Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Narahimbawe no kwiga be no kwigisha ivyerekeye Yehova

Narahimbawe no kwiga be no kwigisha ivyerekeye Yehova

NAKURIYE i Easton muri Pensilivaniya, muri Amerika. Nipfuza kwiga kaminuza kugira nzobe umuntu ahambaye. Narakunda kwiga kandi nararonka amanota meza mu biharuro no mu bijanye na siyansi. Mu 1956, ishirahamwe rimwe riharanira agateka ka zina muntu ryarampaye amadolari 25 kuko nari naronse amanota meza kurusha abandi banyeshure b’abirabure. Mu nyuma, imigambi yanje yarahindutse. Uti kubera iki?

INGENE NIZE IVYEREKEYE YEHOVA

Mu ntango za 1940, abavyeyi banje barize Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naho batabandanije kwiga, mawe yarabandanije kwakira Umunara w’Inderetsi na Be maso! Mu 1950, harabaye ihwaniro mpuzamakungu mu gisagara ca New York, kandi umuryango wacu waremeye kuryitaba.

Gatoyi inyuma y’aho, umuvukanyi Lawrence Jeffries yaratanguye kutugendera. Yaritwararitse kumfasha. Mu ntango, ntitwahuza ku bijanye n’igituma Ivyabona vya Yehova bataja muri politike no mu gisoda. Namubwiye ko hamwe Abanyamerika bose bokwanka kuja mu ntambara, abansi bodutera bagafata igihugu. Jeffries yaramfashije kuzirikana yihanganye, ati: “Hamwe Abanyamerika bose boba ari abasavyi b’Imana maze abansi bakaza kubatera, wibaza ko Yehova yoca akora iki?” Ivyo yansiguriye kuri ico kibazo be no ku bindi, vyaramfashije kubona ko ivyo niyumvira bitari bifise ishingiro. Ivyo vyatumye nipfuza kumenya n’ibindi.

Igihe nabatizwa

Naramara amasaha nsoma inomero z’Umunara w’Inderetsi na Be maso! vya kera mawe yari yarabitse. Nahavuye ntahura ko ivyo nariko ndiga vyari ukuri, nca ndemera ko Jeffries anyigisha Bibiliya. Naciye ntangura no kuza nditaba amakoraniro. Narakunze cane ivyo nariko ndiga, nca ndasaba kuba umwamamaji. Igihe natahura yuko “umusi uhambaye wa Yehova [wa]ri hafi,” naciye mpindura imigambi. (Zef. 1:14) Aho kuja kuri kaminuza, naciye nipfuza gufasha abandi kumenya ukuri kwo muri Bibiliya.

Narangije amashure yisumbuye ku wa 13 Ruheshi 1956, maze haciye imisi itatu nca ndabatizwa kw’iteraniro ry’umuzunguruko. Sinari nzi ko guhebera ubuzima bwanje igikorwa co kwiga no kwigisha ivyerekeye Yehova, vyotumye nironkera imihezagiro myinshi cane.

NARIZE NONGERA NDIGISHA IVYEREKEYE YEHOVA IGIHE NARI UMUTSIMVYI

Haciye amezi atandatu mbatijwe, naciye mba umutsimvyi asanzwe. Igikorwa dukorera Ubwami co muri Kigarama 1956, carimwo ikiganiro cavuga ngo: “Woba ushobora kuja gukorera ahari inkenero?” Narabona ko kamo kandaba. Naripfuza gufasha ahari hakenewe abamamaji kuruta.​—Mat. 24:14.

Naciye nimukira i Edgefield muri Karolina y’Epfo. Ishengero ryaho ryari rigizwe n’abamamaji bane gusa. Jewe nagize uwa gatanu. Twagirira amakoraniro mu cumba c’inzu y’umuvukanyi umwe. Buri kwezi namara amasaha 100 mu ndimiro. Narakora cane, kuko naja imbere abandi mu ndimiro nkongera ngashikiriza ibiganiro mu makoraniro. Igishimishije, uko narushiriza kubikora ni ko narushiriza kumenya Yehova.

