Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ufata abagore nk’uko Yehova abafata?

Woba ufata abagore nk’uko Yehova abafata?

ESE ingene ari agateka kubona dukorana n’abagore benshi b’intahemuka. Turakunda cane abo bashiki bacu a bakora cane tukongera tukabakengurukira. Rero bavukanyi, nimwihatire kubafatana ubuntu, mubahe agaciro mwongere mububahe. Ariko rimwe na rimwe, ivyo birashobora kutatworohera kubigira kubera turi abanyagasembwa. Ikigeretse kuri ivyo, abagabo bamwebamwe usanga bafise iyindi ngorane.

Abavukanyi bamwebamwe bakuriye mu mico aho usanga abagabo benshi bashira hasi abagore. Nk’akarorero, umuhagarikizi w’umuzunguruko yitwa Hans wo muri Boliviya avuga ati: «Abagabo bamwebamwe bakuriye mu kibano gishira hejuru cane ab’igitsina-gabo, ivyo bikaba vyatumye bagira agatima ko kubona ko baruta abagore.» Umukurambere umwe yitwa Shengxian wo muri Tayiwani na we avuga ati: «Mu kibano iwacu, abagabo benshi babona ko abagore badakwiye guterera iciyumviro abagabo. Hamwe umugabo yovuga yuko umugore yamuterereye iciyumviro kanaka, abagenzi biwe boca bamusuzugura.» Abandi bagabo barerekana ko bashira hasi abagore mu buryo budashoka bwibonekeza. Nk’akarorero, boshobora gutera inkuru zitwenza mugabo zishira hasi abagore.

Igishimishije, naho umugabo yoba yakuriye mu mico kama imeze gute, arashobora guhinduka. Arashobora kwikuramwo iciyumviro c’uko abagabo baruta abagore. (Ef. 4:​22-24) Ivyo bisaba ko yigana Yehova. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene Yehova afata abagore, ingene abavukanyi bomwigana, n’ingene abakurambere botanga akarorero mu bijanye no kwubaha bashiki bacu.

YEHOVA AFATA GUTE ABAGORE?

Yehova aratanga akarorero ntangere mu kuntu twofata abagore. Kubera ko ari Umuvyeyi munyarukundo, arakunda abana biwe bose. (Yoh. 3:16) Bashiki bacu bamwizera, abona yuko ari abakobwa biwe b’agaciro. Raba uburyo butandukanye Yehova atera iteka abagore.

Abafata cokimwe n’abagabo. Abagabo n’abagore, bose Yehova yabaremye mw’ishusho yiwe. (Ita. 1:27) Yehova ntiyahaye abagabo ubwenge bwinshi kurusha abagore canke ingabire nyinshi kurusha abagore, kandi ntakunda abagabo kurusha abagore. (2 Ngo. 19:7) Baba abagabo canke abagore, yabaremanye ubushobozi bungana bwo gutahura ukuri kwo muri Bibiliya no kwigana kamere ziwe nziza. Yehova kandi aha agaciro kamwe ukwizera kw’abagabo n’ukw’abagore, baba bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi canke co kuzoba abami n’abaherezi mw’ijuru. (2 Pet. 1:​1, akajambo k’epfo.) Biragaragara rero ko Yehova adashira hasi abagore.

Arabumviriza. Yehova aritaho ingorane z’abagore akongera akitwararika ingene biyumva. Nk’akarorero, yarumvirije amasengesho ya Rasheli na Hana yongera arabaronsa ivyo bamusavye. (Ita. 30:22; 1 Sam. 1:​10, 11, 19, 20) Yehova kandi yarahumekeye abanditse Bibiliya kwandika inkuru zerekeye abagabo bumvirije abagore. Nk’akarorero, Aburahamu yarumvirije umugore wiwe Sara, nk’uko Yehova yari yabimusavye. (Ita. 21:​12-14) Umwami Dawidi yarumvirije Abigayili. Nkako, yabona ko Yehova ari we yari yarungitse uwo mugore kugira ngo avugane na we. (1 Sam. 25:​32-35) Yezu na we nyene, umwe agaragaza kamere za Se ata gahaze, yarumvirije nyina wiwe Mariya. (Yoh. 2:​3-10) Ubwo burorero burerekana ko kimwe mu vyo Yehova akora mu guha agaciro abagore ari ukubumviriza.

