Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1923: Imyaka 100 irarangiye

1923: Imyaka 100 irarangiye

UMUNARA W’INDERETSI wo ku wa 1 Nzero 1923 wavuze uti: «Twiteze ko umwaka wa 1923 uzobamwo ibintu biremesha cane. Turi n’agateka rero ko kumenyesha . . . abantu bahahazwa ko imbere ari heza.» Uwo mwaka wobaye uwuremesha cane ku Batahoji ba Bibiliya kubera ko amahinduka bagize mu bijanye n’amakoraniro, amahwaniro n’igikorwa co kwamamaza, yotumye barushiriza kwunga ubumwe.

AMAKORANIRO YARATUMYE BARUSHIRIZA KWUNGA UBUMWE

Ikirangamisi kiriko ivyanditswe n’inomero z’indirimbo

Muri uwo mwaka, ishirahamwe ryaragize ivyo rihinduye vyatumye Abatohoji ba Bibiliya barushiriza kwunga ubumwe mu gusenga Yehova. Umunara w’Inderetsi waratanguye gusohora ivyiyumviro vyasobanura icanditswe barimbura mw’ikoraniro bagira buri ndwi ryo gusenga Yehova, kumushemeza no gushinga intahe. Vyongeye, Abatohoji ba Bibiliya barasohoye ikirangamisi cariko icanditswe n’ururirimbo umuntu yakoresha buri ndwi igihe yaba ariko ariyigisha canke mu gihe co gusenga kwo mu muryango.

Mu gihe c’amakoraniro, Abatohoji ba Bibiliya barashinga intahe y’ivyo baba biboneye mu ndimiro, bakavuga ivyo bashimira Yehova, bakaririmba, canke mbere bakanasenga. Mushiki wacu Eva Barney, uwabatijwe mu 1923 afise imyaka 15, yavuze ati: «Ushaka gushinga intahe, warahaguruka maze nk’akarorero ukavuga uti: “Ndipfuza gushimira Umukama ku vyiza vyose yangiriye.”» Abavukanyi bamwebamwe bararyoherwa no gushinga intahe. Uwo mushiki wacu Barney abandanya ati: «Umuvukanyi yitereye mu myaka twikundira yitwa Godwin yari afise ibintu vyinshi cane akengurukira Umukama. Mugabo igihe umugore wiwe yaba abonye ko umuvukanyi ahagarikiye ikoraniro yarambiwe, yaca amukwega ikoti, na we agaca yicara.»

Rimwe mu kwezi, buri shengero ryaragira ikoraniro ridasanzwe ryo gusenga Yehova, kumushemeza, no gushinga intahe. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 1923 waravuze ibijanye n’iryo koraniro uti: «Igice c’iryo koraniro kigenewe gushinga intahe y’ivyabonywe mu ndimiro no kuremesha abamamaji. . . . Turizigiye ko ayo makoraniro azotuma abavukanyi barushiriza kwiyegerezanya.»

Umwamamaji yitwa Charles Martin yari afise imyaka 19 wo muri Vancouver muri Kanada yarafashijwe cane n’ayo makoraniro. Mu nyuma yavuze ati: «Muri yo ni ho nigiye kwamamaza inzu ku nzu. Akenshi, umuntu yaratwiganira ivyo yiboneye ariko aramamaza inzu ku nzu. Ivyo vyaratuma menya ivyo novuga be n’ingene nokwishura uwumparirije.»

KWAMAMAZA VYARATUMYE BARUSHIRIZA KWUNGA UBUMWE

Agatabu k’ikoraniro kitwa Bulletin ko ku wa 1 Rusama 1923

«Imisi yo kwamamaza» na yo nyene yaratumye abavukanyi barushiriza kwunga ubumwe. Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 1923 wavuze uti: «Kugira ngo dukore dusenyera ku mugozi umwe . . . , ku wa kabiri itariki 1 Rusama 1923, ni umusi ugenewe guhurira hamwe kugira tuje mu ndimiro. Inyuma y’aho, buri musi wa kabiri w’indwi ya mbere ya buri kwezi . . . umwamamaji wese wo mw’ishengero arakwiye kuza aragira uruhara muri ico gikorwa.»

