Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 14

URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri

‘Nutere uja imbere ugana ku buhumure’

‘Nutere uja imbere ugana ku buhumure’

«Dutere tuja imbere tugana ku buhumure.»HEB. 6:1.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene umukirisu ahumuye yiyumvira akongera agakora ibintu nk’uko Imana igomba maze agafata ingingo nziza.

1. Yehova adusaba iki?

 KIMWE mu bintu binezereza cane abavyeyi ni ukwibaruka ikibondo gifise amagara meza. Ariko naho usanga abavyeyi bakunda cane urwo ruyoya, ntibipfuza ko rwoguma ari uruhinja. Kanatsinda, rudateye imbere ngo rukure vyobahagarika umutima cane. Yehova na we nyene aranezerwa iyo dutanguye gutera intambwe yo kuba abayoboke ba Yezu, ariko ntiyipfuza ko tuguma turi abana mu vy’impwemu. (1 Kor. 3:1) Ahubwo adusaba ‘kuba abakirisu bakuze.’—1 Kor. 14:20.

2. Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

2 None kuba umukirisu akuze bisobanura? Twokora iki kugira ngo dushikire ubwo buhumure? Kwihereza ibifungurwa bigumye vyo mu buryo bw’impwemu, bidufasha gute kuba abantu bahumuye? Vyongeye, kubera iki twokwirinda kwiyizigira? Iki kiganiro kiraza kuturonsa inyishu z’ivyo bibazo.

KUBA UMUKIRISU AHUMUYE BISOBANURA IKI?

3. Kuba umukirisu akuze bisobanura iki?

3 Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «gukura» rirashobora kandi gusigura ngo «guhumura», «kutagira agahaze», canke «kwuzura.» a (1 Kor. 2:6) Mu buryo bw’impwemu rero, igihe tuvuye mu bwana maze tugacika abagabo n’abagore, tuba tubaye abakirisu bakuze canke bahumuye. Ariko rero, n’igihe tuba tumaze kuba abantu bahumuye mu vy’impwemu, ntidukwiye kwigera duhagarika gutera imbere. (1 Tim. 4:15) Twese ushizemwo n’abakiri bato turashobora kuba abakirisu bahumuye. Ni ibiki none biranga umukirisu ahumuye?

4. Ni ibiki biranga umukirisu ahumuye?

4 Umukirisu ahumuye ni umuntu ashira mu ngiro ivyo Imana imusaba vyose, atarinze guhitamwo ivyo yokurikiza n’ivyo atokurikiza. Naho bishika agakora amakosa kubera ko adatunganye, mu buzima bwa misi yose arerekana ko yisunga ivyo Imana igomba mu vyo yiyumvira no mu vyo akora. Ni umuntu amaze kwambara kamere nshasha kandi yama yihatira kwiyumvira nk’uko Imana yiyumvira. (Ef. 4:​22-24) Yama yimenyereza gufata ingingo yisunze amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe, akaba ari co gituma adakenera urutonde rurerure rw’amategeko yomuyobora. Iyo afashe ingingo arihatira kuyishira mu ngiro.—1 Kor. 9:​26, 27.

5. Ni ibiki bishikira umukirisu adahumuye? (Abanyefeso 4:​14, 15)

5 Umuntu adahumuye wewe arashobora guhendwa bitagoranye n’«amayeri y’abantu» be n’‘imigambi yabo y’uruhendo’, canke agatwarwa n’ivyiyumviro vy’abigira incabwenge canke vy’abahuni. b (Soma Abanyefeso 4:​14, 15.) Yoshobora kugirira abandi ishari, agateza indyane, akihora abandi canke agatwarwa n’inyosha mbi.—1 Kor. 3:3.

6. Ugukura tugana ku buhumure bifitaniye isano gute n’ikura ry’umwana? (Raba n’ifoto.)

6 Nk’uko twamaze kubibona, gukura tugana ku buhumure, Ivyanditswe bikugereranya n’ingene umwana agenda arakura gushika abaye umuntu akuze. Kubera ko umwana aba ataraca ubwenge arakenera kuyoborwa no gukingirwa n’umuntu akuze. Tubitangire akarorero. Inabibondo yoshobora gusaba agakobwa kiwe ngo agafate ukuboko kugira ngo bajabuke ibarabara. Uwo mukobwa amaze kwisununura nyina yoshobora kumureka akijabukana ibarabara, akamwibutsa gusa kuraba irya n’ino kugira ngo imiduga ntimugonge. Ariko amaze kuba umuntu akuze, uwo mukobwa ubwiwe aba azi ingene yokwirinda amasanganya igihe ajabuka ibarabara. Nk’uko nyene abana bakenera gufashwa n’abakuze kugira ngo birinde akaga, ni ko n’abakirisu badahumuye bakenera gufashwa n’abakirisu bahumuye kugira ngo birinde akaga bongere bafate ingingo nziza. Ariko abakirisu bahumuye bobo, iyo bagomba gufata ingingo barazirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo birabafasha kumenya uko Yehova abona ibintu, bagaca bafata ingingo zihuje n’ivyo agomba.

