Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 6

URURIRIMBO RWA 10 Shemeza Yehova Imana yacu!

«Nimushemeze izina rya Yehova»

«Nimushemeze izina rya Yehova»

«Yemwe basavyi ba Yehova, nimumushemeze! Nimushemeze izina rya Yehova.»ZAB. 113:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Kwihweza imvo zituma dushemeza izina ryeranda rya Yehova, igihe cose akaryo kabonetse.

1-2. Ni akarorero akahe kodufasha gutahura ingene Yehova amererwa kubona izina ryiwe ryarasizwe iceyi?

 IYUMVIRE iki kintu: Dufate ko umuntu ukunda akuvuzeko ikintu kibabaje cane. Bamwe baravyemera naho wewe uzi neza ko ari ikinyoma. N’ikibabaje kuruta, baciye batangura gukwiragiza ico kinyoma kandi abandi benshi bakacemera. None wokwumva umerewe gute? Kubera ko ukunda abantu kandi ukaba wipfuza kugumana izina ryiza, ico kinyoma cokubabaza cane.—Imig. 22:1.

2 Ako karorero karadufasha gutahura ingene Yehova yumvise amerewe igihe izina ryiwe ryacafuzwa. Umwe mu bana biwe bo mw’ijuru yaramubesheye kuri Eva wa mugore wa mbere, kandi ico kinyoma yaracemeye. Ico kinyoma catumye abavyeyi bacu ba mbere bagarariza Yehova. Ivyo vyaciye bikwegera abantu icaha n’urupfu. (Ita. 3:​1-6; Rom. 5:12) Ingorane zose tubona muri iyi si, uri urupfu, intambara n’amarushwa, vyose vyakwezwe n’ibinyoma Shetani yatanguye gukwiragiza mw’itongo ry’i Edeni. None Yehova yoba ababazwa no kubona yarambitswe ibara gutyo be n’izo ngorane zose vyakweze? Biramubabaza nyene. Naho ari ukwo, Yehova ntiyaciye agira inzigo. Ahubwo yagumye ari «Imana ihimbawe.»—1 Tim. 1:11.

3. Ni agateka akahe dufise?

3 Turafise agateka ko kugira ico duterereye mu kweza izina rya Yehova. Ivyo tubigira mu kugamburuka iri tegeko rigira riti: «Nimushemeze izina rya Yehova.» (Zab. 113:1) Iryo zina ryeranda turishemeza mu kuvuga neza nyeneryo. Woba uzobigira? Reka turabe imvo zitatu zihambaye zotuma dushemeza izina ry’Imana yacu n’umutima wacu wose.

IYO DUSHEMEJE IZINA RYA YEHOVA, ARAHIMBARWA

4. Kubera iki Yehova ahimbarwa iyo tumushemeje? Tanga akarorero. (Raba n’ifoto.)

4 Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru arahimbarwa iyo dushemeje izina ryiwe. (Zab. 119:108) Ivyo none vyoba bisobanura ko Imana Mushoboravyose imeze nk’abantu badatunganye bahahamira gushemezwa kugira bumve ko bafise agaciro? Habe namba. Raba akarorero. Iyumvire agakobwa kagumbiriye se n’igishika cinshi, kagaca kamubwira gati: «Papa, uri umupapa mwiza kuruta abandi bose.» Ico kintu kirahimbara uwo muvyeyi, kikamukora ku mutima cane. Uti kubera iki? Twoba twovuga ko ari kubera yuko ahahamira gushemezwa n’umwana wiwe, kugira yumve ko afise agaciro? Oya nawe nu! Ahubwo ni umuvyeyi ameze neza cane, ahimbarwa no kubona agakobwa kiwe kamwereka ko kamukunda kandi ko kamushima. Arazi ko izo kamere zizogafasha guhimbarwa mu buzima. Muri ubwo buryo nyene, wa Muvyeyi wacu ahambaye Yehova, aranezerwa iyo tumushemeje.

