Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwiyigisha

Ingene wokwiyigisha

Ingene twoguma tujana n’umuco mushasha

Ni agateka kuba tubayeho mu gihe Yehova aguma adufasha kurushiriza gutahura Bibiliya kuruta ikindi gihe. (Dan. 12:4) Naho ari ukwo, vyoshobora kutugora kuguma tujana n’umuco mushasha. None ivyo vyaryohowe be n’insobanuro yavyo twobisanga hehe?

• Muri ca gitabu c’ubushakashatsi Index des publications des Témoins de Jéhovah, munsi y’agatwe kavuga ngo «Éclaircissements doctrinaux», harimwo urutonde rw’ivyaryohowe hisunzwe imyaka vyagiriweko. Kugira ngo ubone urwo rutonde, nuje ku CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTENET (mu gifaransa) maze urondeze ayo majambo nyene «Éclaircissements doctrinaux.»

• Ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova kirimwo urutonde rw’ivyiyumviro bikeyi. Nuje ahavuga ngo «Ivyabona vya Yehova», hanyuma ahavuga ngo «Ingene babona ibintu be n’ivyo bemera» maze uce uraba ahavuga ngo «Gutomora ivyo twemera.»

Ushaka kwiyigisha, ubona gute ucaguye iciyumviro kimwe giherutse kuryohorwa maze ugaca urondera kumenya ingene tugitahura ubu be n’imvo zishingiye ku Vyanditswe zatumye kiryohorwa?