Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 15

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

Nurushirize kwizigira ishirahamwe rya Yehova

Nurushirize kwizigira ishirahamwe rya Yehova

«Mwibuke ababaja imbere, bababwiye ijambo ry’Imana.»HEB. 13:7.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Ingene twokwerekana ko turushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova.

1. Abasavyi ba Yehova bo mu kinjana ca mbere bari batunganijwe gute?

 IGIHE cose Yehova ashinze igikorwa abasavyi biwe, aba yiteze ko bakirangura mu buryo butunganijwe neza. (1 Kor. 14:33) Nk’akarorero, Imana yipfuza ko inkuru nziza yamamazwa mw’isi yose. (Mat. 24:14) Ibanga ryo guhagarikira ico gikorwa, Yehova yarijeje Yezu. Yezu yaritwararitse ko kirangurwa mu buryo butunganijwe neza. Mu kinjana ca mbere, igihe amashengero yashingwa mu mihingo itandukanye, haciye hagenwa n’abakurambere bo kuyayobora. (Ivyak. 14:23) I Yeruzalemu hari hariho umugwi w’abakurambere wari ugizwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye, wafata ingingo zimwezimwe amashengero yose yategerezwa gukurikiza. (Ivyak. 15:2; 16:4) Kugamburuka ubwo buyobozi vyatumye «amashengero abandanya . . . gukomezwa mu kwizera no kugwira.»—Ivyak. 16:5.

2. Kuva mu 1919, Yehova yagiye araronsa gute abasavyi biwe ubuyobozi be n’ibifungurwa vy’impwemu?

2 No muri iki gihe, Yehova arabandanya gutunganya neza abasavyi biwe. Kuva mu 1919, Yehova abicishije kuri Yezu yagiye arakoresha umugwi mutoyi w’abagabo barobanuwe kugira ngo batunganye neza igikorwa co kwamamaza bongere baronse ibifungurwa vy’impwemu abigishwa biwe. a (Luka 12:42) Biragaragara ko Yehova ariko arahezagira igikorwa cabo.—Yes. 60:22; 65:​13, 14.

3-4. (a) Tanga akarorero kerekana ivyiza biva ku kuba dutunganijwe neza. (b) Twihweza ibiki muri iki kiganiro?

3 Tudatunganijwe neza ntitwoshobora kurangura igikorwa Yezu yadushinze. (Mat. 28:​19, 20) Nk’akarorero, dufate ko intunganyo yo guha ivyibare abamamaji ata yibaho. Umwe wese rero yoca aja kwamamaza iyo ashaka. Uburere bumwebumwe bwonoganzwa n’abamamaji benshi, ubundi na bwo bukabura n’umwe abukoreramwo. Hoba hari ibindi vyiza uciye ubona biva ku kuba dutunganijwe neza?

4 Ivyo Yezu yakoze igihe yari ng’aha kw’isi, ni akarorero k’ingene abandanya kudutunganya muri iki gihe. Muri iki kiganiro, turaraba akarorero Yezu yatanze be n’ingene ishirahamwe ryacu ririko riragakurikiza. Turaza kubona n’ingene twokwerekana ko twizigira ishirahamwe rya Yehova.

ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA RIRAKURIKIZA AKARORERO KA YEZU

5. Uburyo bumwe dukurikiza akarorero ka Yezu ni ubuhe? (Yohani 8:28)

5 Ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora yavyigiye kuri Se wiwe. Ishirahamwe rya Yehova ririgana ako karorero ka Yezu mu kuduha inyigisho be n’ubuyobozi bishingiye kw’Ijambo ry’Imana. (Soma Yohani 8:28; 2 Tim. 3:​16, 17) Twama twibutswa gusoma Ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro. None gushira mu ngiro iyo mpanuro bidufasha gute?

