Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 43

“Yehova azogukomeza”

“Yehova azogukomeza”

“Yehova azotuma mushikama, abakomeze, atume mushinga imizi.”—1 PET. 5:10.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

INCAMAKE a

1. Imana yakomeje gute abasavyi bayo b’abizigirwa ba kera?

 AKENSHI Ijambo ry’Imana rivuga ko abantu b’intahemuka ari abanyabubasha. Ariko rero ntibamye bumva ko ari abanyenkomezi. Nk’akarorero, mu bihe bimwebimwe umwami Dawidi yarumva “akomeye nk’umusozi”, ariko mu bindi bihe “agahagarika umutima.” (Zab. 30:7) Naho Samusoni yari afise inkomezi zidasanzwe ahabwa n’impwemu y’Imana, yari azi ko adafise inguvu ziva ku Mana “yoca agira inguvu nk’iz’abandi bose.” (Abac. 14:​5, 6; 16:17) Abo bagabo b’abizigirwa bari bakomeye kubera Yehova ari we yabaha ububasha.

2. Ni kubera iki intumwa Pawulo yavuze ko yagoyagoya akongera akagira ububasha? (2 Abakorinto 12:​9, 10)

2 Intumwa Pawulo yariyemereye ko na we nyene yari akeneye inkomezi ziva kuri Yehova. (Soma 2 Abakorinto 12:​9, 10.) Cokimwe n’abatari bake muri twebwe, Pawulo yari afise ingorane z’amagara. (Gal. 4:​13, 14) Rimwe na rimwe, na we nyene vyaramubera urugamba gukora iciza. (Rom. 7:​18, 19) Vyongeye, vyarashika akagira amaganya kandi agahagarika umutima ku vyoshobora kumushikira. (2 Kor. 1:​8, 9) N’aho ari ukwo, igihe Pawulo yaba agoyagoya ni ho yagira ububasha. Uti gute? Yehova yaramuhaye inkomezi yari akeneye kugira yihanganire ingorane yari arimwo.

3. Ni ibibazo ibihe tuza kuronkera inyishu muri iki kiganiro?

3 Na twebwe Yehova adusezeranira ko azodukomeza. (1 Pet. 5:10) Ariko ntitwokwitega ko aturonsa inkomezi ata kigoro tugize. Tubitangire akarorero: imoteri y’umuduga irashobora gutuma imodoka igenda. Ariko rero, bisaba ko umushoferi ayihagurutsa akayigendesha. Muri ubwo buryo nyene, Yehova ariteguriye kuduha inkomezi dukeneye, ariko hariho intambwe dutegerezwa gutera kugira tuzironke. Ni ibiki Yehova yaturonkeje kugira adukomeze? Kandi dutegerezwa gukora iki kugira ngo turonke izo nkomezi? Turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo igihe tuza kuba turiko turaraba ingene Yehova yakomeje abantu batatu bavugwa muri Bibiliya, ari bo umuhanuzi Yona, Mariya nyina wa Yezu hamwe n’intumwa Pawulo. Turaza kubona kandi ingene muri iki gihe Yehova abandanya gukomeza abasavyi biwe muri ubwo buryo.

NUKURE INKOMEZI MU GUSENGA NO MU KWIYIGISHA

4. Tworonka gute inkomezi ziva kuri Yehova?

4 Uburyo bumwe butuma turonka inkomezi Yehova atanga, ni ukumwiyegereza mw’isengesho. Yehova arishura amasengesho yacu mu kuduha «ububasha burengeye ubusanzwe.» (2 Kor. 4:7) Turashobora kandi kuronka inkomezi igihe dusoma Ijambo ryiwe tukongera tukarizirikanako. (Zab. 86:11) Ubutumwa Yehova yatwandikishirije muri Bibiliya “burafise ububasha.” (Heb. 4:12) Igihe usenze Yehova kandi ugasoma Ijambo ryiwe, uraronka inkomezi ukeneye kugira wihangane, ugumane umunezero, canke urangure igikorwa kitoroshe. Zirikana ukuntu Yehova yakomeje umuhanuzi Yona.

