Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 7

URURIRIMBO RWA 51 Twariyeguriye Imana!

Ivyigwa dukura ku Banaziri

Ivyigwa dukura ku Banaziri

«Imisi yose azomara ari Umunaziri azoba ari mweranda imbere ya Yehova.»—GUH. 6:8.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene akarorero k’Abanaziri kodufasha gukorera Yehova tubigiranye umutima rugabo kandi tukemera kugira ivyo duhevye.

1. Ni agatima keza akahe abasavyi ba Yehova bamye berekana?

 WOBA uha agaciro ubucuti ufitaniye na Yehova? Nta gukeka ko ubuha agaciro. Kandi si wewe wenyene. Kuva kera na rindi, hari abantu benshi bagiye baraha agaciro ubucuti bafitaniye na Yehova. (Zab. 104:​33, 34) Benshi baragize ivyo baheba kugira ngo bakorere Yehova. Ukwo ni ko vyari bimeze ku Banaziri bo muri Isirayeli ya kera. None abo Banaziri bari bande, kandi twobigirako iki?

2. (a) Abanaziri bari bande? (Guharura 6:​1, 2) (b) Kubera iki Abisirayeli bamwebamwe bahitamwo kugira indagano yo kuba Abanaziri?

2 Izina «Umunaziri» riva kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «uwashizwe ku ruhande», «uwatandukanijwe n’abandi», canke «uweguwe.» Iryo jambo riradondora neza Abisirayeli bemera kugira ivyo bahevye, kugira ngo bakorere Yehova mu buryo budasanzwe. Amategeko Imana yatanze biciye kuri Musa, yaremerera umugabo canke umugore kugirira Yehova indagano idasanzwe, agahitamwo kumara igihe kanaka ari Umunaziri. a (Soma Guharura 6:​1, 2.) Umwisirayeli yaba agize iyo ndagano canke iryo sezerano, hariho ibintu yabwirizwa gukora abandi Bisirayeli batasabwa gukora. None ni kubera iki Umwisirayeli yahitamwo kugira iyo ndagano yo kuba Umunaziri? Ashobora kuba yabitumwa n’urukundo rugera kure yakunda Yehova, be n’ugukenguruka bivuye ku mutima imihezagiro myinshi aba yaramuronkeje.—Gus. 6:5; 16:17.

3. Ni gute abasavyi b’Imana muri iki gihe bameze nk’Abanaziri?

3 Intunganyo ijanye no kuba Umunaziri yarangiye igihe amategeko ya Musa yasubirirwa na rya «tegeko rya Kristu.» (Gal. 6:2; Rom. 10:4) Ariko cokimwe n’Abanaziri, abasavyi ba Yehova muri iki gihe barabandanya kugaragaza icipfuzo gikomeye co gukorera Yehova n’umutima wabo wose, n’ubuzima bwabo bwose, n’ubwenge bwabo bwose, n’inkomezi zabo zose. (Mrk. 12:30) Indagano nk’iyo tuyigira igihe twiyeguriye Yehova. Kugira tubeho duhuza n’iyo ndagano, dutegerezwa gukora ivyo Yehova agomba kandi tukagira ivyo duhevye. Reka dusuzume ingene Abanaziri babaho bisunga indagano yabo, maze turabe ivyigwa bihambaye twohakura vyodufasha kubaho twisunga indagano twagize. b (Mat. 16:24) Ng’ubu uburorero bumwebumwe.

NIWEMERE KUGIRA IVYO UHEVYE

4. Twisunze Guharura 6:​3, 4, ni ibiki Abanaziri bemera guheba?

4 Soma Guharura 6:​3, 4. Abanaziri bategerezwa kwirinda ubwoko bwose bw’inzoga n’ikintu cose gikozwe mu nzabibu. Abandi bantu bashobora kuba barihereza ivyo bintu, narirya ata kibi carimwo kuvyihereza. Kanatsinda Bibiliya ivuga ko umuvinyu ari ingabire iva ku Mana, kandi ko «unezereza umutima w’umuntu.» (Zab. 104:​14, 15) Naho ari ukwo, Abanaziri baremera kwiyima ivyo bintu. c

Woba witeguriye kugira ivyo uhevye nk’Abanaziri? (Raba ingingo ya 4-6)


5. Madián na Marcela bemeye guheba ibiki, kandi kubera iki?

5 Cokimwe n’Abanaziri, natwe turagira ivyo duhevye kugira turushirize gukorera Yehova. Raba akarorero ka Madián na Marcela. Uwo mugabo n’umugore wiwe bari batunze. Madián yari afise akazi kamuronsa amahera menshi kandi baba mu nzu nziza cane. Naho ari ukwo, baripfuza gukora vyinshi mu murimo wa Yehova. Kugira ngo babishikeko, bahisemwo kugira ivyo bahevye. Bavuga bati: «Twatanguye kugabanya amahera twakoresha. Twaciye twimukira mu nzu ntoya, tugurisha n’umuduga wacu.» Naho bitari ngombwa ko Madián na Marcela baheba ivyo bintu, bahisemwo kubiheba kugira ngo bagure umurimo barangurira Yehova. Ntiworaba ingene bahimbawe kubona barafashe iyo ngingo.

