Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 44

Niwige Ijambo ry’Imana uvyitondeye

Niwige Ijambo ry’Imana uvyitondeye

«[Nutahure] bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo.»—EF. 3:18.

URURIRIMBO RWA 95 Umuco urarushiriza gukayangana

INCAMAKE a

1-2. Uburyo bwiza gusumba ubundi bwo gusoma no kwiga Bibiliya ni ubuhe? Tanga akarorero.

 DUFATE ko wipfuza kugura inzu. Ni ibiki woraba imbere yo kuyigura? Woba woraba ifoto gusa yerekana ingene imbere hasa? Nta gukeka ko woshima kwibonera iyo nzu, ukayizunguruka, ukayinjiramwo kugira usuzume ivyumba vyose, urabe n’ibiyigize vyose. Hari n’aho woshima gutereza ijisho ku migero yayo kugira urabe ingene yubatswe. Muri make, woshima kuraba ibintu vyose bigize iyo nzu wipfuza kuzobamwo.

2 Turashobora gukora ikintu nk’ico igihe dusoma Bibiliya n’igihe tuyiga. Umuhinga umwe mu vya Bibiliya avuga ko ubutumwa buri muri Bibiliya bumeze nk’«inyubakwa yagutse cane, ndende rwose kandi ifise imishinge igera mu kuzimu.» None twoshobora gute kumenya neza ibiri muri Bibiliya? Uyisomye wihutagiza, woshobora kumenya ibintu vy’intango gusa, ni ukuvuga «ibintu vy’ishimikiro vy’amajambo meranda y’Imana.» (Heb. 5:12) Ahubwo riho, ukwiye gusuzuma amakuru y’ido n’ido itekeye, nka kurya kwa wa muntu yinjira mu nzu. Uburyo bwiza cane bwo kwiga Bibiliya ni ukuraba ukuntu imice itandukanye y’ubutumwa bwayo ifitaniye isano. Ntugerageze gusa gutahura ivyo wemera, ahubwo ugerageze no gutahura igituma uvyemera.

3. Intumwa Pawulo yaremesheje abakirisu bagenziwe gukora iki, kandi kubera iki? (Abanyefeso 3:​14-19)

3 Kugira dutahure Ijambo ry’Imana bimwe bikwiye, dutegerezwa kwiga ukuri kwimbitse ririmwo. Intumwa Pawulo yahimirije abakirisu bagenziwe kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete kugira ngo «[batahure] bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo» bw’ukuri. Ivyo vyotumye barushiriza “gushinga imizi no kuba abafashe ku mushinge” mu kwizera. (Soma Abanyefeso 3:​14-19.) Ivyo ni vyo natwe dukwiye kugira. Reka turabe ingene twokwiga Ijambo ry’Imana kugira turitahure mu buryo bwuzuye gusumba.

NIWIGE UKURI KWIMBITSE KWO MURI BIBILIYA

4. Twokora iki kugira ubucuti dufitaniye na Yehova burushirize gukomera? Tanga uburorero.

4 Twebwe abakirisu, ntiturondera gusa ibintu vy’ishimikiro vyo muri Bibiliya. Turipfuza cane kumenya «mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana», dufashijwe n’impwemu yayo nyeranda. (1 Kor. 2:​9, 10) Ubona gute utanguye kugira ubushakashatsi bwotuma urushiriza gukunda Yehova? Nk’akarorero, urashobora kugira ubushakashatsi ku kuntu Yehova yerekanye ko akunda abasavyi biwe ba kera, n’ukuntu ivyo vyerekana ko nawe agukunda. Woshobora gusuzuma ingene Abisirayeli basenga Yehova maze ukabigereranya n’ukuntu abakirisu bamusenga muri iki gihe. Canke kumbure woshobora kwiga mu buryo bwimbitse ubuhanuzi Yezu yashikije mu buzima bwiwe no mu gikorwa yaranguye ng’aha kw’isi.

5. Hoba hari ikintu wipfuza kugirira ubushakashatsi mu kwiyigisha kwawe?

5 Hari abavukanyi bamwebamwe bakunda kwiga Bibiliya babajijwe ibintu vyimbitse boshima gusuzuma mw’Ijambo ry’Imana. Bimwebimwe mu vyo bavuze, turabisanga mu ruzitiro ruvuga ngo « Ibintu dushobora kugirira ubushakashatsi.» Ukoresheje Index des publications des Témoins de Jéhovah canke Igitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova, ubwo bushakashatsi bwoshobora kukuryohera cane. Kwiga ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya birashobora gukomeza ukwizera kwawe, bikagufasha «[ku]menya Imana.» (Imig. 2:​4, 5) Reka duce irya n’ino bimwebimwe muri ivyo bintu vyimbitse vyo muri Bibiliya twokwiga.