Abakirisu badahumuye barakwiye kwiga gufata ingingo nziza bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya (Raba ingingo ya 6)


7. Abakirisu bahumuye boba bakenera gufashwa n’abandi?

7 None ivyo vyoba bisobanura ko umukirisu ahumuye atigera akenera gufashwa n’abandi? Habe namba. Birashika na we nyene agakenera gufashwa n’abandi. Ariko uwudahumuye mu vy’impwemu yoshobora kwitega ko abandi bamufatira ingingo yari akwiye kwifatira ubwiwe. Umukirisu ahumuye wewe, aragisha inama abazi utuntu n’utundi mugabo akibuka ko Yehova yiteze ko ari we «[yi]korera umutwaro wiwe bwite.»—Gal. 6:5.

8. Abakirisu bahumuye batandukanye gute?

8 Nka kurya nyene abantu bakuze usanga badasa, ni ko n’abakirisu bahumuye usanga bafise kamere zitandukanye. Baratandukanye mu bukerebutsi, mu kugaragaza umutima rugabo, mu gutanga cane no mu kugaragaza impuhwe. Vyongeye, abakirisu babiri bahumuye boshobora gushikirwa n’ikintu kimwe mugabo bagafata ingingo zitandukanye ariko zihuye n’Ivyanditswe. Ivyo usanga ari ko biri canecane ku bibazo vyega ijwi ryo mu mutima. Ni co gituma ata wunegura ingingo uwundi aba yafashe. Ahubwo bitwararika kuguma bunze ubumwe.—Rom. 14:10; 1 Kor. 1:10.

NI IBIKI VYODUFASHA KUBA ABAKIRISU BAHUMUYE?

9. Kuba umukirisu ahumuye vyoba vyizana? Sigura.

9 Uko haca igihe, umwana arashobora gusanga yakuze. Ariko si ko bigenda kw’ikura ryo mu vy’impwemu, kuko ritizana. Nk’akarorero, abavukanyi na bashiki bacu b’i Korinto barakiriye inkuru nziza, barabatizwa, bararonka impwemu nyeranda bongera barigishwa n’intumwa Pawulo. (Ivyak. 18:​8-11) Ariko haciye imyaka itari mike babatijwe, benshi muri bo ntibari bwabe abakirisu bahumuye. (1 Kor. 3:2) None twokwirinda gute kuzingama mu vy’impwemu?

10. Twokora iki kugira tube abakirisu bahumuye? (Yuda 20)

10 Kugira ngo tube abakirisu bahumuye dutegerezwa kubanza kuvyipfuza. «[Aba]kunda ubujuju» bagashima kuguma ari abana mu vy’impwemu, ntibazokwigera batera imbere. (Imig. 1:22) Ntitwipfuza kumera nk’abantu bakuze mugabo baguma barondera ko abavyeyi babo ari bo babafatira ingingo. Ahubwo twipfuza kwifatira ingingo zituma tuba abantu bahumuye mu vy’impwemu. (Soma Yuda 20.) Nimba uriko urihatira kuba umukirisu ahumuye, nusenge Imana uyisaba «icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.»—Flp. 2:13.

11. Ni ibiki Yehova yaturonkeje vyodufasha gutera imbere tukaba abakirisu bahumuye? (Abanyefeso 4:​11-13)

11 Yehova ntareka ngo twirwaneko kugira tube abakirisu bahumuye. Yaraturonkeje abungere n’abigisha mw’ishengero kugira ngo badufashe ‘gukura’ mu vy’impwemu, ngo «[tube] abantu bahumuye mu buryo bwuzuye nka Kristu.» (Soma Abanyefeso 4:​11-13.) Yehova araturonsa kandi impwemu yiwe nyeranda kugira ngo idufashe kugira «ivyiyumviro vya Kristu.» (1 Kor. 2:​14-16) Vyongeye, Yehova yaraturonkeje za Njili zine zo muri Bibiliya, zitwereka ivyo Yezu yavuze, ivyo yiyumvira be n’ivyo yakoze igihe yari ng’aha kw’isi. Wiyumviriye nk’uko Yezu yiyumvira kandi ugakora nk’uko yakora, birashobora kugufasha kuba umukirisu ahumuye.