6. Kubera iki muri iki gihe abasavyi ba Yehova bemera kugira ivyo bahevye? (Raba n’ifoto.)

6 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barahimbarwa no kugira ivyo bahevye kugira ngo barushirize kuronka umwanya wo kumukorera. (1 Kor. 9:​3-6) Yehova si we adutegeka guheba ivyo bintu, kandi n’ivyo bintu ubwavyo nta kabi kavyo. Nk’akarorero, baraheba akazi keza, inzu nziza, eka mbere n’ibindi. Hari n’abandi benshi bahisemwo kuba barabangira kwubaka izabo canke kuvyara abana. Abandi na bo bahisemwo kuja gukorera ahakenewe cane abamamaji, naho bibasaba kuja kure y’imiryango yabo. Abenshi muri twebwe turemera guheba ivyo bintu kuko twipfuza guha Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose dufise. Numenye ko Yehova ashima cane umutima ufise wo kwemera kugira ivyo uhevye, vyaba vyinshi canke bikeyi kugira ngo umukorere.—Heb. 6:10.

NIWEMERE KUBA UMUNTU ATANDUKANYE N’ABANDI

7. Ni intambamyi iyihe Umunaziri yashobora kugira? (Guharura 6:5) (Raba n’ifoto.)

7 Soma Guharura 6:5. Abanaziri baragira indagano yo kutimosha. Ivyo vyerekana ko bayobokera Yehova baherejeko. Umwisirayeli amaze igihe kirekire ari Umunaziri, umushatsi wiwe warakura cane, bigaca bituma abandi bamumenya. Igihe abandi baba bashigikiye indagano yagize yo kuba Umunaziri, nta ngorane vyamutera. Ikibabaje, ni uko mu bihe bimwebimwe vyashika Abisirayeli ntibahe agaciro ivy’ubunaziri. Mu gihe c’umuhanuzi Amosi, Abisirayeli b’ibihemu “baguma baha umuvinyu Abanaziri ngo banywe”, kumbure kugira ngo barenge ku ndagano bagize yo kutanywa umuvinyu. (Am. 2:12) Mu bihe bimwebimwe, Umunaziri yategerezwa kugira umutima rugabo, kugira ngo agume yumiye kuri iyo ndagano yatuma aba uwutandukanye n’abandi.

Umunaziri yumira ku ndagano yaremera kuba uwutandukanye n’abandi (Raba ingingo ya 7)


8. Ivyashikiye Benjamin bikuremesha gute?

8 Tubifashijwemwo na Yehova, na twebwe turashobora kugira umutima rugabo wo kuguma dutandukanye n’abandi, naho twoba dusanzwe turi abanyamasoni. Raba akarorero k’Icabona w’imyaka cumi yitwa Benjamin, wo muri Norveje. Kw’ishure yigako, haratunganijwe ibirori vyo gushikira igihugu ca Ukraine kubera intambara carimwo. Abana bo kuri iryo shure barasabwe kuririmba indirimbo bambaye impuzu zifise amabara y’idarapo ry’igihugu ca Ukraine. Kugira ngo Benjamin ntagire uruhara muri ivyo birori, yaciye yihagararira hirya y’aho vyabera. Ariko rero, hari umwigisha yamubonye maze aca aramuhamagara n’ijwi rirenga ati: «Ca hano nawe wifatanye n’abandi. Ni wewe turindiriye.» Benjamin yaciye arya umutima amenyo, yegera wa mwigisha maze amubwira ati: «Jewe sinja mu birori vya politike kuko ata mugwi n’umwe nshigikiye. Mbere hari n’Ivyabona vya Yehova benshi bapfunzwe kubera ko bataja mu ntambara.» Uwo mwigisha yaremeye ivyo Benjamin amusiguriye maze aca aramureka. Ariko rero abo bigana baciye batangura kumubaza igituma yanse kwifatanya na bo. Benjamin yaragize ubwoba cane ku buryo ahakwa no kurira. Ariko rero, yararindutse arasigurira ishure ryose ivyo yari yabwiye umwigisha. Amaze gutaha, Benjamin yaciye asigurira abavyeyi biwe ingene Yehova yamufashije kuburanira ukwizera kwiwe.

