Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5

URURIRIMBO RWA 27 Ihishurwa ry’abana b’Imana

«Sinzokwigera ndaguheba»

«Sinzokwigera ndaguheba»

«Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.”»HEB. 13:5b.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Guhumuriza abasavyi b’Imana bo kw’isi yuko Imana itazobaheba, abakirisu bose barobanuwe bakiri kw’isi nibamara kuja mw’ijuru.

1. Ni ryari abarobanuwe bose bazoba bari mw’ijuru?

 MU MYAKA yahera, abasavyi ba Yehova baribaza bati: “Uwa nyuma mu bakirisu barobanuwe azoja mw’ijuru ryari?” Twahora twiyumvira ko kumbure hari abakirisu barobanuwe bogumye mw’Iparadizo ng’aha kw’isi mu kiringo kanaka, inyuma y’intambara ya Harumagedoni. Ariko Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2013, wavuze yuko abarobanuwe bose bazoba bakiri kw’isi, bazojanwa mw’ijuru imbere yuko intambara ya Harumagedoni itangura.—Mat. 24:31.

2. Ni ikibazo ikihe bamwebamwe boshobora kwibaza, kandi turimbura iki muri iki kiganiro?

2 Ariko rero bamwebamwe boshobora kwibaza bati: Muri ya «makuba akomeye», bizogendera gute abo mu «zindi ntama» za Kristu bazoba bari ng’aha kw’isi bakorera Yehova badahemuka? (Yoh. 10:16; Mat. 24:21) Hari abohagarika umutima bibaza ko tuzosigara tumeze nk’ingabo zitagira umutware, abarobanuwe twikundira nibamara kuja mw’ijuru. Reka tubanze turabe inkuru zibiri zivugwa muri Bibiliya zishobora gutuma biyumvira gutyo. Mu nyuma turaza guca irya n’ino imvo zotuma tudahagarika umutima.

NI IBIKI BITAZOSHIKA?

3-4. Ni ibiki bamwebamwe bokwiyumvira, kandi kubera iki?

3 Hari abokwiyumvira ko abo mu zindi ntama bazoca baheba ukuri igihe abavukanyi bo mu Nama Nyobozi batazoba bakiri kumwe na bo ngo babayobore. Kumbure ivyo bavyiyumvira bafatiye ku nkuru zimwezimwe zivugwa muri Bibiliya. Reka turimbure zibiri muri zo. Iya mbere yerekeye umuherezi mukuru Yehoyada. Yari umusavyi w’Imana w’intahemuka. We n’umukenyezi wiwe Yehoshabeyati barakingiye agahungu gatoyi kitwa Yehowasi, baragafasha gushika kabaye umwami mwiza kandi w’umwizigirwa. Yehowasi yagumye akora ivyiza imbere y’Imana igihe cose umutama Yehoyada yari akiriho. Ariko Yehoyada amaze gupfa, Yehowasi yaciye atangura gukora ibibi. Yarumvirije abatware babi bica bituma aheba Yehova.—2 Ngo. 24:​2, 15-19.

4 Akandi karorero ni ak’abakirisu bo mu kinjana ca kabiri. Intumwa Yohani, ari na we yapfuye inyuma y’izindi ntumwa, yarabereye akarorero keza abakirisu benshi, arabafasha kuguma ari intahemuka kuri Yehova. (3 Yoh. 4) Yohani afadikanije n’izindi ntumwa za Yezu z’intahemuka, yaramaze igihe arwanya yivuye inyuma inyigisho zo kugarariza Imana zariko zirakwiragira mu bantu. (1 Yoh. 2:18) Ariko amaze gupfa, izo nyigisho zaciye zirandagata mw’ishengero nk’umuriro wa Nyakanga. Inyuma y’imyaka nka mirongo, ishengero nka ryose ryari rimaze kwononekara.