5. Ni kubera iki umuhanuzi Yona yari akeneye inkomezi?

5 Umuhanuzi Yona yari akeneye inkomezi. Yari yahunze igikorwa kitoroshe Yehova yari yamushinze. Ivyo vyatumye ahakwa gutakaza ubuzima mu gihuhusi gikomeye yongera ashira mu kaga ubuzima bw’abo bari kumwe mu bwato. Igihe yakororerwa mu kiyaga, yasanze ari mu kibanza atari bwigere ajamwo, ni ukuvuga mu mwiza wo mu nda y’urufi amahero. Wibaza ko Yona yumvise amerewe gute? Yoba yiyumvira ko azopfirayo? Yoba yariyumviriye ko Yehova yoba yaramuhevye? Ategerezwa kuba yarahagaritse umutima cane.

Cokimwe na Yona, tworonka gute inkomezi igihe turi mu ngorane? (Raba ingingo ya 6-9)

6. Twisunze ibivugwa muri Yona 2:​1, 2, 7, ni igiki cakomeje Yona igihe yari mu nda y’urufi?

6 Yona yakoze iki kugira aronke inkomezi igihe yari wenyene mu nda y’urufi? Yarasenze Yehova. (Soma Yona 2:​1, 2, 7.) Naho Yona yari yagambarariye Yehova, yari yizigiye ko Yehova yokwumvirije isengesho ryiwe riranga ukwicisha bugufi n’ukwigaya. Vyongeye, Yona yarazirikanye ku Vyanditswe. Ivyo tuvyemezwa n’iki? Mw’isengesho ryiwe dusanga muri Yona ikigabane ca 2, arakoresha amajambo menshi asa n’ayo dusanga mu mazaburi. (Nk’akarorero, gereranya Yona 2:​2, 5 na Zaburi 69:1; 86:7.) Biragaragara ko Yona yari azi neza ivyo vyanditswe. Kuzirikana kuri ivyo vyanditswe muri ico gihe kitoroshe, vyaratumye Yona yizigira ko Yehova yomufashije. Mu nyuma, Yehova yaragarukanye Yona kw’isi yumutse, kandi yari yiteguriye kwemera igikorwa cose yoshinzwe no kukirangura.—Yona 2:10–3:4.

7-8. Umuvukanyi umwe wo muri Tayiwani yaronse inkomezi gute igihe yari mu ngorane?

7 Akarorero ka Yona karashobora kudufasha igihe turiko turaca mu ngorane zitandukanye. Nk’akarorero, umuvukanyi wo muri Tayiwani yitwa Zhiming b arafise ingorane ikomeye y’amagara. Vyongeye, ategerezwa kwihanganira uruhamo rukomeye rwo mu muryango kubera yizera Yehova. Arironsa inkomezi ziva kuri Yehova biciye ku gusenga no ku kwiyigisha. Avuga ati: «Rimwe na rimwe igihe ingorane zadutse, ndahagarika umutima ku buryo bingora gutekana neza kugira niyigishe.» Mugabo ntaca atana n’akabando. Avuga ati: «Ubwa mbere ndasenga Yehova. Ubukurikira, nca nambara ama ekutere nkumviriza indirimbo z’Ubwami. Birashika nkanaziririmba n’ijwi ritoyi gushika ntekanye. Hanyuma ngaca ntangura kwiyigisha.»

8 Kwiyigisha vyarafashije Zhiming mu buryo atari yiteze. Nk’akarorero, igihe yariko aratora mitende inyuma y’aho bamubagiye, umuganga yamubwiye ko akeneye guterwa amaraso kubera utugingo ngengabuzima dutukura twiwe twagabanutse. Zhiming yaciye yibuka inkuru ya mushiki wacu umwe yari yarabazwe muri ubwo buryo, akaba yari yayisomye buca aja kubagwa. Utugingo ngengabuzima dutukura tw’uwo mushiki wacu, twari hasi cane ugereranije n’utwa Zhiming. Ariko ntiyemeye guterwa amaraso kandi yarakize neza. Iyo nkuru yarakomeje cane Ziming maze aguma ari umwizigirwa.

