Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 9

Duhe agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye

Duhe agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye

“Muri yo [ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.”​—IVYAK. 17:28.

URURIRIMBO RWA 141 Ubuzima ni igitangaro

INCAMAKE a

1. Ubuzima bwacu bufise agaciro kangana gute kuri Yehova?

 DUFATE ko umugenzi akugabiye inzu. Ku mpande zimwezimwe zayo irangi riramaze guseruka, kandi irafise imigaga. Yamara naho iyo nzu ifise izo ngorane, iciye amadolari amamiliyoni. Nta nkeka ko iyo nzu woyishima ukongera ukayifata neza. Na twebwe, Yehova yaraduhaye ingabire y’agaciro, ari bwo buzima. Nkako, Yehova yarerekanye ko aha agaciro cane ubuzima bwacu mu gutanga Umwana wiwe ngo aducungure.—Yoh. 3:16.

2. Twisunze 2 Abakorinto 7:1, Yehova yiteze ko dukora iki?

2 Yehova ni we Soko ry’ubuzima. (Zab. 36:9) Intumwa Paulo ivyo yaravyemera igihe yavuga ati: “Muri yo [ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.” (Ivyak. 17:25, 28) Turashobora rero kuvuga ko ubuzima bwacu ari ingabire iva ku Mana. Yehova abigiranye urukundo araturonsa ivyo dukeneye kugira ngo tubandanye kubaho. (Ivyak. 14:15-17) Ariko Yehova ntazigama ubuzima bwacu ku gitangaro. Ahubwo yiteze ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubungabunge amagara yacu ku mubiri no mu vy’impwemu. (Soma 2 Abakorinto 7:1.) Kubera iki dukwiye kubungabunga amagara yacu, kandi twobigira gute?

NUHE AGACIRO INGABIRE Y’UBUZIMA

3. Ni imvo imwe iyihe ikwiye gutuma tugerageza kuguma dufise amagara meza?

3 Imvo imwe ikwiye gutuma tugerageza kuguma dufise amagara meza ni uko bishobora gutuma dukorera Yehova uko dushoboye kwose. (Mrk. 12:30) Kubera ko twipfuza gushikiriza “imibiri ya[cu] nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana,” turirinda gukora ibintu tuzi ko vyogirira nabi amagara yacu. (Rom. 12:1) Ego ni ko ivyo twokora vyose ntibizotuma tureka kurwara. Naho ari ukwo, turagerageza kubungabunga amagara yacu kuko twipfuza kwereka Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ko duha agaciro ingabire y’ubuzima.

4. Umwami Dawidi yipfuza iki?

4 Umwami Dawidi yarerekanye igituma aha agaciro ingabire y’ubuzima Imana yamuhaye, igihe yandika ati: “Mbega ni inyungu nki iba mu maraso yanje manutse mu cobo? Mbega umukungugu uzoguhaya? Mbega umukungugu uzoyaga ukuri kwawe?” (Zab. 30:9) Dawidi ashobora kuba yanditse ayo majambo amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe. Naho ari ukwo, yipfuza kuguma ari muzima kugira ngo ashobore gushemeza Yehova. Nta gukeka ko twese ari vyo twipfuza.

5. Twaba dushaje canke turwaye, ni igiki dushobora gukora?

5 Indwara n’ubusaza birashobora gutuma tutaba tugikora vyinshi. Ivyo vyoshobora gutuma tuvunika umutima kandi tukababara. Ariko rero ntidukwiye guca tureka kwitwararika amagara yacu. Kubera iki? Kubera ko naho twoba dushaje gute canke turwaye gute, turashobora kuguma dushemeza Yehova nka kumwe kw’Umwami Dawidi. Ese ukuntu bikora ku mutima kumenya ko Imana yacu iduha agaciro naho twoba turwaye canke dushaje! (Mat. 10:29-31) Mbere naho vyoshika tugapfa, irashashaye kutuzura. (Yobu 14:14, 15) Ariko rero mu gihe tukiri bazima, turipfuza gukora ivyo dushoboye vyose kugira tubungabunge amagara yacu.

