Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOKWIYIGISHA

Ingene woronka ivyiyumviro bikomeza ukwizera

Ingene woronka ivyiyumviro bikomeza ukwizera

Igihe dusoma Bibiliya maze tukagira ubushakashatsi, turashobora kuronka ivyiyumviro vyodukomeza. None ivyo twobishikako gute?

Nugerageze gucukura mu nkuru zivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, nurondere kumenya uwanditse iyo nkuru, uwo yayandikiye, n’igihe yayandikiye. Ibintu vyari vyifashe gute igihe yayandika? Ni ibiki vyari vyabaye? Ni ibiki vyabaye mu nyuma?

Nuzirikane ku vyigwa wohakura mu kurondera inyishu z’ibibazo nk’ibi: “Abantu bavugwamwo biyumva gute? Ni kamere izihe bagaragaje? Kubera iki nokwigana izo kamere canke sindazigane?”

Nushire mu ngiro ivyo vyigwa, haba mu ndimiro canke mu migenderanire ugirana n’abandi. Ivyo bizotuma uba umunyabwenge, nk’uko Bibiliya ibivuga iti: «Umunyabwenge wese azokwihweza ivyo bintu.»—Zab. 107:43.

  • Iciyumviro cogufasha: Raba ingene ca gice c’ikoraniro citwa «Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana» kidufasha kwiyumvira ingene twoshira mu ngiro ivyo tuba twize. Ico gice cama kirimwo ibibazo twokwibaza, ivyiyumviro be n’amafoto twozirikanako.