ZIRIKANA UMUGAMBI W’IMANA

6. (a) Hari itandukaniro irihe hagati yo kugira umugambi no gutegura akantu kose imbere y’igihe? (b) Kubera iki twovuga ko umugambi Yehova afitiye abantu hamwe n’isi ari «uw’ibihe bidahera»? (Abanyefeso 3:11)

6 Raba nk’akarorero ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’umugambi w’Imana. Hariho itandukaniro hagati yo kugira umugambi no gutegura akantu kose imbere y’igihe. Gutegura akantu kose imbere y’igihe twobigereranya no gutegura imbere y’igihe inzira idahinduka uzocamwo izogushikana iyo uja. Ariko vyoshika hakagira ikintu kizibira iyo nzira ku buryo udashobora kuyicamwo. Umugambi wowo twowugereranya n’ahantu twipfuza gushika. Tuba tuzi neza iyo twipfuza gushika, ariko inzira tuzocamwo ntituyishinga imbere y’igihe. Bibaye ngombwa, turashobora guhindura inzira. Turashima kubona Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi muri Bibiliya «umugambi w’ibihe bidahera» afise. (Ef. 3:11) Inzira acamwo yaba iyihe, yama aroranirwa kubera ko «[yatunganije] ibintu vyose kugira bishitse umugambi wiwe.» (Imig. 16:4) Kandi ivyiza biva ku vyo Yehova akora vyamaho. None ni umugambi uwuhe Yehova afise, kandi ni ibiki yagiye arahindura kugira awushitse?

7. Yehova yahinduye gute uburyo bwo gushitsa umugambi wiwe, aho abantu ba mbere bamariye kumugarariza? (Matayo 25:34)

7 Imana yarabwiye abantu ba mbere umugambi yari ibafitiye. Yashaka ko “barondoka, bakagwira, bakuzura isi kandi bakayiganza, bakaganza n’ibikoko vyose” vyo kw’isi. (Ita. 1:28) Igihe Adamu na Eva bagarariza bagakwegera umuryango w’abantu igicumuro, umugambi wa Yehova ntiwaciye uhagarara. Yaciye ahindura uburyo bwo kuwushitsa. Ico gihe nyene, yaciye afata ingingo yo gushinga Ubwami mw’ijuru. Ubwo Bwami bwoshikije umugambi yari afitiye abantu hamwe n’isi mu ntango. (Soma Matayo 25:34.) Igihe Yehova yashinze kigeze, urukundo rwiwe rwatumye arungika kw’isi Umwana wiwe w’imfura ngo yigishe abantu ivyerekeye ubwo Bwami no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu yo kubakiza igicumuro n’urupfu. Mu nyuma, Yezu yarasubiye mw’ijuru kuganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ariko si ivyo gusa umuntu ashobora kumenya ku bijanye n’umugambi w’Imana.

Iyumvire igihe ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo kw’isi no mw’ijuru bizoyobokera Yehova vyunze ubumwe! (Raba ingingo ya 8)

8. (a) Ikintu nyamukuru Bibiliya ivuga ni ikihe? (b) Nk’uko bisigurwa mu Banyefeso 1:​8-11, ni umugambi wagutse uwuhe Yehova afise? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

8 Ikintu nyamukuru kivugwa muri Bibiliya ni uko izina rya Yehova rizokwezwa niyashitsa umugambi afitiye isi biciye ku Bwami bwiwe buganzwa na Kristu. Umugambi wa Yehova ntushobora guhindurwa. Yaradukuye amazinda ko azowushitsa ata gisivya. (Yes. 46:​10, 11; Heb. 6:​17, 18) Isi izohinduka iparadizo, aho abantu bakomoka kuri Adamu na Eva batunganye kandi b’abagororotsi «[bazokwiberaho] ibihe bidahera.» (Zab. 22:26) Ariko umugambi wa Yehova uragutse gusumba aho. Ikintu impera n’imperuka yipfuza gushikako ni ugutuma ibiremwa vyiwe vyose bifise ubwenge vyo mw’ijuru no kw’isi vyunga ubumwe. Ico gihe, abariho bose bazokwemera kuguma baganzwa na we. (Soma Abanyefeso 1:​8-11.) Ntibigukora ku mutima none kubona ukuntu Yehova ashitsa umugambi wiwe mu buryo bwiza cane?

