Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

Niwizigire Yehova igihe ufise ubwoba

Niwizigire Yehova igihe ufise ubwoba

ICANDITSWE C’UMWAKA WA 2024: «Ni wewe nizigira igihe mfise ubwoba.»ZAB. 56:3.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Raba ingene kurushiriza kwizigira Yehova bituma dutsinda ubwoba.

1. Kubera iki rimwe na rimwe bishika tukagira ubwoba?

 TWESE birashika tukagira ubwoba. Ego ni ko, kwiga Bibiliya vyaratumye tutaba tugitinya abapfuye, amadayimoni canke mbere kazoza. Ariko rero, muri iki gihe tubayemwo haracariho «ibintu biteye ubwoba», nk’intambara, ubukozi bw’ikibi be n’indwara. (Luka 21:11) Twoshobora no gutinya abantu, ushizemwo abategetsi badutoteza canke mbere abo mu miryango yacu barwanya ugusenga kw’ukuri. Hari n’abatinya ko batoshobora kwihanganira ingorane zobashikira muri iki gihe, canke izobashikira muri kazoza.

2. Dondora ivyashikiye Dawidi igihe yari i Gati.

2 Vyarashitse Dawidi aragira ubwoba. Nk’akarorero, igihe umwami Sawuli yariko aramuhiga, Dawidi yaciye ahungira mu gisagara c’Abafilisitiya citwa Gati. Akishi umwami w’i Gati, ntiyatevye kumenya ko Dawidi yari wa murwanyi karuhariwe baririmbira bahayagiza ko yishe Abafilisitiya «ibihumbi mirongo.» Dawidi yaciye “atinya cane.” (1 Sam. 21:​10-12) Yatinya ko Akishi yohava amugirira nabi. Ni igiki none cafashije Dawidi gutsinda ubwoba?

3. Twisunze Zaburi 56:​1-3, 11, ni igiki catumye Dawidi atsinda ubwoba?

3 Muri Zaburi ya 56, Dawidi aravuga ingene yamerewe igihe yari i Gati. Uretse ko iyo zaburi yerekana ingene Dawidi yagize ubwoba, irerekana n’ingene yabutsinze. Igihe Dawidi yagira ubwoba, yarizigiye Yehova. (Soma Zaburi 56:​1-3, 11.) Dawidi yari afise imvo zo kwizigira Yehova. Dawidi abifashijwemwo na Yehova, yaciye akoresha umukenyuro wo kwigira umusazi. Ivyo vyatumye Akishi abona ko Dawidi atamubangamiye, Dawidi aba ararusimvye.—1 Sam. 21:13–22:1.

4. Tworushiriza gute kwizigira Yehova? Tanga akarorero.

4 Na twebwe twizigiye Yehova, turashobora gutsinda ubwoba. None tworushiriza gute kwizigira Yehova na canecane igihe dufise ubwoba? Raba akarorero. Iyo umenye ko ufise indwara kanaka, mu ntango woshobora kugira ubwoba. Ariko rero igihe wemera umuganga ahora akuvura, ubwoba buragabanuka. Ashobora kuba azwi ko ari karuhariwe mu kuvura iyo ndwara. Yoshobora kukwumviriza yitonze maze akakujijura ko atahura vy’ukuri uko umerewe. Hari aho yoca akwandikira n’umuti wafashije abandi barwayi benshi. Muri ubwo buryo nyene, tuzirikanye ku vyo Yehova amaze gukora, ku vyo ariko arakora be no ku vyo azodukorera, birashobora gutuma turushiriza kumwizigira. Ivyo nyene ni vyo Dawidi yakoze. Reka turabe bimwebimwe mu vyo yavuze muri Zaburi ya 56 ahumekewe n’Imana, uce uzirikana ingene nawe vyogufasha kurushiriza kwizigira Yehova maze ugatsinda ubwoba.

NI IBIKI YEHOVA AMAZE GUKORA?

