Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 45

Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe

Nukenguruke agateka ufise ko gusengera Yehova mu rusengero rwiwe

«Nimusenge . . . umwe yarema ijuru n’isi.»—IVYAH. 14:7.

URURIRIMBO RWA 93 Hezagira amakoraniro yacu

INCAMAKE a

1. Ni igiki umumarayika avuga, kandi ayo majambo atuvyurira umutima wo gukora iki?

 HAMWE umumarayika yokuvugisha womwumviriza? Muri iki gihe hari umumarayika ariko arabwira «amahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko yose.» Ariko avuga iki? “Nimutinye Imana kandi muyininahaze. Nimusenge umwe yarema ijuru n’isi.” (Ivyah. 14:​6, 7) Yehova ni yo Mana yonyene y’ukuri bose bakwiye gusenga. Ese ukuntu dukenguruka kuba yaraduteye iteka ridasanzwe ryo kumusengera mu rusengero rwiwe ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu!

2. Urusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu rusobanura iki? (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ico rudasobanura.»)

2 Urusengero rwo mu buryo bw’impwemu neza na neza rusobanura iki, kandi ni hehe twokura amakuru y’ido n’ido arwerekeye? Urwo rusengero si inyubakwa. Ni intunganyo Yehova yashizeho kugira dushobore kumusenga mu buryo yemera hisunzwe incungu ya Yezu. Intumwa Pawulo yarasiguye ibijanye n’iyo ntunganyo mw’ikete yandikiye abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere baba i Yudaya. b

3-4. Ni ibiki vyari biraje ishinga Pawulo ku bijanye n’abakirisu b’Abaheburayo baba i Yudaya, kandi yabafashije gute?

3 Kubera iki Pawulo yandikiye ikete abakirisu b’Abaheburayo b’i Yudaya? Ashobora kuba yabigize kubera imvo zibiri. Ubwa mbere, yipfuza kubaremesha. Benshi muri bo bari bakuriye mw’idini ry’Abayuda. Abahora ari indongozi zabo z’idini bashobora kuba barabatwenga kubera ko babaye abakirisu. Kubera iki? Kubera ko abakirisu ata rusengero rw’agatangaza bari bafise rwo gusengeramwo canke igicaniro co gutangirako ibimazi, eka nta n’abaherezi bari bafise. Ivyo bishobora kuba vyaraca intege abigishwa ba Kristu bigatuma ukwizera kwabo kugoyagoya. (Heb. 2:1; 3:​12, 14) Bamwebamwe muri bo bashobora mbere kuba bariyumviriye gusubira mw’idini ry’Abayuda.

4 Ubwa kabiri, Pawulo yareretse abo bakirisu b’Abaheburayo ko batariko barihatira gutahura inyigisho z’ivy’impwemu nshasha canke zimbitse, ni ukuvuga «ibifungurwa bigumye» vyo mw’Ijambo ry’Imana. (Heb. 5:​11-14) Biboneka ko bamwebamwe bari bacumiye ku mategeko ya Musa. Ariko Pawulo yarabasiguriye ko ibimazi vyasabwa n’ayo mategeko bitashobora gukuraho neza ibicumuro. Ni co gituma ayo mategeko yari “yakuweho.” Pawulo rero yaciye abigisha ibintu bimwebimwe vyimbitse. Yaribukije abakirisu bagenziwe «icizigiro ciza kuruta» bari bafise gishingiye ku ncungu ya Yezu cashobora vy’ukuri kubafasha “kwegera Imana.”—Heb. 7:​18, 19.

5. Ni ibiki bivugwa mu gitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo dukeneye gutahura, kandi kubera iki?

5 Pawulo yarasiguriye abavukanyi biwe b’Abaheburayo igituma uburyo abakirisu basenga bwaruta cane uburyo bahora basenga kera. Ivyaranga idini ry’Abayuda vyari «igitutu c’ibizoza, mugabo umutumba nyezina ni uwa Kristu.» (Kol. 2:17) Igitutu c’ikintu iba ari ishusho gusa yo muri rusangi y’ico kintu nyezina. N’uburyo Abayuda basenga kera cari igitutu gusa c’uburyo bwo gusenga bwohavuye buza. Turakeneye gutahura intunganyo Yehova yashizeho kugira ibicumuro vyacu bibabarirwe maze tumusenge mu buryo yemera. Twisunze ibivugwa mu Baheburayo, reka tugereranye «igitutu» (ni ukuvuga uburyo bwo gusenga bwa kera bw’Abayuda) n’«umutumba nyezina» (ni ukuvuga uburyo bwo gusenga bw’abakirisu). Ivyo biradufasha gutahura neza urusengero rwo mu buryo bw’impwemu n’ingene ivy’urwo rusengero bituraba.

