Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 34

Niwige ubuhanuzi bwo muri Bibiliya

Niwige ubuhanuzi bwo muri Bibiliya

«Abafise ugutahura bazobitegera.»​—DAN. 12:10.

URURIRIMBO RWA 98 Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana

INCAMAKE a

1. Ni igiki codufasha gukunda kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

 «NDAKUNDA kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya.» Ayo majambo yavuzwe n’umuvukanyi akiri muto yitwa Ben. Ni ko nawe bimeze? Canke woba ubona ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bugoye gutahura? Ushobora mbere kubona ko kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birambira. Ariko utahuye neza icatumye Yehova abushira mw’Ijambo ryiwe, urashobora guhindura uko ubona ibintu.

2. Iki kiganiro kiza kwibanda ku ki?

2 Muri iki kiganiro, turaza kubona igituma twokwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, n’ukuntu twobigira. Turaza kandi guca irya n’ino ubuhanuzi bubiri bwo mu gitabu ca Daniyeli, kugira tubone ingene kubutahura bishobora kutugirira akamaro muri iki gihe.

KUBERA IKI DUKWIYE KWIGA UBUHANUZI BWO MURI BIBILIYA?

3. Dukwiye gukora iki kugira dutahure ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

3 Kugira dutahure ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, turakeneye gusaba imfashanyo. Reka tubitangire akarorero. Dufate ko ugiye ahantu utazi mugabo umugenzi muri kumwe akaba ahazi neza. Arazi neza aho muri, akamenya n’aho ibarabara ryose rishikana. Nta gukeka ko uryoherwa kubona uwo mugenzi yemeye kuguherekeza. Na Yehova arazi ibihe turimwo, n’ibiraririye gushika. Rero kugira dutahure ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, dukwiye kwicisha bugufi tugasaba Yehova ngo adufashe.​—Dan. 2:28; 2 Pet. 1:19, 20.

Kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya birashobora kudufasha kwitegurira ibizoba muri kazoza (Raba ingingo ya 4)

4. Kubera iki Yehova yandikishije ubuhanuzi mw’Ijambo ryiwe? (Yeremiya 29:11) (Raba n’ishusho.)

4 Yehova ashaka ko abana biwe bagira kazoza keza, cokimwe n’umuvyeyi wese akunda abana biwe. (Soma Yeremiya 29:11.) Ariko ico Yehova atandukaniyeko n’abandi bavyeyi, ni uko wewe ashobora kutubwira ivya kazoza atihenda. Yarandikishije ubuhanuzi mw’Ijambo ryiwe, kugira dushobore kumenya ibintu bihambaye imbere y’uko biba. (Yes. 46:10) Twovuga rero ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ari ikintu ciza cane Data wa twese wo mw’ijuru yaduhaye. Ariko wokwemezwa n’iki ko ivyo Bibiliya ivuga bizoranguka koko?

5. Ivyashikiye Max vyokwigisha iki uwukiri muto?

5 Kw’ishure, akenshi usanga abakiri bato bacu bakikujwe n’abantu batubaha cane Bibiliya canke mbere batayubaha na gato. Ivyo bavuga n’ukuntu bigenza birashobora gutuma Ivyabona vya Yehova bakiri bato batangura gukekeranya. Raba ivyashikiye umuvukanyi yitwa Max. Atwiganira ati: «Nkiri umuyabaga, naratanguye gukekeranya ko ivyo abavyeyi banyigisha ari ukuri kandi ko Bibiliya yoba yahumetswe n’Imana.» None abavyeyi biwe bakoze iki? Avuga ati: «Baratekanye, naho nzi ko bari bahagaritse umutima.» Abavyeyi ba Max barishuye ibibazo vyiwe bakoresheje Bibiliya. Na Max hari ico yakoze. Avuga ati: «Nariyigishije ubuhanuzi bwo muri Bibiliya nongera ndabwira abandi bakiri bato ivyo nize.» None ivyo vyavuyemwo iki? Max atwiganira ati: «Vyatumye njijuka yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana.»

6. Nimba ufise inkeka wokora iki, kandi kubera iki?

6 Bishitse ugatangura gukekeranya ko Bibiliya ivuga ukuri, nk’ukwo kwa Max, ntiwiyagirize. Ariko urakeneye kugira ico ukoze. Gukekeranya bimeze nk’ingese. Uyirengagije, irashobora kugenda buhorobuhoro ironona ikintu c’agaciro. Kugira ukure ku kwizera kwawe ico twokwita ingese, ukwiye kwibaza uti: “Noba nemera ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye kazoza?” Nimba ugikekeranya, urakeneye kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka. Ivyo wobigira gute?

INGENE TWOKWIGA UBUHANUZI BWO MURI BIBILIYA

Kugira twizigire Yehova nka Daniyeli, dukwiye kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya twicishije bugufi, mu buryo bunogangije, kandi tubigiranye imvo nziza (Raba ingingo ya 7)

7. Ni akarorero akahe Daniyeli yadusigiye ku bijanye no kwiga ubuhanuzi? (Daniyeli 12:10) (Raba n’ishusho.)

7 Daniyeli yaratanze akarorero keza ku bijanye n’ukuntu dukwiye kwiga ubuhanuzi. Yiga ubuhanuzi afise intumbero nziza yo kumenya ukuri. Vyongeye, Daniyeli yaricisha bugufi, akamenya ko Yehova aha ugutahura abamuzi kandi bakabaho bisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. (Dan. 2:27, 28; soma Daniyeli 12:10.) Daniyeli yarerekanye ko yicisha bugufi mu gusaba imfashanyo Yehova. (Dan. 2:18) N’ikindi kandi, Daniyeli yiga mu buryo bunogangije. Yaragira ubushakashatsi mu Vyanditswe vyahumetswe yashobora kuronka. (Yer. 25:11, 12; Dan. 9:2) Wokwigana gute Daniyeli?

8. Kubera iki abantu bamwebamwe biga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ariko dukwiye gukora iki?

8 Niwige ubitumwe n’imvo nziza. Woba wiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya kubera wipfuza cane kumenya ukuri? Nimba ari ukwo biri, Yehova azogufasha. (Yoh. 4:23, 24; 14:16, 17) Hari ikindi kintu none cotuma umuntu yiga ubuhanuzi? Hari aboshobora kubwiga bizigiye kuronka ibimenyamenya vyemeza ko Bibiliya itahumetswe n’Imana. Ivyo babigira barondera imvo zotuma bishingira ingingo ngenderwako zigenga ikibi n’iciza bokwisunga mu buzima. Dukwiye nyabuna kubwiga tubitumwe n’imvo nziza. Vyongeye, hari kamere ihambaye dukeneye kugira dutahure Bibiliya.

9. Ni kamere iyihe dukeneye kugira dutahure ubuhanuzi bwo muri Bibiliya? Sigura.

9 Niwicishe bugufi. Yehova asezerana gufasha abicisha bugufi. (Yak. 4:6) Turakwiye rero kumusaba ngo adufashe gutahura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Dutegerezwa kandi kwemera ko dukeneye gufashwa n’umuhora ariko arakoresha kugira ngo turonke ibifungurwa vy’impwemu igihe kigeze. (Luka 12:42) Yehova ni Imana y’urutonde. Birumvikana rero ko akoresha umuhora umwe kugira adufashe gutahura ukuri kwo mw’Ijambo ryiwe.​—1 Kor. 14:33; Ef. 4:4-6.

10. Inkuru ya Esther ikwigisha iki?

10 Niwige mu buryo bunogangije. Raba ubuhanuzi bugushimisha maze bube ari bwo ubanza kugirira ubushakashatsi. Ivyo ni vyo mushiki wacu yitwa Esther yakoze. Yaripfuza cane gutahura ubuhanuzi bujanye n’ukuza kwa Mesiya. Avuga ati: «Igihe nari mfise imyaka 15, naratanguye gucukura ndondera ibimenyamenya vyerekana ko ubwo buhanuzi bwanditswe vy’ukuri imbere y’uko Yezu aza.» Ivyo yamenye ku vyerekeye ya mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu vyaramujijuye. Abandanya ati: «Imwe muri iyo mizingo yanditswe imbere y’uko Yezu aza. Rero ubuhanuzi buri muri iyo mizingo butegerezwa kuba bwavuye ku Mana.» Esther yiyemerera ati: «Vyasavye ko nsoma ngasubira kugira ndabitahure.» Mugabo arashima kuba yaragize ako kigoro. Amaze kwiga mu buryo bunogangije ubuhanuzi butari buke, yavuze ati: «Nariboneye neza ko Bibiliya ari ukuri.»

11. Guhera amazinda ko Bibiliya ari ukuri bidufasha gute?

11 Igihe tubonye ingene ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwarangutse, bituma twizigira cane Yehova n’ingene ariko aratuyobora. Vyongeye, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buradufasha kugumana icizigiro ku bijanye na kazoza naho twoba turiko duca mu ngorane zimeze gute. Reka twihweze muri make ubuhanuzi bubiri bwanditswe na Daniyeli buriko buraranguka muri iki gihe. Kubutahura birashobora kudufasha gufata ingingo nziza.

IBIRENGE VY’ICUMA KIVANZE N’IBUMBA BIKWEREKEYE GUTE?

12. Ibirenge vy’“icuma kivanze n’ibumba” bigereranya iki? (Daniyeli 2:41-43)

12 Soma Daniyeli 2:41-43. Mu ndoto Daniyeli yasobanuriye umwami Nebukadinezari, ibirenge vy’igishusho uwo mwami yabonye vyari bigizwe n’ “icuma kivanze n’ibumba.” Tugereranije ubwo buhanuzi n’ubundi buri mu gitabu ca Daniyeli no mu Vyahishuwe, duca tubona ko ivyo birenge bigereranya urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika, intwaro iganza isi muri iki gihe. Ku bijanye n’iyo ntwaro nganzasi, Daniyeli yavuze ati: «Igice kimwe buzokomera, ikindi gice na co bugoyagoye.» Kubera iki bwogoyagoye igice kimwe? Kubera ko abanyagihugu, abagereranywa n’ibumba, botumye iyo ntwaro itagira ubukomezi bumeze nk’ubw’icuma. b

13. Ubwo buhanuzi budufasha gutahura ibintu bihambaye ibihe?

13 Uburyo Daniyeli adondora igishusho co muri iyo ndoto, na canecane ibirenge vyaco, buratwigisha ibintu bihambaye. Ubwa mbere, intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika yarerekanye mu buryo bumwebumwe ko ikomeye. Nk’akarorero, yaragize uruhara runini mu gutsinda Intambara ya mbere y’isi yose n’iya kabiri. Mugabo inguvu z’iyo ntwaro nganzasi zaragabanutse kandi zizobandanya kugabanuka bivuye ku kudahuza kw’abatwarwa bayo. Ubwa kabiri, nta ntwaro nganzasi izosubirira iy’Abongereza n’Abanyamerika imbere y’uko Ubwami bw’Imana bukuraho intwaro zose z’abantu. Naho ayandi mahanga ashobora rimwe na rimwe kurwanya iyo ntwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika, ntazoshobora kuyisubirira. Tuvyemezwa n’uko «ibuye» rigereranya Ubwami bw’Imana ari ryo rizojanjagura ibirenge vy’ico gishusho bigereranya urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika.​—Dan. 2:34, 35, 44, 45.

14. Gutahura ubuhanuzi bwerekeye ibirenge vy’icuma kivanze n’ibumba bidufasha gute gufata ingingo nziza?

14 Woba wemera ko ubuhanuzi bwerekeye ibirenge vy’icuma kivanze n’ibumba ari ubw’ukuri? Nimba uvyemera, bizogira ico bikoze ku kuntu ubayeho. Ntuzokwiruka inyuma y’amaronko muri ino si igiye gukurwaho. (Luka 12:16-21; 1 Yoh. 2:15-17) Gutahura ubwo buhanuzi biragufasha kandi kubona akamaro k’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. (Mat. 6:33; 28:18-20) Inyuma yo kwiga ubwo buhanuzi, ubona gute wibajije uti: “Ingingo mfata zoba zerekana ko nemera ko Ubwami bw’Imana bugiye vuba gukuraho intwaro zose z’abantu?”

IVY’«UMWAMI WO MU BURARUKO» N’«UMWAMI WO MU BUMANUKO» BIKWEREKEYE GUTE?

15. «Umwami wo mu buraruko» n’«umwami wo mu bumanuko» ni bande muri iki gihe? (Daniyeli 11:40)

15 Soma Daniyeli 11:40. Muri Daniyeli ikigabane ca 11 haravuga abami babiri, canke intwaro zibiri, banyinyurana barondera kuganza isi. Tugereranije ubwo buhanuzi n’ubundi buri muri Bibiliya, duca tubona ko «umwami wo mu buraruko» ari Uburusiya n’ababushigikiye kandi ko «umwami wo mu bumanuko» ari intwaro nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika. c

Gutahura ko uruhamo rw’«umwami wo mu buraruko» n’«umwami wo mu bumanuko» rushitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, birashobora gukomeza ukwizera kwacu, bigatuma tudahagarika umutima (Raba ingingo ya 16-18)

16. Ni ibigeragezo ibihe biriko birashikira ababa mu karere k’«umwami wo mu buraruko»?

16 «Umwami wo mu buraruko» ariko arahama imbonankubone abasavyi b’Imana bo mu karere atwara. Ivyabona bamwebamwe barakubitwa bakongera bagatabwa mu mabohero bahowe ukwizera kwabo. Ivyo «umwami wo mu buraruko» akorera abavukanyi bacu ntibibatera ubwoba, ahubwo bikomeza ukwizera kwabo. Uti gute? Abavukanyi bacu barazi yuko uruhamo rugirwa ku basavyi b’Imana rushitsa ubuhanuzi bwavuzwe na Daniyeli. d (Dan. 11:41) Kumenya ivyo, biradufasha. Birashobora gukomeza icizigiro cacu, bikadufasha no kuguma turi intahemuka.

17. Ni ibiki bishikira abasavyi b’Imana bo mu karere k’«umwami wo mu bumanuko»?

17 Muri kahise, «umwami wo mu bumanuko» na we nyene yaragavye ibitero vy’imbonankubone ku basavyi ba Yehova. Nk’akarorero, mu kiringo c’Intambara ya mbere y’isi yose n’iya kabiri, abavukanyi benshi barapfunzwe bahorwa kuba ata ho bahengamiye mu vya politike. Hari n’abana b’Ivyabona birukanywe kw’ishure kubera iyo mvo nyene. Ariko mu myaka ya vuba, abasavyi ba Yehova baba mu karere k’uwo mwami barahura n’ibigeragezo vyihishije vyotuma bahemukira Ubwami bw’Imana. Nk’akarorero, mu gihe c’amatora, umukirisu yoshobora kwumva yoshigikira umugambwe kanaka canke umuntu kanaka yitoza. Ashobora kudatora, mugabo akagira aho ahengamiye mu bwenge no mu mutima. Ese ukuntu bihambaye ko tuguma ata ho duhengamiye mu vya politike, haba mu vyo dukora, mu vyo twiyumvira canke mu kuntu twiyumva.​—Yoh. 15:18, 19; 18:36.

18. Tubona gute imishamirano iri hagati y’ «umwami wo mu buraruko» n’uwo mu bumanuko? (Raba n’ishusho.)

18 Abatizera ubuhanuzi bwo muri Bibiliya barashobora guhagarika umutima cane igihe babonye «umwami wo mu bumanuko» “asunikana” n’«umwami wo mu buraruko.» (Dan. 11:40) Abo bami bompi barafise ibirwanisho ruhonyanganda bikwiye vyohonya igifise ubuzima cose kw’isi. Ariko turazi ko Yehova atazokwemera ko ivyo bishika. (Yes. 45:18) Rero urwanko ruri hagati y’«umwami wo mu buraruko» n’«umwami wo mu bumanuko» ntiruduhagarika umutima, ahubwo rukomeza ukwizera kwacu. Rurerekana ko iherezo ry’iyi si ryimirije.

NUBANDANYE KWITAHO UBUHANUZI

19. Ni igiki twemera ku bijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

19 Ntituzi ukuntu ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya buzoranguka. N’umuhanuzi Daniyeli ntiyari azi insobanuro y’ibintu vyose yanditse. (Dan. 12:8, 9) Ariko kuba tudatahura neza ukuntu ubuhanuzi kanaka buzoranguka ntibisigura ko butazoranguka. Twoshobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoduhishurira ivyo dukeneye kumenya mu gihe kibereye, nk’uko yabigize muri kahise.​—Am. 3:7.

20. Ni ubuhanuzi bushimishije ubuhe bwo muri Bibiliya tugiye kuzobona buranguka, kandi dukwiye kubandanya dukora iki?

20 Hazoba itangazo ry’«amahoro n’umutekano.» (1 Tes. 5:3) Intwaro z’iyi si zizoca zihindukirira idini ry’ikinyoma, zirikureho. (Ivyah. 17:16, 17) Zizoca zitera abasavyi b’Imana. (Ezk. 38:18, 19) Ivyo bizodushikana kuri ya ntambara ya nyuma ya Harumagedoni. (Ivyah. 16:14, 16) Turashobora kwemera tudakeka ko ivyo bintu bigiye kuba vuba. Mu kurindira ko biba, nimuze tubandanye kwerekana ko dukengurukira Data wa twese wo mw’ijuru atwikundira, mu kwitaho ubuhanuzi bwo muri Bibiliya no mu gufasha abandi kubigira.

URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana

a Naho ivyo mw’isi vyomera nabi gute, turashobora kwizigira ko kazoza ari keza. Kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bituma tugira ico cizigiro. Iki kiganiro kiraza kutwereka imvo zitomoye zikwiye gutuma twiga ivyo Bibiliya ivuga ko bizoba. Turaza kandi gusuzuma muri make ubuhanuzi bubiri bwanditse muri Daniyeli, tubone n’ukuntu kubutahura bishobora kutugirira akamaro ku giti cacu.

b Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova arahishura “ibitegerezwa kuba vuba”» mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2012, ingingo ya 7-9.

c Raba ikiganiro kivuga ngo «“Umwami wo mu buraruko” ni nde muri iki gihe?» mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2020, ingingo ya 3-4.

d Raba ikiganiro kivuga ngo «“Umwami wo buraruko” ni nde muri iki gihe?» mu Munara w’Inderetsi wo muri Rusama 2020, ingingo ya 7-9.