5. Igihe Dawidi yari afise ubwoba, ni ibiki yazirikanyeko? (Zaburi 56:​12, 13)

5 Naho Dawidi yari mu kaga, yagumye yiyumvira ivyo Yehova yari yarakoze. (Soma Zaburi 56:​12, 13.) Ivyo Dawidi yarabigize mu buzima bwiwe bwose. Nk’akarorero, rimwe na rimwe yarazirikana ku vyo Yehova yaremye, bikaba vyaca bimwibutsa ko Yehova afise ububasha ntangere be n’uko yitwararika cane abantu. (Zab. 65:​6-9) Dawidi yarazirikana no ku vyo Yehova yakoreye abandi. (Zab. 31:19; 37:​25, 26) Vyongeye, yarazirikana canecane ku vyo Yehova yari amaze kumukorera ku giti ciwe. Yehova yari yarafashije Dawidi yongera aramukingira kuva akiri uruhinja. (Zab. 22:​9, 10) Nta nkeka ko kuzirikana ku bintu nk’ivyo vyatuma Dawidi arushiriza kwizigira Yehova.

Igihe Dawidi yazirikana ku vyo Yehova yari yarakoze, ku vyo yariko arakora no ku vyo yokoze vyaratumye arushiriza kumwizigira (Raba ingingo ya 5, 8, 12) d


6. Nitwagira ubwoba, ni ibiki bizodufasha kwizigira Yehova?

6 Niwagira ubwoba, uraca wibaza uti: “Ni ibiki Yehova amaze gukora?” Nuzirikane ku vyo yaremye. Nk’akarorero, igihe “twihweje” ingene Yehova yitwararika inyoni n’amashurwe bitaremwe mw’ishusho yiwe kandi bidashobora kumusenga, bica bituma turushiriza kwizigira ko natwe azotwitwararika. (Mat. 6:​25-32) Nuzirikane kandi ku vyo Yehova yakoreye abasavyi biwe. Ivyo woshobora kubigira mu kwiga ibijanye n’umuntu avugwa muri Bibiliya yagaragaje ukwizera kudasanzwe canke mu gusoma inkuru ivuga ivyashikiye umusavyi wa Yehova wo muri iki gihe. a Vyongeye, nuzirikane ku vyo Yehova amaze kugukorera kugira ngo akwitwararike. Yagufashije gute kumenya ukuri? (Yoh. 6:44) Yishuye gute amasengesho yawe? (1 Yoh. 5:14) Buri musi wungukira gute ku ncungu y’Umwana wiwe?—Ef. 1:7; Heb. 4:​14-16.

Kuzirikana ku vyo Yehova yakoze, ku vyo ariko arakora no ku vyo azokora biratuma turushiriza kumwizigira (Raba ingingo ya 6, 9-10, 13-14) e


7. Inkuru y’umuhanuzi Daniyeli yafashije gute Vanessa gutsinda ubwoba?

7 Mushiki wacu umwe yitwa Vanessa b wo muri Hayiti, yarashikiwe n’ikintu giteye ubwoba. Hari umugabo wo mu kibano iwabo yama amuterefona buri musi akongera akamurungikira amamesaje amusaba ko bogiranira ubucuti. Vanessa yaravyanse yivuye inyuma. Uwo mugabo yaciye ashavura cane, mbere aramuhigira ko azomugirira nabi. Vanessa avuga ati: «Naratekewe n’ubwoba.» None Vanessa yabutsinze gute? Yaciye afata ingingo zo kwikingira. Umukurambere umwe yaramufashije kwitura abategetsi. Uretse ivyo, Vanessa yarazirikanye no ku kuntu Yehova yakingiye abasavyi biwe muri kahise. Vanessa avuga ati: «Umuntu wa mbere nazirikanyeko ni umuhanuzi Daniyeli. Yaraterewe mu cobo c’intambwe zishonje naho ata co yazira. Ariko Yehova yaramukingiye. Ivyanje naciye ndabishira mu maboko ya Yehova, kandi sinasubiye kugira ubwoba.»—Dan. 6:​12-22.

NI IBIKI YEHOVA ARIKO ARAKORA?