IHEMA RYERANDA

6. Ihema ryeranda ryakoreshwa gute?

6 Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda. Muri iryo kete, Pawulo yafatiye kw’ihema ryeranda Musa yashinze mu 1512 imbere ya Kristu. (Raba igicapo kivuga ngo «Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda—Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu.») Mu ntango, iryo hema Abisirayeli bagenda bararyimukana. Baramaze nk’imyaka 500 barikoresha imbere y’uko urusengero rwubakwa i Yeruzalemu. (Kuv. 25:​8, 9; Guh. 9:22) «Ihema ry’ibonaniro» cari ikibanza nyamukuru Abisirayeli bahuriramwo kugira bashikanire Imana ibimazi bongere bayisenge bari imbere yayo. (Kuv. 29:​43-46) Ariko rero iryo hema ryeranda ryagereranya ikintu abakirisu bohavuye bungukirako gihambaye cane gusumba.

7. Urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwatanguye kubaho ryari?

7 Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu. Ihema ryeranda rya kera cari “igitutu c’ibintu vyo mw’ijuru”, rikaba ryagereranya urusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. Pawulo yavuze ati: «Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe.» (Heb. 8:5; 9:9) Igihe rero intumwa Pawulo yandikira Abaheburayo, urusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwari rumaze kubaho. Rwatanguye kubaho mu 29 inyuma ya Kristu. Muri uwo mwaka, Yezu yarabatijwe arobanuzwa impwemu nyeranda aca atangura gukorera Yehova ari «umuherezi mukuru akomeye» mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. cHeb. 4:14; Ivyak. 10:​37, 38.

UMUHEREZI MUKURU

8-9. Twisunze Abaheburayo 7:​23-27, ni itandukaniro rikomeye irihe riri hagati y’abaherezi bakuru bo muri Isirayeli n’Umuherezi mukuru ahambaye Yezu Kristu?

8 Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda. Umuherezi mukuru yarashobora guserukira abantu imbere y’Imana. Uwatanguye kuba umuherezi mukuru muri Isirayeli, ni ukuvuga Aroni, yagenywe na Yehova igihe ihema ryeranda ryegurirwa Imana. Ariko nk’uko Pawulo yabisiguye, «abaherezi benshi barakurakuranywe kubera ko urupfu rwababuza kuguma muri iryo banga.» d (Soma Abaheburayo 7:​23-27.) Kubera ko abo baherezi bakuru bari abantu badatunganye, bategerezwa gutanga ibimazi ku bw’ibicumuro vyabo. Iryo ni itandukaniro rikomeye hagati y’abaherezi bakuru b’Abisirayeli n’Umuherezi mukuru akomeye Yezu Kristu.

9 Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu. Umuherezi wacu mukuru Yezu Kristu ni «umusuku . . . mw’ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova, ritashinzwe n’umuntu.» (Heb. 8:​1, 2) Pawulo yasiguye ko Yezu «we kubera ko aguma ari muzima ibihe vyose, [ata] wumusubirira.» Pawulo yongeyeko yuko Yezu “adahumanye, ata ho ahuriye n’abacumuzi” be n’uko atandukanye n’abaherezi bakuru bo muri Isirayeli kuko we «adakeneye gushikana ibimazi buri musi» ku bw’ibicumuro vyiwe. Ubu na ho reka dufate igicaniro n’ibimazi vyo mw’idini ry’Abayuda tubigereranye n’ivyo mw’idini rya gikirisu.

IBICANIRO N’IBIMAZI

10. Ibimazi vyashikanirwa kuri ca gicaniro c’umujumpu vyagereranya iki?

10 Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda. Hanze imbere y’ubwinjiriro bw’iryo hema ryeranda hari igicaniro c’umujumpu bakoresha mu gushikanira Yehova ibimazi vy’ibitungwa. (Kuv. 27:​1, 2; 40:29) Ariko ivyo bimazi ntivyashobora gutuma abantu baharirwa neza ibicumuro vyabo. (Heb. 10:​1-4) Ivyo bimazi vy’ibitungwa baguma batanga kuri iryo hema vyagereranya ikimazi kimwe cotumye abantu bashobora guharirwa neza ibicumuro vyabo.

11. Yezu yishikanye nk’ikimazi ku gicaniro nyabaki? (Abaheburayo 10:​5-7, 10)

11 Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu. Yezu yari azi ko Yehova yamurungitse kw’isi gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure abantu. (Mat. 20:28) Igihe rero Yezu yabatizwa, yarishikanye kugira akore ivyo Yehova agomba. (Yoh. 6:38; Gal. 1:4) Igicaniro Yezu yitanzeko cagereranya ivyo Imana «igomba.» Yehova yagomba ko Umwana wiwe atanga ubuzima bwiwe ari ikiremwa-muntu gitunganye. Yezu yatanze ubuzima bwiwe «rimwe rizima» kugira ngo ibicumuro vy’uwo ari we wese yizera Kristu biharirwe rimwe rizima. (Soma Abaheburayo 10:​5-7, 10.) Ubu na ho niwihweze insobanuro y’ivyari indani muri iryo hema.