Kurya nyene sebibondo ahimbarwa igihe umwana wiwe amubwiye ko amukunda kandi ko amushima, ni ko na Yehova ahimbarwa iyo dushemeje izina ryiwe (Raba ingingo ya 4)


5. Iyo dushemeje izina ry’Imana, tuba tubeshuje ikinyoma ikihe?

5 Iyo dushemeje Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, tuba dufashije mu kubeshuza ikinyoma Shetani yavuze ku bitwerekeye. Yavuze yuko ata muntu n’umwe azoburanira izina ry’Imana adahemuka. Kuri we ngo nta muntu n’umwe ashobora kuguma ari intahemuka. Avuga ko twese twoheba Imana mu gihe twobona ko vyotugirira akamaro. (Yobu 1:​9-11; 2:4) Ariko Yobu yagumye ari intahemuka, aba yerekanye ko Shetani ari umubeshi. Tweho bite? Twese turafise agateka ko kuguma tuburanira izina ry’Umuvyeyi wacu be n’ako kumuhimbara. Ivyo twobigira mu kumukorera tudahemuka. (Imig. 27:11) Emwe, ni agateka kadasanzwe!

6. Twokwigana gute umwami Dawidi be n’Abalewi? (Nehemiya 9:5)

6 Urukundo abasavyi b’Imana bayikunda, ni rwo rutuma bashemeza izina ryayo n’umutima wabo wose. Umwami Dawidi yanditse ati: «Ngira nshemeze Yehova. Ngira nshemeze izina ryiwe ryeranda n’umutima wanje wose.» (Zab. 103:1) Dawidi yaratahura ko gushemeza izina rya Yehova ari ugushemeza Yehova ubwiwe. Izina rya Yehova rero rirafitaniye isano n’ukuntu ameze, ni ukuvuga kamere ziwe nziza be n’ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. Dawidi yipfuza kudasiga iceyi izina ryeranda ry’uwo Muvyeyi wiwe no kurishemeza. Yashaka kurishemeza “n’umutima wiwe wose.” Abalewi na bo nyene barafata iya mbere mu gushemeza Yehova. Bariyemereye bicishije bugufi yuko ata majambo abereye bokwigera baronka yoshemeza izina ryeranda rya Yehova (Soma Nehemiya 9:5.) Nta gukeka ko Yehova yanezerejwe no kubona bamushemeza bicishije bugufi kandi babikuye ku mutima.

7. Twoshemeza gute Yehova mu ndimiro no mu buzima bwacu bwa misi yose?

7 Muri iki gihe, turahimbara Yehova mu kuvuga ibimwerekeye tubigiranye urukundo, igishika n’ugukenguruka. Igihe turi mu ndimiro, turibuka ko intumbero yacu nyamukuru ari iyo gufasha abantu kwiyegereza Yehova, tukabafasha kubona uwo Muvyeyi wacu twikundira nk’uko natwe tumubona. (Yak. 4:8) Turahimbarwa no kwereka abantu ukuntu Bibiliya idondora Yehova, igahishura urukundo rwiwe, ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe, ububasha bwiwe be n’izindi kamere nziza zimuranga. Vyongeye, turashemeza Yehova kandi tukamuhimbara igihe twihatira kumwigana. (Ef. 5:1) Tubigenjeje gutyo tuba twitandukanije n’iyi si mbi. Abantu barabona ko dutandukanye n’abandi, bagaca bibaza igituma. (Mat. 5:​14-16) Igihe rero turi kumwe n’abandi mu bikorwa vya misi yose, twoshobora kubasigurira igituma tumeze gutyo. Ivyo bica bituma abantu b’umutima utagira uburyarya biyegereza Imana yacu. Iyo rero dushemeje Yehova muri ubwo buryo, turanezereza umutima wiwe.—1 Tim. 2:​3, 4.

