Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 19

URURIRIMBO RWA 22 Bwa Bwami ubu bwaravutse—Nibuze!

Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imanza Yehova yimirije guca?

Ni ibiki tuzi ku bijanye n’imanza Yehova yimirije guca?

«Yehova . . . [nta]shaka yuko hagira n’umwe ahona.»2 PET. 3:9.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Igituma twokwizigira ko imanza Yehova yimirije guca zizoba zigororotse kandi zitarenganya.

1. Kubera iki twovuga ko tubayeho mu gihe giteye umunezero?

 TUBAYEHO mu gihe giteye umunezero. Buri musi, turibonera ingene ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buranguka. Nk’akarorero, turibonera ingene «umwami wo mu buraruko» n’«umwami wo mu bumanuko» bariko baratana mu mitwe baniganira gutegeka isi. (Dan. 11:40) Turibonera n’ingene inkuru nziza iriko iramamazwa ku rugero rutari bwigere rubaho, bigatuma abantu amamiliyoni bacika abasavyi ba Yehova. (Yes. 60:22; Mat. 24:14) Vyongeye, turironkera ibifungurwa vy’impwemu vyinshi cane biza ku «gihe.»—Mat. 24:​45-47.

2. Ni igiki twokwizigira tudakeka, ariko kandi ni igiki twokwemera?

2 Yehova aguma adufasha kurushiriza gutahura ibintu bihambaye vyimirije kuba. (Imig. 4:18; Dan. 2:28) Turizigira tudakeka ko ya makuba akomeye niyatangura, tuzoba tuzi ivyo dukwiye kumenya vyose kugira ngo tugume turi intahemuka kandi twunze ubumwe muri ico gihe kigoye. Ariko rero, turemera yuko hariho ibintu bimwebimwe tutazi mu vyimirije kuba. Muri iki kiganiro, tugiye kubanza kuraba igituma twasanze bibereye ko duhindura ivyo twari twaravuze ku bijanye n’ibintu bimwebimwe bizoba. Mu nyuma na ho, turaza kuraba ibintu bimwebimwe tuzi ku bijanye na kazoza be n’ico Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azokora.

IVYO TUTAZI

3. Ni ibiki twari twaravuze ku bijanye n’igihe abantu batosubiriye kuronka akaryo ko kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, kandi twari twisunze iki?

3 Muri kahise, twari twavuze yuko ya makuba akomye niyatangura, abadasenga Yehova batazosubira kuronka akaryo ko kumwizera ngo barokoke Harumagedoni. Ivyo twabivuze kubera twiyumvira yuko inkuru yerekeye wa mwuzure wo mu gihe ca Nowa, yagereranya ibintu vyobaye muri kazoza. Nk’akarorero, twiyumvira yuko nka kurya nyene Yehova yugaye umuryango w’ubwato imbere y’uko umwuzure utangura, ari ko yobigize n’amakuba akomeye atanguye. Twiyumvira ko yociye yugara ico twokwita umuryango, kugira ngo ntihagire abandi bantu bo muri iri iyi si ya Shetani barokoka.—Mat. 24:​37-39.

4. Inkuru ya wa mwuzure, twoba tukibona ko igereranya ibintu bizoba? Sigura.

4 Inkuru ya wa mwuzure twoba dukwiye kubona ko igereranya ibintu bizoba? Habe namba. Uti kubera iki? Kubera yuko Bibiliya ata vyo ivuga. a Ego ni ko Yezu yaragereranije «igihe ca Nowa» n’igihe co kugaruka kwiwe. Ariko rero, ntiyavuze ko ikintu cose co mu gihe c’umwuzure, nk’akarorero buri muntu canke buri kintu cose cabaye, vyari bifise ico bigereranya muri kazoza. Vyongeye, ntiyanavuze ko kwugara umuryango wa bwa bwabo vyari bifise ikintu vyagereranya cobaye muri kazoza. Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko ata vyigwa twokwigira ku nkuru ya Nowa no ku mwuzure.

5. (a) Ni ibiki Nowa yakoze imbere y’uko umwuzure utera? (Abaheburayo 11:7; 1 Petero 3:20) (b) Igikorwa co kwamamaza Nowa yakoze gifitaniye isano irihe n’ico natwe dukora muri iki gihe?