AHERANDA N’AHERANDA CANE

12. Ni nde yemererwa kwinjira Aheranda n’Aheranda cane ho muri rya hema?

12 Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda. Ihema ryeranda n’insengero zahavuye zubakwa i Yeruzalemu, muri rusangi vyari vyubatswe kumwe. Indani hari ivyumba bibiri, «Aheranda» n’«Aheranda cane», vyatandukanywa n’irido ideshe. (Heb. 9:​2-5; Kuv. 26:​31-33) Aheranda hari ico baterekako amatara c’inzahabu, igicaniro baturirirako imibavu n’imeza baterekako imikate. «Abaherezi barobanujwe amavuta» ni bo bonyene bemererwa kwinjira Aheranda gukora ibikorwa vyeranda bajejwe. (Guh. 3:​3, 7, 10) Aheranda cane hari isandugu y’isezerano y’inzahabu yerekana ko Yehova ari aho hantu. (Kuv. 25:​21, 22) Umuherezi mukuru gusa ni we yemererwa kurengana irido akinjira Aheranda cane ku musi mukuru w’impongano waba rimwe mu mwaka. (Lew. 16:​2, 17) Buri mwaka yarajanayo amaraso y’ibitungwa kugira ibicumuro vyiwe n’ivy’ihanga ryose biharirwe. Biciye ku mpwemu nyeranda, Yehova yahavuye ahishura insobanuro y’ivyo bintu vyari mw’ihema ryeranda.—Heb. 9:​6-8. e

13. Aheranda n’Aheranda cane h’ihema ryeranda hagereranya iki ku bakirisu?

13 Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu. Hari igitigiri ntarengwa c’abigishwa ba Kristu barobanujwe impwemu nyeranda, bakaba bafitaniye ubucuti budasanzwe na Yehova. Abo bigishwa 144.000 bazoba abaherezi mw’ijuru bari kumwe na Yezu. (Ivyah. 1:6; 14:1) Aho Heranda h’ihema ryeranda hagereranya ukuba abo bigishwa bararobanujwe impwemu bakiri kw’isi bakaba abana b’Imana . (Rom. 8:​15-17) Aheranda cane h’iryo hema hagereranya mw’ijuru, aho Yehova aba. «Irido» yatandukanya Aheranda n’Aheranda cane yagereranya umubiri wa Yezu w’inyama n’amaraso. Agifise uwo mubiri ntiyashobora kwinjira mw’ijuru ngo abe Umuherezi mukuru akomeye wo mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu. Uwo mubiri wiwe w’inyama n’amaraso yawutanze nk’ikimazi ku bw’abantu, aba yugururiye inzira ija mw’ijuru abakirisu bose barobanuwe. Kugira baronke impera yabo yo mw’ijuru bategerezwa na bo nyene guheba uwo mubiri wabo w’inyama n’amaraso. (Heb. 10:​19, 20; 1 Kor. 15:50) Yezu amaze kuzuka, yarinjiye Aheranda cane ho mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, aho abarobanuwe bose bazomusanga.

14. Twisunze Abaheburayo 9:​12, 24-26, kubera iki twovuga ko urusengero rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu rusumba uburyo Abayuda basenga?

14 Ivyo biradufasha kubona ubudasa bw’intunganyo Yehova yashizeho y’ugusenga gutyoroye yishimikije incungu n’ubuherezi bwa Yezu Kristu. Umuherezi mukuru muri Isirayeli yinjira Aheranda cane hakozwe n’abantu, ajanye amaraso y’ibimazi vy’ibitungwa. Mugabo Yezu yinjiye «mw’ijuru ubwaho», aheranda hasumba ahandi hose, arenguka imbere ya Yehova. Ni ho yashikirije agaciro k’ubuzima bwiwe butunganye yatanze ari umuntu aha kw’isi ku bwacu «kugira akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe.» (Soma Abaheburayo 9:​12, 24-26.) Ikimazi Yezu yatanze ni co conyene gikuraho ibicumuro burundu. Nk’uko tugiye kubibona, twese turashobora gusengera Yehova mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu, twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke kw’isi.

IBIGO

15. Ni bande bakorera mu kigo c’ihema ryeranda?

15 Uburyo bwo gusenga bw’Abayuda. Ihema ryeranda ryari rifise ikigo kimwe kizitiye abaherezi bakoreramwo ibikorwa bajejwe. Muri ico kigo hari igicaniro kinini c’umujumpu batangirako amashikanwa aturirwa, n’ikibesani c’umujumpu bashiramwo amazi abaherezi bakoresha mu kwihumanura imbere yo gukora igikorwa cabo ceranda. (Kuv. 30:​17-20; 40:​6-8) Ariko insengero zahavuye zubakwa zari zifise n’ikigo c’inyuma aho abatari abaherezi bashobora guhagarara bagasenga Imana.