NIWIYUMVIRE KAZOZA KAWE

9. Gusoma Bibiliya bidufasha kumenya kazoza ku rugero rungana iki?

9 Zirikana ubuhanuzi Yehova yavuze mw’itongo ry’i Edeni bwanditswe mw’Itanguriro 3:15. b Ubwo buhanuzi bwerekeza ku bintu vyoshikije umugambi wiwe ariko bukaba bworangutse inyuma y’imyaka ibihumbi. Muri ivyo bintu, harimwo ivy’uko hobonetse uruvyaro rwa Aburahamu rwokomotsemwo Kristu. (Ita. 22:​15-18) Mu 33 inyuma ya Kristu, Yezu yarakomerekejwe ku gitsintsiri nk’uko vyari vyaravuzwe. (Ivyak. 3:​13-15) Igice ca nyuma c’ubwo buhanuzi, ni ukuvuga ugufyonyorwa kw’umutwe wa Shetani, haracasigaye imyaka irenga 1.000 ngo kiranguke. (Ivyah. 20:​7-10) Bibiliya irahishura n’ibindi vyinshi bizoba igihe urwanko ruri hagati y’abari ku ruhande rwa Shetani n’ishirahamwe rya Yehova ruzogera ku ka nyuma.

10. (a) Ni ibiki vyimirije kuba? (b) Twokwitegura gute mu bwenge no mu mutima? (Raba akajambo k’epfo.)

10 Iyumvire ibintu bidasanzwe Bibiliya ivuga ko bizoba. Ubwa mbere, amahanga azotangaza «amahoro n’umutekano!» (1 Tes. 5:​2, 3) «Ako kanya nyene», amakuba akomeye azoca atangura, igihe amahanga azotera amadini yose y’ikinyoma. (Ivyah. 17:16) Inyuma y’ivyo, hashobora kuzoboneka ibintu bidasanzwe aho «Umwana w’umuntu [azoza] ari ku bicu vyo kw’ijuru, afise ububasha n’ubuninahazwa bwinshi.» (Mat. 24:30) Yezu azoca acira urubanza abantu, atandukanye intama n’impene. (Mat. 25:​31-33, 46) Ariko Shetani ntazoba areze amaboko. Kubera urwanko afise, azotuma urunani rw’amahanga Bibiliya yita Gogi wo mu gihugu ca Magogi rutera abasavyi ba Yehova b’ukuri. (Ezk. 38:​2, 10, 11) Muri ico kiringo, amasigarira y’abarobanuwe azokoranirizwa mw’ijuru kugira yifatanye na Kristu hamwe n’ingabo ziwe zo mw’ijuru ngo barwane ya ntambara ya Harumagedoni izosozera amakuba akomeye. c (Mat. 24:31; Ivyah. 16:​14, 16) Ya Ntwaro ya Kristu y’imyaka 1.000 izoca itangura kw’isi.—Ivyah. 20:6.

Ubucuti ufitaniye na Yehova buzoba bumeze gute umaze imyaka amamiliyaridi wiga ibimwerekeye? (Raba ingingo ya 11)

11. Kubaho ibihe bidahera bizoguha akaryo ko gukora iki? (Raba n’ishusho.)

11 Ubu na ho tereza amaso imbere rwose muri kazoza. Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu «yashize ibihe bidahera mu mitima [yacu].» (Umus. 3:11) Iyumvire ico ivyo bizokumarira ku bijanye n’ubucuti ufitaniye na Yehova. Igitabu Niwiyegereze Yehova, ku rupapuro rwa 319, kiraducira agace mu kuvuga giti: «Nitwamara kubaho imyaka amajana, ibihumbi, amamiliyoni mbere n’amamiliyaridi, tuzomenya vyinshi rwose vyerekeye Yehova Imana kuruta ivyo tuzi ubu. Mugabo tuzoguma twiyumvamwo yuko hakiri ibintu vy’igitangaza bidaharurwa vyo kwiga. . . . Ubuzima budahera buzoba ari bwiza cane kandi burimwo vyinshi bimwe bitavugwa, kandi kuza turarushiriza kwiyegereza Yehova bizokwama nantaryo ari kimwe mu bintu bimara akanyota kuruta.» Mu kurindira ko ivyo biba, ni ibiki kandi dushobora kwihweza uko tubandanya kwiga Ijambo ry’Imana?

NIWITEGEREZE MW’IJURU

12. Dushobora gute kwitegereza mw’ijuru? Tanga akarorero.

12 Ijambo ry’Imana riradufasha kubona gatoyi ubuninahazwa bwa Yehova «iyo hejuru.» (Yes. 33:5) Bibiliya iraduhishurira ibintu bitangaje vyerekeye Yehova n’igice co mw’ijuru c’ishirahamwe ryiwe. (Yes. 6:​1-4; Dan. 7:​9, 10; Ivyah. 4:​1-6) Nk’akarorero, Bibiliya iravuga ibintu biteye akoba Ezekiyeli yabonye igihe «ijuru [ryuguruka aga]tangura kwerekwa n’Imana.»—Ezk. 1:1.