5 Igihe Nowa yaburirwa na Yehova, yarerekanye ukwizera mu kwubaka ubwato. (Soma Abaheburayo 11:7; 1 Petero 3:20.) No muri iki gihe, abantu bumva inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana, bategerezwa kugira ico bakoze. (Ivyak. 3:​17-20) Petero yavuze ko Nowa «yamamaza ubugororotsi.» (2 Pet. 2:5) Ariko nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ntituzi nimba Nowa yaratunganije isekeza ryo kwamamaza, ku buryo ashikira umuntu wese yari kw’isi imbere y’uko umwuzure utera. Muri iki gihe, turihatira kubwira inkuru nziza abantu bo hirya no hino kw’isi tubigiranye umwete. Ariko naho twogerageza gute, ntituzoshobora kubwira inkuru nziza umuntu wese aba kw’isi imbere y’uko umuhero uza. Uti kubera iki?

6-7. Kubera iki twovuga ko inkuru nziza itazoba irashikira umuntu wese aba kw’isi imbere y’uko umuhero uza? Sigura.

6 Zirikana ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza. Yavuze ko inkuru nziza yokwamamajwe «mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose.» (Mat. 24:14) Ivyo biriko biraranguka muri iki gihe ku rugero rutari bwigere rubaho. Ubutumwa bw’Ubwami buraboneka mu ndimi zirenga 1.000, kandi biciye ku rubuga rwacu rwa jw.org, ubwo butumwa burashikira abantu benshi hirya no hino kw’isi.

7 Naho ari ukwo, Yezu kandi yarabwiye abigishwa biwe yuko ‘batohetuye ibisagara’, ni ukuvuga ko batoshoboye kubwira inkuru nziza umuntu wese, imbere y’uko agaruka. (Mat. 10:23; 25:​31-33) Ukwo ni ko bizogenda no muri iki gihe cacu. Abantu amamiliyoni muri iki gihe, baba mu mihingo aho usanga igikorwa cacu kiburabuzwa. Vyongeye, hirya no hino kw’isi, usanga buri munota havuka abana benshi cane. Turakora uko dushoboye kwose kugira tubwire inkuru nziza abantu bo mu «mahanga yose, imiryango yose, [n’]indimi zose.» (Ivyah. 14:6) Ariko ico twomenya coco, ni uko tutazoshobora kubwira inkuru nziza umuntu wese aba kw’isi imbere y’uko umuhero uza.

8. Ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza ku bijanye n’ingene Yehova azocira abantu imanza? (Raba n’amafoto.)

8 Twoshobora rero guca twibaza iki kibazo: Abatazoba baronse akaryo ko kwumva inkuru nziza imbere y’uko amakuba akomeye atangura, bizobagendera gute? None Yehova be na wa Mwana wiwe yazeza ivyo guca imanza, bazobacira urubanza uruhe? (Yoh. 5:​19, 22, 27; Ivyak. 17:31) Icanditswe iki kiganiro gishimikiyeko, kivuga ko Yehova «adashaka yuko hagira n’umwe ahona», ahubwo ko ashaka ko «bose baronka akaryo ko kwigaya.» (2 Pet. 3:9; 1 Tim. 2:4) Naho ivyo tubizi, turemera ko Yehova ataraduhishurira ingene azogenza abo bantu bataronse akaryo ko kwumva inkuru nziza. Kanatsinda, si ngombwa ngo atubwire amakuru yose y’ivyo yakoze canke ivyo azokora.

Yehova azogenza gute abatazoba bararonse akaryo ko kwumva inkuru nziza imbere y’uko ya makuba akomeye atangura? (Raba ingingo ya 8) c


9. Ni ibiki Yehova yaduhishuriye muri Bibiliya?

9 Yehova abicishije kuri Bibiliya, yaraduhishuriye ibintu bimwebimwe azokora. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ko Yehova azozura «abatari abagororotsi», ni ukuvuga abantu batigeze baronka akaryo ko kwumva inkuru nziza ngo bahindure ingendo. (Ivyak. 24:15; Luka 23:​42, 43) Ivyo bica bituma havyuka ibindi bibazo bikomeye.

