Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 38

Niwerekane ko uri umwizigirwa

Niwerekane ko uri umwizigirwa

“Umuntu w’umutima wizigirwa [agumya ibanga].”​—IMIG. 11:13.

URURIRIMBO RWA 101 Dukorane mu bumwe

INCAMAKE *

1. Umuntu w’umwizigirwa ameze gute?

 UMUNTU w’umwizigirwa arihatira gushitsa ivyo asezerana kandi akavugisha ukuri. (Zab. 15:4) Abandi baramwizera. Twipfuza ko abavukanyi na bashiki bacu batumenya gutyo. Twokora iki none kugira ngo batwizigire?

2. Twokwerekana gute ko turi abizigirwa?

2 Ntidushobora guhata abandi ngo batwizigire. Umuntu ni we yihesha ubwizigirwa. Hari abivugira ko ubwizigirwa bumeze nk’amahera, kuko bugoye kuronka mugabo bukoroha gutakaza. Mu vy’ukuri, Yehova yarerekanye ko ari umwizigirwa. Ntituzokwigera turonka imvo yo kutamwizigira kuko “igikorwa ciwe cose kiri mu bwizigirwa.” (Zab. 33:4) Yiteze rero ko natwe tumwigana. (Ef. 5:1) Nimuze turabe uburorero bumwebumwe bw’abasavyi ba Yehova biganye uwo Muvyeyi wabo wo mw’ijuru, gutyo barerekana ko ari abizigirwa. Turaza no kubona kamere zitanu zodufasha kuba abizigirwa.

NUGIRE IVYO WIGIYE KU BASAVYI BA YEHOVA BABAYE ABIZIGIRWA

3-4. Umuhanuzi Daniyeli yerekanye gute ko ari umwizigirwa, kandi ivyo bikwiye gutuma twibaza ibibazo ibihe?

3 Umuhanuzi Daniyeli yaratanze akarorero keza ko kuba umwizigirwa. Naho yari yarajanywe mu bunyagano i Babiloni, ntiyatevye kumenyekana ko yari umwizigirwa. Igihe Yehova yamufasha gusobanura indoto za Nebukadinezari umwami w’i Babiloni, vyatumye barushiriza kumwizigira. Igihe kimwe, Daniyeli yarabwiye uwo mwami ko Yehova atari akimushima, ubwo bukaba bwari ubutumwa umwami atashaka no kwumva. Ivyo vyamusavye umutima rugabo kuko Nebukadinezari yari akaze. (Dan. 2:12; 4:20-22, 25) Haciye imyaka myinshi, Daniyeli yarasubiye kwerekana ko ari umwizigirwa igihe yasobanura neza amajambo y’akayobera yabonetse ku ruhome rw’ikirimba c’umwami i Babiloni. (Dan. 5:5, 25-29) Inyuma y’aho, Dariyo Umumedi be n’abandi bategetsi, na bo nyene barabonye ko Daniyeli yari afise “impwemu y’akataraboneka muri” we. Bariyemereye ko Daniyeli “yari umwizigirwa kandi akaba ata rwangara canke ikintu kibi na kimwe vyabonetse muri we.” (Dan. 6:3, 4) Ego cane, mbere n’abategetsi b’abapagani bariyemereye ko uwo musavyi wa Yehova yari umwizigirwa.

4 Twisunze ako karorero ka Daniyeli, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Abo hanze y’ishengero banzi gute? Boba bazi ko ndi umuntu akora neza ibikorwa ajejwe kandi w’umwizigirwa?’ Kubera iki dukwiye kwibaza ivyo bibazo? Kubera ko iyo tubaye abizigirwa bishemeza Yehova.

Nehemiya yahisemwo abagabo b’abizigirwa kugira ngo abazeze ibikorwa bihambaye (Raba ingingo ya 5)

5. Ni ibiki vyatumye Hananiya aba umwizigirwa?

5 Mu 455 imbere ya Kristu, Buramatari Nehemiya amaze gusanura impome za Yeruzalemu, yararondeye abagabo b’abizigirwa bokwitwararitse neza ico gisagara. Mu bo yahisemwo harimwo Hananiya umuganwa w’Ikirimba. Bibiliya ivuga ko Hananiya yari “umugabo w’umwizigirwa kandi [yatinya] Imana y’ukuri kurusha abandi benshi.” (Neh. 7:2) Urukundo Hananiya yakunda Yehova be no kuba atipfuza gukora ivyomubabaza, vyaratuma arangura neza ibanga iryo ari ryo ryose yashingwa. Izo kamere na twebwe zizodufasha kuba abizigirwa mu murimo wa Yehova.