8. Ni igiki Dawidi yemera adakeka? (Zaburi 56:8)

8 Naho Dawidi yari mu kaga gakomeye igihe yari i Gati, ntiyaciye ata umutwe. Ahubwo yahisemwo kuzirikana ku vyo Yehova yariko aramukorera ico gihe. Yarabona ko Yehova yariko aramuyobora akongera akamukingira be n’uko yatahura ivyariko biramushikira. (Soma Zaburi 56:8.) Dawidi yari afise n’abagenzi bamushigikira badahemuka, nka Yonatani be n’umuherezi mukuru Ahimeleki. (1 Sam. 20:​41, 42; 21:​6, 8, 9) Vyongeye, naho umwami Sawuli yaguma amuhiga, Dawidi yararusimvye. Yaremera adakeka ko Yehova yari azi neza amagorwa yarimwo be n’ukuntu yatuma ahagarika umutima.

9. Ni ibiki Yehova abona ku bijanye n’umwumwe wese muri twebwe?

9 Igihe ushikiwe n’ikintu kigutera ubwoba, uraguma wibuka ko Yehova akibona be n’uko azi ingene gituma umererwa. Nk’akarorero, Yehova ntiyabona gusa ingene Abisirayeli bafatwa nabi mu Misiri, yarabona n’«umubabaro barimwo.» (Kuv. 3:7) Dawidi yaririmvye avuga ko Yehova yabona «amagorwa» yiwe be n’«intuntu ikomeye» yari afise. (Zab. 31:7) N’igihe abasavyi biwe bashikirwa n’amarushwa kubera amakosa yabo bwite, Yehova “vyaramutera intuntu.” (Yes. 63:9) Igihe ugize ubwoba, Yehova aratahura ingene umererwa kandi arashashaye kugufasha kubutsinda.

10. Wemezwa n’iki ko Yehova akwitwararika be n’uko azogufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose?

10 Ariko rero igihe uri mu ngorane igutera ubwoba, woshobora kwibaza ingene Yehova ariko aragushigikira. Numusabe rero agufashe kubibona. (2 Abm. 6:​15-17) Nuce ufata umwanya wo kuzirikana: Hoba hari ikiganiro canke iciyumviro catanzwe mw’ikoraniro cagukomeje? Hoba hari igitabu, ividewo canke ururirimbo vyakuremesheje? Hoba hari uwakubwiye iciyumviro canke icanditswe kiremesha? Vyoshobora gushika tugafata minenegwe urukundo abavukanyi na bashiki bacu badukunda be n’ibifungurwa vy’impwemu twama turonka. Ariko rero, turakwiye kwibuka ko ivyo bintu ari ingabire idasanzwe iva kuri Yehova. (Yes. 65:13; Mrk. 10:​29, 30) Birerekana ko akwitwararika. (Yes. 49:​14-16) Vyongeye, birerekana ko ukwiye kumwizigira.

11. Ni igiki cafashije Aida gutsinda ubwoba?

11 Aida wo muri Senegale yariboneye ingene Yehova yamufashije mu ngorane yarimwo. Kubera ko ari umwana w’imfura, abavyeyi biwe bari biteze ko yorondeye amahera menshi kugira ngo yironse ivya nkenerwa yongere abafashe. Ariko igihe yorosha ubuzima kugira ngo akore ubutsimvyi, ntivyashoboka ko aronka amahera menshi. Umuryango wiwe waciye ubabara, mbere uranamwidogera. Aida avuga ati: «Naratinya ko ntoshoboye gufasha abavyeyi banje be n’uko bose bociye banyanka. Mbere naridogeye Yehova kuba yararetse ibintu bikagenda nabi gutyo.» Mu nyuma yarumvirije insiguro yashikirijwe kw’ikoraniro. Avuga ati: «Uwayishikirije yaratwibukije ko Yehova azi ibintu vyose biduhagarika umutima. Impanuro nagiye ndahabwa n’abakurambere be n’abandi dusangiye ukwizera, zaratumye buhorobuhoro njijuka ko Yehova ankunda. Naciye ntangura gusenga Yehova nizigiye ko anyumva, kandi uko nabona ingene yishura amasengesho yanje ni ko vyatuma ngira amahoro menshi.» Mu nyuma, Aida yararonse akazi kamuronsa amahera yashobora kumufasha mu gikorwa ciwe c’ubutsimvyi, akongera agafasha abavyeyi biwe be n’abandi bari mu nkenero. Aida avuga ati: «Vyaranyigishije kwizigira Yehova mperejeko. Ubu iyo mpejeje gusenga, akenshi ubwoba mba mfise simenya iyo buciye.»