9. Twonezereza gute umutima wa Yehova?

9 Kubera ko twahisemwo kugamburukira Yehova, abandi barabona ko dutandukanye na bo. Turakenera umutima rugabo kugira ngo tubwire abo dukorana canke abo twigana yuko turi Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, uko inyifato y’abantu bo muri iyi si igenda irunyuka, ni ko bizorushiriza kutugora kubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, no kubwira abandi inkuru nziza. (2 Tim. 1:8; 3:13) Ariko rero turakwiye kwama twibuka ko igihe tugize umutima rugabo wo kwerekana ko dutandukanye n’abadasenga Yehova, tuba “tunezereje umutima wiwe.”—Imig. 27:11; Mal. 3:18.

NUGUME USHIRA YEHOVA MU KIBANZA CA MBERE MU BUZIMA BWAWE

10. Kubera iki Abanaziri bashobora kuba batoroherwa no gukurikiza itegeko riri mu Guharura 6:​6, 7?

10 Soma Guharura 6:​6, 7. Abanaziri basabwa kutegera ikiziga. Ubiravye, womengo ico kintu nticari kigoye gukurikiza. Ariko rero muri ivyo bihe, bishobora kuba bitorohera Umunaziri gukurikiza iryo tegeko igihe yaba yabuze incuti ya hafi. Imigenzo ijanye n’amaziko y’ico gihe, yasaba ko umuntu yegera ikiziga. (Yoh. 19:​39, 40; Ivyak. 9:​36-40) Ariko rero Umwisirayeli yaba yagize indagano yo kuba Umunaziri, ntiyashobora gukurikiza iyo migenzo. Emwe, Abanaziri baguma bumiye ku ndagano baba bagize, n’igihe mu muryango baba bariko bashikirwa n’ibintu bituntuza cane. Mu vy’ukuri, Yehova yarashigikira abo basavyi biwe b’intahemuka, kugira bashobore kwihanganira ingorane zabashikira.

11. Umukirisu ategerezwa kwiyemeza gukora iki igihe afata ingingo zerekeye umuryango? (Raba n’ifoto.)

11 Twebwe abakirisu, turafatana uburemere indagano twagize yo kwiyegurira Yehova. Ivyo biragira ico bikoze ku ngingo dufata zerekeye umuryango. Naho dukora uko dushoboye kwose ngo turangure amabanga tujejwe mu muryango, ntitwigera dushira imbere ivyipfuzo vy’abo mu muryango wacu ngo tubirutishe ivyo Yehova adusaba. (Mat. 10:​35-37; 1 Tim. 5:8.) Rimwe na rimwe, vyoshobora kuba ngombwa ko dufata ingingo zitanezereza incuti zacu kugira ngo duhimbare Yehova.

Woba wokwemera gushira imbere ivyo Yehova agomba no mu bihe bigoye cane? (Raba ingingo ya 11) d


12. Igihe Alexandru yariko aritwararika ikibazo gikomeye co mu muryango, ni ibiki yakoze? Ni ibiki atakoze?

12 Reka turabe akarorero ka Alexandru n’umukenyezi wiwe Dorina. Bompi bamaze umwaka biga Bibiliya, Dorina yaciye abiheba, kandi yipfuza ko na Alexandru abiheba. Ariko Alexandru abigiranye ubwitonzi yaramubwiye ko azobandanya kwiga. Dorina vyaramubabaje, aca agerageza kumuhata ngo abihebe. Alexandru avuga ko yagerageza kumutahura, ariko ntivyari vyoroshe. Rimwe na rimwe, igihe Dorina yaba ariko aramucokora kandi akamwishura nabi, yumva umengo yoheba kwiga Bibiliya. Naho ari ukwo, Alexandru yabandanije gushira Yehova mu kibanza ca mbere, ariko kandi akaguma akunda cane umugore wiwe yongera amwubaha. Amaherezo, akarorero keza ka Alexandru karatumye umugore wiwe asubira kwiga Bibiliya, mu nyuma arabatizwa. Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Alexandru na Dorina Văcar: «Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu», mu mavidewo y’urukurikirane ruvuga ngo «Bibiliya irahindura ubuzima.»

