Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 12

Nurushirize kumenya Yehova biciye ku vyo yaremye

Nurushirize kumenya Yehova biciye ku vyo yaremye

“Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.”​—ROM. 1:20.

URURIRIMBO RWA 6 Amajuru araninahaza Imana

INCAMAKE a

1. Kimwe mu vyatumye Yobu arushiriza kumenya Yehova ni ikihe?

 MU BIYAGO vyose Yobu yagiranye n’abandi mu buzima bwiwe, hariho kimwe kidasanzwe, na co kikaba ari ico yagiranye na Yehova Imana. Kugira ngo Yehova afashe Yobu kurushiriza kwizigira ubukerebutsi bwiwe be n’ububasha afise bwo kwitwararika abasavyi biwe, yaramubwiye ibintu bimwebimwe yaremye vy’agatangaza. Nk’akarorero, yaribukije Yobu ko yitwararika ibikoko, ko rero na we nyene yari ashoboye kumwitwararika. (Yobu 38:39-41; 39:1, 5, 13-16) Kuzirikana kuri ivyo vyaremwe, vyaratumye Yobu arushiriza kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene Imana yiwe imeze.

2. Kubera iki vyoshobora kutatworohera kwihweza ivyo Yehova yaremye?

2 Kwihweza ivyo Imana yaremye, na twebwe birashobora kudufasha kumenya vyinshi ku biyerekeye. Ariko rero, vyoshobora kutama bitworohera. Nimba tuba mu gisagara, hari aho bitokunda ko buri musi tuza turabona ivyo Yehova yaremye. N’igihe twoba tuba kure y’igisagara, vyoshobora kutugora kuronka umwanya wo kuvyihweza twitonze. Nimuze rero turabe igituma bihambaye ko tugira akigoro, tugafata umwanya wo kwihweza ivyaremwe. Turaza kubona ingene Yehova na Yezu batanze ivyigwa bakoresheje ivyaremwe, be n’ivyo twokora kugira ngo turushirize gukura ivyigwa ku vyaremwe.

KUBERA IKI DUKWIYE KWIHWEZA IVYAREMWE?

Yehova yashaka ko Adamu anezerererwa ivyo yaremye akongera agaha amazina ibikoko (Raba ingingo ya 3)

3. Ni igiki cerekana ko Yehova yashaka ko Adamu anezerererwa ivyaremwe?

3 Yehova yashaka ko wa muntu wa mbere Adamu anezerererwa ivyaremwe. Igihe Imana yamurema, yaramuhaye iparadizo y’akaroruhore kugira ngo ayihimbarirwe, ica imushinga n’igikorwa co kuyirima no kuyagura. (Ita. 2:8, 9, 15) Iyumvire akanyamuneza Adamu yagira ariko arihweza ibiterwa biriko biramera be n’amashurwe ariko arashurika! Umve nawe ako gateka yari yaratewe ko kwitwararika itongo rya Edeni! Yehova yaramushinze kandi igikorwa co kwita amazina ibikoko bitandukanye. (Ita. 2:19, 20) Yehova ubwiwe yari kuvyihera amazina, ariko ico gikorwa yahisemwo kugishinga Adamu. Imbere y’uko Adamu avyita amazina, nta nkeka ko yabanza kuvyihweza yitonze, akaraba ingene bimeze be n’inyifato yavyo. Ico gikorwa gitegerezwa kuba caramuhimbaye cane. Nta nkeka ko camuhaye akaryo ko kurushiriza gutahura ingene uwo Muvyeyi wiwe afise ubukerebutsi ntangere, ingene ivyo yaremye bihanitse, n’ingene biryoheye ijisho.

4. (a) Imwe mu mvo zikwiye gutuma twihweza ivyaremwe ni iyihe? (b) Ni ivyaremwe ibihe bigukora ku mutima cane?

4 Imwe mu mvo zikwiye gutuma twihweza ivyaremwe, ni uko Yehova adusaba kubigira. Atubwira ati: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe.” Aca atubaza ati: “Ni nde yaremye ivyo bintu?” Inyishu iratomoye. (Yes. 40:26) Ibintu bitangaje Yehova yaremye dushobora kwigirako ntibiri mu kirere gusa, ariko biruzuye no kw’isi, eka mbere no mu biyaga. (Zab. 104:24, 25) Vyongeye, zirikana gato ku kuntu Imana yaturemye. Yaturemanye ubushobozi bwo gukorwa ku mutima n’ibintu vyiza yaremye. Yaturemanye kandi ubushobozi bwo kubona, kwumva, gukorakora, guhonja no kumoterwa, ubwo bwose bukaba budufasha guhimbarirwa ibintu bitandukanye yaremye.

