Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 40

‘Ingene benshi bazozanwa ku bugororotsi’

‘Ingene benshi bazozanwa ku bugororotsi’

“Abazana benshi ku bugororotsi [bazokayangana] nk’inyenyeri gushika igihe kitagira urugero, emwe, ibihe bidahera.”​—DAN. 12:3.

URURIRIMBO RWA 151 Izohamagara

INCAMAKE *

1. Ni ibintu biteye umunezero ibihe tuzokwibonera mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi?

 ESE ukuntu uzoba ari umusi uteye umunezero abantu nibatangura kuzukira ng’aha kw’isi mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi! Abantu bose babuze ababo barashashaye gusubira kubabona. Na Yehova nyene arabishashaye. (Yobu 14:15) Iyumvire umunezero uzoba urangwa kw’isi yose, abantu nibabonana n’ababo bazoba bazutse! Nk’uko twabibonye mu kiganiro giheruka, “abagororotsi,” bano bakaba banditswe mu gitabu c’ubuzima, ‘bazozukira ubuzima.’ (Ivyak. 24:15; Yoh. 5:29) Birashoboka ko abenshi mu bo twabuze bazozuka mu ba mbere. * “Abatari abagororotsi” na bo, nk’akarorero, abataronse akaryo ko kumenya Yehova canke ngo bamukorere imbere y’uko bapfa, ‘bazozukira urubanza.’

2-3. (a) Twisunze Yesaya 11:9, 10, igikorwa kinini co kwigisha kizoba kiruta ibindi vyose vyigeze kubaho ni ikihe? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Abo bantu bose bazozuka bazokenera kwigishwa. (Yes. 26:9; 61:11) Hazobaho rero igikorwa kinini co kwigisha kiruta ibindi vyose vyigeze kubaho. (Soma Yesaya 11:9, 10.) Uti kubera iki? Kimwe coco, abatagororotse bazozuka, bazokenera kwigishwa ivyerekeye Yezu Kristu, Ubwami bw’Imana, incungu be na ca kibazo gihambaye kiraba ibiremwa vyose cerekeye izina rya Yehova be n’ubusegaba bwiwe. Mbere n’abagororotsi bazokenera kumenya ivyo Yehova yagiye arahishurira abasavyi biwe ku bijanye n’umugambi afitiye isi. Bamwebamwe muri abo bizigirwa bapfuye hagisigaye igihe kinini ngo Bibiliya irangire kwandikwa. Baba abagororotsi canke abatari abagororotsi, bose bazoba bafise vyinshi vyo kwiga.

3 Muri iki kiganiro, tugiye guca irya n’ino ibi bibazo: Ico gikorwa kinini cane co kwigisha kizokorwa gute? Uko abantu bazokwakira inyigisho bazohabwa, bizogira ico bikoze gute ku gutuma amazina yabo yandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima canke atandikwamwo? Birahambaye ko muri iki gihe tumenya inyishu z’ivyo bibazo. Nk’uko tuza kubibona, ubuhanuzi bumwebumwe bushimishije buvugwa mu gitabu ca Daniyeli be n’ic’Ivyahishuwe, buradufasha kurushiriza gutahura ingene ibintu bizogenda abapfuye nibazuka. Reka duhere ku kwihweza ibintu bishimishije vyavuzwe mu buhanuzi bwo muri Daniyeli 12:1, 2.

“ABASINZIRIYE MU BUTAKA BAZOKWIKANGURA”

4-5. Muri Daniyeli 12:1 hahishura iki ku bijanye n’igihe ca nyuma?

4 Soma Daniyeli 12:1. Igitabu ca Daniyeli kirahishura ingene ibintu bishimishije bizogenda birakurikirana mu kiringo c’imisi ya nyuma. Nk’akarorero, muri Daniyeli 12:1 harerekana ko Mikaheli, ari we Yezu Kristu, ‘ahagaze arwanira abasavyi b’Imana.’ Ico gice c’ubwo buhanuzi catanguye kuranguka mu mwaka wa 1914, igihe Yezu yimikwa mw’ijuru ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana.