NI IBIKI YEHOVA AZOKORA?

12. Twisunze Zaburi 56:​9, ni igiki Dawidi yari yizigiye?

12 Soma Zaburi 56:9. Uwo murongo urerekana ikindi kintu cafashije Dawidi gutsinda ubwoba. N’igihe yari akiri mu kaga yarazirikana ku vyo Yehova yomukoreye. Yari azi ko Yehova yomurokoye ku gihe kibereye. Kanatsinda, Yehova yari yaramenyesheje ko Dawidi ari we yohavuye aba umwami wa Israyeli. (1 Sam. 16:​1, 13) Dawidi yabona ko Yehova asezeranye ikintu ari nk’aho kiba kirangutse.

13. Ni igiki twizigiye ko Yehova azokora?

13 Yehova yadusezeraniye iki? Ntitwiteze ko adukingira ingorane zose zodushikira. c Naho ari ukwo, ingorane zose zodushikira muri iyi si mbi, Yehova azozikuraho mw’isi nshasha. (Yes. 25:​7-9) Umuremyi wacu arafise ububasha bwo kuzura abapfuye, kudukiza no gukuraho abaturwanya bose.—1 Yoh. 4:4.

14. Ni igiki twozirikanako?

14 Igihe ugize ubwoba, nuce uzirikana ku vyo Yehova azokora muri kazoza. Iyumvire ingene uzokwumva umerewe igihe Shetani azoba atakiriho, inkozi z’ikibi zavuyeho hagasigara abantu beza gusa, agasembwa na ko kakagenda karatuvako ku musi ku musi. Umwerekano umwe wagizwe kw’ihwaniro ry’akarere ryo mu 2014, waratweretse ingene twozirikana ku cizigiro cacu. Ico gihe sebibondo yaraganiriye n’umuryango wiwe ingene bosoma ibivugwa muri 2 Timoteyo 3:​1-5 nka hamwe vyoba vyerekeza ku kuntu ibintu bizoba vyifashe mw’Iparadizo. Bohasoma bati: «Mw’isi nshasha hazobaho ibintu biteye umunezero cane. Kuko abantu bazoba bakunda abandi, bakunda ivy’Imana, bifata ruto, bicisha bugufi, bashemeza Imana, bagamburukira abavyeyi, bashima, ari intahemuka, bakunda cane abo mu miryango yabo, bashaka kwumvikana, bama bavuga neza abandi, bigumya, bitonda, bakunda iciza, abizigirwa, bayoboka, bicisha bugufi, bakunda Imana aho gukunda ivyo kwinezereza, bihebera Imana vy’ukuri. Abo rero ubumireko.» Woba nawe uhora uganira n’abagize umuryango wawe canke abo musangiye ukwemera ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha?

15. Naho vyashitse Tanja akagira ubwoba, ni igiki camufashije kubutsinda?

15 Kuzirikana ku mihezagiro ya kazoza, vyaratumye mushiki wacu umwe yitwa Tanja wo mu gihugu ca Macédoine du Nord atsinda ubwoba. Abavyeyi biwe bararwanije cane ivy’uko yokwiga Bibiliya. Avuga ati: «Ivyo natinya ni vyo vyahavuye biba. Igihe cose naba mvuye kw’ikoraniro, mawe yaca ankubita. Abavyeyi banje bambwiye ko mbaye Icabona ca Yehova bociye banyica.» Amaherezo Tanja bahavuye bamwirukana i muhira. None yavyifashemwo gute? Avuga ati: «Naguma niyumvira umunezero nogize ibihe vyose hamwe noguma ndi intahemuka. Nariyumvira kandi ingene Yehova yonshumbushije mw’isi nshasha ku bw’ibintu vyose nemera guheba muri iyi si, n’ingene ntosubiye kwibuka ibintu bibi vyose.» Tanja yagumye ari intahemuka, kandi Yehova yaramufashije araronka aho aba. Ubu Tanja yubakanye n’umuvukanyi w’umwizigirwa, bakaba bakorera Yehova mu murimo w’igihe cose bahimbawe.

NURUSHIRIZE KWIZIGIRA YEHOVA MURI IKI GIHE

16. Ibivugwa muri Luka 21:​26-28 nivyaranguka, ni igiki kizodufasha kuguma dutekanye?

16 Mu gihe ca ya makuba akomeye, abantu muri rusangi «bazokwicwa n’ubwoba.» Abasavyi b’Imana bobo bazoguma bashikamye kandi batekanye. (Soma Luka 21:​26-28.) Kubera iki none tutazokwicwa n’ubwoba? Kuko tuzoba twarize kwizigira Yehova. Umwe mushiki wacu Tanja avuga ko ivyo yaciyemwo muri kahise biriko biramufasha kwihanganira izindi ngorane zimushikira ubu. Agira ati: «Nariboneye ko ata ngorane n’imwe Yehova adashobora kudutunganiriza. Hari igihe umenga abandi bantu bodukorera ico bashaka cose, ariko mu vy’ukuri ntibarusha ububasha Yehova. Vyongeye, naho twoshikirwa n’ingorane ikomeye gute, amaherezo izohera.»

17. Icanditswe c’umwaka wo mu 2024 kizodufasha gute? (Raba ifoto yo ku gipfukisho.)

17 Muri iki gihe, kugira ubwoba ni ibisanzwe. Ariko cokimwe na Dawidi, turashobora gutsinda ubwoba. Icanditswe c’umwaka wo mu 2024, ni isengesho Dawidi yatuye Yehova. Yavuze ati: «Ni wewe nizigira igihe mfise ubwoba.» (Zab. 56:3) Ku bijanye n’uwo murongo, igitabu kimwe c’ivya Bibiliya kivuga yuko Dawidi «atagumije umutima ku bintu vyamutera ubwoba, canke ku ngorane yarimwo, ahubwo ko yaguma ahanga amaso uwari kubimukiza.» Mu mezi ari imbere, uraguma uzirikana kuri iki canditswe c’umwaka, canecane niwashikirwa n’ibintu bigutera ubwoba. Urafata umwanya wo kuzirikana ku vyo Yehova yakoze muri kahise, ku vyo ariko arakora ubu, no ku vyo azokora muri kazoza. Gutyo, cokimwe na Dawidi, uzovuga uti: «Imana ni yo nizigiye, kandi singira ubwoba.»—Zab. 56:4.

Mushiki wacu ariko arazirikana ku canditswe c’umwaka igihe hari hateye icago c’icaduka (Raba ingingo ya 17)

USHOBORA GUTE GUTSINDA UBWOBA . . .

  • igihe uzirikanye ku vyo Yehova yakoze?

  • igihe uzirikanye ku vyo Yehova ariko arakora ubu?

  • igihe uzirikanye ku vyo Yehova azokora muri kazoza?

URURIRIMBO RWA 33 Terera umuzigo wawe kuri Yehova

a Inkuru zikomeza ukwizera urashobora kuzisanga kuri jw.org. Nuje mu kumba ko kurondeza maze wandike ngo «Niwigane ukwizera kwabo» canke ngo «Inkuru z’ivyabaye.» Kuri JW Library, nuje ahavuga ngo Rubriques, uce uraba ahavuga ngo «Niwigane ukwizera kwabo» canke ahavuga ngo «Inkuru z’ubuzima z’Ivyabona vya Yehova

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Dawidi yarazirikanye ku kuntu Yehova yari yaramufashije kwica idubu, ingene yariko aramufasha biciye kuri Ahimeleki be n’ingene yomugize umwami.

e INSOBANURO Y’IFOTO: Umuvukanyi yapfunzwe azira ukwizera kwiwe ariko arazirikana ingene Yehova yamufashije guheba kunywa itabi, ingene ariko aramuremesha biciye ku makete arungikirwa n’abagenzi biwe, n’ingene azomuronsa ubuzima budahera mw’Iparadizo.