NIWIRINDE IBINTU VYOKUGIRIRA NABI

6. Yehova ashaka ko dukora iki ku bijanye n’ivyo turya be n’ivyo tunywa?

6 Naho Bibiliya atari igitabu kivuga ingene twokwitwararika amagara yacu canke ingene twofungura, kiratwereka ingene Yehova abona ivyo bintu. Nk’akarorero, aduhanura ‘kwigiza kure ibintu bibi’ vyogirira nabi umubiri wacu. (Umus. 11:10) Bibiliya iriyamiriza ubukunzi bw’inda n’akaborerwe, bikaba ari ibintu bibangamira amagara yacu. (Imig. 23:20) Yehova ashaka ko twigerera mu vyo turya no mu vyo tunywa.—1 Kor. 6:12; 9:25.

7. Impanuro dusanga mu Migani 2:11 idufasha gute gufata ingingo nziza ku bijanye n’amagara yacu?

7 Turashobora gufata ingingo zerekana ko duha agaciro cane ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye mu gukoresha ububasha bwacu bwo kwiyumvira. (Zab. 119:99, 100; soma Imigani 2:11.) Nk’akarorero, turafata ingingo zibereye mu bijanye n’ivyo dufungura. Mu gihe dukunda ibifungurwa kanaka mugabo tukaba tuzi ko biturwaza, vyoba vyiza twirinze kubifungura. Turerekana kandi ko twitaho amagara yacu mu kuryama bikwiriye, mu kwama twinonora imitsi, mu kwama tugira isuku ry’umubiri no mu kwama tugirira isuku aho tuba.

NIWITWARARIKE KWIRINDA AMASANGANYA

8. Bibiliya yerekana gute ko Imana ibona ko bihambaye ko twirinda amasanganya?

8 Mu mategeko Yehova yahaye ihanga rya Isirayeli, hari harimwo ayabafasha kwirinda amasanganya akomeye muhira no ku kazi. (Kuv. 21:28, 29; Gus. 22:8) N’uwateza isanganya atabishaka mugabo rigahitana umuntu, vyaramukwegera ingaruka zikomeye. (Gus. 19:4, 5) Itegeko rya Musa ryaravuga ko mbere n’uwakora ikintu kigirira nabi umwana akiri mu nda, yategerezwa guhanwa naho yaba yagikoze atabishaka. (Kuv. 21:22, 23) Ivyanditswe birerekana neza ko Yehova yipfuza ko twitwararika kwirinda amasanganya.

Muri ibi bihe, twokwerekana gute ko twubaha ubuzima? (Raba ingingo ya 9)

9. Ni ibiki twokwitwararika kugira twirinde amasanganya? (Raba n’amashusho.)

9 Turerekana ko duha agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye mu gufata ingingo zituma twirinda amasanganya muhira no ku kazi. Nk’akarorero, igihe tugomba guta ibikoresho bitobora uruhu, ibintu vy’ubumara canke imiti yapfuye, turitwararika kubita aho bitokora ibara. Vyongeye, ibintu nk’ivyo dukwiye kubibika aho abana bato badashobora gushikira. Turaba maso kandi igihe ducanye umuriro, igihe dushuhije amazi n’igihe dukoresha ibikoresho vy’umuyagankuba ntiduce tuhava ngo tuje kure yavyo. Ntidutwara umuduga twanyoye imiti ituma tumererwa nabi, twanyoye inzoga canke dufise itiro, kandi turirinda gukoresha telefone turiko turanyonga umuduga.

