Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Intege nke zanje zarashize ahabona ububasha bw’Imana

Intege nke zanje zarashize ahabona ububasha bw’Imana

IGIHE twe n’umukenyezi wanje twashika muri Kolombiya mu 1985, ico gihugu carangwamwo ubukozi bw’ikibi budasanzwe. Mu bisagara, Leta yari ihanganye n’utugwi tw’abadandaza ibiyayuramutwe, mu misozi na ho igahangana n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho. Mu gace kitwa Medellín, aho twahavuye dukorera, imisore yitwaje ibigwanisho ni yo yakizura mu mabarabara. Baradandaza ibiyayuramutwe, bakaka abantu amahera kugira ngo ntibabice canke bagatumwa kwica abantu maze bakabihemberwa. Nta n’umwe muri iyo misore yaramba. Wamenga tuba mu yindi si.

None vyagenze gute ngo abantu babiri nka twebwe baciye bugufi bo muri Finlande, igihugu kiri iyo catawe mu buraruko bw’isi, bagere muri Amerika y’Epfo? Vyongeye, ni ivyigwa ibihe nize uko imyaka yagiye irarengana?

UBUZIMA BWO MURI FINLANDE

Navutse mu 1955, nkaba ndi umuhererezi mu bahungu batatu. Nakuriye mu karere kari ku nkengera y’ikiyaga mu bumanuko bwa Finlande, ubu hakaba ari mu gisagara citwa Vantaa.

Mawe yabaye Icabona ca Yehova hagisigaye imyaka mikeyi ngo mvuke. Dawe yararwanya ukuri, kandi ntiyashaka ko mawe atwigisha canke ko atujana ku makoraniro. Yahengera rero dawe adahari agaca atwigisha Bibiliya.

Nafatanye uburemere ivyerekeye Yehova kuva mfise imyaka indwi

Kuva nkiri umwana, nagumye mfatana uburemere ivyerekeye Yehova. Nk’akarorero, igihe nari mfise imyaka indwi umwigisha wacu yarankariye cane kubera ko nanse kurya verilättyjä (utuntu tumeze nk’uducapati abo muri Finlande bakora mu maraso). Yaciye agerageza kunyasamika akoresheje ukuboko kumwe, maze ukundi agufatisha ifurusheti kugira ngo abintamike ku nguvu. Sinzi ingene namukubise kuri nya kuboko maze iyo furusheti ica irakoroka.

Mfise imyaka 12 dawe yarapfuye. Inyuma y’aho, narashoboye kwitaba amakoraniro. Abavukanyi mw’ishengero baranyitwararitse cane, kandi ivyo vyaratumye ntera imbere mu vy’impwemu. Naratanguye kuza ndasoma Bibiliya buri musi no kwiga ibitabu vyacu ndabigiranye umwete. Ivyo vyaramfashije cane ku buryo nabatijwe mfise imyaka 14, hakaba hari ku wa 8 Myandagaro 1969.

Ngiheza amashure, naciye ntangura gukora ubutsimvyi busanzwe. Inyuma y’amayinga makeyi, naciye nimukira mu gisagara ca Pielavesi amaja hagati muri Finlande, ahari hakenewe cane abamamaji.

Aho i Pielavesi ni ho nahuriye na Sirkka, uwo twahavuye twubakana. Naramukunze cane kubera ko yicisha bugufi, kandi akaba yarakunda cane Yehova. Ntiyarondera kuba uwuhambaye canke ngo yiruke inyuma y’amaronko. Twempi twipfuza gukorera Yehova uko dushoboye kwose tutaravye igikorwa dushinzwe. Twubakanye ku wa 23 Ntwarante 1974. Aho guca twigira kuryoherwa, twaciye tuja gukorera i Karttula, ahari hakenewe cane abamamaji.

Inzu twari dupanze i Karttula, muri Finlande

YEHOVA YARATWITWARARITSE

Wa muduga mukuru wanje yaduha

Kuva tucubakana, Yehova yaratweretse ko yoturonkenje ivyo dukeneye turamutse dushize imbere ivy’Ubwami. (Mat. 6:33) Nk’akarorero, igihe twari i Karttula nta muduga twari dufise. Mu ntango twiyunguruza n’ikinga. Ariko mu gihe c’imvura nyinshi harakanya cane. Kubera ko icibare c’ishengero ryacu cari kinini, twari dukeneye umuduga kugira ngo dushobore kugihetura. Ariko rero nta mahera twari dufise yo kuwugura.