6. Tikiko yerekanye gute ko yari umugenzi w’umwizigirwa w’intumwa Paulo?

6 Raba akarorero ka Tikiko, umugenzi w’umwizigirwa yakoranye n’intumwa Paulo. Igihe Paulo yari mu nzu y’ibohero yarikoze kuri Tikiko, uwo yavuze ko yari “umusuku w’umwizigirwa.” (Ef. 6:21, 22) Icatumye Paulo amwizigira si uko gusa yashiriye amakete abavukanyi b’i Efeso n’i Kolosayi, ariko kandi ni uko yabaremesheje akongera akabahumuriza. Tikiko aratwibutsa abagabo b’abizigirwa bo muri iki gihe bitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu.​—Kol. 4:7-9.

7. Ku bijanye no kuba umwizigirwa, wigira iki ku bakurambere no ku bakozi b’ishengero banyu?

7 Muri iki gihe, turakengurukira cane abakurambere bacu n’abakozi b’ishengero b’abizigirwa. Cokimwe na Daniyeli, Hananiya na Tikiko, baritwararika cane amabanga bajejwe. Nk’akarorero, iyo twitavye ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, tuba tuzi neza ko ibiganiro vyose bifise abaza kubishikiriza. Ese ukuntu abakurambere baryoherwa iyo bizigiye ko abashinzwe ivyo biganiro bazobitegura bakongera bakabishikiriza! Tubitangire akarorero: Ntidutinya gutumira abo twigisha Bibiliya kwitaba ikoraniro ryo mu mpera y’umushamvu, dutinya ko hatazoboneka uwushikiriza insiguro ya bose. Vyongeye, turizigira ko tuzoronka ibitabu tuzokenera gukoresha mu ndimiro. Abo bavukanyi b’abizigirwa baratwitwararika cane, akaba ari co gituma dushimira Yehova kubona yarabaturonkeje. None ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko turi abizigirwa?

NUBE UMWIZIGIRWA MU KUGUMYA IBANGA

8. Twogira gute uburimbane igihe twitwararika abandi? (Imigani 11:13)

8 Turakunda abavukanyi na bashiki bacu, kandi turitwararika ineza yabo. Ariko rero, turakwiye kugira uburimbane ntitubinjirire mu buzima. Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari “abanyarusaku n’abita mu vy’abandi, bakaganira ivyo batari bakwiye kuganira.” (1 Tim. 5:13) Nta nkeka ko tutipfuza kumera nka bo. Ariko dufate ko hari uwutwiganiye amakuru y’ibanga, yiteze ko ata we tuzoyabwira. Nk’akarorero, mushiki wacu yoshobora kutubwira ingorane afise y’amagara canke iyindi ngorane iriko iramushikira, maze akatubwira ko twobigira ibanga. Turakwiye kumwubahiriza. * (Soma Imigani 11:13.) Ubu na ho, nimuze turimbure ibindi bihe aho usanga bihambaye ko tugumya ibanga.

9. Abagize umuryango bokwerekana gute ko ari abizigirwa?

9 Mu muryango. Umwumwe wese mu bagize umuryango, arafise ibanga ryo kutabwira abandi ibintu vyerekeye umuryango. Nk’akarorero, umugore yoshobora kuba afise akageso umugabo wiwe adashima. None uwo mugabo yoba yobiyagira abandi bigatuma umugore wiwe agira isoni? Ivyo ntiyobigira kuko akunda umugore wiwe, akaba rero atokwigera yipfuza gukora ikintu kimubabaza. (Ef. 5:33) Abana b’imiyabaga baripfuza guhabwa icubahiro ku rugero kanaka. Ivyo abavyeyi barakwiye kubimenya. Ntibakwiye kumaramaza abana babo mu kubwira abandi amakosa bakora. (Kol. 3:21) Abana barakwiye kwiga kugumya ibanga, ntibavuge amakuru yohava amaramaza abandi bo mu muryango. (Gus. 5:16) Igihe umwe wese mu bagize umuryango yitwararitse kutavuga ibintu vy’ibanga vyerekeye umuryango, ubumwe bw’abagize umuryango burakomera.

10. Kuba umugenzi nyakuri birimwo n’iki? (Imigani 17:17)

10 Mu bugenzi tugiranira n’abandi. Mu buzima, abenshi turashikirwa n’ibintu bituma twumva ko twokwitura umugenzi somambike. Rimwe na rimwe, ivyo vyoshobora kutatworohera. Twoshobora kuba tutamenyereye kubwira abandi ibitwerekeye, tukaba rero twobabara cane twumvise ko umugenzi wacu yatumeneye ibanga. Ku rundi ruhande, turashima cane umuntu agumya ibanga. Aba ari “umugenzi nyakuri.”​—Soma Imigani 17:17.