N’Abatohoji ba Bibiliya bakiri bato baragira uruhara muri ico gikorwa. Uwitwa Hazel Burford, ico gihe akaba yari afise imyaka 16 gusa, yavuze ati: «Agatabu k’ikoraniro k’ico gihe kitwa Bulletin, karimwo ivyiyumviro twafata ku mutwe vyadufasha gutanguza ibiyago. a Narifatanya na sogokuru muri ivyo bikorwa vyose ndabigiranye umwete.» Ariko rero, uwo mushiki wacu Burford yararwanijwe n’uwutari akwiye kumurwanya. Yavuze ati: «Hari umuvukanyi umwe yitereye mu myaka yanka yivuye inyuma ko noyagisha abantu. Ico gihe, hari abatatahura ko Abatohoji ba Bibiliya bose, ushizemwo “imisore n’inkumi,” bari bakwiye kugira uruhara mu bikorwa vyo gushemeza Umuremyi wacu Ahambaye.» (Zab. 148:​12, 13) Naho ari ukwo, mushiki wacu Burford yagumye yamamaza. Yahavuye yitaba Ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira kabiri, aca arungikwa kuba umumisiyonari muri Panama. Haciye igihe, abo bavukanyi barahinduye ivyiyumviro, barabona ko n’abakiri bato bakwiye kugira uruhara mu ndimiro.

IBIKORANE VYARATUMYE BARUSHIRIZA KWUNGA UBUMWE

Amahwaniro na yo nyene yaratumye abavukanyi bunga ubumwe. Mu mahwaniro menshi wasanga hategekanijwe imisi yo kwamamaza. Akarorero ni ak’iryabereye i Winnipeg muri Kanada. Ku wa 31 Ntwarante, wari umusi w’«Isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza i Winnipeg», aho abari bitavye iryo hwaniro bose batewe akamo ko kugira uruhara muri ico gikorwa. Imisi yo kwamamaza nk’iyo yaratumye haba iterambere. Ku wa 5 Myandagaro, abantu nka 7.000 baritavye irindi hwaniro ryabereye i Winnipeg. Ico gihe, ni ryo ryabaye ihwaniro rya mbere ryitabwe n’abantu benshi muri Kanada.

Ihwaniro ry’intibagirwa mu yo abasavyi ba Yehova bagize mu 1923 ni iryabaye ku wa 18-26 Myandagaro i Los Angeles muri Kaliforniya. Mu ndwi nka zingahe z’imbere y’iryo hwaniro, ibinyamakuru vyaratangaje ivy’iryo hwaniro, Abatohoji ba Bibiliya na bo baratanga udupapuro tw’ubutumire turenga 500.000. Ivyapa bimenyekanisha iryo hwaniro warabisanga no ku miduga yunguruza abantu, tutibagiye no ku miduga y’abantu ku giti cabo.

Ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagize mu 1923 i Los Angeles

Ku wa gatandatu itariki 25 Myandagaro, umuvukanyi Rutherford yaratanze insiguro ivuga ngo «Intama n’impene», aho yasiguye neza ko «intama» ari abantu bafise agatima kabereye bazoba mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Yarasomye n’umwiyemezo wavuga ngo «Imburi.» Uwo mwiyemezo wariyamiriza amadini y’abiyita abakirisu, ugaca uhimiriza abantu b’imitima nziraburyarya kwitandukanya na «Babiloni Akomeye.» (Ivyah. 18:​2, 4) Mu nyuma, Abatohoji ba Bibiliya b’abanyamwete bo kw’isi yose bahavuye batanga udupapuro amamiliyoni twariko uwo mwiyemezo.

«Ayo makoraniro azotuma abavukanyi barushiriza kwiyegerezanya»

Ku musi wa nyuma w’iryo hwaniro, abantu barenga 30.000 bari baryitavye barumvirije insiguro ya bose yashikirijwe n’umuvukanyi Rutherford yavuga ngo «Amahanga yose ariko yerekeza kuri Harumagedoni, ariko abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.» Kubera ko Abatohoji ba Bibiliya bari biteze abantu benshi, baciye bakota stade y’i Los Angeles yari iherutse kwubakwa. Kugira abantu bose bashobore kwumva, abavukanyi baciye bakoresha ivyuma biduza amajwi vyo kuri iyo stade, ubwo buhinga bukaba ari ho bwari bugitangura gukoreshwa. Abandi benshi barakurikiranye iryo hwaniro kw’iradiyo.

ITERAMBERE RYABAYE KW’ISI YOSE

Mu 1923, igikorwa co kwamamaza carateye imbere cane muri Afrika, i Buraya, mu Buhindi, no muri Amerika y’Epfo. Mu Buhindi, umuvukanyi Adavimannathu Joseph yarafashije gusohora ibitabu mu rurimi rw’igihindi, igitamili, igitelugu, n’iki urdu, naho yari afise umugore n’abana batandatu yitwararika.