Arabizigira. Nk’akarorero, Yehova yarateye iteka Eva ryo gufasha mu bijanye no kwitwararika isi. (Ita. 1:28) Ivyo vyarerekanye ko atamufata nk’uwuri munsi y’umugabo wiwe Adamu, ahubwo ko yamufata nk’umwunganizi w’umugabo wiwe. Yehova kandi yarashinze ibanga umuhanuzikazi Debora na Hulida ryo guhanura abasavyi biwe, ushizemwo umucamaza n’umwami. (Abac. 4:​4-9; 2 Abm. 22:​14-20) Muri kino gihe, Yehova arazeza abagore b’abakirisu ibanga ryo kurangura igikorwa ciwe. Abo bashiki bacu b’abizigirwa usanga ari abamamaji, abatsimvyi be n’abamisiyonari. Barafasha mu gucapura imigero, bakubaka, bakongera bagakora ibikorwa vyo kubungabunga Ingoro z’Ubwami hamwe n’inyubakwa z’amashami. Bamwe muri bo usanga bakorera kuri Beteli, abandi na bo mu biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Abo bashiki bacu bameze nk’ingabo nyinshi Yehova akoresha kugira arangure umugambi wiwe. (Zab. 68:11) Mu vy’ukuri, Yehova ntabona ko abagore ari abantu goyigoyi canke ata co bashoboye.

ABAVUKANYI BOKWIGANA GUTE YEHOVA MU KUNTU BAFATA ABAGORE?

Bavukanyi, kugira ngo tumenye nimba dufata abagore nk’uko Yehova abafata, turakwiye gusuzuma tutihenda ukuntu twiyumvira be n’ivyo dukora. Ivyo ntitwobishobora tutaronse icobidufashamwo. Nka kurya nyene iradiyo ishobora kumurika ikabona indwara iri imbere mu muntu, umugenzi mwiza be n’Ijambo ry’Imana birashobora kudufasha kubona ivyiyumviro bitabereye bishobora kuba biri mu mutima wacu ku bijanye n’ukuntu tubona abagore. None twobimenya gute?

Nubaze umugenzi. (Imig. 18:17) Vyoba vyiza twituye umugenzi twizigiye kandi tuzi ko acisha aho ukuri kuri, maze tukamubaza ibibazo nk’ibi: «Ubona mfata gute bashiki bacu? Noba ndabubaha? Ubona nokora iki kugira ngo ndushirize kubafata neza?» Uwo mugenzi akubwiye ivyo woryohora, ntuce ugerageza kwisigura. Ahubwo nyabuna niwihatire kugira ivyo uhinduye.

Niwige Ijambo ry’Imana. Gukoresha Ijambo ry’Imana mu gusuzuma ivyiyumviro vyacu be n’ivyo dukora, ni bwo buryo bwiza bwodufasha kumenya nimba dufata neza bashiki bacu. (Heb. 4:12) Iyo turiko turiga Bibiliya, turabona abagabo bafashe neza abagore n’ababafashe nabi. Bica bidufasha natwe kwishira ku munzane. Vyongeye, kugereranya imirongo itari mike yo muri Bibiliya birashobora kudufasha kutitwaza icanditswe kimwe gusa kugira ngo dushigikire ivyiyumviro bitari vyo dufise ku bijanye n’abagore. Nk’akarorero, twisunze 1 Petero 3:​7, umugore akwiye guterwa iteka mu kumufata «nk’icombo kitanganya natwe gukomera.» b None ivyo bisobanura ko ari hasi y’umugabo? Ni ukuvuga ko ata bwenge bwinshi afise, canke ata vyinshi ashoboye nk’umugabo? Habe namba! Gereranya ivyo Petero yavuze n’ibivugwa mu Bagalatiya 3:​26-29, aherakana ko Yehova yatoye abagabo n’abagore kugira bazofadikanye na Yezu kuganza mw’ijuru. Iyo twize Ijambo ry’Imana tukongera tukabaza umugenzi ingene abona dufata abagore, turashobora kumenya ingene twofatana icubahiro bashiki bacu.