16. Ni bande bakorera mu bigo vy’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu?

16 Uburyo bwo gusenga bw’abakirisu. Abasigaye muri benewabo na Yezu barobanujwe impwemu baguma bakorera Imana mu kigo c’indani co kw’isi c’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu, imbere y’uko baja kuba abaherezi mw’ijuru bari kumwe na Yezu. Ca kibesani kinini c’amazi kirabibutsa bo hamwe n’abandi bakirisu bose ko bakwiye kuguma badahumanye mu nyifato runtu no mu vy’impwemu. None abagize «isinzi rinini», bamwe baguma bashigikira benewabo na Kristu barobanuwe, basengera hehe? Intumwa Yohani yababonye bahagaze «imbere ya ya ntebe y’ubwami», bariko «bayikorera igikorwa ceranda ijoro n’umurango mu rusengero rwayo.» Ico kibanza yababonyemwo gihuye n’ikigo c’inyuma co kw’isi c’urusengero rwo mu buryo bw’impwemu. (Ivyah. 7:​9, 13-15) Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova atwemerera kumusengera mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu!

ITEKA TWATEWE RYO GUSENGA YEHOVA

17. Ni ibimazi ibihe twemererwa gushikanira Yehova?

17 Muri iki gihe, abakirisu bose baratewe agateka ko gushikanira Yehova ibimazi mu gukoresha umwanya wabo, inguvu zabo n’ivyo batunze kugira bateze imbere ivy’Ubwami bw’Imana. Nk’uko intumwa Pawulo yabibwiye abakirisu b’Abaheburayo, turashobora «[kwama] dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo, ni ukuvuga icamwa c’iminwa yacu ivuga ku mugaragaro izina ryayo.» (Heb. 13:15) Dushikaniye Yehova ibimazi vyiza cane kuruta ibindi dufise, tuba twerekanye ko dukenguruka agateka twatewe ko kumusenga.

18. Twisunze Abaheburayo 10:​22-25, ni igiki tudakwiye gufata minenegwe kandi ni igiki tudakwiye kwibagira?

18 Soma Abaheburayo 10:​22-25. Amaja mu mpera y’ikete Pawulo yandikiye Abaheburayo, aravuga imice itandukanye y’ugusenga kwacu tudakwiye gufata minenegwe. Aho harimwo kwiyegereza Yehova mw’isengesho, kuvugira ku mugaragaro icizigiro cacu, kwitaba amakoraniro y’ishengero no kuremeshanya, kandi «turushirize kubigira uko tubona wa musi wegereza.» Amaja mu mpera y’igitabu c’Ivyahishuwe, umumarayika wa Yehova yavuze ati: «Nusenge Imana!» (Ivyah. 19:10; 22:9) Ivyo yabivuze kabiri kugira yerekane ko bihambaye. Ese tutokwigera twibagira ibintu vyimbitse twize ku bijanye n’urusengero ruhambaye rwa Yehova rwo mu buryo bw’impwemu n’iteka ridasanzwe twatewe ryo gusenga Imana yacu ihambaye!

URURIRIMBO RWA 88 Numenyeshe inzira zawe

a Imwe mu nyigisho zimbitse zo mw’Ijambo ry’Imana yerekeye urusengero rwa Yehova ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu. Urwo rusengero rusobanura iki? Iki kiganiro kiraca irya n’ino amakuru yerekeye urwo rusengero dusanga mu gitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo. Ese iki cigwa cotuma urushiriza gukenguruka iteka watewe ryo gusenga Yehova!

b Ushaka kuraba incamake y’igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo, ja kuri jw.org urabe ividewo ivuga ngo Incamake y’igitabu c’Abaheburayo.

c Igitabu c’Abaheburayo ni co conyene mu Vyanditswe vy’ikigiriki kivuga ko Yezu ari Umuherezi mukuru.

d Igitabu kimwe kivuga ko igihe urusengero rw’i Yeruzalemu rwasangangurwa mu 70 inyuma ya Kristu, hashobora kuba hari hamaze kuba abaherezi bakuru 84 muri Isirayeli.

e Kugira ubone insobanuro y’ivyo umuherezi mukuru yakora ku musi w’impongano, ja kuri jw.org urabe ividewo ivuga ngo Ihema.

g Raba uruzitiro ruvuga ngo «Ingene impwemu yahishuye insobanuro ya rwa rusengero rwo mu buryo bw’impwemu», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2010, rup. rwa 22.