5. Twisunze izo nkuru zibiri, ni ibiki tudakwiye guca twiyumvira?

5 Izo nkuru zibiri, zoba zerekana ko abarobanuwe nibamara kuja mw’ijuru, abo mu zindi ntama bazoca bashikirwa n’ibintu nk’ivyo? None ico gihe abakirisu b’abizigirwa bazoba bari kw’isi, boba bazota umurongo nka kumwe kwa Yehowasi? Canke boba bazotwarwa n’inyigisho zo kugarariza Imana nk’uko vyashikiye abakirisu benshi intumwa zimaze gupfa? Habe namba. Turizigira tudakeka yuko abarobanuwe nibava kw’isi, Yehova azoguma yitwararika abo mu zindi ntama bakaguma bamusenga badahemuka. None tuvyemezwa n’iki?

UGUSENGA KW’UKURI NTIKUZOKWIGERA KWONONEKARA

6. Tugiye guca irya n’ino ibiringo bitatu ibihe?

6 Kubera iki twokwizigira ko ugusenga kw’ukuri kutazokwigera kwononekara, mbere no mu bihe bitoroshe twimirije? Ni kubera ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ikiringo tubayemwo. Iki kiringo kiratandukanye cane n’ico muri Isirayeli ya kera be n’ic’abakirisu bo mu kinjana ca kabiri. Nimuze rero dusuzume twitonze ivyo biringo bitatu: (1) Ikiringo co muri Isirayeli ya kera, (2) ikiringo c’inyuma y’urupfu rw’intumwa, (3) ikiringo tubayemwo co “gusubiza ibintu vyose mu buryo.”—Ivyak. 3:21.

7. Kubera iki abasavyi b’Imana b’intahemuka bo muri Isirayeli ya kera batacitse intege igihe iryo hanga n’abami baryo bahitamwo gukora ibibi?

7 Ikiringo co muri Isirayeli ya kera. Gatoyi imbere y’uko Musa apfa, yabwiye Abisirayeli ati: «Ndazi neza ko muzokora ibibi ninamara gupfa, mugaheba inzira nabategetse kugenderamwo.» (Gus. 31:29) Yababwiye kandi ko baramutse bagararije bojanywe mu bunyagano. (Gus. 28:​35, 36) None ivyo vyoba vyararangutse? Cane nyene. Mu binjana n’ibindi, abami benshi bahisemwo gukora ibibi maze bazimiza abasavyi b’Imana. Ivyo vyatumye Yehova aheba abo basavyi biwe b’abanyakibi yongera ahagarika intunganyo yuko abami bamuserukira ng’aha kw’isi. (Ezk. 21:​25-27) Abisirayeli b’intahemuka bobo, igihe babona ko ivyo Imana yavuze vyarangutse, baragize umutima rugabo baguma bayikorera badahemuka.—Yes. 55:​10, 11.

8. Kuba ishengero ryo mu kinjana ca kabiri ryarononekaye, vyoba bikwiye kudutangaza? Sigura.

8 Ikiringo c’inyuma y’urupfu rw’intumwa. Kuba ishengero ryo mu kinjana ca kabiri ryarononekaye, vyoba bikwiye kudutangaza? Habe namba. Yezu yari yaravuze ko hokwadutse abantu barwanya ukuri bimwe bikomeye. (Mat. 7:​21-23; 13:​24-30, 36-43) Intumwa Pawulo, Petero na Yohani, bose baremeje ko ivyo Yezu yavuze vyari vyatanguye kuranguka mu kinjana ca mbere. (2 Tes. 2:​3, 7; 2 Pet. 2:1; 1 Yoh. 2:18) Intumwa zimaze gupfa, ishengero ry’abakirisu ryaciye ryononekara. Haciye haduka abakirisu b’ikinyoma, gutyo haba hatanguye Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Mu vy’ukuri, ivyo Yezu yavuze vyariko biraranguka.