5. Twisunze Abaroma 1:20, kwihweza ivyaremwe bitugirira akamaro gute?

5 Bibiliya irerekana iyindi mvo ihambaye ikwiye gutuma twihweza ivyaremwe. Biratwigisha ibijanye na kamere za Yehova. (Soma Abaroma 1:20.) Nk’akarorero, iyo twitegereje ivyaremwe, turabona ko bihinguwe mu buryo buhanitse. None ivyo ntibihishura ubukerebutsi bw’Imana? Nk’akarorero, zirikana ibifungurwa bitandukanye dufungura. Ico ni ikimenyamenya c’uko Imana idukunda. Iyo dutahuye kamere za Yehova biciye ku vyo yaremye, biratuma turushiriza kumumenya no kumwiyegereza. Nimuze ubu na ho turabe ingene Yehova yigishije abantu ivyigwa bihambaye biciye ku vyo yaremye.

IMANA IRATWIGISHA IBIYEREKEYE IKORESHEJE IVYAREMWE

6. Kwihweza inyoni ziza zirimukanga bitwigisha iki?

6 Yehova arafise ikirangamisi. Buri mwaka, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kabiri gushika hagati mu kwa gatanu, Abisirayeli bari bamenyereye kubona mu kirere inyoni zitwa udusoza zagenda zigana mu buraruko. Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Agasoza mu kirere​—karazi neza ibihe vyako vyashinzwe.” (Yer. 8:7) Nk’uko nyene Yehova yashingiye igihe izo nyoni, yarashinze n’igihe co kuzoshitsa imanza ziwe. Muri iki gihe, iyo tubonye inyoni ziza zirimukanga, biratwibutsa ko dukwiye kwizigira ko Yehova afise ‘igihe yashinze’ co kuzozana umuhero kuri iyi si mbi.​—Hab. 2:3.

7. Kwihweza ingene inyoni nini iguruka bidukura amazinda ku biki? (Yesaya 40:31)

7 Yehova araha inkomezi abasavyi biwe. Yehova abicishije kuri Yesaya, yasezeranye ko igihe abasavyi biwe bobaye bacitse intege yobaronkeje inkomezi ‘bakadugisha amababa nk’inkona.’ (Soma Yesaya 40:31.) Abisirayeli bari bamenyereye kubona inkona ziduga mu kirere zarara zisunze umuyaga. Ese ukuntu ivyo bitwibutsa ko Yehova ashobora guha inkomezi abasavyi biwe, nk’uko nyene aha inkomezi izo nyoni! Niwabona inyoni nini iriko iraduga hejuru cane mu kirere yarara, uraca wibuka ko Yehova ashobora kuguha inkomezi zo kurengera ingorane urimwo.

8. Ni icigwa ikihe Yobu yakuye ku kuzirikana ku vyo Imana yaremye, kandi ni icigwa ikihe natwe twohakura?

8 Yehova ni uwo kwizigira. Yehova yarafashije Yobu kurushiriza kumwizigira. (Yobu 32:2; 40:6-8) Mu kiyago yagiranye na Yobu, yaravuze ibintu bitari bike yaremye, ushizemwo inyenyeri, ibicu be n’imiravyo. Yehova yaravuze kandi ibijanye n’ibikoko, nk’imbogo be n’ifarasi. (Yobu 38:32-35; 39:9, 19, 20) Ivyo bintu vyose ntivyeretse gusa Yobu ububasha buteye ubwoba Imana ifise, ariko kandi vyaramweretse urukundo rwayo n’ubukerebutsi bwayo ntangere. Ico kiyago, caratumye Yobu aca arushiriza kwizigira Yehova. (Yobu 42:1-6) Igihe na twebwe twitegereje ivyaremwe, biratwibutsa ko Yehova afise ubukerebutsi n’ububasha birengeye kure n’iyo ivy’abantu. Vyongeye, arashobora kudukurako ingorane zose ziduhanze, kandi azobikora. Ivyo biratuma turushiriza kumwizigira.