Mukuru wanje yaraje kuturamutsa tutari tuvyiteze. Yaciye aduha umuduga wiwe. Emwe, yari adutabaye! Yari yaramaze kuriha asiransi, twebwe kwari ukugura igitoro gusa. Twaza twaronka umuduga twari dukeneye.

Yehova yaratweretse ko ari we yari ajejwe kuturonsa ivyo dukeneye, twebwe twasabwa gusa gushira imbere ivy’Ubwami.

ISHURE RYA GILEYADI

Ishure ry’abatsimvyi twitavye mu 1978

Igihe twari mw’Ishure ry’abatsimvyi mu 1978, umwe mu bigisha bacu yitwa Raimo Kuokkanen, a yaturemesheje kwuzuza fomu yo kwitaba Ishure rya Gileyadi. Twaciye rero dutangura kwiga icongereza kugira dushobore kuryitaba. Ariko tutaranuzuza iyo fomu, twaciye dutumirwa gukorera ku biro vy’ishami rya Finlande mu 1980. Ico gihe Abanyabeteli ntibari bemerewe kwitaba Ishure rya Gileyadi. Ariko rero twaripfuza gukorera aho Yehova abona ko habereye, atari aho twebwe tubona ko habereye. Twaciye rero twemera kuja gukorera kw’ishami. Naho ari ukwo, twagumye twiga icongereza kugira bizotworohere nka hamwe twotumirwa kw’Ishure rya Gileyadi.

Haciye imyaka mikeyi, Inama Nyobozi yaremeye ko Abanyabeteli bashobora kwitaba Ishure rya Gileyadi. Ubwo nyene twaciye twuzuza ifomu. Ariko si ukuvuga ko tutakunda umurimo wo kuri Beteli. Twarawukunda cane. Twipfuza gusa kwereka Yehova ko twiteguriye gukorera ahari inkenero kuruta, mu gihe twoba dukwije ibisabwa. Twahavuye dutumirwa muri iryo shure maze turirangiza muri Nyakanga 1985, mu mugwi ugira 79. Twarungitswe gukorera muri Kolombiya.

AHO TWATANGUYE GUKORERA

Dushitse muri Kolombiya, twatanguye gukorera ku biro vy’ishami. Narakora uko nshoboye kwose mu gikorwa nari njejwe, ariko haciye umwaka nabonye umengo twohindura. Ryari ryo rya mbere mu buzima nsaba guhindurirwa igikorwa, kandi ryabaye n’irya nyuma. Twaciye turungikwa kuba abamisiyonari bakorera mu ndimiro mu gisagara ca Neiva, mu karere ka Huila.

Namye nkunda igikorwa co mu ndimiro. Igihe nari umutsimvyi muri Finlande ntarubaka urwanje, narashobora kwamamaza kuva mu gitondo ca kare gushika bwije. Maze no kwubaka, twe na Sirkka twarashobora kumara umwanya munini mu ndimiro. Igihe twaba twagiye gukorera mu turere twa kure, vyarashika tukarara muri wa muduga wacu. Ivyo vyaradupfunyiriza urugendo, bigatuma ku musi ukurikira dutangura igikorwa kare.

Kuba twari dusigaye dukorera mu ndimiro, vyatumye dusubira kunezerererwa ico gikorwa nka kera. Ishengero ryacu ryaguma ritera imbere, kandi abavukanyi na bashiki bacu bo muri Kolombiya baradukunda, bakatwubaha bakongera bakaduha agaciro.

UBUBASHA BW’ISENGESHO

Hafi y’aho twakorera i Neiva hariho ibisagara bitarangwamwo Ivyabona. Narakunda kwibaza ingene inkuru nziza yoshitseyo. Ariko rero kubera ko hama hadurumbanywa n’utugwi tw’abitwaje ibirwanisho, ntivyari vyoroshe kuhakorera utari uwaho. Naciye rero nsenga Yehova ndamusaba ko hogira n’umuntu n’umwe muri ivyo bisagara yoba Icabona. Nabona ko kugira ngo uwo muntu yige ukuri yobwirijwe kuba aba i Neiva. Naciye kandi nsenga nsaba ko uwo muntu abatijwe, yoca atera imbere mu vy’impwemu hanyuma agasubira iwabo kwamamazayo. Yehova wewe yari azi ikibereye kundusha.