5 Ariko rero, Daniyeli yarabwiwe kandi ko Yezu ‘yohagurutse’ mu “gihe c’amarushwa atari bwigere abaho kuva habaho ihanga gushika ico gihe.” Ico “gihe c’amarushwa” kivugwa ng’aho, ni ya “makuba akomeye” avugwa muri Matayo 24:21. Yezu azohaguruka, ni ukuvuga ko azorwanira abasavyi b’Imana, ku mpera y’igihe c’ayo marushwa, ni ukuvuga kuri Harumagedoni. Igitabu c’Ivyahishuwe cita abo basavyi b’Imana “isinzi rinini . . . [ri]vuye muri ya makuba akomeye.”​—Ivyah. 7:9, 14.

6. Isinzi rinini niryamara kurokoka ya makuba akomeye hazoca hakurikira iki? Sigura. (Raba kandi ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” kivuga ibijanye n’abazozukira kuba kw’isi.)

6 Soma Daniyeli 12:2. None isinzi rinini niryamara kurokoka ico gihe c’amarushwa, hazoca hakurikira iki? Ubwo buhanuzi ntibwerekeza kw’izuka ry’ikigereranyo, ni ukuvuga ugusubirana mu vy’impwemu kw’abasavyi b’Imana kuba mu gihe c’imisi ya nyuma nk’uko twahora tubitahura. * Ahubwo, ayo majambo yerekeza kw’izuka ry’abapfuye rizoba mw’isi nshasha. Kubera iki tuvuze gutyo? Ijambo “ubutaka” canke umukungugu, rirakoreshwa no muri Yobu 17:16 nk’icitiranwa c’ijambo “ukuzimu.” Ivyo birerekana ko muri Daniyeli 12:2 herekeza kw’izuka nya zuka rizoba imisi ya nyuma irangiye inyuma y’intambara ya Harumagedoni.

7. (a) Ni mu buryo ki bamwebamwe bazozukira “ubuzima bw’igihe kitagira urugero”? (b) Ni mu buryo ki iryo ‘zuka ari ryiza kuruta’?

7 None ibivugwa muri Daniyeli 12:2 yuko bamwe bazozukira “ubuzima bw’igihe kitagira urugero,” bisobanura iki? Bisobanura ko abazozuka maze bakamenya Yehova na Yezu, canke bakabandanya kubamenya bakongera bakabagamburukira mu kiringo ca ya myaka 1.000, amaherezo bazoronka ubuzima budahera. (Yoh. 17:3) Iryo ‘zuka rizoba ryiza kuruta’ iry’abantu bamwebamwe bazutse muri kahise. (Heb. 11:35) Uti kubera iki? Kubera ko abo bantu badatunganye basubiye gupfa.

8. Ni mu buryo ki abandi bazozukira “umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero”?

8 Ariko rero, si abazutse bose bazokwemera inyigisho za Yehova. Ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga ko hari abazozukira “umugayo n’ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero.” Kubera ko bazogaragaza agatima k’ubugarariji, amazina yabo ntazokwandikwa muri ca gitabu c’ubuzima, kandi ntibazoronka ubuzima budahera. Ahubwo bazozukira “ukuzinukwa kw’igihe kitagira urugero,” ari kwo kurandurwa. Muri Daniyeli 12:2 rero, havuga ibizoshikira abazoba bazutse bose, hisunzwe ivyo bazokora bamaze kuzuka. * (Ivyah. 20:12) Bamwe bazoronka ubuzima budahera, abandi babubure.

‘INGENE BENSHI BAZOZANWA KU BUGOROROTSI’

9-10. Ni ikindi kintu ikihe kizoba inyuma ya ya makuba akomeye, kandi ni bande “bazokayangana nk’ukwakaka kw’ikirere”?

9 Soma Daniyeli 12:3. Ni ikindi kintu ikihe kizoba ca “gihe c’amarushwa” nicarangira? Turetse ibivugwa muri Daniyeli 12:2, umurongo wa 3 uravuga ikintu kizoba inyuma ya ya makuba akomeye.

10 Ni bande “bazokayangana nk’ukwakaka kw’ikirere”? Ivyo Yezu yavuze muri Matayo 13:43 biradufasha kubamenya. Yavuze ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.” Igihe Yezu yavuga ayo majambo, yariko avuga ivyerekeye “abana b’ubwami,” ari bo bavukanyi biwe barobanuwe bazofadikanya na we kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru. (Mat. 13:38) Muri Daniyeli 12:3 rero, hategerezwa kuba herekeza ku bakirisu barobanuwe be n’igikorwa bazorangura muri ya Ngoma y’imyaka igihumbi.