13. Twokwerekana gute ko dukunda Yehova n’umuryango wacu?

13 Yehova ni we yatanguje umuryango, kandi yipfuza ko tugira umuryango uhimbawe. (Ef. 3:​14, 15) Nimba rero twipfuza guhimbarwa vy’ukuri, turakwiye gukora ivyo Yehova agomba. Numenye neza ko Yehova ashima akigoro ugira kugira ngo umukorere, ivyo ukabigira wongera witwararika umuryango wawe ubigiranye urukundo n’icubahiro.—Rom. 12:10.

NUREMESHE ABANDI BABE NK’ABANAZIRI

14. Ni bande canecane dukwiye kuremesha?

14 Abo bose bahitamwo gukorera Yehova muri iki gihe, baremera kugira ivyo bahevye kubera urukundo bamukunda. Ariko ntivyama vyoroshe. None twobaremesha gute? Twobaremesha biciye ku majambo tuvuga. (Yobu 16:5) Mw’ishengero urimwo, hoba hariho abariko baragerageza kworosha ubuzima kugira ngo barushirize gukora vyinshi mu murimo wa Yehova? Woba uzi abakiri bato bariko barihatira kuba abatandukanye n’abandi kw’ishure, naho kubigira bitoroshe? Woba uzi abigishwa ba Bibiliya canke abo dusangiye ukwemera bariko bararwanywa n’umuryango, ariko bakihata kuguma ari intahemuka? Nimuze ntitugishe akaryo na kamwe ko kuremesha abo bagenzi bacu twikundira, tubabwire ko tubashima kubera umutima rugabo bafise no kuba bemera kugira ivyo bahevye kugira bakorere Yehova.—Flm. 4, 5, 7.

15. Ni gute bamwebamwe bashigikira abari mu murimo w’igihe cose?

15 Rimwe na rimwe, twoshobora gufasha mu buryo buboneka, abakirisu bagenzi bacu bari mu murimo w’igihe cose. (Imig. 19:17; Heb. 13:16) Ivyo ni vyo mushiki wacu umwe w’umwizigirwa ageze mu zabukuru wo muri Sri Lanka yipfuza gukora. Agapansiyo kiwe karongerekanye, aca yipfuza gufasha abadada babiri b’abatsimvyi bakiri bato, kugira ngo babandanye umurimo wabo naho ivy’ubutunzi vyari vyifashe nabi. Yaciye rero yiyemeza amahera azoza arabaha buri kwezi yobafashije mu guterefona. Umve namwe uwo mutima mwiza yagaragaje!

16. Twigira iki ku Banaziri bo mu gihe ca kera?

16 Mu vy’ukuri, hari vyinshi twokwigira ku karorero k’Abanaziri bo mu gihe ca kera. Ariko kandi, hari n’ico katwigisha ku bijanye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova. Arazi neza ko twipfuza kumuhimbara, kandi ko dufise umutima wo kugira ivyo duhevye kugira ngo tubeho duhuza n’indagano twagize yo kumwiyegurira. Aradutera iteka, mu kutwemerera guhitamwo ingene twoserura urwo tumukunda. (Imig. 23:​15, 16; Mrk. 10:​28-30; 1 Yoh. 4:19) Akarorero k’Abanaziri karatwereka ko Yehova abona kandi aha agaciro ivyo twemera guheba kugira ngo tumukorere. Ese rero twokwiyemeza kubandanya dukorera Yehova tukamuha ivyiza kuruta ibindi dufise, tubikuye ku mutima.

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo ki abemera kuba Abanaziri baba berekanye ko bafise umutima rugabo kandi ko biteguriye kugira ivyo bahevye?

  • Muri iki gihe tworemesha gute abandi kuba nk’Abanaziri?

  • Akarorero k’Abanaziri kerekana gute ko Yehova yizigira abasavyi biwe?

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

a Naho hari Abanaziri bakeyi bagenwa n’Imana, birashoboka ko benshi bari Abisirayeli bitanga ngo babe Abanaziri.—Raba uruzitiro ruvuga ngo « Abanaziri bagenywe na Yehova

b Rimwe na rimwe, ibitabu vyacu bigereranya Abanaziri n’abari mu murimo w’igihe cose. Ariko muri iki kiganiro, tuza gushimika ku kuntu abasavyi ba Yehova bose bamwiyeguriye bashobora kumera nk’Abanaziri.

c Muri rusangi, biboneka ko ata bikorwa vyiyongereye Umunaziri yabwirizwa gukora kugira ashobore gushitsa indagano yiwe.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Umunaziri ariko araraba ari hejuru ku nzu abagiye guhamba umuntu yakunda cane wo mu muryango wiwe. Indagano yagize ntimwemerera kujayo.