IYO DUSHEMEJE IZINA RYA YEHOVA, YEZU ARAHIMBARWA

8. Ni mu buryo ki Yezu ari akarorero ntangere mu gushemeza izina rya Yehova?

8 Mu biremwa vyose bifise ubwenge mw’ijuru no kw’isi, nta n’umwe azi neza Yehova kurusha Yezu. (Mat. 11:27) Yezu arakunda Se wiwe kandi yarabaye intangakarorero mu gushemeza izina rya Yehova. (Yoh. 14:31) Buca Yezu apfa, mw’isengesho yatuye Se wiwe, yaravuze ikintu nyamukuru yashitseko biciye ku gikorwa yaranguriye ng’aha kw’isi. Yavuze ati: «Narabamenyesheje izina ryawe.» (Yoh. 17:26) None yashatse kuvuga iki?

9. Ni ikigereranyo ikihe Yezu yakoresheje kugira afashe abantu gutahura neza na neza uko Se wiwe ameze?

9 Yezu ntiyabwiye gusa abantu yuko Imana yitwa Yehova. Abayuda yariko arigisha bari basanzwe bazi izina ry’Imana. Ahubwo “yarabasiguriye” n’ingene Imana imeze. (Yoh. 1:​17, 18) Nk’akarorero, Ivyanditswe vy’igiheburayo birerekana ko Yehova ari Imana y’imbabazi n’impuhwe. (Kuv. 34:​5-7) Yezu yaratomoye neza ukwo kuri igihe yatanga ikigereranyo c’umwana w’icangazi na se wiwe. Usomye ingene uwo muvyeyi yabonye umwana wiwe «akiri kure» agaca yirukanga kumusanganira, akamugumbira akongera akamubabarira bivuye ku mutima, uca utahura neza ingene Yehova ari umunyembabazi n’umunyempuhwe. (Luka 15:​11-32) Emwe, Yezu yarafashije abantu gutahura uko Se wiwe ameze vy’ukuri!

10. (a) Twemezwa n’iki ko Yezu yakoresheje izina ry’uruharo rya Se be n’uko yipfuza ko abandi barikoresha? (Mariko 5:19) (Raba n’ifoto.) (b) Yezu yipfuza ko natwe dukora iki?

10 Yezu yoba yaripfuza ko n’abandi bakoresha izina ry’uruharo rya Se? Neza cane. Ico gihe, indongozi zimwezimwe z’idini zishobora kuba zabona ko izina ry’Imana ari ryeranda cane, ku buryo ata wari akwiye no kuricisha mu kanwa. Ariko Yezu we ntiyigeze areka ngo ivyo vyiyumviro biteye kubiri n’ivyanditswe bimubuze gutera iteka izina rya Se. Zirikana ivyabaye igihe yakiza umugabo umwe yari arwaye amadayimoni wo mu karere k’Abageraseni. Abantu baho baciye batekerwa n’ubwoba baca binginga Yezu ngo abavire mu karere, na we aca aravayo. (Mrk. 5:​16, 17) Naho ari ukwo, Yezu yipfuza ko abantu baho bamenya izina rya Yehova. Yaciye rero ategeka uwo mugabo yari yakijije kubwira abantu ivyo Yehova yari yamukoreye, atari ivyo Yezu yari yamukoreye. (Soma Mariko 5:19.) a Yezu yipfuza ko natwe tubigenza gutyo nyene, tukamenyekanisha izina rya Se hirya no hino kw’isi. (Mat. 24:14; 28:​19, 20) Tubikoze turahimbara Umwami wacu Yezu.