Abakurambere ntibabwira abo mu miryango yabo ibintu vy’ibanga (Raba ingingo ya 11) *

11. (a) Abakurambere n’abagore babo berekana gute ko ari abizigirwa? (b) Ni icigwa ikihe dukura ku mukurambere avuye kwitwararika ibintu vy’ibanga mw’ishengero, mu nyuma akaba ari kumwe n’umuryango wiwe? (Raba ishusho.)

11 Mw’ishengero. Abakurambere bagumya ibanga, ni “ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho” ku bavukanyi babo. (Yes. 32:2) Turazi ko dushobora kuyagira abo bavukanyi twisanzuye, twizigiye ko bazotugumiriza ibanga. Ntidukwiye kubaremera ngo batubwire ibintu bakwiye kugira ibanga. Vyongeye, turashimira abagore b’abakurambere bacu, kubera ko batagerageza gusokoroza abagabo babo amakuru y’ibanga. Mu vy’ukuri, ni vyiza ko umugore w’umukurambere atabwirwa amakuru yerekeye abavukanyi na bashiki bacu. Umugore w’umukurambere umwe yavuze ati: “Ndakenguruka kubona umugabo wanje atambwira amakuru y’abo agendera cungere canke abakeneye gufashwa mu vy’impwemu, n’iyo yoba ari amazina yabo. Ndashima kubona atandemereza ibintu ata kintu na kimwe nogira ico mfashijemwo. Ivyo bituma nganiriza abo mw’ishengero bose ata co ninona. Vyongeye, bituma nizigira ko mbwiye umugabo wanje ibinyerekeye canke ingorane mfise, na vyo nyene azobigira ibanga.” Ariko ntiwumve, twese twipfuza ko abandi bamenya ko turi abizigirwa. None ni kamere izihe zodufasha kubishikako? Reka turabe zitanu muri zo.

NUTSIMBATAZE KAMERE ZOTUMA UBA UMWIZIGIRWA

12. Kubera iki twovuga ko urukundo ari co kintu nyamukuru gituma tuba abizigirwa? Tanga akarorero.

12 Urukundo ni co kintu nyamukuru gituma tuba abizigirwa. Yezu yavuze ko amabwirizwa abiri ahambaye kuruta ayandi ari ugukunda Yehova be na bagenzi bacu. (Mat. 22:37-39) Urukundo dukunda Yehova ruratuvyurira umutima wo kwigana akarorero kiwe ntangere ko kuba umwizigirwa. Nk’akarorero, urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu ruratuma tubagumiriza ibanga. Ntidukwiye kwigera tubamenera ibanga mu kuvuga ibintu vyohava bibagirira nabi, bibamaramaza canke bibatera umubabaro.​—Yoh. 15:12.

13. Ukwicisha bugufi kudufasha gute kuba abizigirwa?

13 Ukwicisha bugufi kuradufasha kuba abizigirwa. Umukirisu yicisha bugufi ntarondera kuba uwa mbere mu kuvuga inkuru kanaka kugira ngo atangaze abandi. (Flp. 2:3) Ntagerageza gutuma abandi biyumvira ko ari agakomeye mu kubereka ko azi amakuru adafitiye uburenganzira bwo kuvuga. Kwicisha bugufi bizotuma kandi twirinda gukwiragiza ivyiyumviro vyacu bwite ku bijanye n’ibintu bitavugwa muri Bibiliya canke mu bitabu vyacu.

14. Ugutahura kudufasha gute kuba abizigirwa?

14 Ugutahura kurafasha umukirisu kumenya “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umus. 3:7) Mu mihingo imwimwe hariho imvugo igira iti: “Ukuvuga ni ifeza, ukunuma na kwo ni inzahabu.” Mu yandi majambo, hariho ibihe usanga ari vyiza ko umuntu anuma, aho kuvuga. Birabereye rero kubona mu Migani 11:12 havuga hati: “Umuntu w’ugutahura kwagutse aguma yicerereje.” Raba akarorero: Hari umukurambere umwe azi utuntu n’utundi ayandi mashengero akunda kwitura kugira ngo abafashe mu bibazo bitoroshe. Ku bijanye n’ico kintu, umukurambere umwe mu bo bakorana yavuze ati: “Yama yiyubara, ntavuge amakuru y’ibanga yerekeye ayandi mashengero.” Ugutahura kw’uwo mukurambere kwaratumye abandi bavukanyi bari kumwe mu nama y’abakurambere bamwubaha. Barizigira badakeka ko na bo nyene abagumiriza ibanga.