William Brown n’umuryango wiwe

Muri Sierra Leone, Umutohoji wa Bibiliya yitwa Alfred Joseph be na Leonard Blackman barandikiye ikete icicaro gikuru c’i Brooklyn, i New York, basaba ko bobarungikira abamamaji. Ku wa 14 Ndamukiza 1923, bararonkejwe inyishu. Umuvukanyi Alfred yavuze ati: «Umusi umwe ku wa gatandatu ijoro ryitereye, nagiye numva telefone ihamagaye.» Yaciye yumva umuntu amubaza n’ijwi rinini ati: «Ni wewe wandikiye ishirahamwe Watch Tower urisaba abamamaji?» Alfred na we ati: «Ego, ni jewe.» Uwundi na we ati: «Ni je barungitse.» Ryari ijwi rya William Brown, akaba ari ho yari agishika n’umugore wiwe Antonia n’udukobwa twabo tubiri Louise na Lucy, bavuye mu mazinga ya Karayibe. Abavukanyi ntibatevye kubonana na bo.

Alfred abandanya ati: «Bukeye, igihe twe na Leonard twariko turigira hamwe Bibiliya nk’uko twari dusanzwe tubigira buri ndwi, twagiye tubona umugabo w’ikigatanya ahagaze mu muryango. Yari umuvukanyi Brown. Yari afitiye umwete ukuri, ku buryo yipfuza yuko umusi ukurikira yoca ashikiriza insiguro ya bose.» Mu kiringo kidashika ukwezi, umuvukanyi Brown yari ahejeje gutanga ibitabu vyose yari yaje azanye. N’ibindi bitabu birenga 5.000 yaronkejwe mu nyuma ntiyabimaranye na kabiri, ahubwo yagumye akenera n’ibindi. Naho ari ukwo, umuvukanyi Brown ntiyamenyekaniye ku kugurisha ibitabu. Ahubwo abantu bahavuye bamwita ngo Brown Bibiliya, kubera ko mu kiringo kinini yamaze akorera Yehova abigiranye umwete, yama akoresha Ivyanditswe mu nsiguro yashikiriza.

Beteli y’i Magdeburg mu myaka ya 1920

Muri ico gihe nyene, ibiro vy’ishami vy’i Barmen mu Budagi vyari bisigaye vyaga, kandi hariho amakuru yavuga ko ico gisagara cari cimirije guterwa n’Ubufaransa. Abatohoji ba Bibiliya bararonse inyubakwa nini i Magdeburg bashobora gucapuriramwo ibitabu. Ku wa 19 Ruheshi, abavukanyi bari bahejeje gupakira imashini zo gucapura be n’ibindi bikoresho, baca bimukira muri iyo Beteli nshasha i Magdeburg. Ku musi bamenyesha icicaro gikuru ko barangije kwimuka, bukeye ibimenyeshamakuru vyaciye bitangaza yuko Ubufaransa bwari bwigaruriye ca gisagara ca Barmen. Abavukanyi baciye babona ko ukwo kwimuka cari ikimenyamenya c’uko Yehova yashatse kubakingira be n’uko yariko arabahezagira.

George Young na Sarah Ferguson (iburyo) na mwenewabo

Muri Brezile, umuvukanyi yitwa George Young, uwari yaragize ingendo nyinshi zo kwamamaza, yarashinze ibiro vy’ishami bishasha, aca atangura gucapura Umunara w’Inderetsi mu giportigale. Mu mezi makeyi gusa, yari amaze gutanga udutabu n’ibinyamakuru birenga 7.000. Umuzo wa George Young muri Brezile, wararonkeje kandi akaryo kadasanzwe uwitwa Sarah Ferguson. Yari yatanguye gusoma Umunara w’Inderetsi kuva mu 1899, ariko akaba atari bwaronke akaryo ko kubatizwa ngo yerekane icese ko yiyeguriye Yehova. Haciye amezi makeyi, mushiki wacu Ferguson n’abana biwe bane bahavuye babatizwa.

“TWIYEMEZE GUKORANA UMWETE N’UMUNEZERO”

Mu mpera z’uwo mwaka, Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 1923 waravuze ingene izo ntunganyo zagize ico zikoze ku Batohoji ba Bibiliya. Wavuze uti: «Biragaragara ko amashengero . . . akomeye mu kwizera . . . Nimuze rero twiyemeze gukora vyinshi mu mwaka uza, tubigiranye umwete n’umunezero.»

Umwaka wakurikiye na wo nyene wabaye intibagirwa ku Batohoji ba Bibiliya. Abavukanyi bo kuri Beteli baramaze amezi baja kwubaka kw’itongo ry’i Staten Island, hafi y’icicaro gikuru c’i Brooklyn. Izo nyubakwa zarangiye mu ntango y’umwaka wa 1924, kandi zaragize uruhara mu gutuma turushiriza kwunga ubumwe no mu gukwiragiza inkuru nziza ku rugero rutari bwigere ruboneka.

Abariko barubaka i Staten Island

a Ubu kitwa Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.