Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurindire Yehova unezerewe

Nurindire Yehova unezerewe

WOBA urindiranye igishika igihe Yehova azokuraho ibibi vyose maze ibintu vyose akabihindura bishasha? (Ivyah. 21:​1-5) Ivyo nta wobikekeranya! Ariko rero ntivyama vyoroshe kuguma turindiriye Yehova twihanganye, na canecane iyo turi mu bihe bigoye. Nakare, iyo twibizigiye ibintu bigateba biratuma tuvunika umutima.—Imig. 13:​12, akajambo k’epfo.

Naho ari ukwo, Yehova yiteze ko tumurindira twihanganye kugira ngo agire ico akoze ku gihe yashinze. Kubera iki abitwitezeko? Ni ibiki vyodufasha kurindira tunezerewe?

KUBERA IKI YEHOVA YITEZE KO TUMURINDIRA?

Bibiliya ivuga iti: «Yehova . . . arindiriye yihanganye ngo abagirire ubuntu, kandi azohaguruka ngo abagirire imbabazi kuko Yehova ari Imana y’ubutungane. Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye.» (Yes. 30:18) Mu ntango, ayo amajambo yariko abwirwa Abayuda b’intagondwa. (Yes. 30:1) Ariko rero yaratumye Abayuda bamwebamwe b’intahemuka bagira icizigiro. No muri iki gihe, ayo majambo nyene aratuma abasavyi ba Yehova b’intahemuka bagira icizigiro.

Dutegerezwa rero kurindira twihanganye kubera ko na Yehova arindiriye yihanganye. Yarashinze igihe azokuriraho iyi si mbi, kandi ararindiriye yihanganye ko uwo musi n’iyo saha bishika. (Mat. 24:36) Ico gihe bizogaragara neza ko ivyo Shetani yagiriza Yehova n’abasavyi biwe ari ibinyoma. Yehova azoca rero akuraho Shetani n’abamuyoboka bose, ariko twebwe “atugirire imbabazi.”

Naho mu kurindira Yehova atodukurako ingorane zidushikira, aradukura amazinda yuko dushobora kurindira tunezerewe. Nk’uko Yesaya yabivuze, turashobora kunezerwa igihe turindiranye igishika ikintu ciza. (Yes. 30:18) a None uwo munezero twowuronka gute? Raba ibintu bine vyodufasha kuwuronka.

INGENE TWORINDIRA TUNEZEREWE

Nushire umutima ku bintu vyiza. Umwami Dawidi yarabonye ibintu vyinshi bibabaje. (Zab. 37:35) Yamara yanditse at: «Guma utekanye imbere ya Yehova kandi umurindire wihanganye. Ntubabazwe n’umuntu aroranirwa mu migambi yiwe mibi.» (Zab. 37:7) Dawidi ubwiwe yarashize mu ngiro iyo mpanuro mu kugumiza umutima ku cizigiro yari afise c’uko Yehova yomurokoye. Yagumye kandi akenguruka ivyiza vyose Yehova yari yaramukoreye. (Zab. 40:5) Na twebwe nyene, bizotworohera kurindira Yehova nitwagumiza umutima ku bintu vyiza biriko biradushikira, aho kuwugumiza ku bintu bibi.

Nushemeze Yehova igihe cose akaryo kabonetse. Umwanditsi wa Zaburi ya 71, bikaba biboneka ko ari Dawidi, yabwiye Yehova ati: «Nzoguma ndakurindiriye. Nzorushirizaho kugushemeza.» (Zab. 71, 14) None yoshemeje Yehova gute? Yobwiye abandi ivyerekeye Yehova akongera akamuririmbira amashemezo. (Zab. 71:​16, 23) Cokimwe na Dawidi, na twebwe turashobora kurindira Yehova tunezerewe. Turamushemeza biciye ku gikorwa co mu ndimiro, mu biyago vya misi yose tugirana n’abandi, n’igihe turirimba indirimbo z’Ubwami. Ikindi gihe niwaririmba ururirimbo rw’Ubwami, urashira umutima ku butumwa buteye umunezero burimwo.

Niwemere kuremeshwa n’abavukanyi na bashiki bacu. Igihe Dawidi yari mu ngorane yabwiye Yehova ati: «Imbere y’intahemuka zawe, nzokwizigira izina ryawe.» (Zab. 52:9) Na twebwe turashobora kuremeshwa n’abavukanyi bacu, atari gusa igihe turi ku makoraniro no mu ndimiro, mugabo n’igihe turi kumwe na bo mu bihe vyo kwinenezereza.—Rom. 1:​11, 12.

Nukomeze icizigiro ufise. Muri Zaburi 62:5 hagira hati: «Ndarindiriye Imana ncereje, kuko ari yo ituma ngira icizigiro.» Umuntu afise icizigiro gikomeye ntakekeranya ko ivyo arindiriye bizoranguka. Kugira ico cizigiro birahambaye kuko kidufasha kwihangana, canecane igihe tubona umengo umuhero w’iyi si uratevye gushika. Dutegerezwa kwemera tudakeka ko ivyo Yehova yasezeranye bizoranguka naho hohera igihe kingana gute tubirindiriye. Turashobora gukomeza icizigiro cacu mu kwiga Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, turashobora kwiga ubuhanuzi buri muri ryo, tukaraba ingene ibiri muri ryo bitavuguruzanya, be n’ibintu vy’ido n’ido Yehova ahishura ku bimwerekeye. (Zab. 1:​2, 3) Vyongeye, turakwiye kubandanya “dusenga tuyobowe n’impwemu nyeranda” kugira ngo tugumane ubucuti bwiza na Yehova, magingo tukirindiriye kuronka ubuzima budahera yadusezeraniye.—Yuda 20, 21.

Cokimwe n’umwami Dawidi, numenye neza ko Yehova agumiza ijisho ku bamurindiriye be n’uko abakunda urukundo rudahemuka. (Zab. 33:​18, 22) Nugume urindiriye Yehova wihanganye mu kuguma ushize umutima ku bintu vyiza, mu kumushemeza, mu kwemera kuremeshwa n’abo musangiye ukwizera, no mu kuguma ukomeza icizigiro cawe c’agaciro.

a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo «kuguma urindiriye» rishobora kandi gusobanura ngo «kurindirana igishika ikintu kanaka.» Ivyo rero birerekana ko ari ibisanzwe kurindirana igishika ubukiriro bwacu.