15. Tanga akarorero kerekana ko kuba imvugakuri bishobora gutuma abandi batwizigira.

15 Kuba imvugakuri ni ikindi kintu gituma tuba abizigirwa. Turakunda umuntu w’imvugakuri, kuko tuzi ko atigera abesha. (Ef. 4:25; Heb. 13:18) Nk’akarorero, dufate ko wipfuza kuryohora ingene wigisha. Uciye rero usaba uwundi muntu ngo akwumviririze ikiganiro wateguye, maze akugire inama y’ivyo woryohora. Ni nde none wokwizigira ko aza kuguha inama nziza? Yoba ari uwukubwira ibihuye n’ivyo wipfuza canke ni uwukubwiza ukuri abigiranye umutima mwiza? Inyishu iratomoye. Bibiliya ivuga iti: “Igikangīro gihishuwe kiruta urukundo ruhishijwe. Ibikomere bitewe n’umukunzi ni ivyizigirwa.” (Imig. 27:5, 6) Ivyo tubwirwa n’umugenzi atubwiza ukuri, mu ntango vyoshobora kutugwa nabi, ariko mu nyuma tuzobona ko ari vyo bitugirira akamaro.

16. Mu Migani 10:19, hashimika gute ku kamaro ko kwigumya?

16 Ukwigumya ni ntahara nimba twipfuza ko abandi batwizigira. Ukwigumya kuratuma dufata ururimi igihe twumva twovuga ikintu gikwiye kuguma ari ibanga. (Soma Imigani 10:19.) Kwigumya birashobora kutugora igihe dukoresha imbuga hwaniro. Tutabaye maso, twoshobora gusanga twahishuriye abantu isinzi amakuru y’ibanga. Tumaze kuyashira ku mbuga hwaniro, ntituba tugishobora kubuza abandi kuyakoresha uko bashaka canke ngo tumenye ingaruka bizoteza. Ukwigumya kuratuma kandi tugumya ururimi igihe abaturwanya bogerageza kuduhenda kugira ngo tubabwire amakuru yoshira mu kaga abavukanyi na bashiki bacu. Ivyo vyoshobora gushika igihe turiko turasambishwa n’igipolisi mu bihugu aho usanga igikorwa cacu kibujijwe canke kiburabuzwa. Muri ivyo bihe be no mu bindi, twoshobora guca dushira mu ngiro impanuro idusaba ‘gushira ikirumyo ku minwa yacu.’ (Zab. 39:1) Haba mu vyo tugiranira n’abagize umuryango, abagenzi bacu, abavukanyi na bashiki bacu canke uwundi muntu uwo ari we wese, turakwiye kuba abizigirwa. Vyongeye, kugira ngo tube abantu bizigirwa, turakwiye kwigumya.

17. Twokora iki kugira ngo dutume mw’ishengero haba ukwizigirana?

17 Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova yaradushize mu muryango w’abavukanyi ugizwe n’abantu bakundana kandi bizigirwa! Twese turakwiye kugira ivyo dukoze kugira ngo abavukanyi na bashiki bacu batwizigire. Igihe umwe wese muri twebwe yihatiye kugaragaza urukundo, kwicisha bugufi, ugutahura, akaba imvugakuri kandi akigumya, biratuma mw’ishengero haba ukwizigirana. Kugira ngo tube abizigirwa, bisaba ko tuguma tugira akigoro. Nimuze twigane Imana yacu Yehova, tugume twerekana ko turi abizigirwa.

URURIRIMBO RWA 123 Tugamburuke ubuyobozi tudahemuka

^ Nimba twipfuza ko abandi batwizigira, dutegerezwa kubanza kwerekana ko turi abizigirwa. Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma kwizigirana bihambaye cane, tubone na kamere zodufasha kuba abantu bizigirwa.

^ Igihe tumenye ko hari uwo mw’ishengero yakoze igicumuro gikomeye, turakwiye kumuremesha kwitura abakurambere kugira ngo bamufashe. Atabigize, turakwiye kubimenyesha abakurambere, kubera ko twipfuza kuba intahemuka kuri Yehova no kw’ishengero.

^ INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umukurambere umwe ntahishurira umuryango wiwe ibintu vy’ibanga yarimwo mw’ishengero.