9. Ikiringo tubayemwo gitandukaniye he n’ico muri Isirayeli ya kera be n’ic’ishengero ryo mu kinjana ca kabiri?

9 Ikiringo co “gusubiza ibintu vyose mu buryo.” Ikiringo tubayemwo kiratandukanye n’ico muri Isirayeli ya kera be n’ico mu kinjana ca kabiri, igihe haduka abarwanya ukuri bimwe bikomeye. None iki kiringo tubayemwo citwa ngw’iki? Mu bisanzwe dukunda kucita «imisi ya nyuma» y’iyi si mbi. (2 Tim. 3:1) Ariko rero, Bibiliya irerekana ko iki kiringo nyene catanguranye n’ikindi kiringo gihambaye kandi kirekire. Ico kiringo kizobandanya gushika Ubwami burongowe na Mesiya bushikanye abantu ku gutungana, bugahindura n’isi yose iparadizo. Ico kiringo Bibiliya icita ikiringo co “gusubiza ibintu vyose mu buryo.” (Ivyak 3:21) Catanguye mu 1914. None ico gihe ni ibiki vyasubijwe mu buryo? Yezu yarimitswe aba Umwami mw’ijuru. Yehova rero yari asubiye kwimika umwami amuserukira, yakomoka ku mwami w’umwizigirwa Dawidi. Ariko rero ubwo Bwami, si co kintu conyene Yehova yasubijeho. Gatoyi inyuma y’aho, ugusenga kw’ukuri na kwo nyene kwaciye gutangura gusubizwaho. (Yes. 2:​2-4; Ezk. 11:​17-20) None ugusenga kw’ukuri kwoba kuzosubira kwononekara?

10. (a) Bibiliya yavuze iki ku bijanye n’ugusenga gutyoroye muri iki gihe cacu? (Yesaya 54:17) (b) Kubera iki ubwo buhanuzi buturemesha?

10 Soma Yesaya 54:17. Iyumvire ico kintu: «Nta kirwanisho cakozwe kugira bakurwanye, kizororanirwa.» Ayo majambo ariko araranguka muri iki gihe. Ayandi majambo aremesha ariko araranguka ni aya agira ati: «Abana bawe bose bazokwigishwa na Yehova, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi. Uzoshinga imizi mu bugororotsi. . . . Ntuzotinya ikintu na kimwe canke ngo hagire ikikurandura umutima, kuko kitazokwegera.» (Yes. 54:​13, 14) Na Shetani ari Shetani ya «mana y’iyi si», ntashobora guhagarika igikorwa abasavyi ba Yehova bariko barakora co kwigisha abandi ukuri. (2 Kor. 4:4) Ugusenga kw’ukuri kwarasubijweho kandi ntikuzosubira kwononekara. Kuzokwamaho ibihe vyose. Nta kirwanisho cakorewe kuturwanya kizororanirwa.

NI IBIKI BIZOSHIKA?

11. Twemezwa n’iki ko abagize isinzi rinini batazosigara bameze nk’ingabo zitagira umutware, abarobanuwe nibaja mw’ijuru?

11 Ni ibiki bizoshika abarobanuwe nibaja mw’ijuru? Niwibuke ko Yezu ari Umwungere wacu. Ni we mutwe w’ishengero. Yavuze ati: «Indongozi yanyu [ni] imwe, na yo ikaba ari Kristu.» (Mat. 23:10) Uwo Mwami wacu ntazokwigera ananirwa gukora ico ajejwe. Abayoboke ba Kristu bazoba bari ng’aha kw’isi, nta na kimwe gikwiye kuzobatera ubwoba kubera ko Kristu ubwiwe ari we azoba abayoboye. Ariko rero ntituzi amakuru y’ido n’ido y’ukuntu Kristu azoyobora abantu biwe ico gihe. Reka rero turabe uburorero bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwoduhumuriza.

12. Yehova yitwararitse gute abasavyi biwe (a) Musa amaze gupfa? (b) Eliya amaze gushingwa ikindi gikorwa? (Raba n’ifoto.)

