Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Ivyo wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango

Ivyo wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango

Turasenga Yehova igihe turi kumwe n’abandi ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Ariko kandi turabikora ku giti cacu canke turi kumwe n’umuryango wacu. Raba ibintu bimwebimwe wokora mu kwiyigisha canke mu gusenga kwo mu muryango:

  • Tegura amakoraniro. Aho hoshobora kujamwo no kwimenyereza indirimbo zizoririmbwa canke gufasha abagize umuryango bose gutegura inyishu bazotanga.

  • Soma inkuru kanaka yo muri Bibiliya. Nuce ugerageza gucapa ibivugwa muri yo canke wandike icigwa uhakuye.

  • Suzuma isengesho kanaka rivugwa muri Bibiliya. Nimuce muganira ku kuntu ryobafasha kuryohora amasengesho yanyu.

  • Raba imwe mu mavidewo yacu, uce uganira n’abandi ivyo wahigiye canke uvyandike.

  • Tegura ivyo uzovuga mu ndimiro, kumbure ugire n’umwimenyerezo.

  • Ihweze ivyaremwe uheze ubizirikaneko wongere uganire n’abandi ico bikwigisha ku bijanye na Yehova. a

a Raba ikiganiro kivuga ngo «Nurushirize kumenya Yehova biciye ku vyo yaremye», kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Ntwarante 2023.