Yezu yategetse umugabo yahoze arwaye amadayimoni kuja kubwira abantu ingene Yehova yari yamufashije (Raba ingingo ya 10)


11. Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba iki, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye? (Ezekiyeli 36:23)

11 Yezu yari azi ko Yehova afise umugambi wo kweza izina ryiwe akarikurako iceyi ryasizwe. Ni co gituma yigishije abayoboke biwe gusenga bati: «Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.» (Mat. 6:9) Yezu yaratahura ko ivyaremwe vyose bitegerezwa kugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye co kweza izina ry’Imana. (Soma Ezekiyeli 36:23.) Mu biremwa vyose bifise ubwenge kw’isi no mw’ijuru, nta na kimwe cigeze ceza izina rya Yehova nka Yezu. Ariko igihe abansi ba Yezu bamufata, woba uzi icaha bamwagirije? Ngo yatutse Imana. Yezu yari azi neza ko gusiga iceyi izina ryeranda rya Se wiwe cari icaha gikomeye kuruta ibindi vyose. Ni co gituma yababaye cane no kwumva ko yagira acirwe urubanza yagirizwa ico caha. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyatumye Yezu agira «amaganya menshi» gatoyi imbere y’uko afatwa.—Luka 22:​41-44.

12. Ni gute Yezu yejeje izina rya Se ku rugero runini?

12 Kugira ngo Yezu yeze izina rya Se, yarihanganiye agatotezo k’uburyo bwose, ibitutsi be n’ibinyoma bamwagiriza. Yari azi ko yari yaragamburukiye Se muri vyose, ko rero ata kintu na kimwe cari gikwiye kumutera isoni. (Heb. 12:2) Yari azi kandi ko Shetani ari we yariko amugabako ibitero muri ico gihe kitoroshe. (Luka 22:​2-4; 23:​33, 34) Nimba Shetani yari yiteze ko Yezu ahemuka, yarariye ivyatsi. Yezu yarerekanye mu buryo butomoye ko Shetani ari umubeshi katwa, be n’uko Yehova afise abasavyi b’intahemuka baguma bamukorera naho baba bari mu bihe bigoye cane.

13. Wokora iki kugira ngo uhimbare Umwami wacu?

13 Woba wipfuza guhimbara Umwami wacu? Nubandanye rero gushemeza izina rya Yehova, ufashe n’abandi kumenya uko iyo Mana yacu imeze vy’ukuri. Ubigize, uba uriko urakurikira intambuko za Yezu. (1 Pet. 2:21) Cokimwe na Yezu, uba utumye Yehova ahimbarwa ukaba kandi werekanye ko umwansi wiwe Shetani ari umubeshi katwa.

IYO DUSHEMEJE IZINA RYA YEHOVA, TUBA DUFASHIJE ABANDI KUZOROKOKA

14-15. Kwigisha abandi ivyerekeye Yehova bishobora kuvamwo ivyiza ibihe?

14 Iyo dushemeje izina rya Yehova, tuba dufashije abandi kuzorokoka. Uti gute? Shetani “yarahumye ubwenge bw’abatemera.” (2 Kor. 4:4) Ivyo vyatumye bamwebamwe bemera ibinyoma vya Shetani nk’ibi: Nta Mana ibaho, Imana iri kure cane yacu kandi ntitwitaho, Imana ni ruburakigongwe kandi ihanisha abanyakibi igihano c’ibihe bidahera. Ivyo binyoma nta yindi ntumbero bifise atari ugucafuza Yehova n’izina ryiwe, kugira ngo abantu ntibipfuze no kumwiyegereza. Ariko igikorwa cacu co kwamamaza kiratuma uwo mugambi wa Shetani utsindwa. Turigisha abantu ukuntu Data wa twese wo mw’ijuru ameze, gutyo tugashemeza izina ryiwe ryeranda. None bivamwo iki?