6. Ni mu buryo ki kwiga Bibiliya twifashishije ibitabu vyacu bitugirira akamaro cane?

6 Kwiga Bibiliya twifashishije ibitabu vyacu biratugirira akamaro cane. Nk’akarorero, biradufasha kugereranya ivyo Bibiliya ivuga be n’ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe ryacu. Tubonye ko ubwo buyobozi bushingiye ku Vyanditswe, duca turushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova.—Rom. 12:2.

7. Ni ubutumwa ubuhe Yezu yamamaza, kandi ishirahamwe rya Yehova ryigana gute akarorero kiwe?

7 Yezu yamamaza «inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.» (Luka 4:​43, 44) Vyongeye, Yezu yategetse abigishwa biwe kwamamaza ubwo Bwami. (Luka 9:​1, 2; 10:​8, 9) Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bose baramamaza ubutumwa bw’Ubwami naho boba baba hehe canke bafise amabanga angana gute.

8. Ni iteka irihe twatewe?

8 Twaratewe iteka ryo kubwira abandi ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana. Si uwo ari we wese ariterwa. Nk’akarorero, igihe Yezu yari kw’isi yarankiye amadayimoni kumushingira intahe. (Luka 4:41) Muri iki gihe, imbere y’uko umuntu aja kuvuga ubutumwa bwiza yifatanije n’ishengero, ategerezwa kubanza gukwiza ibisabwa. Turerekana ko dukenguruka iryo teka twatewe mu gushinga intahe aho tuba turi hose, n’igihe cose tuba tubishoboye. Cokimwe na Yezu, intumbero yacu ni iyo gutera mu mitima y’abantu imbuto z’ukuri kwerekeye Ubwami no kuzivomera.—Mat. 13:​3, 23; 1 Kor. 3:6.

9. Ishirahamwe ryacu rimenyekanisha gute izina ry’Imana?

9 Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana. Mw’isengesho yatuye Se wiwe wo mw’ijuru, yavuze ati: «Narabamenyesheje izina ryawe.» (Yoh. 17:26) Nk’ukwo kwa Yezu, ishirahamwe rya Yehova rirakora uko rishoboye kwose kugira ngo rifashe abantu kumenya izina ry’Imana. Bibiliya y’isi nshasha yararanguye uruhara ruhambaye muri ivyo, mu gusubiza izina ry’Imana mu kibanza caryo hisunzwe imizingo yo mu ntango. Iyo Bibiliya ubu iboneka mu ndimi zirenga 270, yaba yose canke igice cayo. Inyongera ya A4 n’iya A5 dusanga muri iyo Bibiliya, ziratanga amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ingene izina ry’Imana ryasubijwe mu kibanza caryo muri Bibiliya. Inyongera ya C na yo, iyo dusanga muri ya Bibiliya idufasha kwiga (mu gifaransa), iratanga ibimenyamenya vyinshi vyerekana igituma izina ry’Imana rikwiye kuboneka incuro 237 mu Vyanditswe vy’ikigiriki.

10. Ni icigwa ikihe ukura ku vyavuzwe n’umugore umwe wo muri Birmaniya?

10 Cokimwe na Yezu, twipfuza gufasha abantu benshi bashoboka kumenya izina ry’Imana. Umugore umwe w’imyaka 67 wo muri Birmaniya, igihe yamenya izina ry’Imana yaciye akorora amosozi maze abwira uwumwigisha ati: «Kuva mbaho ni bwo bwa mbere numvise ko Imana yitwa Yehova. . . . Unyigishije ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose.» Nk’uko ako karorero kavyerekana, kumenya izina ry’Imana birashobora gukora ku mutima cane abantu bipfuza kumenya Imana.

NUBANDANYE KWEREKANA KO WIZIGIRA ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA

11. Abakurambere bokwerekana gute ko bizigira ishirahamwe rya Yehova? (Raba n’ifoto.)

11 Ni mu buryo bumwe ubuhe abakurambere bokwerekana ko bizigira ishirahamwe rya Yehova? Igihe bahawe ubuyobozi, barakwiye kubusoma bitonze bakongera bakihatira kubukurikiza. Nk’akarorero, ntibahabwa gusa ubuyobozi bw’ingene boshikiriza ibiganiro mw’ikoraniro be n’ingene botura amasengesho igihe baba baserukiye ishengero. Barahabwa kandi n’ubuvuga ingene bokwitwararika intama za Kristu. Abakurambere bakurikiza ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe, baratuma abo bajejwe bumva ko Yehova abakunda be n’uko abitwararika.