10. Ni ibindi bibazo ibihe bivyuka?

10 Abantu bose bazopfa mu kiringo ca ya makuba akomeye, boba bazogenda akagirire, ata cizigiro co kuzuka? Bibiliya iratomora neza yuko abarwanya Yehova n’ibigirankana, abo we n’ingabo ziwe bazohonya kuri Harumagedoni, batazozuka. (2 Tes. 1:​6-10) Abandi bantu bobo bizobagendera gute? Nk’akarorero abicwa n’indwara canke ubusaza, amasanganya, canke abicwa n’abandi bantu. (Umus. 9:11; Zak. 14:13) Bamwe muri bo, boba bazoja mu mugwi w’«abatari abagororotsi» bazozukira mw’isi nshasha? Nta vyo tuzi.

IVYO TUZI

11. Ni igiki kizokwisungwa mu gucira urubanza abantu kuri Harumagedoni?

11 Hariho ibintu bitari bike tuzi ku bijanye n’ibizoba muri kazoza. Nk’akarorero, turazi ko kuri Harumagedoni abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ukuntu bazoba barafashe benewabo na Kristu. (Mat. 25:40) Abazokwitwa intama, ni abazoba barashigikiye Kristu n’abayoboke biwe barobanuwe. Turazi kandi ko bamwebamwe muri benewabo na Kristu bazoba bakiri ng’aha kw’isi ya makuba akomeye niyatangura, kandi ko bazojanwa mw’ijuru gatoyi imbere yuko Harumagedoni itangura. Magingo benewabo na Kristu bazoba bakiri ng’aha kw’isi, birashoboka ko abantu b’umutima mwiza bazoronka akaryo ko kubashigikira no gushigikira igikorwa cabo. (Mat. 25:​31, 32; Ivyah. 12:17) Kubera iki none kumenya ivyo bintu bihambaye?

12-13. Abantu bamwebamwe bazovyakira gute nibabona «Babiloni Akomeye» asanganguwe? (Raba n’amafoto.)

12 Mbere na ya makuba akomeye amaze gutangura, birashoboka ko abantu bamwebamwe nibabona «Babiloni Akomeye» asanganguwe, bazoca bibuka ko Ivyabona vya Yehova bari barabivuze. Bamwebamwe mu bazobona ivyo bintu, boba bazohindura agatima bakizera Yehova?—Ivyah. 17:5; Ezk. 33:33.

13 Ivyo nivyashika, bizoba bisa n’ivyabaye mu Misiri mu gihe ca Musa. Niwibuke ko «isinzi rinini ry’abanyamahanga» ryifatanije n’Abisirayeli igihe bava mu Misiri. Bamwe muri bo bashobora kuba batanguye kwizera Yehova igihe bibonera vya vyago cumi Musa yari yaravuze. (Kuv. 12:38) Ibintu nk’ivyo nivyaba Babiloni Akomeye niyasangangurwa, twoba tuzobabara ngo ni uko hari abaje kwifatanya natwe gatoyi imbere y’uko umuhero ushika? Oya nawe nu! Twipfuza kwigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ya «Mana y’imbabazi n’impuhwe, iteba gushavura kandi yuzuye urukundo n’ukuri.» bKuv. 34:6.

Abantu bamwebamwe nibabona «Babiloni Akomeye» asanganguwe, bazoca bibuka ko Ivyabona vya Yehova bari barabivuze (Raba ingingo ya 12-13) d


14-15. Kugira umuntu azoronke ubuzima budahera, vyoba bizovana n’igihe yapfiriye canke akarere yabamwo? Sigura. (Zaburi 33:​4, 5)

14 Iyo abavukanyi babuze incuti, birashika bamwebamwe bakavuga bati: «Birapfuma kubona apfuye imbere y’amakuba akomeye, kuko hari icizigiro c’uko azozuka.» Kwiyumvira gutyo, ubwavyo nta kibi kirimwo. Ariko kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera, ntibivana n’igihe aba apfiriyeko. Yehova ni Umucamanza atunganye, akaba ari co gituma imanza ziwe zigororotse kandi zitarenganya. (Soma Zaburi 33:​4, 5.) Turizigira tudakeka ko «Umucamanza w’isi yose» azokora ibigororotse.—Ita. 18:25.