Bidatevye, naratanguye kwigisha Bibiliya umusore umwe yitwa Fernando González. Yaba mu gisagara citwa Algeciras, kikaba cari kimwe muri vya bisagara bitarangwamwo Ivyabona. Fernando yagira urugendo rw’ibilometero 50 aje ku kazi i Neiva. Yaritegura neza imbere yo kwiga, kandi ntiyatevye gutangura kwitaba amakoraniro yose. Kuva agitangura kwiga, Fernando yama akoranya abantu bo mu gisagara iwabo akababwira ivyo yariko ariga muri Bibiliya.

Turi kumwe na Fernando mu 1993

Fernando yabatijwe muri Nzero 1990, inyuma y’amezi atandatu yiga Bibiliya. Mu nyuma yarabaye umutsimvyi asanzwe. Kuba i Algeciras hari habonetse umuvukanyi umwe gusa w’imvukira, vyari bihagije kugira ngo ibiro vy’ishami birungikeyo abatsimvyi badasanzwe. Muri Ruhuhuma 1992, haciye hashingwa ishengero muri ico gisagara.

None Fernando yoba yabwiye inkuru nziza abo mu gisagara iwabo gusa? Habe namba! Amaze kwubaka urwiwe, we n’umugore wiwe baciye bimukira mu kindi gisagara citwa San Vicente del Caguán, aho ata Cabona n’umwe yarangwayo. Barahafashije gushika aho havuka ishengero. Mu 2002, Fernando yaragenywe kuba umuhagarikizi w’umuzunguruko, kandi gushika n’ubu we n’umukenyezi wiwe Olga, baracari muri ico gikorwa.

Inkuru ya Fernando yaranyeretse ko igihe hari ivyo dukeneye ko Yehova yodufasha mu gikorwa ciwe, dukwiye gusenga tudomako. Yehova akora ibiruta ivyo twebwe dushobora gukora. Nakare igikorwa c’iyimbura ni rwiwe si rwacu.—Mat. 9:38.

YEHOVA ARADUHA «ICIPFUZO CO GUKORA IVYO [A]GOMBA N’UBUBASHA BWO KUBIKORA»

Mu 1990 naragenywe kuba umuhagarikizi w’umuzunguruko. Twatanguriye gukorera ku murwa mukuru Bogotá. Twarumva ko tutazoshobora ico gikorwa. Twe n’umugore wanje turi abantu baciye bugufi kandi batazi ibintu vyinshi. Nta n’ubwo twari tumenyereye kuba mu bisagara bibamwo abantu benshi. Naho ari ukwo, Yehova yarashikije ivyo asezerana mu Bafilipi 2:​13, ahagira hati: «Kuko Imana ari yo ibakomeza nk’uko biyihimbara, ikabaha icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.»

Mu nyuma, twarungitswe mu muzunguruko wari mu gisagara ca Medellín, kimwe nababwira mu ntango. Ubugizi bwa nabi bwari bwarabaye ndanse, ku buryo abantu baho ata co vyari bikibabwiye. Nk’akarorero, umusi umwe nariko ndigisha Bibiliya umuntu umwe, tuza twumva hanze batanguye kurasa. Habuze gato ngo ndyame hasi, ariko mbona uwo twariko turiga wewe abandanije yisomera ingingo ata co yinona. Ahejeje gusoma yaciye ambwira ngo ndamutunge gato, aca arasohoka. Haciye akanya nabonye agaruka azanye utwana twiwe tubiri, aca ambwira yitekaniye ati: «Urantunga nari ngiye gutora utwana twanje.»

Hariho n’ibindi bihe twahatswe. Umusi umwe turiko turamamaza inzu ku nzu, nagiye mbona umugore wanje aje ariruka iyo ndi, ubwoba bwamwishe. Yambwiye ko hari umuntu amurashe. Naciye numva umutima usimvye. Ariko twahavuye tumenya ko atari we bari barashe, ahubwo ko bari barashe umugabo yari aciye iruhande yiwe.

Mu nyuma ubwo bugizi bwa nabi twahavuye tubumenyera. Twarakorwa ku mutima n’ingene abavukanyi baho bashikirwa n’ibintu biruta ivyo, ariko bakaguma bihanganye. Twaca tubona ko nimba Yehova yarabafasha na twebwe yodufashije. Twama dukurikiza ivyo abakurambere baho batubwira, tukiyubara, hanyuma ibisigaye tukabishira mu maboko ya Yehova.