Abakurambere baradufasha kwizigira ubuyobozi duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova (Raba ingingo ya 11) b


12. (a) Kubera iki dukwiye gusenyera ku mugozi umwe n’abatuja imbere? (Abaheburayo 13:​7, 17) (b) Kubera iki dukwiye kwibanda kuri kamere nziza z’abatuja imbere?

12 Igihe abakurambere baduhaye ubuyobozi, dukwiye kubukurikiza n’umutima ukunze. Ivyo bituma boroherwa no kurangura igikorwa bajejwe. Bibiliya ituremesha kugamburukira abatuja imbere no kubayobokera. (Soma Abaheburayo 13:​7, 17.) Ariko rimwe na rimwe birashobora kutugora. Uti kubera iki? Kubera ko abo bagabo ari abantu badatunganye. Hamwe rero twokwibanda ku tunenge bafise aho kwibanda kuri kamere nziza zabo, twosanga dukamiye mu coze abansi bacu. Uti gute? Vyohava bituma dutangura no kwiyumvira nabi ishirahamwe ryacu, ivyo na vyo akaba ari vyo abansi bacu bipfuza. None neza na neza twokora iki kugira ngo tubone ibinyoma vy’abansi bacu twongere tuvyirinde?

NTUREKE NGO ABANDI BATUME UTIZIGIRA ISHIRAHAMWE RYA YEHOVA

13. Abansi ba Yehova bagerageje gute gucafuza ishirahamwe ryiwe?

13 Abansi b’Imana baragerageza gutyoza ishirahamwe rya Yehova. Nk’akarorero, twarabonye muri Bibiliya ko Yehova adusaba kuba abantu batyoroye ku mubiri, mu nyifato runtu no mu vy’impwemu. Yehova avuga ko umuntu aguma akora ibintu bibi mugabo ntiyigaye, akwiye gukurwa mw’ishengero. (1 Kor. 5:​11-13; 6:​9, 10) Turakurikiza iryo tegeko ryo muri Bibiliya. Ariko abaturwanya baragerageza kurifatirako mu kutwagiriza ko tutihanganira abandi, tubacira urubanza be n’uko tutabakunda.

14. Ni nde yihishije inyuma y’ibinyoma bivugwa kw’ishirahamwe rya Yehova?

14 Numenye uwuturwanya uwo ari we. Shetani wa Mubesheranyi ni we yihishije inyuma y’ivyo binyoma. Ni «se w’ikinyoma.» (Yoh. 8:44; Ita. 3:​1-5) Turakwiye rero kwitega ko Shetani akoresha abanywanyi biwe kugira ngo batyoze ishirahamwe rya Yehova. Ivyo vyaribonekeje mu kinjana ca mbere.

15. Indongozi z’amadini zakoreye iki Yezu be n’abigishwa biwe?

15 Naho Yezu yari Umwana w’Imana atunganye kandi yakora ibitangaro, nticabujije ko mu kinjana ca mbere abanywanyi ba Shetani bamutyoza bivuye inyuma. Nk’akarorero, indongozi z’amadini zabwira abantu ko ububasha Yezu yari afise bwo kwirukana amadayimoni yabuhabwa «n’umutware w’amadayimoni.» (Mrk. 3:22) Igihe Yezu yarengutswa imbere y’intahe, indongozi z’amadini zamwagirije ko yatutse Imana zica zosha abantu ngo basabe ko yokwicwa. (Mat. 27:20) Mu nyuma, igihe abigishwa ba Kristu bariko baramamaza inkuru nziza, ababarwanya ‘baragumuye abanyamahanga’ kugira ngo babatoteze. (Ivyak. 14:​2, 19) Ku bijanye n’ibivugwa mu Vyakozwe 14:​2, Umunara wo ku wa 1 Kigarama 1998 wavuze uti: «Abayuda babona ko kurwanya ubutumwa abakirisu bashikiriza bidahagije. Ni co gituma baciye batanguza n’isekeza ryo kubatyoza, mu kwosha n’abanyamahanga ngo babinube.»

