukababazwa n’umuntu yaguhemukiye? Nugerageze kubona ibintu nk’uko Yehova abibona, ushire mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, urushirize gukunda abavukanyi bawe wongere ugire ico wigiye ku burorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya. Turashobora gutsinda umubabaro maze tugasubira kwizigira abandi. Tubigize biratuma twironkera abagenzi benshi ‘batumatako kuruta uwo tuvukana.’ (Imig. 18:24) Ariko rero, uretse ko dukwiye kwizigira abandi, na twebwe turakwiye kuba abizigirwa. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura ivyo twokora kugira ngo abavukanyi bacu batwizigire.

URURIRIMBO RWA 99 Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi

^ Turakwiye kwizigira abavukanyi bacu. Ivyo ntivyama vyoroshe kubera yuko bishika bakatubabaza. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzirikana ku burorero bw’abantu bo muri kahise, bishobora kudufasha kwizigira abavukanyi bacu canke gusubira kubizigira nimba vyarashitse bakaduhemukira.

^ Bibiliya iratugabisha ko mw’ishengero hoshobora kubaho abantu tutokwizigira. (Yuda 4) Naho bishika gake, abavukanyi b’ikinyoma boshobora kugerageza kuzimiza abandi mu kuvuga “ibintu bigoramanze.” (Ivyak. 20:30) Abantu nk’abo ntitubizigira canke ngo tubumvirize.

^ Ushaka kumenya n’ibindi kuri iyo nkuru ya Grete, raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1974 (mu gifaransa), rup. 129-131.