IGIHE HATEYE ICAGO

10. Twokora iki imbere y’uko hatera icago be no mu gihe giteye?

10 Rimwe na rimwe, hariho ibintu bibangamira ubuzima tudashobora gukinga. Aho twovuga canecane ivyago vy’ivyaduka, indwara z’ibiza be n’imigumuko. Ariko igihe ibintu nk’ivyo biteye, turashobora kugerageza kwirinda akaga mu kwubahiriza amategeko adusaba kudacaruka, gukinjura be n’ayandi mategeko yotangwa n’abategetsi. (Rom. 13:1, 5-7) Kubera ko ivyago bimwebimwe abahinga bashobora kubimenya imbere y’igihe, biraba vyiza dukurikije ubuyobozi duhabwa n’abategetsi kugira badufashe kwitegurira ivyo vyago. Vyoshobora kuba vyiza ushize hafi amazi, ibifungurwa bidashoka vyononekara be n’imiti yo kwifashisha.

11. Igihe hateye indwara y’ikiza dukwiye gukora iki?

11 Twokora iki mu gihe indwara y’ikiza iriko irarandagata mu karere tubamwo? Turakwiye kugamburuka amategeko abategetsi baduha nk’ayerekeye gukaraba iminwe, kutegerana n’abandi, kwambara agapfuka umunwa n’izuru no kuguma ukwa wenyene. Ivyo tubigize tuba twerekanye ko dukenguruka cane ingabirano y’ubuzima Imana yaduhaye.

12. Impanuro iri mu Migani 14:15 idufasha gute guhitamwo ivyo twokwumviriza igihe hari amakuru ariko arakwiragizwa iyo hateye icago?

12 Mu gihe hateye icago, amakuru atari yo yoshobora gukwiragira mu bagenzi, mu babanyi, no mu bimenyeshamakuru. Aho kwemera “ijambo ryose” twumvise, vyoba vyiza twumvirije amakuru yo kwizigirwa atangwa n’abategetsi be n’abaganga. (Soma Imigani 14:15.) Inama Nyobozi be n’ibiro vy’amashami barihatira kuronka amakuru y’ukuri imbere y’uko batubwira ingene amakoraniro y’ishengero be n’igikorwa co kwamamaza vyokorwa. (Heb. 13:17) Igihe dusenyeye ku mugozi umwe na bo, turikingira ubwacu ivyotugirira nabi tukongera tugakingira n’abandi. Ivyo birashobora no gutuma Ivyabona vya Yehova bavugwa neza mu kibano.—1 Pet. 2:12.

NIWITEGURIRE KWIRINDA AMARASO

13. Twerekana gute ko duha agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye igihe hadutse ikibazo c’amaraso?

13 Ivyabona vya Yehova barazi neza ko amaraso ari meranda. Turagamburuka itegeko rya Yehova rijanye n’amaraso, mu kutemera kuyaterwa no mu gihe twoba dukeneye kuvurwa mu buryo bwihutirwa. (Ivyak. 15:28, 29) Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko twipfuza gupfa. Ahubwo riho, turaha agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye. Turarondera gufashwa n’abaganga babishoboye bemera kutuvura neza badakoresheje amaraso.

14. Twokwirinda gute ivyotuma biba ngombwa ko tubagwa canke tuvurwa mu bundi buryo bukomeye?

14 Dushize mu ngiro ivyiyumviro vyose tumaze kubona muri iki kiganiro bijanye no kwitwararika amagara yacu, hari aho bitokenerwa ko turinda kubagwa canke tuvurwa mu bundi buryo bukomeye. Igihe dufise amagara meza, ingorane ziba nke mu gihe co kubagwa kandi n’inyuma y’aho ntiduteba gukira. Kwigiza kure ibintu bitera amasanganya i muhira no ku kazi no kwubahiriza amategeko y’ibarabara, na vyo nyene birashobora gutuma twirinda kubagwa mu buryo bwihutirwa.

Kubera ko duha agaciro ingabire y’ubuzima, turuzuza agakarata “Ntimuntere amaraso” tukongera tukakagendana buri gihe (Raba ingingo ya 15) d

15. (a) Kubera iki bihambaye ko tugendana ka gakarata “Ntimuntere amaraso”? (Raba n’ishusho.) (b) Nk’uko vyerekanwa muri videwo, twofata gute ingingo nziza ku bijanye no kuvurwa kujamwo ivy’amaraso?