YEZU YARIGISHIJE IVYEREKEYE SE WIWE AKORESHEJE IVYAREMWE

9-10. Izuba n’imvura bitwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

9 Yezu yari azi neza ibidukikije. Kubera ko yari “umukozi w’umuhanga,” yaratewe agateka ko gukorana na Se mu kurema ibiriho vyose. (Imig. 8:30) Mu nyuma, igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarakoresheje ivyaremwe mu kwigisha abigishwa biwe ibijanye na Se wiwe. Raba ivyigwa bimwebimwe yigishije.

10 Yehova akunda abantu bose. Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, Yezu yarabwiye abigishwa biwe ibintu bibiri vyo mu vyaremwe abantu benshi bafata nk’ibisanzwe, na vyo akaba ari izuba n’imvura. Ivyo bintu bibiri bitabonetse, ubuzima ntibwoshoboka. Yehova yari gushobora kuvyima abatamukorera. Aho kubigenza gutyo, abantu bose arabaronsa izuba n’imvura abigiranye urukundo. (Mat. 5:43-45) Yezu yatanze ako karorero kugira ngo yigishe abigishwa biwe ko Yehova yipfuza ko natwe tugaragariza urukundo abantu bose. Igihe cose rero tubonye ikirengazuba kiryoheye ijisho canke akavura kariko karagwa, birakwiye guca bitwibutsa ko Yehova akunda abantu bose. Ako karorero aduha karakwiye gutuma tugaragaza urukundo nk’urwo mu kubwira inkuru nziza abantu bose.

11. Kwitegereza inyoni zo mu kirere bishobora kuturemesha gute?

11 Yehova araturonsa ibitubeshaho. Muri iyo nsiguro nyene, Yezu yavuze kandi ati: “Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira.” Birashoboka ko abo bantu Yezu yariko arabwira bariko barabona inyoni mu kirere, igihe yaca ababaza ati: “None mwebwe ntimuzirusha agaciro?” (Mat. 6:26) Umve nawe ubwo buryo bwiza bwo kudukura amazinda ko Yehova azokwitwararika kuturonsa ibitubeshaho! (Mat. 6:31, 32) Ico cigwa twigira ku vyaremwe kirabandanya kuremesha abasavyi biwe b’intahemuka. Hari mushiki wacu umwe w’umutsimvyi wo muri Espanye yari yacitse intege, kubera ko yari yabuze ahantu habereye yoba. Ariko igihe yabona inyoni ziriko ziranobagura intete be n’inkere, yaciye asubira kurema. Avuga ati: “Izo nyoni zaranyibukije ko Yehova azitwararika, ko rero na jewe azonyitwararika.” Kukaba nkako, bidatevye uwo mushiki wacu yararonse ahantu habereye yoba.

12. Twisunze Matayo 10:29-31, inyoni zitwa utujuri zitwigisha iki ku bijanye na Yehova?

12 Yehova araduha agaciro, umwumwe ku giti ciwe. Imbere y’uko Yezu arungika intumwa ziwe kwamamaza, yarabaremesheje kudatinya abantu bobarwanije. (Soma Matayo 10:29-31.) Ivyo yabigize afatiye ku tunyoni twitwa utujuri, tukaba twari mu nyoni zari zimenyerewe cane muri Isirayeli. Mu gihe ca Yezu, utwo tunyoni twari dufise agaciro gato cane. Naho ari ukwo, yabwiye abigishwa biwe ati: “Nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi.” Yaciye yongerako ati: “Mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.” Muri ubwo buryo, Yezu yari akuye amazinda abigishwa biwe ko Yehova yabaha agaciro umwumwe ku giti ciwe, ko rero batari bakwiye gutinya abobarwanya. Igihe abo bigishwa baba bariko baramamaza mu bisagara no mu bigwati maze bakabona utujuri, nta nkeka ko baca bibuka ayo majambo ya Yezu. Igihe cose rero uzoba ubonye akanyoni gatoya, uraca wibuka ko Yehova aguha agaciro ku giti cawe, kuko na wewe “[uri] n’agaciro kuruta utujuri twinshi.” Yehova rero arashobora kugufasha gutekana igihe abandi bariko barakurwanya.​—Zab. 118:6.

TWORUSHIRIZA GUTE KUMENYA IMANA BICIYE KU VYAREMWE?

