Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana idusezeranira kuzobaho tutakirwara mu mutwe

Imana idusezeranira kuzobaho tutakirwara mu mutwe

Muri Bibiliya, Imana iraduha impanuro zidufasha kuvyifatamwo neza igihe turwaye indwara yo mu mutwe ikongera ikaduhumuriza.

Ariko rero Imana ntigarukiriza aho. Idusezeranira no kuzokuraho burundu ibiduteza ingorane zo mu mutwe.

Imana niyashitsa iryo sezerano, ntituzosubira kugira ivyiyumviro bica intege, ingorane zo mu mutwe canke ngo ‘twibuke ibintu vyose vyatubabaje.’​—Yesaya 65:17.

Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kugufasha kumenya igihe Imana izoshitsa ivyo bintu bihumuriza be n’ingene izobishitsa.