15 Kubera ko duha agaciro cane ubuzima, turuzuza ka gakarata “Ntimuntere amaraso” tukongera tukakagendana buri gihe. b Biciye kuri ako gakarata, turaserura ivyipfuzo vyacu ku bijanye n’ikibazo c’amaraso no ku bijanye n’uburyo bumwebumwe bwo kuvurwa. Agakarata kawe koba ari aka vuba? Nimba wipfuza kwuzuza gashasha, nubigire udatebaganye. Gutomora ivyipfuzo vyacu biciye kuri urwo rwandiko bizotuma ivyo kutuvura binyaruka. Bizotuma kandi abaganga batuvura nk’uko tubishaka. c

16. Wokora iki igihe utoba uzi neza ingene wokwuzuza ka gakarata “Ntimuntere amaraso”?

16 Naho twoba tukiri bato canke dufise amagara meza, twese turashobora gushikirwa n’amasanganya canke tukarwara. (Umus. 9:11) Ni co gituma bibereye ko twuzuza ka gakarata “Ntimuntere amaraso.” Nimba utazi neza ingene wokwuzuza, nusabe abakurambere banyu bagufashe. Naho bihatira kumenya ingene kuzuzwa, ntibazogufatira ingingo zijanye n’ingene wokwivuza. Iryo ni ibanga rikwega ku giti cane. (Gal. 6:4, 5) Naho ari ukwo, boshobora kugufasha gutahura ivyo uba wihitiyemwo no kwuzuza ako gakarata.

NUKORE IBITEGEREKA

17. Twokwerekana gute ko dukora ibitegereka ku bijanye n’ikibazo c’amagara?

17 Ingingo nyinshi dufata ku bijanye n’amagara yacu be n’ukuntu twovurwa tuzifata twisunze ijwi ryacu ryamenyerejwe na Bibiliya. (Ivyak. 24:16; 1 Tim. 3:9) Igihe tuganira n’abandi ibijanye n’ingingo twafashe, turakwiye gushira mu ngiro ibivugwa mu Bafilipi 4:5, ahagira hati: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.” Igihe dukora ibitegereka, ntiturazwa ishinga birenze n’amagara yacu, kandi ntiduhatira abandi kubona ibintu nk’uko tubibona. Turakunda abavukanyi na bashiki bacu tukongera tukabubaha, mbere n’igihe bafata ingingo zitandukanye n’izacu.—Rom. 14:10-12.

18. Twokwerekana gute ko dukenguruka ingabire y’ubuzima?

18 Turerekana ko dukengurukira Yehova we Soko ry’ubuzima, mu kubungabunga amagara yacu no mu kumukorera uko dushoboye kwose. (Ivyah. 4:11) Muri iki gihe, dutegerezwa gushikirwa n’indwara be n’ivyago. Ariko rero, ukwo si kwo Umuremyi wacu yashaka ko tubaho. Vuba azoduha ubuzima butagiramwo indwara be n’urupfu. (Ivyah. 21:4) Mu kurindira, ese ukuntu biryoshe kubaho no gukorera Yehova, wa Muvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda!

URURIRIMBO RWA 140 Ubuzima bwamaho!

a Iki kiganiro kiraza kudufasha guha agaciro ingabire y’ubuzima Imana yaduhaye. Turaza kubona ivyo twokora kugira ngo dukingire amagara yacu igihe hateye icago, be n’ivyo twokora kugira ngo twirinde amasanganya yodushikira. Turaza no kuraba ivyo twokora kugira ngo bishitse tugakenera kuvurwa mu buryo bwihutirwa, tube twiteguye.

b Ako gakarata kitwa kandi DPA.

d INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi akiri muto ariko aruzuza ka gakarata “Ntimuntere amaraso,” kandi aritwararika kukagendana.