INGENE IBIFUNGURWA BIGUMYE BIDUFASHA KUBA ABAKIRISU BAHUMUYE

12. «Inyigisho z’intango zerekeye Kristu» ni iki?

12 Kugira ngo dushike ku kuba abakirisu bahumuye dutegerezwa kandi «[kurengana] inyigisho z’intango zerekeye Kristu», ni ukuvuga inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Zimwezimwe muri izo nyigisho twize ni izijanye no kwigaya, ukwizera, ibatisimu be n’izuka. (Heb. 6:​1, 2) Izo nyigisho ni zo zigize umushinge w’ivyo abakirisu bemera. Ni co gituma intumwa Petero yazishimitseko igihe yariko arabwira inkuru nziza isinzi ry’abantu kuri Pentekote. (Ivyak. 2:​32-35, 38) Kugira ngo tube abigishwa ba Kristu, dutegerezwa kwemera izo nyigisho z’intango. Nk’akarorero, Pawulo yaravuze ko umuntu wese ahakana inyigisho y’izuka adashobora kwitwa umukirisu. (1 Kor. 15:​12-14) Ariko rero, ntidukwiye kwigera tubona ko kumenya izo nyigisho z’intango gusa bikwiye.

13. Twokora iki kugira ngo ibifungurwa bigumye vyo mu vy’impwemu bivugwa mu Baheburayo 5:14 bitugirire akamaro? (Raba n’ifoto.)

13 Ibifungurwa bigumye vyo mu buryo bw’impwemu biratandukanye n’inyigisho z’intango. Vyovyo usanga birimwo n’ibindi, nk’amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bidufasha gutahura ingene abona ibintu. Kugira ngo ivyo bifungurwa bitugirire akamaro, dutegerezwa kwiyigisha Ijambo ry’Imana, kurizirikanako no kwihatira kurishira mu ngiro. Tubigize tuba turiko turimenyereza gufata ingingo zihimbara Yehova. cSoma Abaheburayo 5:14.

Ibifungurwa bigumye vyo mu buryo bw’impwemu biradufasha gufata ingingo zihimbara Yehova (Raba ingingo ya 13) d


14. Pawulo yafashije gute abakirisu b’i Korinto kuba abantu bahumuye?

14 Abakirisu badahumuye, akenshi birabagora gufata ingingo nziza mu bintu bisaba ko bisunga ingingo ngenderwako za Yehova. Igihe ata tegeko ryo muri Bibiliya rihari, bamwebamwe boshobora guca bikorera ivyo bashaka vyose. Abandi na bo boshobora gusaba itegeko kandi ridakenewe. Nk’akarorero, biboneka ko abakirisu b’i Korinto basavye Pawulo itegeko ku bijanye no kurya canke kutarya ivyashikaniwe ibigirwamana. Aho kubaha itegeko, Pawulo yababwiye ko umwe wese afise ‘uburenganzira bwo guhitamwo’ yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Yarabafashije kuzirikana ku ngingo ngenderwako zotuma umwe wese afata ingingo idahungabanya ijwi ryiwe ryo mu mutima, ariko kandi idatsitaza abandi. (1 Kor. 8:​4, 7-9) Pawulo rero yariko arabafasha kuba abantu bahumuye mu vy’impwemu, kugira ngo bakoreshe ububasha bwabo bwo gutahura, aho kugendera ku vyiyumviro vy’uwundi muntu canke kurondera amategeko.

15. Pawulo yafashije gute abakirisu b’Abaheburayo gutera imbere mu vy’impwemu?

15 Ivyo Pawulo yandikiye abakirisu b’Abaheburayo biratwigisha ikindi cigwa gikomeye. Bamwebamwe aho kubandanya batera imbere mu vy’impwemu, bari «[ba]subiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa [vy’impwemu] bigumye.» (Heb. 5:12) Ntibaguma bajana n’ukuri Yehova yaguma ahishura biciye kw’ishengero. (Imig. 4:18) Nk’akarorero, abakirisu benshi b’Abayuda bari bagiharanira gukurikiza ya mategeko Imana yatanga biciye kuri Musa, naho hari haheze imyaka nka 30 incungu ya Yezu iyakuyeho. (Rom. 10:4; Tito 1:10) Mu vy’ukuri, ikiringo c’imyaka 30 cari gihagije kugira ngo abo bakirisu b’Abayuda batahure ko batari bagikeneye gukurikiza ayo mategeko. Umuntu wese asoma iryo kete Pawulo yandikiye Abaheburayo, arashobora kwemeza ko ririmwo ibifungurwa bigumye vyo mu vy’impwemu. Emwe, ni ryo nyene abakirisu bari bakeneye kugira ngo ribafashe kubona ko iyo ntunganyo nshasha yo gusenga Yehova yari yo nziza kuruta. Ryobafashije kandi kuguma bamamaza inkuru nziza babigiranye umutima rugabo naho Abayuda bayirwanya.—Heb. 10:​19-23.