15 Birumvikana kandi yuko kugira ngo umuntu azoronke ubuzima budahera bitazovana n’aho aba. Abantu amamiliyoni bataronse akaryo ko kwumva inkuru nziza kubera ibihugu babamwo, Yehova ntiyoca abita «impene» kubera gusa babayo. (Mat. 25:46) Wa Mucamanza w’isi yose agororotse, azokwitwararika abo bantu kuruta uko twobigira. Ntituzi ingene Yehova azoyobora ibintu mu kiringo ca ya makuba akomeye. Hari igihe bamwe muri abo bantu boronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Yehova, bakamwizera maze bakaja ku ruhande rwiwe, igihe azokweza izina ryiwe mu mahanga yose.—Ezk. 38:16.

Ya makuba akomeye niyamara gutangura, . . . bamwebamwe mu bazobona ibintu bizoba biriko biraba, boba bazohindura agatima bakizera Yehova?

16. Ni ibiki tuzi ku bijanye na Yehova? (Raba n’ifoto.)

16 Kwiga Bibiliya vyaratumye tumenya ko Yehova aha agaciro cane ubuzima bw’abantu. Nk’akarorero, yaratanze Umwana wiwe kugira ngo twese dushobore kugira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. (Yoh. 3:16) Urukundo rwa Yehova twese turarwibonera. (Yes. 49:15) Arazi izina ry’umwe wese muri twebwe. Emwe, umwumwe wese aramuzi neza ku buryo niyamuzura azogaruka afise utuntu twose twamuranga n’ubushobozi bwiwe bwo kwibuka! (Mat. 10:​29-31) Turi n’imvo rero zumvikana zo kwizigira ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azocira umwumwe wese urubanza rw’ukuri, rugororotse kandi ruranga imbabazi.—Yak. 2:13.

Turizigira ko Yehova azocira umwumwe wese urubanza rw’ukuri, rugororotse kandi ruranga imbabazi (Raba ingingo ya 16)


17. Tuzokwihweza ibiki mu kiganiro gikurikira?

17 Uwo muco mushasha uca utuma tubona ko igikorwa cacu co kwamamaza, ubu cihutirwa cane kuruta ikindi gihe cose. Kubera iki tuvuze gutyo? Vyongeye, ni igiki kituvyurira umutima wo kuguma twamamaza tudatezura? Ivyo bibazo bizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.

URURIRIMBO RWA 76 Uca wiyumva gute?

a Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico kintu, raba ikiganiro kivuga ngo «Washimye kubigenza gutyo», mu Munara wo ku wa 15 Ntwarante 2015, rup. 7-11.

b Babiloni Akomeye niyamara gusangangurwa, abasavyi ba Yehova bose bazoshikirwa n’ingorane kubera igitero ca Gogi w’i Magogi. N’umuntu wese azokwifatanya n’abasavyi b’Imana inyuma y’isangangurwa rya Babiloni Akomeye, na we nyene ni ko bizomugendera.

c INSOBANURO Y’AMAFOTO: Amafoto atatu yerekana igituma inkuru nziza twamamaza yoshobora kutazoshikira umuntu wese aba kw’isi: (1) Umugore aba mu karere aho idini ryiganje ritorohereza igikorwa cacu, (2) umugabo n’umugore baba mu gihugu aho igikorwa cacu co kwamamaza kibujijwe, (3) umugabo aba mu karere kari iyo catawe kagoye gushikamwo.

d INSOBANURO Y’IFOTO: Umwigeme yari yarahevye ukuri, aributse ivyo yari yarize ku bijanye n’isangangurwa rya «Babiloni Akomeye.» Aciye afata ingingo yo gusubira kuri Yehova no gusubira ku bavyeyi biwe. Ibintu nk’ivyo nivyaba, turakwiye kuzokwigana Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru yuzuye impuhwe n’imbabazi, maze tukanezeranwa n’umucumuzi azoba agarutse.