Ariko rero hari n’igihe twagira ubwoba budafise ishingiro. Umusi umwe, twari mu nzu n’uwo twariko turayaga maze numva hanze amajwi wamengo ni ay’abagore babiri bariko baratukana. Mu bisanzwe sinashaka kuraba iyo mishwano, ariko nyene urugo yaciye ansaba ngo tuje kuganirira kw’ibaraza. Burya rero ivyo nibaza ko ari abantu bariko baratukana, nahavuye nsanga ari amajwi ya gasuku zibiri zariko zisubiramwo ababanyi.

AYANDI MABANGA NASHINZWE BE N’INGORANE NAGIYE NDAGIRA

Mu 1997, naragenywe kuba umwigisha w’Ishure rimenyereza abasuku. b Naho kwitaba amashure vyamye bimpimbara, sinigeze niyumvira ko notewe agateka ko kwigisha.

Mu nyuma narabaye umucungezi w’intara. Igihe iyo ntunganyo yahagarara naciye nsubira mu muzunguruko. Kwigisha amashure no kugendera amashengero n’imizunguruko, nabimazemwo imyaka irenga 30. Ayo mabanga yaratumye nironkera imihezagiro myinshi. Ariko rero vyose ntivyamye vyera de! Reka ndababwire igituma.

Nsanzwe ndi umuntu yihagararako. Ivyo vyaramfashije mu bihe bitoroshe. Ariko hari igihe narenza urugero mu bijanye no gukosora ibintu mu mashengero. Umusi umwe, hari abo nabwiye ata guca ku ruhande ko bakwiye gutahura abandi no kubagaragariza urukundo. Ariko ikibabaje, ni uko muri ivyo biringo nasanga na jewe ntagaragaje izo kamere.—Rom. 7:​21-23.

Ubugoyagoye bwanje rimwe na rimwe bwaratuma nihebura cane. (Rom. 7:24) Ndibuka ko igihe kimwe nasenze Yehova ndamusaba ko vyoba vyiza mpagaritse umurimo w’ubumisiyonari maze nkisubirira muri Finlande. Kuri uwo mugoroba naritavye ikoraniro. Indemesho nahakuye zaratumye njijuka ko nkwiye kuguma mu gikorwa nashinzwe, mugabo nkaguma nihatira kugira ivyo ndyohora. Gushika n’ubu niyumviriye ukuntu Yehova yishuye iryo sengesho, biransiga. Vyongeye ndakenguruka cane ingene yamfashije yihanganye gutsinda ubugoyagoye bwanje.

NITEZE KAZOZA NTEKANYE

Twe n’umukenyezi wanje Sirkka ntitubona ingene twoshimira Yehova ku gateka yaduteye ko kumara ubuzima bwacu nka bwose mu murimo w’igihe cose. Vyongeye, ndakengurukira cane Yehova kubona yarampaye umukenyezi akundana cane kandi w’umwizigirwa.

Buca nkwiza imyaka 70, ivyo bikaba bizotuma mpagarika agateka ko kwigisha amashure no kugendera amashengero. Naho ari ukwo, ntibinca intege. Uti kubera iki? Kubera nzi ntakeka ko igihimbara Yehova kuruta, ari uko tumukorera twicishije bugufi tukongera tukamushemeza kubera ko tumukunda kandi tumukengurukira. (Mika 6:8; Mrk. 12:​32-34) Gutera iteka Yehova ntibisaba ko tuba dufise amabanga akomeye.

Nzirikanye ku duteka nagiye ndaterwa, ndabona ko ntaturonse kubera ko hari ikintu kidasanzwe narusha abandi. Ahubwo ndabikesha ubuntu buhebuje bwa Yehova. Yaranyizigiye naho nari mfise ubugoyagoye. Iyo ntafashwa na Yehova, nta co nari gushikako. Ukwo ni ko intege nke zanje zashize ahabona ububasha bw’Imana.—2 Kor. 12:9.

a Inkuru y’ubuzima ya Raimo Kuokkanen ivuga ngo «Dufise umwiyemezo wo gukorera Yehova», yasohowe mu Munara wo ku wa 1 Ndamukiza 2006.

b Iryo shure ryasubiriwe n’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami.