Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 35

Nubandanye kwihangana

Nubandanye kwihangana

«Nimwambare . . . ukwihangana.»​—KOL. 3:12.

URURIRIMBO RWA 114 “Tugaragaze ukwihangana”

INCAMAKE a

1. Kubera iki ukunda abantu bihangana?

 TWESE turakunda abantu bihangana. Kubera iki? Turashima abantu bashobora kurindira ikintu batekanye. Turabishima iyo dukoze amakosa bakatwihanganira. Kandi turakenguruka kuba uwatwigishije Bibiliya yaratwihanganira igihe vyaba bitugoye kwiga, kwemera no gushira mu ngiro inyigisho kanaka yo muri Bibiliya. N’ikiruta vyose, turakenguruka cane kubona Yehova Imana atwihanganira.​—Rom. 2:4.

2. Ni mu bihe ibihe kwihangana bishobora kutubera urugamba?

2 Naho dushima abantu bihangana, birashobora kutama bitworohera kuba abantu bihangana. Nk’akarorero vyoshobora kutugora kuguma dutekanye igihe tuba turi mu muduga twacerewe, ariko imiduga ikaba ari myinshi mw’ibarabara. Turashobora gushavura cane igihe abandi batubabaje. Kandi rimwe na rimwe, vyoshobora kutugora kuguma turindiriye isi nshasha Yehova yadusezeraniye. Woba woshima kurushiriza kwihangana? Muri iki kiganiro turaza kubona ico bisobanura kwihangana, n’igituma bihambaye cane. Turaza kandi gusuzuma ivyodufasha kurushiriza kuba abantu bihangana.

KWIHANGANA BISOBANURA IKI?

3. Umuntu yihangana avyifatamwo gute iyo asomborokejwe?

3 Raba uburyo bune dushobora kwerekana ko twihangana. Ubwa mbere, umuntu yihangana arateba gushavura. Aragerageza kuguma atekanye kandi akirinda kwihora igihe bamusomborokeje canke igihe yashushe umutwe. Iyo mvugo «guteba gushavura» iboneka irya mbere muri Bibiliya igihe Yehova adondorwa ko ari «Imana y’imbabazi n’impuhwe, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri.»​—Kuv. 34:6.

4. Umuntu yihangana avyifatamwo gute igihe bibaye ngombwa ko arindira?

4 Ubwa kabiri, umuntu yihangana ararindira atekanye. Iyo abonye ko ikintu arindiriye gitevye, aririnda guhungabana canke gushavura. (Mat. 18:26, 27) Hari ibintu vyinshi bisaba ko turindira dutekanye. Nk’akarorero, turakeneye gutega yompi twihanganye igihe umuntu aba ariko aravuga, ntitumuciremwo. (Yobu 36:2) Turashobora kandi gukenera kwihangana igihe dufasha uwo twigisha Bibiliya gutahura inyigisho kanaka yo muri Bibiliya canke guheba ingeso kanaka.

5. Ni mu bundi buryo ubuhe umuntu yerekana ko yihangana?

5 Ubwa gatatu, umuntu yihangana ntiyihutagiza. Ni ivy’ukuri ko hariho ibintu bisaba ko umuntu agira ico akoze mu maguru masha. Ariko igihe umuntu yihangana afise igikorwa gihambaye agomba kurangura, ntiyihutira kugitangura canke kugiheza. Ahubwo arafata umwanya uhagije wo gutunganya ingene aza kugikora, maze akagiha umwanya ukwiye.

6. Umuntu yihangana avyifatamwo gute iyo ahuye n’ibigeragezo canke ingorane?

6 Ubwa kane, umuntu yihangana arihatira kwihanganira ibigeragezo ata kwidoga. Si bibi kuyagira umugenzi somambike, ukamubwira ingorane urimwo. Ariko umuntu yihangana aragira uko ashoboye akabandanya kwigumya, akaguma abona ibintu mu buryo bwiza. (Kol. 1:11) Twebwe abakirisu turakeneye kuba abantu bihangana muri ubwo buryo bwose. Uti kuki? Reka turabe imvo nkeyi.

KUBERA IKI KWIHANGANA BIHAMBAYE CANE?

Nka kurya umurimyi arindira yihanganye yizigiye kuzokwimbura hageze, turarindira twihanganye, twizigiye ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye vyose igihe ciwe nicagera (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze Yakobo 5:7, 8 kubera iki kwihangana bihambaye cane? (Raba n’ishusho.)

7 Turakeneye kwihangana kugira tuzoronke ubuzima budahera. Cokimwe n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera, turakeneye kurindira twihanganye ko Imana ishitsa ivyo yasezeranye. (Heb. 6:11, 12) Bibiliya itugereranya n’umurimyi. (Soma Yakobo 5:7, 8.) Umurimyi arakora cane mu kurima no mu kuvomera umurima wiwe, mugabo ntaba azi neza igihe ivyo yateye bizokurira. Aca aguma arindiriye yihanganye, yizigiye kuzokwimbura. Na twebwe tuguma dukorera Imana n’umwete naho «[t]utazi umusi Umukama wa[cu] azozirako.» (Mat. 24:42) Turarindira twihanganye, twizigiye ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye vyose, igihe ciwe nicagera. Hamwe tutokwihangana, twoshobora kurambirwa tugatangura guheba ukuri buhorobuhoro. Twoshobora no gutangura kwiruka inyuma y’ibintu twibaza ko vyoduha umunezero ningoga. Ariko twihanganye, turashobora kwumirako gushika kw’iherezo maze tugakira.​—Mika 7:7; Mat. 24:13.

8. Kwihangana bidufasha gute mu migenderanire tugiranira n’abandi? (Abakolosayi 3:12, 13)

8 Kwihangana biradufasha mu migenderanire tugiranira n’abandi. Biradufasha gutega yompi igihe abandi bariko baravuga. (Yak. 1:19) Vyongeye, kwihangana biraremesha amahoro. Biratuma tudahuruduka ngo tuvuge ikintu kibabaza igihe twashushe umutwe. Igihe twihangana, turateba gushavura iyo hagize uwutubabaza. Aho kwihora, «[t]ubandany[a] kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.»​—Soma Abakolosayi 3:12, 13.

9. Kwihangana bidufasha gute igihe dukeneye gufata ingingo? (Imigani 21:5)

9 Ukwihangana kurashobora kandi kudufasha gufata ingingo nziza. Aho gukora ibintu gihutihuti, turafata umwanya wo kugira ubushakashatsi no gusuzuma neza amahitamwo dufise. (Soma Imigani 21:5.) Nk’akarorero, nimba turiko turarondera akazi, twoshobora kwumva umengo twokwemera aka mbere turonse naho koba kazotuma bitugora gukorera Yehova. Ariko igihe twihangana, turafata umwanya tukazirikana ibintu bitandukanye, nk’akarorero aho tuzogakorera, amasaha tuzogakora n’ingaruka gashobora kugira ku rugo rwacu no ku bucuti dufitaniye n’Imana. Kwihangana vyoturinda gufata ingingo mbi.

UKUNTU TWORUSHIRIZA KWIHANGANA

10. Umukirisu yokora iki ngo abe umuntu yihangana?

10 Nusenge usaba kwihangana cane. Ukwihangana ni kimwe mu vyo impwemu yama. (Gal. 5:22, 23) Turashobora rero gusaba Yehova impwemu nyeranda, tukamusaba ngo adufashe gutsimbataza ivyo iyo mpwemu yama. Iyo turi mu bintu bisaba ko twihangana, “tuguma dusaba” impwemu nyeranda kugira idufashe kwihangana. (Luka 11:9, 13) Turashobora no gusaba Yehova ngo adufashe kubona ibintu nk’uko abibona. Tumaze gusenga, dukwiye gukora uko dushoboye kwose tukihangana buri musi. Uko tuzorushiriza gusenga dusaba ukwihangana kandi tukihatira kuba abantu bihangana, ni ko iyo kamere izoshinga imizi mu mitima yacu, tugasigara turi abantu bihangana.

