Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gutandukanya iciza n’ikibi ni ikibazo kituraba twese

Gutandukanya iciza n’ikibi ni ikibazo kituraba twese

Wokora iki hamwe woshaka kuja ahantu utari bwigere uja?

  1. 1. Wofata inzira wiyumvira ko yogushikanayo.

  2. 2. Wokurikira abandi wiyumvira ko boba bazi inzira ijayo.

  3. 3. Wokwisunga ikintu cizigirwa, nk’ikarata, ubuhinga bwa none bwitwa GPS, canke umugenzi uzi neza ko azi inzira ijayo.

Hamwe twohitamwo gukurikiza uburyo bwa mbere canke ubwa kabiri, ego ni ko twogira aho dushitse, mugabo ntitwoshika iyo twashaka kuja. Ariko dukurikije uburyo bwa gatatu, twokwizigira tudakeka ko twoshikayo ata ngorane.

Ubuzima bwacu bumeze nk’urugendo twipfuza ko rwodushikana ku gahimbare. Kugira ngo tugashikire canke ntitugashikire, ahanini bivana n’ico twisunga mu gufata ingingo.

Naho ingingo nyinshi dufata mu buzima usanga zidahambaye, hariho izindi usanga zihambaye cane. Ingene dufata izo ngingo zihambaye birerekana ukuntu tubona iciza n’ikibi. Izo ngingo zirashobora gutuma twe n’abo dukunda dushikirwa n’ingaruka z’igihe kirekire, zaba nziza canke mbi. Izo ngingo zerekeye ibintu nk’ibi:

  • Guhuza ibitsina be n’umubano

  • Akazi, amahera, no kuba umwizigirwa

  • Kurera abana

  • Ingene dukwiye gufata abandi

Wokora iki kugira ngo ingingo ufata muri ivyo bintu zizotume wewe n’umuryango wawe muhimbarwa?

Ikibazo rero umwe wese yokwibaza ni iki: Nokwisunga iki kugira mfate ingingo zibereye?

Iki kinyamakuru kirerekana igituma wokwisunga Bibiliya mu guhitamwo iciza n’ikibi be n’ingene yogufasha.