Hari umugore nigisha Bibiliya yari afise inzu bateguriramwo ibiziga, mu gisagara cari hafi yacu citwa Johnston. Yarampaye akazi nari nkeneye cane ko gukora imisi imwimwe mu ndwi, yongera aduha inzu yiwe ntoyi ngo tuyigiriremwo amakoraniro.

Jolly Jeffries, akaba yari umuhungu wa wa muvukanyi yanyigisha Bibiliya, yarimukiye iwacu avuye i Brooklyn muri New York, maze turakorana ubutsimvyi. Twibera mu gakonteneri gatoyi gakwegwa n’umuduga umuvukanyi umwe yari yaradutijije.

Muri Karolina y’Epfo agashahara kari gatoyi, kuko twahembwa amadolari abiri canke atatu ku musi. Umusi umwe naragiye kugura ibifungurwa kw’ibutike, maze udufaranga nari nsigaranye duca turahera. Nsohotse, nagiye mbona umugabo anyegera aca ambaza ati: “Woba ushaka akazi? Nzoguhemba idolari kw’isaha.” Yaciye ampa akazi k’imisi itatu ko gukora isuku kw’ishantiye y’ubwubatsi. Vyaraboneka ko Yehova yariko aramfasha kugira ngume i Edgefield. Ariko naho nari mfise udufaranga duke, naragiye kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye mu gisagara ca New York mu 1958.

Ku bugeni bwacu

Ku musi ugira kabiri w’ihwaniro, hari ikintu kidasanzwe cabaye. Narabonanye na mushiki wacu Ruby Wadlington, akaba yari umutsimvyi asanzwe i Gallatin muri Tennessee. Kubera ko twempi twipfuza kuba abamisiyonari, twaritavye inama y’abipfuza kuja kw’Ishure rya Gileyadi. Twaciye dutangura kwandikiranira. Mu nyuma, nararonse ubutumire bwo kuja gutanga insiguro ya bose mw’ishengero ry’i Gallatin. Naciye mboneraho akaryo ko kumubaza nimba twokwubakana. Mu nyuma naciye nimukira mw’ishengero Ruby yarimwo, maze mu 1959 duca turubakana.

NARIZE NONGERA NDIGISHA MW’ISHENGERO

Mfise imyaka 23 naragenywe kuba umusuku w’ishengero i Gallatin (ubu akaba yitwa umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere). Igihe umuvukanyi Charles Thompson yaba umucungezi w’umuzunguruko, ishengero ryacu ni ryo yatanguye kugendera. Naho yari asanzwe azi utuntu n’utundi, yaransavye ivyiyumviro ku bijanye n’ivyo ishengero ryari rikeneye, be n’ukuntu abandi bacungezi babidufashijemwo. Naramwigiyeko yuko vyama ari vyiza kubaza ibibazo no kurondera kumenya amakuru yose imbere yo gutorera umuti ikibazo kanaka.

Muri Rusama 1964, naratumiwe kw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ryamara ukwezi kumwe, ryabereye i South Lansing muri New York. Abavukanyi batwigishije, baratumye nipfuza cane kwiga vyinshi no kuba umukirisu ahumuye.

NARIZE NONGERA NDIGISHA IGIHE NARI UMUCUNGEZI W’UMUZUNGURUKO BE N’UW’INTARA

Muri Nzero 1965, twaratewe agateka ko kugendera amashengero. Umuzunguruko twahawe wari munini cane, kuko wava i Knoxville muri Tennessee, ugahakwa gushika i Richmond muri Virginie. Harimwo amashengero yo muri Karolina ya Ruguru, Kentucky, na Virginie yo mu Burengero. Nagendera amashengero y’abirabure gusa kuko ico gihe mu Bumanuko bwa Amerika harangwa ivangura rishingiye kw’ibara ry’urukoba, bigatuma abirabure n’abazungu badakoranira hamwe. Kubera ko abavukanyi bari bakenye, twarize gusabikanya ivyo twari dufise. Umucungezi umwe w’umuzunguruko yari amaze igihe kirekire muri ico gikorwa yaranyigishije icigwa gihambaye. Yambariye ati: “Igihe ugendeye ishengero, urifata nk’umuvukanyi, ntiwifate nk’umukoresha wabo. Aho ni ho gusa uzoshobora kubafasha.”