Bamwe 144.000 bazosenyera ku mugozi umwe na Yezu Kristu mu kuyobora igikorwa co kwigisha kizoba mu kiringo ca ya myaka 1.000 (Raba ingingo ya 11)

11-12. Bamwe 144.000 bazokora igikorwa ikihe muri ya myaka 1.000?

11 Ni gute none abarobanuwe bazozana “benshi ku bugororotsi”? Abarobanuwe bazosenyera ku mugozi umwe na Kristu mu kuyobora igikorwa co kwigisha kizoba ng’aha kw’isi mu kiringo ca ya myaka 1.000. Bamwe 144.000 ntibazoba abami gusa, ariko bazoba n’abaherezi. (Ivyah. 1:6; 5:10; 20:6) Ku bw’ivyo, bazogira uruhara mu gikorwa co “kuvura amahanga,” buhorobuhoro bafashe abantu gusubira kuba abatagira agasembwa. (Ivyah. 22:1, 2; Ezk. 47:12) Ese ukuntu ivyo bizonezereza cane abarobanuwe!

12 Muri abo “benshi” bazozanwa ku bugororotsi hazoba harimwo bande? Hazoba harimwo abazutse n’abazorokoka Harumagedoni, hamwe n’abana bashobora kuzovukira mw’isi nshasha. Ya myaka 1.000 niyarangira, abo kw’isi bose bazoba batagira agasembwa. None ni ryari amazina yabo azokwandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima, nk’aho yandikishijwe ikaramu aho kwandikishwa ikereyo?

IKIGERAGEZO CA NYUMA

13-14. Abantu bose bo kw’isi bazoba batunganye bazotegerezwa kwerekana iki imbere yuko baronka ubuzima budahera?

13 Dukwiye kwibuka ko kuba uwutunganye ubwavyo bidaca bituma umuntu abaho ibihe bidahera. Zirikana ku karorero ka Adamu na Eva. Naho bari batunganye, bategerezwa kugamburukira Yehova Imana imbere y’uko baronka agateka ko kubaho ibihe bidahera. Ikibabaje, ntibamugamburukiye.​—Rom. 5:12.

14 None iyo myaka 1.000 niyahera, ibintu bizoba vyifashe gute ng’aha kw’isi? Abantu bose bazoba bamaze kuba abatunganye. None abo bantu boba bazoshigikira ubutegetsi bwa Yehova ibihe bidahera? Canke bamwe bazomera nka Adamu na Eva bahemutse naho bari batunganye? Ivyo bibazo bizotegerezwa kwishurwa. None bizokwishurwa gute?

15-16. (a) Ni ryari abantu bose bazoronka akaryo ko kwerekana ko ari intahemuka kuri Yehova? (b) Ni ibiki bizova muri ca kigeragezo ca nyuma?

15 Shetani azobohwa imyaka 1.000. Muri ico gihe, nta muntu n’umwe azoshobora kuzimiza. Ariko rero, iyo myaka 1.000 niyahera, Shetani azoca abohorwa. Azoca agerageza kuzimiza abantu batunganye. Muri ico kigeragezo, abantu bose batunganye bazoba bari kw’isi, bazokwerekana neza aho bahagaze, kuri ca kibazo cerekeye izina ry’Imana be n’ubusegaba bwayo. (Ivyah. 20:7-10) Uko umwumwe wese azovyifatamwo muri ico kigeragezo ca Shetani, bizokwerekana nimba izina ryiwe rikwiye kwandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima.

16 Abantu bamwebamwe, naho tutazi uko bazoba bangana, bazotera akagere ubutegetsi bwa Yehova nka kumwe kwa Adamu na Eva. Ni ibiki none bizoca bibashikira? Ivyahishuwe 20:15 hagira hati: “Uwo wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabu c’ubuzima araririzwa muri ico kiyaga c’umuriro.” Emwe, abo bagarariji bazoca barandurwa burundu! Ariko abantu benshi batunganye bazotsinda ico kigeragezo ca nyuma. Amazina yabo azoca yandikwa burundu muri ca gitabu c’ubuzima.

“MU GIHE C’IHEREZO”

17. Umumarayika yabwiye Daniyeli ko hobaye iki muri iki gihe cacu? (Daniyeli 12:4, 8-10)

17 Ese ukuntu bikora ku mutima kwiyumvira ivyo bintu vyimirije kuba! Ariko rero, hariho n’ayandi makuru ahambaye umumarayika yabwiye Daniyeli ku bijanye n’igihe cacu, ari co “gihe c’iherezo.” (Soma Daniyeli 12:4, 8-10; 2 Tim. 3:1-5) Uwo mumarayika yabwiye Daniyeli ati: “Ubumenyi nyakuri buzogwira.” Ego cane, abasavyi b’Imana borushirije gutahura ubuhanuzi buvugwa mu gitabu ciwe. Nya mumarayika yavuze kandi ko muri ico gihe ‘ababisha bokoze ububisha, kandi ko ata mubisha n’umwe yogize ugutegera.’