12 Musa yapfuye imbere y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’isezerano. None vyaciye bibagendera gute? Uwo mugabo w’umwizigirwa amaze gupfa, Yehova yoba yaciye abaheba? Habe namba. Yagumye abafasha igihe cose bagumye ari intahemuka. Imbere y’uko Musa apfa, Yehova yamutegetse kugena Yosuwa ngo abe ari we azoyobora abasavyi biwe. Musa yaramaze imyaka itari mike amenyereza Yosuwa. (Kuv. 33:11; Gus. 34:9) Vyongeye, hariho abandi bagabo benshi bari bashoboye kuba indongozi. Bamwe bari abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi. (Gus. 1:15) Emwe abasavyi b’Imana bari bitwararitswe neza! Akandi karorero turakabonera kuri Eliya. Yaramaze imyaka itari mike afasha Abisirayeli mu bijanye n’ugusenga kw’ukuri. Mugabo harageze aho Yehova amuhindurira igikorwa, amwimurira mu bumanuko bw’Ubuyuda. (2 Abm. 2:1; 2 Ngo. 21:12) None abasavyi b’Imana b’abizigirwa bo mu bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi, boba baciye basigara batagira gitabara? Eka data. Eliya yari amaze imyaka amenyereza Elisha. Hariho n’“abana b’abahanuzi” biboneka ko bari baramenyerejwe. (2 Abm. 2:7) Birumvikana rero ko hariho abagabo benshi b’intahemuka bashobora kuyobora abasavyi b’Imana. Umugambi wa Yehova wagumye utera imbere, kandi yaritwararitse abasavyi biwe b’intahemuka.

Musa (ifoto y’i bubamfu) na Eliya (ifoto y’iburyo) bompi baramenyereje abobasubiriye (Raba ingingo ya 12)


13. Ibivugwa mu Baheburayo 13:5b biduhumuriza gute? (Raba n’ifoto.)

13 Twisunze ubwo burorero duhejeje kubona, wibaza ko bizogenda gute uwa nyuma mu barobanuwe niyajanwa mw’ijuru? Inyishu iratomoye. Bibiliya iraduhumuriza yuko Yehova atazokwigera aheba abasavyi biwe bo kw’isi. (Soma Abaheburayo 13:5b.) Cokimwe na Musa be na Eliya, abagize umugwi mutoyi w’abakirisu barobanuwe bahagarikiye igikorwa muri iki gihe, baratahura yuko bihambaye kumenyereza abandi. Abavukanyi bo mu Nama Nyobozi, baramaze imyaka bamenyereza abagabo bo mu zindi ntama kuja imbere abandi. Nk’akarorero, baratunganije amashure menshi yo kumenyereza abakurambere, abahagarikizi b’imizunguruko, abagize Komite z’amashami, abahagarikiye inzego kuri Beteli be n’abandi. Abagize Inama Nyobozi ubwabo, baramenyereza ababafasha mu makomite atandukanye y’Inama Nyobozi. Muri iki gihe, abo bafasha bariko bararangura neza ibikorwa bihambaye mw’ishirahamwe rya Yehova. Bariteguriye neza kubandanya igikorwa co kwitwararika intama za Kristu.

Abagize Inama Nyobozi baramaze igihe bakora cane mu kumenyereza abavukanyi babafasha no mu gutegura amashure amenyereza abakurambere, abahagarikizi b’imizunguruko, abagize Komite z’amashami, abahagarikiye inzego kuri Beteli n’abamisiyonari, hirya no hino kw’isi (Raba ingingo ya 13)


14. Iciyumviro nyamukuru c’iki kiganiro ni ikihe?

14 Iciyumviro nyamukuru c’iki kiganiro ni iki: Uwa nyuma mu barobanuwe niyajanwa mw’ijuru amakuba akomeye ari mu guhera, ugusenga kw’ukuri kuzobandanya ng’aha kw’isi. Abasavyi b’Imana bazoguma bashikamye kubera ko bazoba bayobowe na Yezu Kristu. Ego ni ko ico gihe bazoterwa n’urunani rw’amahanga, ari rwo Bibiliya yitwa Gogi w’i Magogi. (Ezk. 38:​18-20) Ariko rero ico gitero c’akanya gato nta co kizoshikako. Ntikizobuza abasavyi ba Yehova kuguma bamusenga. Azobarokora ata kabuza. Mu vyo Yohani yeretswe, yarabonye «isinzi rinini» ry’abagize izindi ntama za Kristu. Yohani yabwiwe ko abagize iryo «sinzi rinini» bari barenganye ya «makuba akomeye.» (Ivyah. 7:​9, 14) Ego cane, Yehova azobarokora.