9. Wokora iki igihe ingorane zitumye ugoyagoya? (Raba n’amashusho.)

9 Igihe uri mu ngorane, woba uhora uhagarika umutima cane ku buryo bikugora gusenga? Canke vyoba bihora bishika ukumva ata tuguvu ufise two kwiyigisha? Niwibuke ko Yehova atahura neza uko ivyawe vyifashe. Naho rero wotura isengesho risanzwe, nuhere amazinda ko azokuronsa ivyo ukeneye vy’ukuri. (Ef. 3:20) Igihe ingorane z’amagara canke ukudatekana mu mutima vyoba bitumye bikugora gusoma no kwiyigisha, woshobora kugerageza kwumviriza igisomwa ca Bibiliya canke ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya vyafashwe amajwi. Woshobora kandi gusanga bikugiriye akamaro kwumviriza rumwe mu ndirimbo zacu canke kuraba ividewo kuri jw.org. Yehova yipfuza kugukomeza kandi azobigira niwamusenga, ukongera ukaronderera inyishu y’amasengesho yawe muri Bibiliya no mu zindi ntunganyo zose akuronsa.

NUKURE INKOMEZI KU BO MUSANGIYE UKWIZERA

10. Abavukanyi na bashiki bacu badukomeza gute?

10 Yehova arashobora kudukomeza biciye ku bavukanyi na bashiki bacu. Barashobora “kuduhoza cane” igihe turi mu ngorane canke igihe biriko biratugora kurangura igikorwa kitoroshe. (Kol. 4:​10, 11) Turakenera abagenzi canecane «mu gihe c’ivyago.» (Imig. 17:17) Igihe twumva ata tuguvu dufise, abavukanyi na bashiki bacu barashobora kuturonsa ivyo dukeneye, bakaduhoza kandi bakaturemesha kuguma dukorera Yehova tudahemuka. Zirikana ingene abandi bakomeje Mariya nyina wa Yezu.

11. Ni kubera iki Mariya yari akeneye inkomezi?

11 Mariya yari akeneye inkomezi. Iyumvire ukuntu ashobora kuba yararengewe igihe umumarayika Gaburiyeli yamushinga ibanga riremereye. Ntiyari yubatse, mugabo yari agiye kwibungenga. Ntiyari bwigere arera umwana wiwe, mugabo yari agiye kurera umwana yobaye Mesiya. Vyongeye, ko atari bwigere arangura amabanga y’abubatse, ubwo vyomworoheye gusigurira umufiyanse wiwe Yozefu ko yibungenze?—Luka 1:​26-33.

12. Twisunze ibivugwa muri Luka 1:​39-45, Mariya yaronse gute inkomezi yari akeneye?

12 Mariya yaronse gute inkomezi yari akeneye kugira ashitse iryo banga ridasanzwe kandi ritoroshe? Yarituye abandi ngo bamufashe. Nk’akarorero, yarasavye Gaburiyeli ngo amuhe amakuru yiyongereye ku bijanye n’iryo banga. (Luka 1:34) Inyuma y’aho gato, yarafashe urugendo aja kuraba incuti yiwe Elizabeti «mu karere k’imisozi» ka Yuda. Urwo rugendo rwaravuyemwo ivyiza. Elizabeti yarakeje Mariya kandi Yehova yaramuhumekeye kuvuga ubuhanuzi buremesha ku bijanye n’umwana Mariya yari yibungenze. (Soma Luka 1:​39-45.) Mariya yavuze ko Yehova «yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko [kwiwe].» (Luka 1:​46-51) Yehova yarakomeje Mariya biciye kuri Gaburiyeli na Elizabeti.