Igihe twagendera ishengero rimwe ritoyi, Ruby yaratanguje inyigisho n’umugore umwe akiri muto yari afise agakobwa k’umwaka umwe. Muri iryo shengero harabuze uwobandanya kumwigisha, Ruby aca aramwigisha biciye ku kwandikiranira amakete. Igihe twasubira kugendera iryo shengero, uwo mugore yaritavye amakoraniro yose. Hari bashiki bacu babiri b’abatsimvyi badasanzwe barungitswe muri iryo shengero, baca babandanya kumwigisha maze bidatevye arabatizwa. Haciye nk’imyaka 30, mu 1995, hari mushiki wacu akiri muto yegereye Ruby kuri Beteli y’i Patterson, aramwidondora. Yari umukobwa wa wa mugore Ruby yigisha Bibiliya. We n’umugabo wiwe bari bitavye Ishure rya Gileyadi mu murwi ugira 100.

Umuzunguruko ugira kabiri twakoreyemwo wari hagati muri Florida. Kubera ko ico gihe twari dukeneye umuduga, twaciye tuwugura kandi ku giciro ciza cane. Ariko haciye indwi imwe gusa, hari icuma co mu moteri capfuye. Nta mahera twari dusigaranye yo kuwukoresha. Naciye nterefona umuvukanyi niyumvira ko yomfasha. Yaciye arungika umwe mu bakozi biwe kugira awudukorere, kandi nta na rumwe yadusavye. Yatubwiye ati: “Kwari ukubafasha gusa.” Yaciye aduha n’amahera! Ico kintu caratweretse neza ingene Yehova yitwararika abasavyi biwe. Caratwibukije ko tudakwiye kuba ingumyi.

Igihe twaba tugendeye ishengero, twarara ku bavukanyi. Ivyo vyatumye twironkera abagenzi benshi beza. Umusi umwe, nariko nandika raporo y’ishengero nkoresheje imashini y’iminwe, nca ngenda ntayihejeje. Ku mugoroba ngarutse, nasanze agahungu k’imyaka itatu ko mu muryango twari twashikiyemwo kavyononye ngo kariko karamfasha, bica biba ngombwa ko ndayisubiramwo. Haraheze imyaka itari mike ndamucokoza kuri iyo mfashanyo yampaye.

Mu 1971, naragenywe kuba umucungezi w’intara mu gisagara ca New York. Twarakubiswe n’inkuba! Igihe twimukirayo, nari mfise imyaka 34 gusa. Abavukanyi baratwakiranye igishika, kandi ni je nabaye umucungezi wabo wa mbere w’umwirabure.

Igihe nari umucungezi w’intara, buri mpera y’umushamvu narigisha ivyerekeye Yehova kw’iteraniro ry’umuzunguruko. Abacungezi b’imizunguruko benshi bari bazi utuntu n’utundi kundusha. Umwe muri bo ni we yari yaratanze insiguro y’ibatisimu igihe nabatizwa. Uwundi na we, ari we Theodore Jaracz, yahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi. Hari hariho n’abandi bavukanyi benshi bazi utuntu n’utundi bakorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Narakenguruka cane kubona abo bacungezi be n’abo Banyabeteli baratuma numva nisanze. Nariboneye ingene bari abungere barangwa urukundo, bisunga Ijambo ry’Imana bakongera bagashigikira ishirahamwe badahemuka. Ukwicisha bugufi kwabo kwaratumye binyorohera kurangura igikorwa co kuba umucungezi w’intara.