11-12. Yehova yerekana gute ukwihangana?

11 Nuzirikane uburorero bwo muri Bibiliya. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu bihanganye. Tuzirikanye ubwo burorero, twoshobora kumenya uburyo twokwerekana ko twihangana. Imbere y’uko twihweza bumwebumwe muri ubwo burorero, reka turabe akarorero ruheta k’ukwihangana Yehova yatanze.

12 Mw’itongo ry’i Edeni, Shetani yarambitse ibara izina rya Yehova, agerageza kwerekana ko Yehova ari Umutware arenganya kandi atagira urukundo. Aho guca akuraho ubwo nyene uwo mubeshi, Yehova yaragaragaje ukwihangana n’ukwigumya, kuko yari azi ko vyosavye igihe kugira yerekane ko uburyo ategeka ari bwo bwiza gusumba ubundi bwose. Muri ico kiringo amaze arindiriye, izina ryiwe ryagumye ricafuzwa mugabo aravyihanganira. Vyongeye, Yehova aracarindiriye yihanganye kugira ngo abantu benshi baronke akaryo ko kuzoronka ubuzima budahera. (2 Pet. 3:9, 15) Ivyo vyatumye abantu amamiliyoni bamumenya. Tugumye turaba ivyiza biva ku kwihangana kwa Yehova, birarushiriza kutworohera kurindira ko igihe yashinze co gukuraho iyi si kigera.

Ukwihangana kuratuma duteba gushavura igihe dusomborokejwe (Raba ingingo ya 13)

13. Yezu yiganye gute ukwihangana kwa Se mu buryo butagira agahaze? (Raba n’ishusho.)

13 Yezu arigana ukwihangana kwa Se mu buryo butagira agahaze, kandi yarerekanye ko yihangana igihe yari ng’aha kw’isi. Bitegerezwa kuba bitama bimworohera kwihangana, na canecane ari kumwe n’Abafarizayo be n’abanditsi b’abiyorobetsi. (Yoh. 8:25-27) Ariko cokimwe na Se, Yezu yarateba gushavura. Ntiyihora igihe baba bamusomborokeje canke bamututse. (1 Pet. 2:23) Yezu yarihanganiye ibigeragezo ata kwidoga. Ntibitangaje kubona Bibiliya itubwira ngo «[t]uzirikane . . . [t]witonze ibijanye n’umwe yihanganira ibihari vyinshi abacumuzi bamuhaririza.» (Heb. 12:2, 3) Na twebwe Yehova arashobora kudufasha kwihanganira ibigeragezo vyose vyodushikira.

Nitwigana ukwihangana kwa Aburahamu, turashobora guhera amazinda ko Yehova azoduhezagira ubu, akarushiriza no kuduhezagira mw’isi nshasha yadusezeraniye (Raba ingingo ya 14)