13. Mushiki wacu umwe wo muri Boliviya yungukiye gute ku kwitura abo basangiye ukwemera?

13 Cokimwe na Mariya, na wewe urashobora gukomezwa n’abo musangiye ukwemera. Mushiki wacu umwe wo muri Boliviya yitwa Dasuri, yari akeneye mwene izo nkomezi. Igihe se wiwe bamutora indwara yari igiye kumuhitana maze bakamushira mu bitaro, Dasuri yari yipfuza kumwitwararika uko ashoboye kwose. (1 Tim. 5:4) Ariko ivyo ntivyama vyoroshe. Avuga ati: «Akenshi numva umenga notana n’akabando.» Yoba yarasavye abandi ngo bamufashe? Mu ntango ntiyabigize. Avuga ati: «Sinipfuza kubera umuzigo abandi. Nibwira nti: “Yehova ni we azompa imfashanyo nkeneye.” Ariko mu nyuma naratahuye ko nigungiye ukwanje, naba ndiko ngerageza gutorera umuti ingorane zanje ndi jenyene.» (Imig. 18:1) Dasuri yahavuye afata ingingo yo kwandikira bakeyi mu bagenzi biwe, maze arababwira uko ivyiwe vyifashe. Avuga ati: «Sinoshobora kudondora ukuntu abo dusangiye ukwemera bankomeje cane. Barangemurira mu bitaro kandi bakambwira ivyanditswe vyo muri Bibiliya biremesha. Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko tutari twenyene! Turi mu muryango munini cane wa Yehova, umuryango wipfuza kudufasha, ukarirana natwe, kandi tugasangira urugamba.»

14. Ni kubera iki ukwiye kwemera ko abakurambere bagufasha?

14 Yehova araturonsa inkomezi kandi biciye ku bakurambere. Ni ingabire akoresha kugira adukomeze yongere aduhumurize. (Yes. 32:​1, 2) Igihe wumva uhagaritse umutima, niwiture abakurambere ubabwire uko umerewe. Iyo baguhaye imfashanyo, nuyemere ubigiranye ugukenguruka. Yehova abicishije kuri bo, arashobora kugukomeza.

NUKURE INKOMEZI KU CIZIGIRO CA KAZOZA

15. Ni icizigiro ikihe abakirisu bose baha agaciro?

15 Icizigiro cacu gishingiye kuri Bibiliya, kiratuma tugira ububasha. (Rom. 4:​3, 18-20) Twebwe abakirisu turafise icizigiro ciza cane co kuzobaho ibihe bidahera, twaba tuzoba kw’isi yahindutse iparadizo canke mw’ijuru. Icizigiro cacu kiradukomeza, kigatuma twihanganira ingorane, tukamamaza inkuru nziza kandi tugakora ibikorwa bitandukanye dushingwa mw’ishengero. (1 Tes. 1:3) Ico cizigiro nyene ni co cakomeje intumwa Pawulo.

16. Kubera ki intumwa Pawulo yari akeneye inkomezi?

16 Pawulo yari akeneye inkomezi. Mw’ikete yandikiye Abakorinto, yigereranije n’inkono y’ibumba. “Yaratunatunywe”, “arazazanirwa”, “arahamwa”, kandi “arakubitwa hasi.” Rimwe na rimwe n’ubuzima bwiwe bwaraja mu kaga. (2 Kor. 4:​8-10) Pawulo yanditse ayo majambo igihe yari mu rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari. Kandi inyuma y’aho yandikiye ayo majambo, yarashikiwe n’izindi ngorane nyinshi. Yaratewe n’akagwi k’inkozi z’ikibi, arafatwa, ubwato buramusabirako, yongera arapfungwa.

17. Twisunze ibivugwa mu 2 Abakorinto 4:​16-18, ni ibiki vyakomeje Pawulo bituma yihanganira ingorane?

17 Kuba Pawulo yagumye ahanze amaso icizigiro, vyaramuronkeje inkomezi. (Soma 2 Abakorinto 4:​16-18.) Yabwiye Abakorinto ko atazocika intege naho “umubiri wiwe wariko urashira.” Pawulo yagumye ahanze amaso kazoza. Icizigiro yari afise co kubaho ibihe bidahera mw’ijuru “cari kirushirije kuba ic’agatangaza” ku buryo yari yiteguriye kwihanganira amakuba yose yamushikira. Pawulo yarazirikana kuri ico cizigiro, ku buryo vyatuma yumva ari «mushasha ku musi ku musi.»