15 Ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kurafise ububasha bukomeye. Iyo twigishije abandi ivyerekeye Yehova n’ukuntu ameze vy’ukuri, turibonera ivyiza bidasanzwe. Vya binyoma Shetani akoresha mu guhuma amaso abantu bica bigenda birahinyuka, maze nya bantu bagaca batangura kwibonera ingene Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ameze neza. Baratangazwa cane n’ububasha bwiwe bw’akaburarugero. (Yes. 40:26) Barakorwa ku mutima no kumenya ko ari Imana y’ubutungane. (Gus. 32:4) Baragira ico bigiye ku bukerebutsi bwiwe bugera kure. (Yes. 55:9; Rom. 11:33) Vyongeye, barahumurizwa no kumenya yuko ari Imana y’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Uko barushiriza kwiyegereza Yehova, ni ko barushiriza guhera amazinda yuko bazobaho ibihe bidahera. Umve ingene ari agateka kadasanzwe gufasha abandi kwiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru! Iyo tubikoze, Yehova aca abona ko turi «abakozi bakorana» na we.—1 Kor. 3:​5, 9.

16. Abantu bamwebamwe bavyakira gute iyo bamenye izina ry’Imana? Tanga uburorero.

16 Mu ntango, twoshobora gusa kubwira umuntu yuko Imana yitwa Yehova. Igihe uwo muntu ari inziraburyarya, ivyo vyonyene birashobora kumukora ku mutima bimwe bidasanzwe. Nk’akarorero, umwigeme yitwa Aaliyah b yakuriye mu muryango utemera inyigisho z’abakirisu. Ariko rero, ntiyiyumvamwo idini ryiwe canke Imana. Igihe yatangura kwiga n’Ivyabona vya Yehova, ibintu vyaciye bihinduka. Yaciye atangura kubona Imana nk’umugenzi wiwe. Vyongeye, yaratangaye cane igihe yamenya ko izina ry’Imana ryakuwe muri Bibiliya nyinshi, rigasubirizwa n’amazina y’icubahiro, nk’akarorero Umukama. Kumenya izina rya Yehova vyarahinduye ubuzima bwiwe. Yavuze ati: «Naramenye ko Umugenzi wanje somambike afise izina.» None vyavuyemwo iki? Avuga ati: «Ubu ndafise amahoro menshi mu mutima. Numva naratewe iteka.» Umugabo umwe yitwa Steve yari umuririmvyi ava mu muryango w’Abayahudi b’imena. Yaranse kuba umunywanyi w’idini iryo ari ryo ryose, kubera yayabonamwo uburyarya bwinshi. Ariko amaze kubura nyina, umusi umwe yaricaye arumviriza igihe umugenzi wiwe yariko ariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Vyaramukoze ku mutima cane amenye izina ry’Imana. Avuga ati: «Sinari bwigere numva izina ry’Imana.» Yongerako ati: «Ni ho nari ngitahura ko Imana atari umugani. Irabaho koko. Naciye mbona ko ndonse Umugenzi nyawe.»

17. Kubera iki wiyemeje kubandanya ushemeza izina rya Yehova? (Raba n’ifoto.)

17 Igihe uri mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha, woba uhora ubwira abantu iryo zina ryeranda ry’Imana, ari ryo Yehova? Woba ubafasha kubona ingene Imana yacu imeze koko? Ubigize, uba ushemeje izina ry’Imana. Nubandanye rero gushemeza izina ryeranda rya Yehova mu gufasha abantu kumenya nyeneryo. Niwabigira uzobafasha kurokoka. Uzoba wiganye Umwami wacu Kristu Yezu. N’ikiruta vyose uzohimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova. Ese “woshemeza izina ryiwe gushika ibihe bidahera!”—Zab. 145:2.

Turashemeza izina rya Yehova mu kuribwira abandi no mu kubereka ukuntu Yehova ameze vy’ukuri (Raba ingingo ya 17)

NI MU BURYO KI GUSHEMEZA IZINA RY’IMANA . . .

  • bihimbara Yehova?

  • bihimbara Kristu Yezu?

  • bifasha abantu kuzorokoka?

URURIRIMBO RWA 2 Wewe witwa Yehova

a Hariho ibimenyamenya vyerekana ko mu gisomwa Mariko yanditse, yakoresheje izina ry’Imana igihe yasubiramwo ayo majambo Yezu yavuze. Ni co gituma Bibiliya y’isi nshasha yasubije iryo zina muri uwo murongo.

b Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.