14. Ukwihangana kwa Aburahamu kutwigisha iki? (Abaheburayo 6:15) (Raba n’ishusho.)

14 Bite ho mu gihe ivyo twiteze ku vyerekeye iherezo vyoba bitararanguka? Dushobora kuba tumaze igihe kirekire turindiriye iherezo. Twoshobora kwiyumvira ko rizoza tutakiriho. Ni igiki none codufasha kurindira twihanganye? Raba akarorero ka Aburahamu. Igihe Aburahamu yari afise imyaka 75 ata kana afise, Yehova yamusezeraniye ati: «Nzokugira ihanga rikomeye.» (Ita. 12:1-4) Aburahamu yoba yarabonye uwo muhango uranguka? Si vyose yabonye. Aburahamu amaze kujabuka uruzi Efurate akarindira imyaka 25, yarabonye ivuka ry’umwana wiwe Izahaki ryabaye nk’igitangaro. Haciye iyindi myaka 60, yarabonye ivuka ry’abuzukuru biwe Esawu na Yakobo. (Soma Abaheburayo 6:15.) Mugabo Aburahamu ntiyigeze abona uruvyaro rwiwe ruba ihanga rikomeye canke rutorana igihugu c’isezerano. Ariko uwo mugabo w’umwizigirwa yaragiranye ubucuti somambike n’Umuremyi wiwe. (Yak. 2:23) Aburahamu niyazuka, ese ukuntu azohimbarwa no kumenya ko ukwizera kwiwe n’ukwihangana kwiwe vyatumye amahanga yose aronka imihezagiro! (Ita. 22:18) Icigwa ni ikihe? Na twebwe twoshobora kutabona ubu nyene iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye vyose. Ariko nitwihangana nka Aburahamu, turashobora guhera amazinda ko Yehova azoduhezagira ubu, akarushiriza no kuduhezagira mw’isi nshasha yadusezeraniye.​—Mrk. 10:29, 30.

15. Ni ibiki dushobora gusuzuma igihe twiyigisha?

15 Bibiliya irimwo n’ubundi burorero bwinshi bw’abantu bihanganye. (Yak. 5:10) Ubona gute usuzumye ubwo burorero igihe wiyigisha? b Nk’akarorero, naho Dawidi yarobanuwe akiri muto ngo azobe umwami wa Isirayeli, vyasavye ko amara imyaka myinshi arindiriye imbere y’uko yimikwa. Simeyoni na Ana basenga Yehova badahemuka barindiriye Mesiya yari yarasezeranywe. (Luka 2:25, 36-38) Uko wiga izo nkuru, nurondere inyishu z’ibi bibazo: Ni ibiki bishobora kuba vyarafashije uyu muntu kwihangana? Kwihangana vyamumariye iki? Nomwigana gute? Kwiga ivyerekeye abatihanganye vyoshobora na vyo nyene kukugirira akamaro. (1 Sam. 13:8-14) Woshobora kwibaza uti: “Ni ibiki bishobora kuba vyaratumye batihangana? Vyagize ingaruka izihe?”

16. Vuga ivyiza bimwebimwe biva ku kwihangana.

16 Nurabe ivyiza biva ku kwihangana. Iyo twihanganye, turarushiriza guhimbarwa no kwumva dutekanye. Ukwihangana rero kurashobora gutuma turushiriza kumererwa neza mu bwenge no ku mubiri. Kwihangana biratuma imigenderanire tugiranira n’abandi iba myiza kuruta. Ishengero ryacu rirarushiriza kwunga ubumwe. Igihe hagize uwudusomborotsa, kuba duteba gushavura birashobora gutuma ibintu bitunyuka. (Zab. 37:8, akajambo k’epfo; Imig. 14:29) N’ikiruta vyose, igihe twihanganye tuba twiganye Data wa twese wo mw’ijuru, bigatuma turushiriza kwunga ubucuti na we.

17. Twiyemeje gukora iki?

17 Emwe, kwihangana ni kamere nziza kandi y’ingirakamaro! Naho bitama vyoroshe kwihangana, Yehova arashobora kudufasha kubandanya gutsimbataza iyo kamere. Uko turindira twihanganye isi nshasha, twohera amazinda ko «ijisho rya Yehova riri ku bamutinya, barya barindiriye urukundo rwiwe.» (Zab. 33:18) Nimuze twese twiyemeze kuguma twambaye ukwihangana.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

a Muri iyi si ya Shetani, abantu benshi ntibihangana. Ariko Bibiliya itubwira ngo twambare ukwihangana. Iki kiganiro kiratwereka igituma iyo kamere ihambaye cane n’ingene tworushiriza kuba abantu bihangana.

b Inkuru zo muri Bibiliya zijanye n’ukwihangana, urashobora kuzisanga mu Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova. Rondera ahavuga ngo «Inyiyumvo, kamere, n’inyifato», uce uraba agatwe kavuga ngo «Ukwihangana