Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokoresha urubuga jw.org

Ingene wokoresha urubuga jw.org

Ingene wotora ibiganiro vyakuwe ku ntango

Abavukanyi na bashiki bacu benshi barakoresha mu ndimiro ibiganiro biri ku ntango ya jw.org. Biroroshe kubirungikira abandi, kandi akenshi bisigura ingene ibintu biriko biraba mw’isi bishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Nk’uko umuvukanyi umwe abivuga, ivyo biganiro vyo ku ntango usanga “bihuye neza na neza n’uburyo dukora indimiro muri iki gihe.”

None ko ivyo biganiro biza birasubirizwa n’ibindi bishasha, woronka gute ibitakihaboneka?

  • Ja ku ntango ya jw.org, uce ufyonda ahavuga ngo “Raba n’ibindi.” Haca huguruka ahandi havuga ngo “Ibiheruka ku ntango,” ugaca uhasanga ibiganiro bitari bike biheruka gukurwaho.

  • Kuri jw.org canke kuri JW Library®, ja ahavuga ngo “Ivyasohowe,” hanyuma “Ibiza birasohoka,” uce uraba ahavuga ngo “Ibindi biganiro.” Ico gice, ugisangamwo ibiganiro vyinshi biba vyakuwe ku ntango.