18. Ni ibiki vuba bizoshikira ababisha?

18 Muri iki gihe, bisa n’aho ababisha bakora ikibi ntibahanwe. (Mal. 3:14, 15) Ariko vuba Yezu azocira urubanza abameze nk’impene, abatandukanye n’abameze nk’intama. (Mat. 25:31-33) Abo babisha ntibazorokoka ya makuba akomeye canke ngo bazukire kuba mw’isi nshasha. Amazina yabo ntazoba ari muri ca “gitabu c’icibutso” kivugwa muri Malaki 3:16.

19. Ubu ni igihe co gukora iki, kandi kubera iki? (Malaki 3:16-18)

19 Ubu ni co gihe co kwerekana ko tutari muri abo babisha. (Soma Malaki 3:16-18.) Yehova ariko aregeranya abantu abona ko ari “inyegu idasanzwe,” ni ukuvuga abo aha agaciro cane. Nta nkeka ko twipfuza kuba muri abo.

Ese ukuntu tuzonezerwa cane nitwabona Daniyeli, abacu bapfuye, eka mbere n’abandi benshi ‘nibahaguruka’ bagatorana umugabane wabo mw’isi nshasha! (Raba ingingo ya 20)

20. Ni umuhango uwuhe Daniyeli yahawe, kandi kubera iki ushashaye kubona iranguka ry’uwo muhango?

20 Mu vy’ukuri, tubayeho mu bihe biteye umunezero cane. Ariko rero akari imbere karahinda. Vuba tuzokwibonera ingene ababisha bose bazimanganywa. Inyuma y’aho, tuzokwibonera iranguka ry’umuhango Yehova yahaye Daniyeli ugira uti: “Uzohaguruka ngo utorane umugabane wawe mu mpera y’imisi.” (Dan. 12:13) Woba ushashaye kubona igihe Daniyeli, hamwe n’abawe bapfuye, bazosubira ‘guhaguruka’? Nimba ari ko biri, nukore ibishoboka vyose kugira ngo ugume uri intahemuka muri iki gihe. Vyongeye nuhere amazinda ko izina ryawe rishobora kuguma ryanditse muri ca gitabu c’ubuzima ca Yehova.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje mubone ko Yehova aryoshe”

^ Iki kiganiro kirimwo umuco mushasha ku bijanye n’ukuntu twahora dutahura igikorwa kinini cane kijanye no kwigisha, kivugwa muri Daniyeli 12:2, 3. Turaza kubona igihe kizobera be n’abazokigiramwo uruhara. Turaza no kubona ingene ico gikorwa co kwigisha kizofasha abazoba baba kw’isi kwitegurira ikigeragezo ca nyuma kizoba ku mpera y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi.

^ Birashoboka ko abazotangura kuzuka ari abantu b’abizigirwa bapfuye muri iyi misi ya nyuma, maze hagakurikira abapfuye imbere yabo, gutyo gutyo hisunzwe uko bagiye barakurikirana. Nimba ari ko bizogenda, abo mu mugwi umwumwe wose bazokwakira abo bari basanzwe bazi. Uko bizogenda kwose, Ivyanditswe biravuga ko izuka ry’abaja mw’ijuru riba ku rutonde, akaba ari co gituma twokwitega ko n’izuka ry’abazoba kw’isi rizoba ku rutonde.​—1 Kor. 14:33; 15:23.

^ Ivyo bihindura uko twahora dutahura ibivugwa mu gitabu Prêtons attention à la Prophétie de Daniel! ikigabane ca 17, n’ibivugwa mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa), wo ku wa 1 Mukakaro 1987, rup. 21-25.

^ Ariko rero imvugo “abagororotsi” be n’“abatari abagororotsi” dusanga mu Vyakozwe 24:15 be n’amajambo ngo “abakoze ivyiza” be n’“abagiye barakora ivy’agahomerabunwa” dusanga muri Yohani 5:29, yerekeza ku nyifato abazoba bazutse bagaragaje imbere y’uko bapfa.