Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubushobozi Yehova afise bwo kumenyesha ibizoba?

Bibiliya irerekana neza ko Yehova ashoboye kumenyesha ibizoba. (Yes. 45:21) Ariko ntitubwira ido n’ido ry’ingene abigira canke igihe abigirira, canke ngo itubwire ivyo ahitamwo kumenya imbere y’igihe ivyo ari vyo. Ku bw’ivyo rero, ntitwokwemeza ko tuzi vyose ku bijanye n’ubwo bushobozi Yehova afise. Naho ari ukwo, hari bimwebimwe tuzi.

Yehova nta karimbi afise kiretse ako yokwishingira ubwiwe. Kubera ko afise ubukerebutsi ntangere, arashobora kumenyesha imbere y’igihe ivyo ashaka vyose. (Rom. 11:33) Ariko rero kubera ko afise ukwigumya kudasanzwe, arashobora no guhitamwo kutamenya ibizoba.—Gereranya na Yesaya 42:14.

Yehova aratuma ivyo agomba biranguka. None ivyo bifitaniye isano gute n’ubushobozi afise bwo kumenyesha ivya kazoza? Muri Yesaya 46:10 hagira hati: «Mpera mu ntango nkavuga uko ibintu bizogenda, ngahera kuva kera cane nkavuga ibintu bitarakorwa. Mvuga nti: “Umugambi wanje uzoranguka, kandi nzokora ikintu cose kimpimbara.”»

Imvo rero imwe ituma Yehova ashobora kumenyesha ivya kazoza, ni uko afise ububasha bwo gutuma ivyo agomba biranguka. Kugira ngo amenye uko ibintu bizogenda, ntabanza gusimbira muri kazoza kugira abirunguruke ngo ace abona kubimenyesha, kuko aba yamaze kubibona. Ahubwo nyabuna, Yehova arashobora gushinga igihe nyezina ikintu kizoberako, maze nya gihe kigeze agaca atuma ico kintu kiba.—Kuv. 9:​5, 6; Mat. 24:36; Ivyak. 17:31.

Ni co gituma mu kuvuga ibintu bimwebimwe Yehova azokora muri kazoza, Bibiliya ikoresha imvugo nk’izi ngo “narabitunganije”, canke “narabiteguye.” (2 Abm. 19:​25, akajambo k’epfo; Yes. 46:11) Izo mvugo zikomoka kw’ijambo ryo mu giheburayo rifitaniye isano n’ijambo risobanura ngo «umubumvyi.» (Yer. 18:4) Nka kurya nyene umubumvyi w’umuhinga atunganya ibumba akarikuramwo akavaze keza, ni ko na Yehova atunganya ibintu canke abiyobora, kugira ngo ashitse ivyo agomba.—Ef. 1:11.

Yehova arubahiriza uburenganzira abantu bafise bwo kwihitiramwo. Nta muntu Yehova ashingira ibizomushikira canke ngo atume umuntu mwiza akora ibintu bizotuma akurwaho. Arareka umwe wese akihitiramwo ico ashaka, akamuremesha gusa guhitamwo icomubera ciza.

Raba uburorero bubiri. Aka mbere kerekeye abantu b’i Ninewe. Yehova yari yavuze ko ico gisagara cosanganguwe kubera ingeso mbi zaharangwa. Ariko igihe abantu baho bigaya, Yehova yaciye «[a]hindura ivyiyumviro ku bijanye n’ivyago yari yavuze ko yobateje, ntiyabibateza.» (Yona 3:​1-10) Ivyo yabigize kubera ko Abanyaninewe bahisemwo kwigaya igihe bumva imburi ivuye kuri Yehova.

Akarorero ka kabiri kerekeye ubuhanuzi bwavuga ivy’umwami yitwa Kuro yokwigaruriye Babiloni. Kuro yorekuye Abayuda bakava mu bunyagano akongera agatanga itegeko ryo gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova. (Yes. 44:26–45:4) Uwo mwami Kuro w’Ubuperesi yarashikije ubwo buhanuzi. (Ezr. 1:​1-4) Ariko rero ntiyasenga Imana y’ukuri. Yehova yaramukoresheje kugira ngo ashitse ubwo buhanuzi atarinze kumugobera ngo abe umusavyi wiwe, narirya yari afise uburenganzira bwo kwihitiramwo uwo yosenga.—Imig. 21:1.

Ariko ntiwumve, ivyo ni bikeyi gusa mu vyo Yehova afatirako mu kumenyesha ivya kazoza. Mu vy’ukuri, nta muntu n’umwe yotahura ijana kw’ijana inzira za Yehova. (Yes. 55:​8, 9) Ariko rero ivyo tuzi ku vyerekeye Yehova, biratuma turushiriza kwizera ko ivyo akora vyose vyama bigororotse, mbere n’igihe amenyesha ivya kazoza.