NIWIRINDE KWIYIZIGIRA BIRENZE

16. Tumaze kuba abakirisu bahumuye, ni ikindi kintu ikihe dukwiye gukora?

16 Tumaze kuba abakirisu bahumuye dukwiye kwihatira kuguma turi abakirisu bahumuye. Ivyo bisaba ko twirinda kwiyizigira birenze. (1 Kor. 10:12) Dukwiye ‘kuguma twisuzuma’ kugira ngo tumenye neza nimba turiko turabandanya dutera imbere.—2 Kor. 13:5.

17. Ikete Pawulo yandikiye Abakolosayi ryerekana gute ko abakirisu bakwiye kuguma ari abantu bahumuye?

17 Mw’ikete Pawulo yandikiye Abakolosayi yarasubiye gushimika ku vy’uko abakirisu bakwiye kuguma ari abantu bahumuye. Naho Abakolosayi bari bamaze kuba abakirisu bahumuye, Pawulo yarabasavye kwiyubara kugira ngo ntibatwarwe n’ivyiyumviro vy’iyi si. (Kol. 2:​6-10) Epafura na we nyene, uwo biboneka ko yari azi neza abagize iryo shengero, yama abasengera kugira ngo amaherezo babe «abantu babushitse», ni ukuvuga abahumuye. (Kol. 4:12) None icigwa ni ikihe? Pawulo na Epafura baratahura ko kugira ngo umuntu agume ari umukirisu ahumuye, bisaba ko agira akigoro akongera agafashwa n’Imana. Bipfuza ko Abakolosayi baguma ari abakirisu bakuze canke bahumuye, naho bari bahanzwe n’ingorane.

18. Ni ibiki vyoshobora gushikira umukirisu ahumuye? (Raba n’ifoto.)

18 Pawulo yaragabishije Abaheburayo ko umukirisu ahumuye atabaye maso yoshobora gutakaza burundu ubucuti afitaniye n’Imana. Yoshobora gukomantaza umutima ku buryo bimunanira kwigaya ngo abone kubabarirwa n’Imana. Igishimishije ni uko Abaheburayo batageze kuri urwo rugero. (Heb. 6:​4-9) Tuvuge iki hoho ku bakirisu bo muri iki gihe bahororokerwa canke bagacibwa ariko mu nyuma bakigaya? Ukwo kwicisha bugufi maze bakigaya, birerekana ko batandukanye n’abo Pawulo yavuze ko bashobora gutakaza burundu ubucuti bafitaniye n’Imana. Ariko rero iyo bagarutse kuri Yehova, baba bakeneye gufashwa. (Ezk. 34:​15, 16) Abakurambere boshobora gutunganya ivy’uko abavukanyi bazi utuntu n’utundi babafasha gusubirana mu vy’impwemu.

Yehova arafasha abipfuza gusubirana mu vy’impwemu (Raba ingingo ya 18)


19. Ni umugambi uwuhe dukwiye kwishingira?

19 Nimba uriko uratera uja imbere kugira ngo ube umukirisu ahumuye, urashobora kubishikako. Nubandanye wihereza ibifungurwa bigumye vyo mu buryo bw’impwemu wongere wihatire kwiyumvira nk’uko Yehova yiyumvira. Umaze kuba umukirisu ahumuye na ho, nuce uguma ushikamye nk’umuntu akuze.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kuba umukirisu ahumuye bisobanura iki?

  • Ni ibiki vyodufasha kuba abakirisu bahumuye?

  • Kubera iki dukwiye kwirinda kwiyizigira birenze?

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

a Naho ata na hamwe Ivyanditswe vy’igiheburayo bikoresha ijambo «guhumura» be n’ijambo «kudahumura», birimwo imvugo zitekeye ivyo vyiyumviro. Nk’akarorero igitabu c’Imigani kirerekana itandukaniro ry’umuntu akiri muto kandi atazi utuntu n’utundi be n’umuntu w’inkerebutsi kandi afise ugutegera.—Imig. 1:​4, 5.

b Raba ikiganiro kivuga ngo «Niwirinde amakuru y’ikinyoma» (Protégez-​vous de la mésinformation), dusanga kuri jw.org no kuri JW Library® mu gice kivuga ngo «Ibindi biganiro» (Divers).

c Raba ikiganiro kiri muri uyu Munara kivuga ngo «Ivyo wokwiyigisha

d INSOBANURO Y’IFOTO: Umuvukanyi ariko arahitamwo ingene yokwinezereza yisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.