18. Icizigiro gikomeza gute Tihomir n’umuryango wiwe?

18 Umuvukanyi umwe wo muri Bilgariya yitwa Tihomir, yararonse inkomezi biciye ku cizigiro ciwe. Mu myaka mikeyi iheze, mwene wabo Zdravko yarahitanywe n’isanganya. Tihomir yaramaze igihe afise intuntu nyinshi. Kugira avyihanganire, we n’umuryango wiwe bariha ishusho y’ukuntu izuka rizoba rimeze. Avuga ati: «Nk’akarorero, turavugana aho tuzohurira na Zdravko, ibifungurwa tuzomutegurira, abo tuzotumira ku musi mukuru wa mbere tuzogira niyagaruka, n’ivyo tuzomubwira ku bijanye n’imisi ya nyuma.» Tihomir avuga ko kugumiza umuzirikanyi ku cizigiro bibakomeza we n’umuryango wiwe kugira bagume bihanganye no kugira bagume barindiriye igihe Yehova azozura mwene wabo.

Wibaza ko ubuzima bwawe buzoba bwifashe gute mw’isi nshasha? (Raba ingingo ya 19) c

19. Wokora iki kugira ukomeze icizigiro cawe? (Raba n’ishusho.)

19 Wokomeza gute icizigiro cawe? Nimba nk’akarorero ufise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, nusome ibijanye n’ukuntu Bibiliya idondora iparadizo wongere ubizirikaneko. (Yes. 25:8; 32:​16-18) Niwiyumvire ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha. Niwihe ishusho ari yo uri. Ubona ba nde? Ni ibiki wumva? Wiyumva gute? Kugira ubibone neza mu bwenge, nurabe amashusho ari mu bitabu vyacu yerekana iparadizo canke urabe ividewo y’umuziki, nk’iyivuga ngo Ya si nshasha yimirije, Isi nshasha iri hafi, canke iyivuga ngo Niwiyumvire ico gihe. Igihe tugumije mu bwenge icizigiro cacu cerekeye isi nshasha, ingorane zacu zica ziba iz’“akanya gato kandi zigahwahuka.” (2 Kor. 4:17) Yehova azogukomeza biciye ku cizigiro yaguhaye.

20. Naho twoba twumva tugoyagoya, tworonka gute inkomezi?

20 N’igihe twokwumva ducitse intege «Imana izoduha inkomezi.» (Zab. 108:13) Yehova yaramaze kukuronsa ivyo ukeneye kugira ngo akuronse inkomezi. Igihe rero ukeneye imfashanyo kugira urangure igikorwa kitoroshe, wihanganire ingorane, canke ugumane umunezero, nutakambire Yehova mw’isengesho wongere urondere inkomezi akuronsa biciye ku kwiyigisha. Niwemere indemesho uhabwa n’abavukanyi na bashiki bacu. Nugumize mu bwenge icizigiro cawe ca kazoza. Niwabigenza gutyo, “uzokomezwa n’ububasha bwose buva ku bushobozi bw’Imana bw’agatangaza, ngo ubone kwihangana bimwe bishitse ufise ukwiyumanganya n’umunezero.”—Kol. 1:11.

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

a Iki kiganiro, kiraza gufasha abahanganye n’ingorane igoye kwihanganira canke abafise igikorwa babona ko kigoye kurangura. Turaza kubona ingene Yehova adukomeza n’ivyo twokora kugira adufashe.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

c INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu w’umuragi ariko arazirikana ku vyo Bibiliya isezerana yongera avuza ividewo y’umuziki kugira arushirize kubona mu bwenge ingene ubuzima bwiwe buzoba bumeze mw’isi nshasha.