ABAKURAMBERE BEREKANA GUTE KO BUBAHA BASHIKI BACU?

Abavukanyi bo mw’ishengero na bo nyene barashobora kwigira ku bakurambere ingene bofata bashiki bacu mu buryo buranga icubahiro. None abakurambere batanga gute akarorero ku bijanye no gufatana icubahiro bashiki bacu? Raba ibintu bimwebimwe bogira.

Barakeza bashiki bacu. Intumwa Pawulo yarasigiye akarorero keza abakurambere. Mw’ikete yandikiye ishengero ry’i Roma, yarakeje ku mugaragaro bashiki bacu batari bake. (Rom. 16:12) Iyumvire umunezero abo bashiki bacu bagize igihe bumva iryo kete ririko risomerwa ishengero. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere barakeza bashiki bacu kubera kamere nziza bafise no kubera igikorwa barangurira Yehova. Ivyo bituma bashiki bacu bumva ko ishengero ribakunda cane kandi ribubaha. Akajambo k’indemesho kavuzwe n’umukurambere koshobora kuba ari ko abo bashiki bacu bakeneye kugira ngo bagume bakorera Yehova badahemuka.—Imig. 15:23.

Bakeze

Igihe abakurambere bakeza bashiki bacu, bakwiye kubabwira ibivuye ku mutima kandi badomako. Uti kubera iki? Mushiki wacu yitwa Jessica avuga ati: «Igihe abavukanyi bakeje mushiki wacu ni vyiza. Ariko rero ikidushimisha cane, ni igihe abavukanyi badukeje ku kintu kanaka badomako, nk’ingene dufasha abana bacu gutekereza ku makoraniro canke ingene tuja guhitana uwo twigisha Bibiliya tukamuzana kw’ikoraniro.» Igihe abakurambere bakeje bashiki bacu mu buryo budomako, bituma abo bashiki bacu bumva ko hari ico bamaze mw’ishengero kandi ko bari n’agaciro.

Barumviriza bashiki bacu. Abakurambere bicisha bugufi barazi ko atari bo bonyene bafise ivyiyumviro vyiza. Abakurammbere nk’abo barasaba bashiki bacu gutanga ivyiyumviro vyabo, kandi bakabumviriza bitonze. Uretse ko ivyo biremesha bashiki bacu, biranagirira akamaro abo bakurambere. Uti gute? Umukurambere yitwa Gerardo akorera kuri Beteli avuga ati: «Nasanze gusaba ivyiyumviro bashiki bacu bituma ndushiriza gukora neza igikorwa canje. Akenshi, usanga bamaze igihe kinini bakora ico gikorwa kuruta abavukanyi batari bake.» Kubera ko mw’ishengero usanga bashiki bacu benshi ari abatsimvyi, baba bazi neza abantu bo muri ako karere. Umukurambere umwe yitwa Bryan avuga ati: «Bashiki bacu ni kirumara mw’ishirahamwe ryacu. Ku bw’ivyo rero, nitwungukire ku tuntu n’utundi bazi.»

Bumvirize

Abakurambere b’inkerebutsi ntibirengagiza ivyiyumviro bashiki bacu bashikiriza. Uti kubera iki? Umukurambere umwe yitwa Edward avuga ati: «Iciyumviro gitanzwe na mushiki wacu azi utuntu n’utundi, kirashobora gufasha umuvukanyi gutahura neza uko ibintu vyifashe, kikongera kikamufasha kugaragaza impuhwe.» (Imig. 1:5) N’igihe bidakunda ko umukurambere yisunga iciyumviro gitanzwe na mushiki wacu, arakwiye kumushimira kubona yagishikirije no kubona yashimye gusangira n’abandi utuntu n’utundi azi.

