Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abavukanyi babiri bongewe ku bagize Inama Nyobozi

Abavukanyi babiri bongewe ku bagize Inama Nyobozi

KU WA gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2023, kuri jw.org harabonetse itangazo ridasanzwe ryavuga ko umuvukanyi Gage Fleegle na Jeffrey Winder bagenywe kuba mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Abo bavukanyi bompi baramaze imyaka myinshi bakorera Yehova badahemuka.

Gage Fleegle n’umukenyezi wiwe Nadia

Umuvukanyi Fleegle yakuriye muri Amerika mu burengero bwa Pensilivaniya, akaba yigishijwe ukuri n’abavyeyi biwe batinya Imana. Igihe yari akiri umuyabaga, umuryango wabo warimukiye mu gasagara ko hagati mu gihugu, ahari hakenewe abamamaji cane. Gatoyi inyuma y’aho, yarabatijwe ku wa 20 Munyonyo 1988.

Abavyeyi ba Fleegle bama bamuremesha kuja mu murimo w’igihe cose. Akenshi barakira muhira iwabo abahagarikizi b’imizunguruko be n’Abanyabeteli, kandi umuvukanyi Fleegle yaribonera ingene abo bavukanyi na bashiki bacu bahimbawe. Haciye igihe gito abatijwe, yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe ku wa 1 Nyakanga 1989. Inyuma y’imyaka ibiri, yarashitse ku mugambi wo gukorera kuri Beteli, akaba ari umugambi yari yarishingiye agifise imyaka 12. Yatanguye gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn muri Gitugutu 1991.

Kuri Beteli, umuvukanyi Fleegle yamaze imyaka umunani akorera aho bafataniriza ibitabu, mu nyuma na ho aja gukorera mu Rwego rw’umurimo. Ico gihe yamaze imyaka mikeyi yifatanya n’ishengero ry’ikirusiya. Mu 2006 yarubakanye na Nadia, na we nyene aca aja gukorera kuri Beteli. Bompi barifatanije n’ishengero rikoresha igiportigale bongera bamara imyaka irenga cumi bifatanya n’ishengero ry’igisupanyoli. Inyuma y’imyaka myinshi umuvukanyi Fleegle akorera mu Rwego rw’umurimo, yahavuye agenwa gukorera mu biro vya Komite nshingwanyigisho, mu nyuma na ho akorera mu biro vya Komite y’umurimo. Muri Ntwarante 2022, yaragenywe kuba umufasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi.

Jeffrey Winder n’umukenyezi wiwe Angela

Umuvukanyi Winder yakuriye i Murrieta muri leta ya Kaliforniya, muri Amerika. Yigishijwe ukuri n’abavyeyi biwe maze abatizwa ku wa 29 Ntwarante 1986. Mu kwezi kwakurikiye yaciye afata ubutsimvyi bwo gufasha. Bwaramuryoheye cane ku buryo yipfuza kububandanya. Haciye amezi akora ubutsimvyi bwo gufasha, yaciye atangura ubutsimvyi busanzwe ku wa 1 Gitugutu 1986.

Igihe umuvukanyi Winder yari akiri umuyabaga, yaragiye kuramutsa bakuru biwe babiri bakora kuri Beteli ico gihe. Ivyo vyatumye yipfuza kuzokorera kuri Beteli amaze gukura. Muri Rusama 1990, yaratumiwe gukorera kuri Beteli y’i Wallkill.

Kuri Beteli, umuvukanyi Winder yarakoreye mu nzego zitandukanye, nko mu Rwego rw’isuku, mu Rwego rujejwe uburimyi n’ubworozi be no mu biro vya Beteli. Mu 1997 yarubakanye na Angela, kandi kuva ico gihe bagumye bakorana kuri Beteli. Mu 2014 bimuriwe i Warwick, umuvukanyi Winder akaba yafasha mu vy’ubwubatsi bw’icicaro gikuru. Mu 2016 bimuriwe i Patterson ahari Ikigo ntanganyigisho ca Watchtower, akaba yakorera mu Rwego rujejwe amajwi n’amasanamu. Haciye imyaka ine baciye basubira kwimukira i Warwick, aho umuvukanyi Winder yagenywe gukorera mu biro vya Komite nshingwabakozi. Muri Ntwarante 2022 yaragenywe kuba umufasha muri Komite nshingwabakozi y’Inama Nyobozi.

Ese Yehova yohezagira cane izo «ngabire zigizwe n’abagabo» uko babandanya gukora cane kugira bateze imbere ivyungura Ubwami.—Ef. 4:8.