16. Igihe twumvise inkuru z’ibinyoma dukwiye guca twibuka iki?

16 No muri iki gihe, Shetani aracabandanya kubesha. ‘Arazimiza isi yose.’ (Ivyah. 12:9) Niwumva ibinyoma ku bijanye n’ishirahamwe ryacu canke abavukanyi batuja imbere, uraca wibuka ingene abansi b’Imana bafashe Yezu be n’abigishwa biwe mu kinjana ca mbere. Muri iki gihe, abasavyi b’Imana bariko barahamwa bakongera bakambikwa ibara nk’uko nyene Bibiliya yari yarabivuze. (Mat. 5:​11, 12) Tumenye uwihishije inyuma y’ivyo binyoma kandi tukagira ico dukoze tudatebaganye, izo nkuru ntizizoduhungabanya. None twokora iki?

17. Twokora iki kugira ngo inkuru z’ikinyoma ntiziduhungabanye? (2 Timoteyo 1:13) (Raba n’uruzitiro ruvuga ngo « Ivyo twokora igihe twumvise inkuru z’ikinyoma.»)

17 Niwamirire kure inkuru z’ikinyoma. Intumwa Pawulo yaratomoye neza ivyo twokora igihe twumvise inkuru z’ikinyoma. Yabwiye Timoteyo ‘gutegeka bamwebamwe kutumviriza inkuru z’ibinyoma’ no ‘kuzamirira kure.’ (1 Tim. 1:​3, 4; 4:7) Umwana akiri muto yoshobora gutora ikintu hasi akagishira mu kanwa ata co yinona, ariko umuntu akuze ntiyovyubahuka kuko azi ko birimwo akaga. Turamirira kure inkuru z’ikinyoma kubera ko tuzi uwo zikomokako. Aho kwumviriza izo nkuru, twumviriza gusa «amajambo ngirakamaro» y’ukuri.—Soma 2 Timoteyo 1:13.

18. Twokwerekana gute ko twizigira ishirahamwe rya Yehova?

18 Muri iki kiganiro, twihweje uburorero butatu gusa bwerekana ingene ishirahamwe rya Yehova ryigana Yezu. Igihe wiyigisha Bibiliya, nugerageze kurondera ubundi burorero buvyerekana. Nufashe abo muri kumwe mw’ishengero kurushiriza kwizigira ishirahamwe rya Yehova. Vyongeye, nugume werekana ko wizigiye ishirahamwe rya Yehova, mu kumukorera udahemuka no mu kuguma wumiye kuri iryo shirahamwe ariko arakoresha kugira ngo ashitse ivyo agomba. (Zab. 37:28) Ese twobandanya gukenguruka iteka twatewe ryo kuba mu bagize umuryango w’abasavyi ba Yehova bakundana kandi badahemuka!

WOKWISHURA GUTE?

  • Ni mu buryo butandukanye ubuhe abasavyi b’Imana bigana Yezu?

  • Twokwerekana gute ko twizigira ishirahamwe rya Yehova?

  • Twokora iki twumvise inkuru z’ikinyoma?

URURIRIMBO RWA 103 Abungere ni ingabire z’abagabo

a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Pourquoi 1919?» mu gitabu Le culte pur de Jéhovah enfin rétabli! rup. 102-103.

b INSOBANURO Y’IFOTO : Abakurambere bariko baraganira ku ntunganyo zijanye no kwamamaza ku mugaragaro. Inyuma y’aho, umuhagarikizi w’umugwi aramenyesha abamamaji yuko igihe bariko baramamaza ku mugaragaro, bakwiye guha umugongo uruhome.