Baramenyereza bashiki bacu. Abakurambere babona kure bararondera uturyo two kumenyereza bashiki bacu. Nk’akarorero, barashobora kwigisha bashiki bacu ingene boyobora amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro igihe ata muvukanyi yabatijwe ahari. Barashobora kubamenyereza gukoresha imashini canke ibindi bikoresho kugira ngo bafashe mu bikorwa vyo kwubaka inyubakwa z’ishirahamwe no kuzibungabunga. Kuri Beteli, abahagarikizi baramenyereje bashiki bacu ibikorwa bitandukanye, ushizemwo ivyo kubungabunga inyubakwa n’ibindi bikoresho, ivyo gusuma, ibijanye n’ikigega, ivy’ama ordinateri be n’ibindi. Iyo abakurambere bamenyereje bashiki bacu, baba berekanye ko babona ko bashoboye be n’uko ari abizigirwa.

Bamenyereze

Bashiki bacu benshi barakoresha ukumenyerezwa bahawe n’abakurambere mu gufasha abandi. Nk’akarorero, bashiki bacu bamwebamwe barikora ku kumenyerezwa baronse mu bijanye no kwubaka, bagafasha abandi gusanura amazu yabo igihe hateye icago c’icaduka. Abandi na bo barakoresha ubuhanga bigishijwe ku bijanye no kwamamaza ku mugaragaro, mu gufasha abandi bashiki bacu muri uwo muce wo kwamamaza. None abo bashiki bacu babona gute abo bakurambere babamenyereje? Mushiki wacu yitwa Jennifer avuga ati: «Igihe naja gufasha kw’ishantiye imwe yo kwubaka Ingoro y’Ubwami, umuhagarikizi umwe yarafashe akanya ko kumenyereza. Yarankeza ku vyo nakora. Gukorana na we vyarampimbara cane, kuko numva ko hari ico maze kandi ko yanyizigira.»

IVYIZA VYO GUFATA BASHIKI BACU NK’ABAGIZE UMURYANGO

Turakunda cane bashiki bacu b’abizigirwa nk’uko Yehova abakunda. Ni co gituma tubafata nk’abo mu muryango. (1 Tim. 5:​1, 2) Ni agateka gukorana na bo. Natwe turahimbarwa cane igihe babona ko tubakunda kandi tubashigikira. Mushiki wacu yitwa Vanessa avuga ati: «Ndashimira cane Yehova kubona ndi mu bagize ishirahamwe ryiwe ririmwo abavukanyi benshi bandemesha cane.» Mushiki wacu umwe wo muri Tayiwani na we avuga ati: «Ndashimira cane Yehova n’ishirahamwe ryiwe kubona ingene baha agaciro abagore bakongera bakabitwararika. Ivyo birakomeza ukwizera kwanje bigatuma kandi ndushiriza gukenguruka agateka mfise ko kuba ndi mu bagize ishirahamwe rya Yehova.»

Yehova arahimbarwa cane iyo abonye abagabo b’abakirisu bihatira kumwigana mu kuntu babona bashiki bacu no mu kuntu babafata. (Imig. 27:11) Umukurambere umwe wo muri Ekose yitwa Benjamin avuga ati: «Kubera ko isi ishira hasi abagore, igihe baje mu Ngoro y’Ubwami twipfuza ko bibonera itandukaniro.» Nimuze twese twihatire kwigana Yehova mu kugaragariza bashiki bacu urukundo n’icubahiro babereye.—Rom. 12:10.

a Muri iki kiganiro, imvugo ngo «bashiki bacu» ntiyerekeza ku bo dusangiye amaraso, ahubwo yerekeza ku b’igitsina-gore dusangiye ukwizera.

b Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’imvungo «icombo kitanganya namwe gukomera», raba ikiganiro kivuga ngo «Agaciro k’urwavya rurushirije kworoha», mu Munara wo ku wa 15 Rusama 2006, be n’ikivuga ngo «Inyobozo ziranga ubukerebutsi ku bubakanye», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2005.