13. Twokora iki kugira ngo dukure ivyigwa ku vyaremwe?

13 Ivyaremwe birashobora kutwigisha ibindi vyigwa vyinshi ku bijanye na Yehova. Twobigenza gute? Ubwa mbere, turakwiye gufata umwanya wo kwihweza ivyaremwe. Ubukurikira, turakwiye kuzirikana ku co bitwigisha ku bijanye na Yehova. Ariko rero, ivyo vyoshobora kutama bitworohera. Mushiki wacu umwe wo muri Kamerune yitwa Géraldine avuga ati: “Kubera ko nakuriye mu gisagara, ndabona ko kwihweza ivyaremwe binsaba kugira akigoro gakomeye.” Umukurambere umwe na we yitwa Alfonso avuga ati: “Narabonye ko nari nkeneye gutegekanya umwanya wo kuba ndi jenyene, kugira ngo nihweze ivyo Yehova yaremye nongere nzirikane ku co binyigisha ku bimwerekeye.”

Dawidi aravye ivyaremwe, yarazirikana ku co vyamwigisha ku bijanye na Yehova (Raba ingingo ya 14)

14. Ni ivyigwa ibihe Dawidi yize igihe yazirikana ku vyo Imana yaremye?

14 Dawidi yarazirikana cane ku vyo Imana yaremye. Yabwiye Yehova ati: “Iyo mbonye amajuru yawe, ibikorwa vy’intoke zawe, ukwezi n’inyenyeri wateguye, umuntu buntu ni iki ku buryo umwibuka, n’umwana w’umuntu yakuwe mw’ivu ku buryo umwitaho?” (Zab. 8:3, 4) Ego cane, igihe Dawidi yaba araramuye amaso mw’ijoro maze akaraba mu kirere, ntiyaryoherwa gusa no kwihweza ubwiza bw’inyenyeri. Yaranazirikana ku co zamwigisha ku bijanye n’Imana. Yaca atahura ko Yehova ari agakomeye. Ikindi gihe, Dawidi yarazirikanye ku kuntu yakuriye mu nda ya nyina wiwe. Igihe yazirikana ku kuntu umubiri wiwe ukoze mu buryo butangaje, yaciye arushiriza kubona ko Yehova afise ubukerebutsi ntangere.​—Zab. 139:14-17.

15. Tanga uburorero bwerekana ingene wiboneye kamere za Yehova biciye ku vyaremwe. (Zaburi 148:7-10)

15 Cokimwe na Dawidi, ntukwiye kuronderera kure ivyaremwe wozirikanako. Utereje amaso hafi yawe, urashobora kubona ibintu vyinshi bihishura kamere za Yehova. Nk’akarorero, igihe uri ku zuba maze ukumva ubushuhe, nuce ubona ububasha bwa Yehova. (Yer. 31:35) Igihe ubonye inyoni iriko irubaka icari, nuce uzirikana ku bukerebutsi bw’Imana. Igihe ubonye akabwa kariko karazunza umurizo, nuce uzirikana ku kuntu Yehova ari Imana yipfuza ko dutwenga. Igihe na ho ubonye inabibondo ariko arakinisha uruyoya rwiwe, nuce ushimira Yehova ku bw’urukundo rwiwe. Ego cane, turafise uturyo twinshi two kwiga ivyerekeye Yehova, kuko ivyo yaremye vyose, vyaba binini canke bito, ibiri hafi n’ibiri kure yacu, bimushemeza.​—Soma Zaburi 148:7-10.

16. Dukwiye kwiyemeza gukora iki?

16 Imana yacu ni ntangere mu bukerebutsi, mu rukundo, mu bubasha, kandi ibikorwa vyayo vyose ni agatangaza. Izo kamere be n’izindi nyinshi cane, ziribonekeza aho dutereza ijisho hose mu vyaremwe. Ese twese twokwama dufata umwanya wo kwihweza ivyaremwe no kuzirikana ku co bitwigisha ku bijanye na Yehova. Ivyo bizotuma turushiriza kwiyegereza Umuremyi wacu. (Yak. 4:8) Mu kiganiro gikurikira, tuzoraba ingene abavyeyi bokoresha ivyaremwe kugira ngo bafashe abana babo kwiyegereza Yehova.

URURIRIMBO RWA 5 Ibikorwa vy’agatangaza vy’Imana

a Ivyo Yehova yaremye birateye akoba. Kuva ku bubasha bw’izuba butagira urugero gushika ku tubabi tw’agashurwe, ibikorwa vyiwe biradutangaza cane. Ivyo Yehova yaremye birashobora kandi kutwigisha vyinshi ku kuntu ameze. Muri iki kiganiro, tugiye kubona igituma dukwiye gufata umwanya wo kwihweza ivyaremwe be n’ingene kubigira bishobora kudufasha kurushiriza kwiyegereza Imana yacu.