15-16. Twisunze Ivyahishuwe 17:​14, abakirisu barobanuwe bazokora iki mu gihe ca ya ntambara ya Harumagedoni? Kubera iki ivyo biremesha?

15 Naho ari ukwo, hari abokwibaza bati: “Bite ho ku barobanuwe? Bazokora iki nibamara kuva kw’isi?” Bibiliya irishura ico kibazo mu buryo butomoye. Ivuga yuko intwaro z’iyi si zizorwana na wa «Mwagazi w’intama.» Ariko rero zizotsindwa. Bibiliya ivuga iti: «Uwo Mwagazi w’intama azobatsinda.» None ni bande bazomufasha muri iyo ntambara? Ivuga ko ari “abahamagawe,” “abatowe,” be n’“abizigirwa.” (Soma Ivyahishuwe 17:14.) None abo ni bande? Ni abarobanuwe bose bazoba bari mw’ijuru. Igihe rero uwa nyuma mu barobanuwe azojanwa mw’ijuru ya makuba akomeye ari mu guhera, igikorwa ca mbere bazokora ni ukurwana. Mbega igikorwa kidasanzwe! Bamwe muri bo bahoze ari abarwanyi imbere y’uko baba Ivyabona vya Yehova. Hari mbere n’abari mu gisoda. Mugabo bamaze kuba abakirisu b’ukuri barize kubana amahoro n’abandi. (Gal. 5:22; 2 Tes. 3:16) Barahevye kurwana. Ariko nibamara gushika mw’ijuru, bazofadikanya na Kristu be n’abamarayika biwe beranda mu ntambara ya nyuma yo kurwanya abansi b’Imana.

16 Iyumvire nawe: Bamwebamwe mu bakirisu barobanuwe bakiri ng’aha kw’isi barashaje kandi bafise amagara make. Ariko nibazuka bagashika mw’ijuru bazoba ibiremwa vy’impwemu bifise ububasha kandi bidapfa. Bazofadikanya intambara na wa Mwami wabo w’umurwanyi, ari we Yezu Kristu. Nibarangiza kurwana intambara ya Harumagedoni bazofadikanya na Yezu mu gikorwa co gushikana abantu ku gutungana. Nta gukeka rero ko ico gihe bazoba bari mw’ijuru, bazofasha cane abavukanyi babo bo ng’aha kw’isi kuruta uko babikora igihe bari bakiri kw’isi ari abantu badatunganye.

17. Twemezwa n’iki ko abasavyi b’Imana bose bazokingirwa mu gihe ca ya ntambara ya Harumagedoni?

17 Woba uri mu bagize izindi ntama? Ni igiki none usabwa kuzokora ya ntambara ya Harumagedoni niyatangura? Ni iki conyene: Kwizigira Yehova no gukurikiza ubuyobozi azotanga. None ivyo bizosaba iki? Bibiliya ituremesha iti: «[Ni]mwinjire mu vyumba vyanyu, mwugare imiryango. Nimwinyegeze akanya gatoyi, gushika uburake burenganye.» (Yes. 26:20) Ico gihe, abasavyi b’Imana bose b’intahemuka, baba abo mw’ijuru canke kw’isi, bazokingirwa. Cokimwe n’intumwa Pawulo, turazi neza ko zaba «intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza . . . ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana.» (Rom. 8:​38, 39) Niwame wibuka iki kintu: Yehova aragukunda kandi ntazokwigera aguheba.

UWA NYUMA MU BAKIRISU BAROBANUWE NIYAJANWA MW’IJURU,

  • ni ibiki bitazoshika?

  • twemezwa n’iki yuko ugusenga kw’ukuri kutazokwononekara?

  • kubera iki twokwizigira yuko Yehova azokwitwararika abasavyi biwe?

URURIRIMBO RWA 8 Yehova ni we buhungiro bwacu