NSUBIRA MU GIKORWA CO KUGENDERA AMASHENGERO

Mu 1974, Inama Nyobozi yaragenye uwundi murwi w’abacungezi b’imizunguruko ngo babe abacungezi b’intara. Ivyo vyatumye dusubira mu muzunguruko, duca dukorera muri Karolina y’Epfo. Igishimishije ni uko ico gihe mu mashengero no mu mizunguruko abavukanyi b’abirabure n’abazungu bashobora kuja hamwe, ivyo bikaba vyarabaryohera cane.

Mu mpera za 1976, narungitswe mu muzunguruko wo muri Jeworojiya wari hagati ya Atlanta na Columbus. Ndacibuka neza igihe natanga insiguro y’amaziko y’abana batanu b’abirabure bapfiriye mu nzu, batewe ikibombe n’abagizi ba nabi. Nyina wabo yari mu bitaro kuko yari yakomeretse. Ivyabona vya Yehova b’abirabure n’abazungu baguma baza ari benshi ku bitaro kuremesha abo bavyeyi. Nariboneye ingene abavukanyi bakundana bihebuje. Igihe abavukanyi bagaragarizanya impuhwe nk’izo, birabafasha kwihanganira ibihe bitoroshe.

NARIZE NONGERA NDIGISHA KURI BETELI

Mu 1977, twarasabwe kuja kuri Beteli y’i Brooklyn kumarayo amezi makeyi, kugira dufashe mu gikorwa kanaka. Igihe ico gikorwa cagira kirangire, abavukanyi babiri bo mu Nama Nyobozi baratugendeye maze baratubaza nimba twoshima kuguma dukorera kuri Beteli. Twaravyemeye.

Naramaze imyaka 24 nkorera mu Rwego rujejwe umurimo, aho usanga abavukanyi bitwararika ibibazo bitoroshe. Uko imyaka yagiye irarengana, Inama Nyobozi yagiye iratanga ubuyobozi bushingiye ku Vyanditswe. Uretse ko bwisungwa mu kwishura ibibazo, burisungwa no mu kumenyereza abacungezi b’imizunguruko, abakurambere n’abatsimvyi. Ivyo vyigwa vyaratumye benshi barushiriza kuba abakirisu bahumuye. Ivyo vyaciye bikomeza ishirahamwe rya Yehova.

Kuva mu 1995 gushika mu 2018, naragendeye ibiro vy’amashami bitandukanye nserukira icicaro gikuru, uwahoze yitwa umucungezi wa zone. Narabonanye n’abagize Komite z’amashami, Abanyabeteli n’abamisiyonari kugira ndabaremeshe nongere ndabafashe mu bibazo bibagora. Nanje n’umugore wanje twama turemeshwa n’inkuru abavukanyi baza baratwiganira. Nk’akarorero, mu 2000 twaragendeye Urwanda. Twarakozwe cane ku mutima no kwumva ukuntu abavukanyi be n’umuryango wa Beteli barokotse ihonyabwoko ryabaye mu 1994. Benshi barabuze ababo. Naho bashikiwe n’ayo makuba, abo bavukanyi bagumye bafise ukwizera, icizigiro n’umunezero.

Igihe twahimbaza imyaka 50 twubakanye

Ubu turarengeje imyaka 80. Maze imyaka 20 ndi muri Komite y’ishami yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naho ntize kaminuza, Yehova n’ishirahamwe ryiwe barandonkeje inyigisho ziruta kure n’iyo izo muri kaminuza. Ivyo vyaratumye nshobora kwigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya kuzobagirira akamaro ibihe bidahera. (2 Kor. 3:5; 2 Tim. 2:2) Nariboneye ingene ubutumwa bwo muri Bibiliya bwafashije abantu kugira ubuzima bwiza, no kugiranira ubugenzi n’Umuremyi wabo. (Yak. 4:8) Igihe cose bishoboka, twe na Ruby turabandanya kuremesha abandi guha agaciro agateka ko kwiga ivyerekeye Yehova no kwigisha abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Emwe, nta kandi gateka umusavyi wa Yehova yoterwa koza karuta ako!