13. Ni igiki ushima ku bijanye n’uruhara Yezu arangura mw’ijuru, nk’uko bivugwa mu Baheburayo 4:​14-16?

13 Zirikana n’uruhara Yezu arangura mw’ijuru rwo kuba Umwami wacu aganza n’Umuherezi mukuru adutahura. Biciye kuri we, turashobora kwegera «intebe y’ubuntu buhebuje» y’Imana mw’isengesho, tugasaba imbabazi n’imfashanyo «ku gihe kibereye.» (Soma Abaheburayo 4:​14-16.) Ese tutoreka ngo hagire umusi n’umwe urengana tutazirikanye ku vyo Yehova na Yezu badukoreye n’ivyo bariko baradukorera bari mw’ijuru. Urukundo badufitiye rukwiye kudukora ku mutima cane, rugatuma tugira umwete wo gukorera Yehova no kumusenga.—2 Kor. 5:​14, 15.

Iyumvire umunezero uzoba ufise mw’isi nshasha wibutse ko wafashije abantu kuba Ivyabona vya Yehova n’abigishwa ba Yezu! (Raba ingingo ya 14)

14. Bumwe mu buryo bwiza cane twokwerekana ko dukengurukira Yehova na Yezu ni ubuhe? (Raba n’amashusho.)

14 Bumwe mu buryo bwiza twokwerekana ko dukengurukira Imana yacu n’Umwana wayo ni mu kwihatira gufasha abandi kuba Ivyabona vya Yehova n’abigishwa ba Yezu. (Mat. 28:​19, 20) Ivyo nyene ni vyo intumwa Pawulo yakoze kubera yashima ivyo Imana na Kristu bamukoreye. Yari azi ko Yehova ashaka ko «abantu b’uburyo bwose bakizwa bakamenya neza ukuri.» (1 Tim. 2:​3, 4) Yaramamaje inkuru nziza yivuye inyuma kugira afashe abantu benshi bashoboka, ngo «uko bishoboka kwose [agire] abo [akiza].»—1 Kor. 9:​22, 23.

NURYOHERWE NO GUSUZUMA IJAMBO RY’IMANA

15. Twisunze Zaburi 1:​2, ni ibiki bizotuma duhimbarwa?

15 Umwanditsi w’amazaburi yavuze ko umuntu ahimbawe kandi aroranirwa ari “uwuhimbarwa n’itegeko rya Yehova, akarizirikana ijoro n’umurango.” (Zab. 1:​1-3; akajambo k’epfo.) Kandi yavuze ukuri. Umuhinduzi wa Bibiliya yitwa Joseph Rotherham yaragize ico avuze kuri ico canditswe mu gitabu yanditse (Studies in the Psalms). Yavuze ko umuntu akwiye «kuryohererwa inyigisho y’Imana cane ku buryo ayirondera, akayiga, akamara umwanya ayizirikana.» Yongeyeko yuko umusomyi wa Bibiliya «mu gihe ataba yarondeye gutahura neza ubukerebutsi buri muri yo, umusi uba upfuye ubusa.» Usuzumye witonze amakuru y’ido n’ido Bibiliya itanga, ukaraba isano afitaniye, urashobora guhimbarwa no kwiga Bibiliya. Kwiga Ijambo ry’Imana uvyitondeye, ntiworaba ukuntu biryoshe!

16. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

16 Turashobora gutahura ibintu vyiza cane Yehova atwigisha mw’Ijambo ryiwe. Mu kiganiro gikurikira, tuzoca irya n’ino kimwe mu bintu vyimbitse Bibiliya ivuga, na co akaba ari urusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu, rumwe Pawulo yadondora mw’ikete yandikiye abakirisu b’Abaheburayo. Ese gusuzuma ico cigwa vyokuryohera cane!

URURIRIMBO RWA 94 Dukenguruke Ijambo ry’Imana

a Kwiga Bibiliya birashobora kuturyohera no kutugirira akamaro ubuzima bwacu bwose, bigatuma turushiriza kwiyegereza Data wa twese wo mw’ijuru. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene twokwihweza «ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo» bw’Ijambo ry’Imana.

b Raba ikiganiro kivuga ngo «Ubuhanuzi bwa kera buhambaye kuri wewe» mu Munara w’Inderetsi wo muri Mukakaro 2022.

c Ushaka kumenya ingene wokwitegurira ibintu bidasanzwe vyimirije, raba igitabu Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 230.