Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko yari “uwavutse atageze”? (1 Abakorinto 15:8)

Mu 1 Abakorinto 15:8, Paulo yavuze ati: “Inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse nk’ako yiyeretse uwavutse atageze.” Muri kahise, mu gusigura uwo murongo twavuga ko Paulo yariko arerekeza ku vyamushikiye igihe Yezu yamwiyereka ari mu buninahazwa bw’ijuru. Ni nk’aho yari yaratewe agateka ko kuvuka, canke kuzuka ari ikiremwa c’impwemu, hagisigaye ibinjana ngo iryo zuka ritangure. Ariko rero, ubushakashatsi bwiyongereye twagize kuri uwo murongo bwerekanye ko bikenewe ko tugira ico duhinduye ku nsobanuro yawo.

Ni ivy’ukuri yuko ivyo Paulo avuga muri uwo murongo vyerekeza ku bintu vyamushikiye igihe yahinduka agacika umukirisu. Ariko none yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko ari “uwavutse atageze”? Ashobora kuba yashaka kuvuga kimwe muri ibi bintu bikurikira.

Ihinduka ryiwe ryabaye bukwi na bukwi kandi mu buryo bubabaje. Kuvuka hataragera, akenshi biba bukwi na bukwi. Igihe Sauli (uwahavuye yitwa Paulo) yariko aja i Damasiko guhama abakirisu, ntiyari yiteze ko Yezu amwiyereka. Ihinduka rya Paulo ryabaye bukwi na bukwi, atari kuri we gusa, ariko no ku bakirisu yari agiye gutoteza muri ico gisagara. Ikigeretseko, ivyamushikiye vyaramubabaje cane ku buryo amara igihe kanaka yahumye.​—Ivyak. 9:1-9, 17-19.

Ihinduka ryiwe ryabaye ku “gihe kitari co.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “uwavutse atageze” rishobora kandi guhindurwa ngo “uwavutse ku gihe kitari co.” Bibiliya imwe (Bible de Jérusalem) ibivuga muri ubu buryo: “Ni nk’aho navutse ku gihe ata wari avyiteze.” Igihe Paulo yahinduka umukirisu, Yezu yari yaramaze gusubira mw’ijuru. Mu buryo butandukanye n’abo Paulo avuga mu mirongo y’imbere y’aho biboneye Yezu amaze kuzuka imbere y’uko aduga mw’ijuru, wewe ntiyigeze amubona. (1 Kor. 15:4-8) Ukwo kubonekerwa na Yezu, kwarahaye akaryo Paulo ko kumubona amaze kuzuka naho bisa n’uko vyabaye ku “gihe kitari co.”

Yariko arivuga mu buryo bwo kwifata ruto. Abahinga bamwebamwe bavuga yuko imvugo Paulo yakoresheje ng’aho yerekana ukwishira hasi. Nimba ico ari co Paulo yari afise mu bwenge, yariko aremanga ko atari abereye agateka yari yaratewe ko kuba intumwa. Nkako, yabandanije ati: “Ndi uwo hanyuma y’izindi ntumwa, kandi simbereye no kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana. Mugabo bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubu ndi ico ndi.”​—1 Kor. 15:9, 10.

Ku bw’ivyo rero, biboneka ko Paulo yashaka kuvuga ingene Yezu yamubonekeye bukwi na bukwi canke ingene yahindutse ku gihe kitari co canke ko atari abereye kubonekerwa na Yezu mu buryo butangaje. Ico Paulo yashaka kuvuga muri ivyo caba ikihe, biragaragara ko ivyo bintu vyari vyaramushikiye yabiha agaciro cane. Vyaramukuye amazinda ko Yezu yari yarazuwe mu bapfuye. Ntibitangaje kubona igihe yaba ariko arigisha abandi ivyerekeye izuka rya Yezu, akenshi yarerekeza kuri ico kintu camushikiye atari avyiteze.​—Ivyak. 22:6-11; 26:13-18.